Kwambara ukikwiza birerekana ukwubaha Imana
1. Twokwerekana gute ko dukenguruka ihwaniro ry’intara twimirije kugira?
1 Vuba tugiye guterwa agateka ko kuba abatumire ba Yehova kw’Ihwaniro ry’Intara ryo mu 2003 ryataziriwe ngo “Ninahaza Imana”. Ese ukuntu dukengurukira Yehova kubona adutumira kuri ayo mazimano anuze yo mu vy’impwemu! Biciye ku kuntu twambara n’ukuntu twitunganya, turashobora kwerekana ko tumwubaha kandi dukenguruka intunganyo zo mu vy’impwemu adushiriraho.—Zab. 116:12, 17.
2. Ni kubera iki bihambaye ko tuba abasukuye kandi bitunganya neza?
2 Tube abasukuye kandi bafise urutonde: Ukuntu tumeze ku mubiri gukwiye kwerekana ko twisunga ingingo ngenderwako z’Imana yacu, ikaba isukuye kandi ifise urutonde (1 Kor. 14:33; 2 Kor. 7:1). Ukuntu tumeze ku mubiri, imishatsi yacu n’inzara zacu, bikwiye kuba bisukuye kandi dukwiye kuba twitunganije neza. Muri iki gihe abantu baraharaye kwitunganya uko bishakiye. Ariko rero, umukirisu ntakwiye kwambara mu buryo butagira ifatiro ngo ni uko gusa umukinyi rurangiranwa w’amasenema canke umuntu karuhariwe mu vy’inkino yambara gutyo. Mu gihe tujana n’agaharawe kose, abantu vyobagora kubona itandukaniro riri hagati y’abasukurira Imana y’ukuri n’abatayisukurira.—Mal. 3:18.
3. Ni gute tworaba neza kugira ngo ukuntu tuzoba tumeze ku mubiri kuzobe guhuje n’impanuro dusanga muri 1 Timoteyo 2:9, 10?
3 Inyambaro ibereye abasuku bakirisu: Igihe intumwa Paulo yandikira umucungezi mukirisu Timoteyo, yararemesheje “abagore . . . [ngo bambare] imyambaro biberanye, bagendane isoni badahugumba, . . . bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nk’uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana” (1 Tim. 2:9, 10). Kugira tumenye ko imyambaro yacu itunganije neza, bisaba ko twiyubara. Ivyambarwa bikwiye kuba bitunganije neza, bisukuye kandi biranga urupfasoni, ntibibe ivy’ikiburirane, bikaburira abantu inambu y’umubiri.—1 Pet. 3:3.
4, 5. Ni impanuro izihe abakirisu b’abagabo n’abakirisu b’abakenyezi bakwiye gukurikiza?
4 Paulo yaragabishije kandi ku bijanye n’ukurenza urugero mu vyo “[gu]shazisha gutsiba umushatsi, cank’izahabu, cank’imaragarita, cank’impuzu z’igiciro kinini” (1 Tim. 2:9). Umukirisu w’umukenyezi agize uburimbane mu vyo kwambara utubuyenge, mu vyo kwisiga be n’ibindi bintu vyo kwishariza, yoba akurikiye ingendo iranga ubukerebutsi.—Imig. 11:2.
5 Impanuro Paulo yahaye abakirisu b’abakenyezi, mu bisanzwe usanga yerekeye n’abakirisu b’abagabo. Abavukanyi bakwiye kwirinda imideri igaragaza ivyiyumviro vy’isi (1 Yoh. 2:16). Nk’akarorero, mu bihugu bimwebimwe, abantu baraharaye kuza barambara ibihuzu bisambaraye, bibarenga, mugabo iyo nyambaro ntibereye umusuku w’Imana.
6. Mu gihe co kuja kw’ihwaniro canke kuvayo, mu gihe ririko riraba be n’inyuma y’ibiringo vyose vyaryo, ni kubera iki dukwiye kugumana urupfasoni mu kuntu twambaye n’ukuntu twitunganije?
6 Mu bihe vyo kwinezereza: Igihe baba bitavye ihwaniro, abavukanyi n’abavukanyikazi benshi usanga batanga akarorero keza mu vy’ukwambara no mu vy’ukwitunganya. Ariko rero, raporo zirerekana yuko bamwebamwe babifata minenegwe igihe bari mu ngendo baja kw’ihwaniro canke bavayo kibure mu bihe vyo kwisamaza inyuma y’ibiringo vy’ihwaniro. Vy’ukuri, ukuntu tuba tumeze ku mubiri, haba ari mu gihe c’ihwaniro canke mu bindi bihe, biragira ico bikora ku kuntu abandi babona abasavyi b’Imana. Kubera yuko tuba twambaye twa dukarata karanzi tw’ihwaniro, dukwiye kwama nantaryo twambara mu buryo bubereye abasuku bakirisu. Ivyo kenshi biratuma abantu badukeza maze bikaducira inzira yo gushinga intahe.—1 Kor. 10:31-33.
7. Twambaye tukongera tukitunganya mu buryo bubereye bishobora kugira ico bikoze gute ku bandi?
7 Nka kurya nyene kumwenyurana umutima mwiza bituma turushiriza gusa neza mu maso, ni na ko kwambara no kwitunganya mu buryo bubereye bitera iteka ubutumwa dushikiriza be n’ishirahamwe duserukira. Bamwebamwe mu bazotwitegereza muri uyu mwaka turi kw’Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Ninahaza Imana”, kumbure bazovyurirwa umutima wo kutubaza igituma dutandukanye n’abandi, maze impera n’imperuka bashobore kuvuga bati: “Turajana, kuko twumvise [kandi twiboneye] yukw Imana iri kumwe namwe” (Zek. 8:23). Nimuze umwe wese muri twebwe agaragaze ko twubaha Yehova mu buryo twambara no mu buryo twitunganya.
[Box on page 5]
Niwitunganye mu buryo buranga urupfasoni
▪ Uri mu rugendo
▪ Uri kw’ihwaniro
▪ Mu bihe vy’ukwinezereza