UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 32-33
Woba uriko uranyinyana kugira uronke umuhezagiro?
Kugira duhezagirwe na Yehova, dutegerezwa kwihatira kugumiza ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. (1Kr 9:26, 27) Umutama Yakobo yarerekanye agatima dukwiye kugaragaza igihe dukorera Yehova. Turerekana ko turonderana ubwira umuhezagiro wa Yehova mu . . .
Gutegura neza amakoraniro
Kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza tudahorereza
Kwihatira gufasha abandi mw’ishengero
Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, dukwiye kwama dusaba Yehova ngo adufashe kandi tukarondera guhezagirwa na we mu kumukorera tubigiranye umwete.
NIWIBAZE UTI: ‘Mu buzima bwanje, ni mu mice iyihe norushiriza kugira umwete kugira ndonke umuhezagiro wa Yehova?’