ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/9 rup. 7-11
  • Nuronderane ubwira umuhezagiro wa Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuronderane ubwira umuhezagiro wa Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abantu bagamburuka, imihezagiro irabahamvya
  • Tugume twitwararika ivyo Imana igomba
  • Niturondere impwemu nyeranda
  • Ni Ryari Yehova Ahezagira Akigoro Gakomeye Tugira?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Woba uriko uranyinyana kugira uronke umuhezagiro?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Nugume unyinyana kugira uronke umuhezagiro wa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Uruhara impwemu nyeranda igira mw’iranguka ry’umugambi wa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/9 rup. 7-11

Nuronderane ubwira umuhezagiro wa Yehova

“[Imana] ihemba abayironderana ubwira.”​—HEB. 11:6.

1, 2. (a) Abantu benshi barondera gute umuhezagiro w’Imana? (b) Ni kubera iki dukwiye kwitwararika bimwe bidasanzwe ibijanye no kuronka umuhezagiro wa Yehova?

MU BIHUGU bimwebimwe igihe umuntu yasamuye akenshi usanga n’abantu batamuzi na gato bamubwira ngo “kira,” canke ngo “Imana iguhezagire.” Abakuru b’amadini atandukanye urashobora gusanga bariko barahezagira abantu, ibikoko hamwe n’ibintu bitagira ubuzima. Ingenzi zoshobora gufata ingendo zija mu bibanza bimwebimwe bijanye n’ivy’Imana zizigiye ko zizoronka umuhezagiro. Abanyapolitike bama batakambira Imana bayisaba ngo ihezagire ibihugu vyabo. Woba wibaza ko mwene ukwo gusaba umuhezagiro kubereye? Kwoba kuvamwo ivyiza? Ni nde vy’ukuri aronka umuhezagiro w’Imana, kandi kubera iki?

2 Yehova yari yaravuze yuko mu misi ya nyuma yobaye afise abantu batyoroye kandi b’abanyamahoro baturuka mu mahanga yose, bokwamamaje inkuru nziza y’Ubwami gushika ku mpera z’isi naho bobaye bankwa kandi barwanywa. (Yes. 2:2-4; Mat. 24:14; Ivyah. 7:9, 14) Abo muri twebwe bemeye ibanga ryo kuba muri abo bantu baripfuza kandi barakeneye umuhezagiro w’Imana, kubera yuko tutawufise tutokwizigira ko tuzokwigera twererwa. (Zab. 127:1) Ariko none, dushobora gute kuronka umuhezagiro w’Imana?

Abantu bagamburuka, imihezagiro irabahamvya

3. Iyo Abisirayeli bagamburuka, vyari kuvamwo iki?

3 Soma Imigani 10:6, 7. Imbere gatoyi y’uko ihanga rya Isirayeli ryinjira mu Gihugu c’isezerano, Yehova yaravuze yuko ryosagamvye bimwe bidasanzwe rikongera rigakingirwa mu buryo budasanzwe riramutse rigamburutse ijwi ryiwe. (Gus. 28:1, 2) Imihezagiro ya Yehova ntiyoje gusa ku basavyi b’Imana ariko kandi ‘yobahambije.’ Abo bantu bagamburuka, nta gukeka ko boronse imihezagiro.

4. Ukugamburuka nyakuri gusaba iki?

4 None Abisirayeli bategerezwa kugamburuka babigiranye agatima akahe? Itegeko ry’Imana ryavuga yuko itohimbawe bishitse abasavyi bayo ntibayikorere “n’umunezero n’akanyamuneza ko mu mutima.” (Soma Gusubira mu vyagezwe 28:45-47.) Birabereye ko tugamburukira Yehova atari gusa mu kugamburuka amategeko kanaka aduha kubera ko dutegerezwa kubigira, mbere n’ibikoko canke amadayimoni bikaba bishobora kugaragaza bene ukwo kugamburuka. (Mrk. 1:27; Yak. 3:3) Ukugamburukira Imana bivuye ku mutima ni icerekana ko umuntu ayikunda. Kurangwa n’umunezero uva ku kuba uwo muntu yizeye ko amategeko ya Yehova atari umuzigo be n’uko ‘ahemba abamuronderana ubwira.’​—Heb. 11:6; 1 Yoh. 5:3.

