Nube umufasha mwiza igihe mugeze ku muhana
1. Ni ivyiza ibihe biva ku gukorana n’uwundi mwamamaji mu busuku?
1 Igihe kimwe, Yezu yararungitse abigishwa 70 kwamamaza, maze “abatuma babiribabiri.” (Luka 10:1) Nta gukeka ko iyo ntunganyo yatumye abigishwa biwe bafashanya bongera bararemeshanya igihe bariko baramamaza. Igihe tujanye n’uwundi mwamamaji mu busuku, twoshobora gute kumubera kirumara?
2. Igihe uwo twakoranye ariko arashikiriza ikiganiro ciwe, ni gute dukwiye gutega yompi kandi kubera iki?
2 Mu gutega yompi: Nutege yompi ata gusamara igihe uwo muriko murakorana ashikiriza ikiganiro ciwe. (Yak. 1:19) Nimba hari icanditswe kiriko kirasomwa, nukurikire muri Bibiliya yawe. Nurabe mu maso uwuriko aravuga, yaba uwo mwakoranye canke umunyamuhana. Nimba ukurikiye ico kiyago ata gusamara, vyoshobora kuremesha uwo munyamuhana kubigenza gutyo nyene.
3. Ni ryari uwo twakoranye yokenera ko tugira ico tuvuze?
3 Mu kuraba neza igihe co kuvuga: Igihe turi kumwe n’uwuriko arashikiriza ikiganiro ciwe, turamwubahiriza mu kumureka akaba ari we ayobora ibintu. (Rom. 12:10) Turakwiye kwirinda kumuciramwo. Niba yibagiye ico yovuga canke uwo munyamuhana akavyura ibihari kibure ikibazo, maze uwo twakoranye agasaba ko tugira ico dufashije, turihata kugira ngo twunganire uwo twakoranye aho gutanguza ikiganiro gitandukanye n’ico twariko. (Imig. 16:23; Umus. 3:1, 7) Bishitse tukavuga, amajambo yacu akwiye kugira ico aterereye ku ntahe iba iriko irashingwa.—1 Kor. 14:8.
4. Ni igiki kizotuma tunezerwa tukongera tukaroranirwa mu busuku?
4 Igihe imirwi 35 ya ba bigishwa bakorana ari babiribabiri basozera igikorwa co kwamamaza, “bagarukan[ye] akanyamuneza.” (Luka 10:17) Na twebwe nyene tuzonezerwa kandi turoranirwe mu busuku uko dutega yompi tukongera tukaraba neza igihe co kugira ico tuvuze turondera kwunganira abo tuba twifatanije mu busuku igihe tugeze ku muhana.