Turemeshanye tubigiranye umwete gukora ibikorwa vyiza
Mu Baheburayo 10:24 haturemesha ngo “twiyumvirane kugira tuvyuriranire [canke, “turemeshanye”] ugukundana n’ibikorwa vyiza.” Turashobora kuremesha abavukanyi bacu biciye ku karorero keza dutanga no ku majambo tuvuga agaragaza ukwizera. Nubwire abandi mw’ishengero ibintu vyiza wiboneye mu busuku. Nubaserurire umunezero ufise kubera ko usukurira Yehova. Ariko, niwirinde kubigereranyako canke kubagereranya n’abandi. (Gal. 6:4) Nukoreshe inkomezi zawe mu kuremesha abandi “gukundana” no gukora “ibikorwa vyiza,” ntubaremeshe kwiyagiriza no gukora ibikorwa vyiza. (Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 158, ing. 4.) Tuvyuriraniye urukundo, ibikorwa vyiza bizokurikira, ivyo na vyo bikaba ari nko gufasha abandi mu vy’umubiri canke kubabwira inkuru nziza.—2 Kor. 1:24.