5. Umuntu yizigira ivyo Yehova yasezeranye vyomufashije gute kugamburuka itegeko riri mu Gusubira mu vyagezwe 15:7, 8?

5 Rimbura ukuntu ukwo kugamburuka kurangwa n’ukwizigira kwashobora kugaragazwa mu gushira mu ngiro itegeko rivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 15:7, 8. (Soma.) Igihe umuntu yaba agamburutse iryo tegeko yidoga vyarashobora gutuma umworo mu ntango asa n’uwuruhuriwe, ariko none ubwo vyoba vyaratuma mu basavyi b’Imana harangwa imigenderanire myiza n’igishika? N’igihambaye kuruta, vyoba vyaragaragaza ko uwo muntu yizera ubushobozi Yehova afise bwo kuronsa abasavyi biwe ivyo bakeneye be n’uko akenguruka akaryo afise ko kwigana ubwo butanzi bwa cane bwiwe? Ihibambewe! Imana yarabona ukuntu umutima w’umuntu w’umutanzi wa cane vy’ukuri waba umeze kandi yarasezerana kumuhezagira mu vyo yakora vyose no mu twigoro twose yagira. (Gus. 15:10) Kwizigira iryo sezerano vyotumye umuntu agira ico akoze kandi vyotumye aronka imihezagiro myinshi.​—Imig. 28:20.

6. Mu Baheburayo 11:6 hakwiye kudusubiriza umutima mu nda ku biki?

6 Uretse ukwizigira ko Yehova ari Umutanzi w’impembo, mu Baheburayo 11:6 harashimika ku yindi kamere ikenewe kugira ngo umuntu aronke umuhezagiro w’Imana. Urabona ko Yehova ahemba ‘abamuronderana ubwira.’ Ijambo ryo mu rurimi rw’intango ryakoreshejwe ng’aho rishaka kwerekana akigoro gakomeye kandi kagiranywe ishaka. Ese ukuntu ivyo bikwiye kudusubiriza umutima mu nda ku bijanye n’ingene uwo muhezagiro uboneka! Ukomoka kuri ya Mana yonyene y’ukuri “idashobora kubesha.” (Tito 1:2) Haraciye imyaka n’iyindi yerekana yuko ivyo isezerana ari ivyo kwizigirwa ijana kw’ijana. Ivyo ivuga vyama biranguka. (Yes. 55:11) Turashobora rero kwizigira duherejeko yuko nitwagaragaza ukwizera nyakuri, izoduhemba.

7. Dushobora gute kuronka umuhezagiro biciye ku “ruvyaro” rwa Aburahamu?

7 Yezu Kristu yaragaragaye ko ari we gihimba nyamukuru ca rwa “ruvyaro” rwa Aburahamu. Abakirisu barobanuwe ni bo bagize igihimba c’inyongera c’urwo “ruvyaro” rwari rwaravuzwe. Barashinzwe igikorwa co “[ku]menyesha hose kamere z’agahebuza z’umwe yabahamagara abakuye mu mwiza akabinjiza mu muco [wiwe] w’agatangaza.” (Gal 3:7-9, 14, 16, 26-29; 1 Pet. 2:9) Ntitwokwizigira ko dushobora kugiranira imigenderanire myiza na Yehova mu gihe twokwirengagiza abo Yezu yagenye ngo bitwararike ivyo atunze. Tudafashijwe na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” ntitwotahura neza insobanuro y’ivyo dusoma mw’Ijambo ry’Imana canke ngo tumenye ingene twobishira mu ngiro. (Mat. 24:45-47) Dushize mu ngiro ivyo twiga mu Vyanditswe birashobora gutuma turonka umuhezagiro w’Imana.

Tugume twitwararika ivyo Imana igomba

8, 9. Umwe sekuruza w’imiryango Yakobo yagize gute akigoro mu buryo buhuye n’ivyo yari yasavye?

