UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ESITERI 1-5
Esiteri yaraburaniye abasavyi b’Imana
Esiteri yaragaragaje ukwizera n’umutima rugabo bidasanzwe igihe yaburanira abasavyi b’Imana
Umuntu arengutse imbere y’umwami atahamagawe yarashobora kwicwa. Esiteri yari amaze imisi 30 atarahamagarwa n’umwami
Umwami Ahasuwerusi, uwo vyiyumvirwa ko yari Zeruzi wa mbere, yarakaza cane ishavu. Igihe kimwe yategetse ko umugabo umwe bamucamwo kubiri kugira ngo bibere abandi icigwa. Yarirukanye kandi umwamikazi Vashiti kubera ko yanse kumugamburukira
Esiteri yategerezwa guhishurira umwami ko ari Umuyudakazi akongera akamujijura ko umujanama wiwe pfampfe yamuhenze