UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 12-13
Ikigereranyo c’ingano n’icatsi kibi
Yezu yarakoresheje ikigereranyo c’ingano n’icatsi kibi mu kwerekana ingene yocaguye mu bantu abagize umugwi w’ingano bose, ari bo bakirisu barobanuwe, n’igihe yobigiriye. Ico gikorwa yagitanguye mu 33.
“Umuntu yabivye imbuto nziza mw’itongo ryiwe”
Umubivyi: Yezu Kristu
Imbuto nziza zibibwa: Abigishwa ba Yezu barobanuzwa impwemu nyeranda
Itongo: Abantu
“Igihe abantu bari basinziriye, umwansi wiwe araza abiba icatsi kibi”
Umwansi: Shetani
Abantu bari basinziriye: Urupfu rw’intumwa
“Reka vyompi bikurane kugeza mw’iyimbura”
Ingano: Abakirisu barobanuwe
Icatsi kibi: Abiyita abakirisu
‘Banza mwegeranye icatsi kibi, muheze mugende mwegeranye ingano’
Abashumba/abashwabuzi: Abamarayika
Kwegeranya icatsi kibi: Abiyita abakirisu baratandukanywa n’abakirisu barobanuwe
Kwegeraniriza mu kigega: Abakirisu barobanuwe begeranirizwa mw’ishengero ryasubijwe umutamana
Igihe ikiringo c’iyimbura catangura, ni igiki catandukanya abakirisu b’ukuri n’abiyita abakirisu?
Gutahura iki kigereranyo bimfasha iki ku giti canje?