UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOHANI 9-10
Yezu aritwararika intama ziwe
Ubucuti buri hagati y’umwungere n’intama ziwe bushingiye ku kumenyana be no ku kwizigirana. Wa Mwungere w’agahebuza Yezu arazi neza intama ziwe: Arazi ivyo imwimwe yose ikenera, aho ikomeye be n’aho ifise intege nke. Intama na zo nyene zirazi umwungere wazo kandi zirizigira ukuntu aziyobora.
Wa Mwungere w’agahebuza Yezu, . . .
- yegeranya gute intama ziwe? 
- aziyobora gute? 
- azikingira gute? 
- azigaburira gute?