Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Dukwiye kwambara gute igihe tugendeye inyubakwa zikoreshwa ku bw’umurimo wa Yehova?
Hirya no hino kw’isi, hariho Ingoro z’Ubwami, Ingoro z’amateraniro, inyubakwa z’amabeteri be n’iz’amashami, ivyo bikaba ari ibibanza vyahebewe umurimo wa Yehova. Ni ibibanza bisanzwe, bisukuye, kandi bitunganijwe neza, ku buryo umuntu abiravye aca abona ko vyisoneye. Ivyo biratandukanye cane n’ivyo dukunda kubona muri iyi si ya Shetani. Abatemberera ivyo bibanza bikoreshwa ku bw’umurimo wa Yehova, bakwiye na bo nyene kumenya ko ari aba Yehova, ni ukuvuga abakora ivyo agomba.
Kubera ko turi abakirisu, “turishimagiza nk’abasuku b’Imana” mu buryo bwose, muri ivyo hakaba harimwo ukwambara n’ukwitunganya mu buryo bubereye. (2 Kor. 6:3, 4) Vyitezwe kandi ko tugumana inyifato ibereye. Ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya bikwiye kwama bigaragaza urupfasoni be n’icubahiro bibereye abasavyi ba Yehova Imana. Ivyo ni ko bikwiye kumera na canecane igihe tugendeye inyubakwa zo ku cicaro gikuru i New York be n’izo ku mashami ari hirya no hino kw’isi.
Igihe igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba cerekana ukuntu bihambaye kwambara no kwitunganya mu buryo bubereye, kiragira ico kivuze ku kuntu bikenewe kugira isuku ryo ku mubiri, kwambara rupfasoni, be no kwitunganya neza igihe tugiye mu busuku bwo mu ndimiro be n’igihe twitavye amakoraniro ya gikirisu. Ku rupapuro rwa 138, ingingo ya 3, gica kivuga giti: “Ibuka ko izina Beteli risigura ‘Inzu y’Imana.’ Ku bw’ico, dukwiye kwambara, kwitunganya no kwigenza kurya nyene vyitegwa ko tubigenza igihe twitaba amakoraniro yo ku Ngoro y’Ubwami ku bwo gusenga.” Iyo ngingo ngenderwako iri hejuru irakwiye gukurikizwa n’abamamaji b’Ubwami bagendera Beteli bavuye mu micungararo yayo canke mu turere twa kure. Uwugendeye Beteli abigenjeje gutyo, aba yerekanye ko akenguruka be n’uko yubaha mu buryo bubereye.—Zab. 29:2.
Ukuntu twambara bikwiye kwerekana ko turi “abavuga ko batinya Imana.” (1 Tim. 2:10) Kwambara no kwitunganya mu buryo bubereye biragira ikintu ciza bikoze ku kuntu abandi babona ugusenga Yehova kw’ukuri. Ariko rero, biramaze kuboneka yuko igihe abavukanyi n’abavukanyikazi bamwebamwe bagendera inyubakwa zikoreshwa ku bw’umurimo wa Yehova, basa n’abarenza urugero mu gupfa kwambara uko bishakiye, mu kwambara impuzu bapfuye kuvundurura, canke zibonerana. Mwene izo mpuzu nta gihe na kimwe ziba izibereye ku bakirisu. Muri uwo muce, be no mu yindi yose ijanye n’ubuzima bwacu bwa gikirisu, twipfuza kuguma dukurikiza ingingo ngenderwako ziri hejuru zitandukanya abasavyi b’Imana n’isi, tugakora vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.—Rom. 12:2; 1 Kor. 10:31.
Ku bw’ivyo, igihe ugendeye icicaro gikuru be n’ishami vyo muri Leta ya New York canke izindi nyubakwa z’amashami, waba wabitegekanije canke wagiye gufatira akaruhuko mu turere tugenderamwo ingenzi, niwibaze uti: ‘Ukuntu nambaye be n’ukuntu nitunganije vyoba vyerekana ko ngendeye ikibanza cisoneye, gisukuye kandi giteye iteka? Vyoba bidatukisha Imana nsenga? Ukuntu mboneka kwoba kwosamaza abandi canke kukabababaza?’ Ese twokwama “[dushariza] inyigisho y’Umukiza wacu, Imana, muri vyose” biciye ku kuntu twambara be no ku kuntu twitunganya!—Tito 2:10.