8 Iciyumviro c’uko umuntu ategerezwa kugira akigoro gakomeye kugira ngo aronke umuhezagiro w’Imana coshobora kutwibutsa umwe sekuruza w’imiryango Yakobo. Ntiyari azi ukuntu ivyo Imana yari yarasezeraniye Aburahamu vyorangutse, ariko yaremera yuko Yehova yogwije cane uruvyaro rw’uwo sekuru wiwe, abomukomotseko bakaba bocitse ihanga rinini. Ku bw’ivyo, mu 1781 B.G.C., Yakobo yaragiye i Harani kurondera umukenyezi. Ntiyari arajwe ishinga gusa no kuronka uwomubereye umufasha ateye igomwe, ahubwo nyabuna yarondera umugore yitwararika ivy’impwemu yari umusavyi wa Yehova kandi yobaye inabibondo mwiza w’abana biwe.

9 Turazi yuko Yakobo yahuye n’incuti yiwe Rasheli. Yahavuye akunda Rasheli maze aremera gukorera se wiwe Labani imyaka indwi kugira ngo amumuhe amubere umugore. Iyo ntiyari inkuru gusa y’intibagirwa yerekeye ivy’urukundo. Nta gukeka ko Yakobo yari azi ivyo Imana Mushoboravyose yari yarasezeraniye sekuru Aburahamu kandi ikaba yari yarabisezeraniye na se Izahaki. (Ita. 18:18; 22:17, 18; 26:3-5, 24, 25) Izahaki na we yabwiye umuhungu wiwe Yakobo ati: “Imana Mushoboravyose izoguhezagira, itume urondoka yongere ikugwize, kandi ntuzobura gucika ishengero ry’ibisata vy’abantu. Izoguha umuhezagiro wa Aburahamu, wewe n’uruvyaro rwawe, kugira wigarurire igihugu wabayemwo uri kavamahanga, ico Imana yahaye Aburahamu.” (Ita. 28:3, 4) Akigoro rero Yakobo yagize kugira ngo aronke umukenyezi abereye maze agire umuryango, karerekanye yuko yizigira ivyo Yehova yari yaravuze.

10. Ni kubera iki Yehova yahimbawe no guhezagira Yakobo?

10 Yakobo ntiyariko arondera itunga kugira ngo aronse umuryango wiwe ivyo ukeneye. Yagumiza umutima ku vyo Yehova yari yarasezeranye ku bijanye n’abomukomotseko. Yitwararika cane iranguka ry’ivyo Yehova agomba. Yakobo yari yiyemeje gukora ivyo ashoboye vyose kugira ngo aronke umuhezagiro w’Imana naho yoshikiwe n’intambamyi. Yagumye afise ako gatima n’igihe yari ageze mu zabukuru, kandi Yehova yaramuhezagiye kubera ako gatima.​—Soma Itanguriro 32:24-29.

11. Ni akigoro akahe dukwiye kugira mu buryo buhuye n’ukugomba kw’Imana kwahishuwe?

11 Nk’ukwo kwa Yakobo, ntituzi ibintu vyose vy’ido n’ido vyerekeye iranguka ry’umugambi wa Yehova. Yamara rero, twize Ijambo ry’Imana, turamenya muri rusangi ivyo dukwiye kwitega ku bijanye n’“umusi wa Yehova.” (2 Pet. 3:10, 17) Nk’akarorero, ntituzi neza na neza igihe uwo musi uzozira, ariko turazi ko uri hafi. Turizigira ivyo Ijambo ry’Imana rivuga yuko nitwashinga intahe inogangije muri iki gihe kigufi gisigaye, tuzokwikiza tugakiza n’abatwumviriza.​—1 Tim. 4:16.

12. Ni igiki dushobora kwemera tudakeka?

12 Turemera yuko iherezo ryoshobora kuza umwanya uwo ari wo wose; Yehova ntabwirizwa kurindira ko umuntu wese wo kw’isi abwirwa inkuru nziza. (Mat. 10:23) Vyongeye, turaronka ubuyobozi bwiza ku bijanye n’ukuntu dushobora kurangura neza igikorwa cacu co kwamamaza. Tubigiranye ukwizera, turagira uruhara muri ico gikorwa uko dushoboye kwose, tugakoresha ubutunzi ubwo ari bwo bwose dufise. Twoba tuzokwama twamamaza mu cibare cimbuka gusumba ibindi? Mu vy’ukuri, ivyo twoshobora gute kubimenya imbere y’igihe? (Soma Umusiguzi 11:5, 6.) Ico tujejwe ni ukwamamaza twizigiye yuko Yehova azoduhezagira. (1 Kor. 3:6, 7) Turashobora kwemera tudakeka yuko abona utwigoro dukomeye tugira, kandi biciye ku mpwemu nyeranda yiwe, azoturonsa ubuyobozi ubwo ari bwose butomoye dukeneye.​—Zab. 32:8.

Niturondere impwemu nyeranda

13, 14. Kuba impwemu nyeranda y’Imana ifise ubushobozi bwo gutuma abasavyi bayo baba abashoboye kurangura ibikorwa binaka vyagaragaye gute?

13 Tuvuge iki none mu gihe twumva ko tudashoboye kurangura igikorwa kinaka twashinzwe canke kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza? Dukwiye gusaba Yehova ngo aduhe impwemu nyeranda yiwe kugira ngo idufashe kuryohora ubushobozi ubwo ari bwo bwose dufise mu murimo tumurangurira. (Soma Luka 11:13.) Impwemu y’Imana irashobora gutuma abantu bakwiza ibisabwa kugira ngo bitwararike igikorwa kinaka canke agateka kanaka k’umurimo naho ivyabo vyoba vyahora vyifashe gute canke naho boba barashikiwe n’ibiki. Nk’akarorero, Abisirayeli bakiva mu Misiri, impwemu y’Imana yaratumye abo bantu bahoze ari abungere n’abaja bashobora gutsinda abansi babo mu ntambara naho batari bamenyereye ivyo kurwana. (Kuv. 17:8-13) Gatoyi inyuma y’aho, iyo mpwemu nyene yaratumye Bezaleli na Oholiyabu bagira ubuhanga bwo kwubaka itaberenakulo bisunze imigero myiza igitangaza yari yahumetswe n’Imana.​—Kuv. 31:2-6; 35:30-35.

14 Iyo mpwemu y’ububasha yaratumye abasavyi b’Imana bo muri kino gihe bashobora kwitwararika ivyo ishirahamwe ryari rikeneye igihe vyaba ngombwa ko batangura kwikorera igikorwa co gucapura. Mw’ikete rimwe, umuvukanyi R. J. Martin, uno akaba yari umuhagarikizi w’icapuriro ico gihe, yarasiguye ivyari bimaze kurangurwa mu 1927. Yavuze ati: “Ku gihe kibereye, Umukama yaruguruye umuryango; maze turaronka ca kimashini amahanga gicapura cizunguriza, twebwe abantu batari bazi na kimwe ku bijanye n’ukuntu cahinguwe be n’ingene gikora. Ariko Umukama arazi gufasha abantu bamwihebeye ata co bisigarije. . . . Mu mayinga makeyi gusa, twari dushoboye gukoresha neza ico kimashini; kandi n’ubu kiracakora, kikaba gikora ibintu mbere n’abagihinguye batigeze bamenya ko cokora.” Gushika n’uno musi, Yehova yarabandanije guhezagira bene utwo twigoro tugiranywe ubwira.

15. Mu Baroma 8:11 hashobora gute kuremesha abariko baroshwa nabi?

15 Impwemu ya Yehova ikora mu buryo butandukanye. Iyo mpwemu, abasavyi b’Imana bose barashobora kuyironka kandi irabafasha gutsinda intambamyi zidasanzwe. Tuvuge iki igihe twumva turengewe n’inyosha mbi? Turashobora gukomezwa n’amajambo Paulo yavuze dusanga mu Baroma 7:21, 25 na 8:11. Ego cane, “impwemu y’umwe yazura Yezu mu bapfuye” irashobora kudufasha, igatuma dushobora gutsinda intambara yo kurwanya ivyipfuzo vy’umubiri. Ayo majambo yandikiwe abakirisu barobanujwe impwemu, ariko ingingo ngenderwako iri muri yo irerekeye abasavyi b’Imana bose. Twese turonka ubuzima mu kwizera Kristu, mu kwihatira kwica ivyipfuzo bitabereye no mu kubaho twisunga ubuyobozi butangwa n’impwemu.

16. Ni igiki dutegerezwa gukora kugira ngo turonke impwemu nyeranda y’Imana?

16 Twoba twokwitega ko Imana iduha inguvu zayo zikora ata kigoro na kamwe tugize? Ashwi da! Uretse ko dukwiye gusenga tuyisaba, dutegerezwa kwigaburira Ijambo ry’Imana ryahumetswe tubigiranye umwete. (Imig. 2:1-6) Vyongeye, impwemu y’Imana iguma iri kw’ishengero rya gikirisu. Igihe twitaba amakoraniro tudahorereza tuba twerekanye yuko twipfuza “[kwumva] ico impwemu ibwira amashengero.” (Ivyah. 3:6) N’ikindi kandi, dutegerezwa gushira mu ngiro twicishije bugufi ivyo twiga. Mu Migani 1:23 haduhanura hati: “Hindukira wemere igikangiro canje. Maze nzotuma impwemu yanje idudubiza kuri mwebwe.” Ego cane, Imana iha impwemu nyeranda yayo “abayigamburukira nka yo mutware.”​—Ivyak. 5:32.

17. Ukuntu umuhezagiro w’Imana ugira ico ukoze ku twigoro twacu twobigereranya n’iki?

17 Naho bikenewe ko tugira akigoro tubigiranye ubwira kugira ngo turonke umuhezagiro w’Imana, uribuka yuko gukora cane vyonyene atari vyo bituma Yehova aha abasavyi biwe ibintu vyinshi vyiza. Ukuntu umuhezagiro wiwe ugira ico ukoze ku twigoro twacu birashobora kugereranywa n’ingene imibiri yacu yungukira ku mfungurwa nziza. Imana yahinguye imibiri yacu ku buryo twinovora ibifungurwa tukongera tukabikuramwo ibintu dukeneye cane kugira ngo tubeho. Iraturonsa kandi ivyo bifungurwa. Ntituzi neza na neza ukuntu ibifungurwa dufungura bihingura ibintu umubiri wacu ukeneye, eka kandi benshi muri twebwe ntidushobora gusigura ukuntu imibiri yacu ihingura ibifungurwa dufungura bigacika ibintu bituma tugira inkomezi. Tuzi gusa yuko ivyo bintu bishika ku ntumbero yavyo be n’uko tugira ico duterereye mu gufungura. Igihe duhisemwo gufungura ibifungurwa nzanamagara hararushiriza mbere kuvamwo ivyiza. Muri ubwo buryo nyene, Yehova arashinga ivyo dusabwa kugira tuzoronke ubuzima budahera, kandi araduha imfashanyo dukeneye kugira ngo dushitse ivyo bisabwa. Biratomoye yuko ari we arangura uruhara runini muri ivyo, akaba rero abereye gushemezwa. Naho ari ukwo, kugira ngo turonke umuhezagiro dutegerezwa kugira ico duterereye ku vyo arangura mu gukora duhuza n’ivyo Imana igomba.​—Hag. 2:18, 19.

18. Wiyemeje iki, kandi kubera iki?

18 Nukorane rero umutima wawe wose igikorwa cose ushinzwe. Niwame uhanga amaso Yehova kugira ngo agufashe bigende neza. (Mrk. 11:23, 24) Uko ubigenza gutyo, numenye udakeka yuko “uwurondera wese aronka.” (Mat. 7:8) Abarobanujwe impwemu bazohezagirwa mu guhabwa “urugori rw’ubuzima” mw’ijuru. (Yak. 1:12) Abagize “izindi ntama” za Kristu, bano bakaba bariko barihata kugira ngo bironse umuhezagiro biciye ku ruvyaro rwa Aburahamu, bazohimbarwa no kwumva Kristu avuga ati: “Nimuze mwebwe abahezagiwe na Dawe, mutorane ubwami mwateguriwe kuva kw’ishingwa ry’isi.” (Yoh. 10:16; Mat. 25:34) Ego cane, ‘abo Imana ihezagira bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.’​—Zab. 37:22, 29.

Woshobora kuvyishura?

• Ukugamburuka nyakuri gusaba iki?

• Hasabwa iki kugira ngo umuntu aronke umuhezagiro w’Imana?

• Twoshobora gute kuronka impwemu nyeranda y’Imana, kandi ishobora gute kudufasha?

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 9]

Yakobo yaranyinyanye n’umumarayika kugira ngo aronke umuhezagiro wa Yehova.

Woba na wewe ugira akigoro ubigiranye ubwira?

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 10]

Impwemu nyeranda y’Imana yaratumye Bezaleli na Oholiyabu baba abahanga

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika