ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/07 rup. 1
  • Niwishingire umugambi wo kurongora inyigisho ya Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwishingire umugambi wo kurongora inyigisho ya Bibiliya
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • Urashobora gushika ku migambi yawe y’ivy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Woba wofasha mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Igice ca 1: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Nuronkere umunezero mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 12/07 rup. 1

Niwishingire umugambi wo kurongora inyigisho ya Bibiliya

1 “Raramure amaso yanyu murabe imirima: ireze, igeze kwimbura” (Yoh. 4:35). Ayo majambo Yezu Kristu yavuze arahuye neza n’ukuntu ivy’abasuku bakirisu vyifashe muri iki gihe.

2 Abantu b’imitima nziraburyarya bipfuza kwigishwa inzira za Yehova baracaboneka. Ivyo bigaragarira ku gitigiri c’abigishwa bashasha babatizwa ku mwaka ku mwaka. Niba vy’ukuri wipfuza kurongora inyigisho ya Bibiliya, ni igiki wokora?

3 Niwishingire umugambi: Ubwa mbere, niwishingire umugambi wo gutanguza no kurongora inyigisho ya Bibiliya idahorereza. Nugumize mu muzirikanyi iyo ntumbero mu gihe uri mu busuku bwo mu ndimiro. Kubera ko igikorwa ca gikirisu twashinzwe kirimwo kwigisha no kwamamaza, twese turakwiye kurondera kurushiriza kugira uruhara mu gikorwa co kwigisha Bibiliya.—Mat. 24:14; 28:19, 20.

4 Ibindi bintu wogumiza mu bwenge: Isengesho rivuye ku mutima ni ntahara ku bamamaji b’Ubwami. Rimwe na rimwe turahura n’abantu baba barasenze basaba gufashwa mu vy’impwemu. Mbega ukuntu ari umuhezagiro gukoreshwa na Yehova mu kuronka abantu nk’abo no kubigisha!—Hag. 2:7; Ibik. 10:1, 2.

5 Umuvukanyikazi umwe yarasenze asaba kuronka inyigisho ya Bibiliya, maze mu kibanza yakoreramwo aca ahashira twa dupapuro tw’inkuru nziza tuvuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya? ku buryo umuntu wese ashobora kutubona. Igihe umukenyezi umwe yatora kamwe muri utwo dupapuro, hanyuma agatangura kwuzuza ka gace kandikwamwo aderese mu gusaba igitabu canke kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, uwo muvukanyikazi yaciye amuganiriza, kandi yarashoboye gutanguza inyigisho ya Bibiliya.

6 Abamamaji bagenzi bacu bavyifatamwo neza mu gutanguza no mu kurongora inyigisho za Bibiliya, barashobora kugufasha gushika ku mugambi wishingiye wo kurongora inyigisho ya Bibiliya. Nusenge Imana uyisaba guhezagira utwigoro ugira urondera inyigisho ya Bibiliya, wongere wungukire ku mfashanyo zose zogufasha gushika kuri uwo mugambi wawe. Kumbure vuba uzogira umunezero wo kurongora inyigisho ya Bibiliya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika