ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Rusama rup. 2-7
  • Niwigane abamarayika b’intahemuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigane abamarayika b’intahemuka
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ABAMARAYIKA BARICISHA BUGUFI
  • ABAMARAYIKA BARAKUNDA ABANTU
  • ABAMARAYIKA BARIHANGANA
  • ABAMARAYIKA BARAFASHA KUGIRA NGO ISHENGERO RIGUME RITYOROYE
  • Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Abamarayika ni bande?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Imfashanyo itangwa n’abamarayika b’Imana
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Rusama rup. 2-7

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 19

URURIRIMBO RWA 6 Amajuru araninahaza Imana

Niwigane abamarayika b’intahemuka

«Shemeza Yehova, yemwe bamarayika biwe mwese.»—ZAB. 103:20.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Ivyigwa dukura ku bamarayika b’intahemuka.

1-2. (a)  Dutandukaniye he n’abamarayika? (b) Duhuriye kuki n’abamarayika?

IGIHE Yehova yagutera iteka ryo kumenya ukuri, yari akuzanye mu muryango wiwe urangwa urukundo ugizwe n’abasavyi biwe batandukanye, ushizemwo n’abamarayika amamiliyoni b’intahemuka. (Dan. 7:​9, 10) Iyo twiyumviriye ibijanye n’abamarayika, akenshi duca tubona ivyo dutandukaniyeko. Nk’akarorero, babayeho kera cane imbere y’uko twebwe tubaho. (Yobu 38:​4, 7) Ikindi na co, barakomeye cane kuturusha. Vyongeye, ni beranda kandi baragororotse kurusha twebwe abantu b’abanyagasembwa.—Luka 9:26.

2 Ariko naho hariho ivyo dutandukaniyeko n’abamarayika, hariho vyinshi duhuriyeko. Nk’akarorero, cokimwe n’abamarayika turashobora kugaragaza kamere nziza za Yehova. Turafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Turafise amazina aturanga, kamere twisangije be n’ibikorwa bitandukanye twashinzwe mu murimo wa Yehova. Vyongeye, cokimwe n’abamarayika turafise icipfuzo co gusenga Umuremyi wacu.—1 Pet. 1:12.

3. Ni ibiki dushobora kwigira ku bamarayika b’intahemuka?

3 Kubera ko hari vyinshi duhuriyeko n’abamarayika, akarorero kabo keza karashobora kuturemesha no kutwigisha ivyigwa bitandukanye. Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ingene twokwigana ukwicisha bugufi kwabo, urukundo bakunda abantu, ukwihangana kwabo be n’ivyo bakora kugira ngo ishengero rigume ridahumanye.

ABAMARAYIKA BARICISHA BUGUFI

4. (a) Abamarayika berekana gute ko bicisha bugufi? (b) Kubera iki bicisha bugufi? (Zaburi 89:7)

4 Abamarayika b’intahemuka baricisha bugufi. Naho bazi ibintu vyinshi, bakaba bakomeye kandi bafise ubukerebutsi, baragamburuka ivyo Yehova abasaba. (Zab. 103:20) Iyo bakoze ibikorwa Yehova yabashinze, ntibigera bishira hejuru canke ngo bihaye mu kwerekana ko bafise ububasha budasanzwe. Barahimbarwa no gukora ivyo Yehova agomba, naho amazina yabo atigera amenyekana.a (Ita. 32:​24, 29; 2 Abm. 19:35) Ntibemera guhabwa icubahiro kibereye Yehova. Kubera iki none bicisha bugufi ukuraho? Kubera ko bakunda Yehova kandi bakamwubaha cane.—Soma Zaburi 89:7.

5. Umumarayika umwe yerekanye gute ukwicisha bugufi igihe yakosora intumwa Yohani? (Raba n’ifoto.)

5 Raba ikintu kimwe cabaye cerekana ukwicisha bugufi kw’abamarayika. Nko mu 96 inyuma ya Kristu, umumarayika umwe atavugwa izina yareretse intumwa Yohani ibintu bitangaje. (Ivyah. 1:1) None Yohani yaciye akora iki? Yaciye apfukama kugira ngo amusenge. Ariko uwo mumarayika w’intahemuka yaciye ubwo nyene amubuza amubwira ati: «Uragaba! Ntukore ivyo! Ndi umushumba mugenzawe gusa n’umushumba mugenzi wa benewanyu bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu. Nusenge Imana!» (Ivyah. 19:10) Umve nawe ukwo kwicisha bugufi! Uwo mumarayika ntiyarondera ivyubahiro. Yaciye ubwo nyene abwira Yohani ko akwiye gusenga Yehova Imana. Ariko kandi uwo mumarayika ntiyasuzuguye Yohani. Abigiranye ukwicisha bugufi, yise Yohani umushumba mugenziwe, naho yari amaze igihe kirekire akorera Yehova kuruta Yohani, kandi akamurusha n’inkomezi. N’igihe vyaba ngombwa ko uwo mumarayika akosora intumwa Yohani, ntiyaryagaguye uwo mutama canke ngo amukarire. Ahubwo yamuyagishije n’umutima mwiza kubera ko yatahura yuko ashobora kuba yari yatekewe n’ubwoba.

Umumarayika ariko arabuza intumwa Yohani gupfukama ngo amusenge.

Wa mumarayika yavugana na Yohani yarerekanye ko yicisha bugufi (Raba ingingo ya 5)


6. Twokwigana gute ukwicisha bugufi kw’abamarayika?

6 Twokwigana gute ukwicisha bugufi kw’abamarayika? Cokimwe n’abamarayika, na twebwe nyene igihe turangura ibikorwa twashinzwe mu murimo wa Yehova, turakwiye kwirinda kwiyemera canke kugerageza kuvyiyitirira. (1 Kor. 4:7) Vyongeye, ntidukwiye kwiyumvira ko turuta abandi kubera ko tumaze igihe kirekire mu murimo wa Yehova kubarusha canke kubera dufise amabanga kanaka. Nkako, uko turushiriza gushingwa amabanga ni ko dukwiye kurushiriza kwifata nk’abato. (Luka 9:48) Cokimwe n’abamarayika, twipfuza gukorera abandi. Ntitwipfuza kwerekana ko turi agahambaye.

7. Twokwerekana gute ukwicisha bugufi igihe bibaye ngombwa ko dukosora umuntu canke tumuhanura?

7 Turashobora kandi kwerekana ukwicisha bugufi igihe bibaye ngombwa ko dukosora canke duhanura umuntu, nk’akarorero uwo dusangiye ukwemera canke umwana wacu. Igihe duhanura umuntu, hari aho vyokenerwa ko tumubwira ata guca ku ruhande. Ariko cokimwe na wa mumarayika yakosora Yohani n’umutima mwiza, turashobora gutanga impanuro irashe tutiriwe turatuma uwo duhanuye avunika umutima. Nitwabona ko tutaruta abandi, tuzobaha impanuro ishingiye kuri Bibiliya tubigiranye umutima mwiza n’icubahiro.—Kol. 4:6.

ABAMARAYIKA BARAKUNDA ABANTU

8. (a) Twisunze Luka 15:​10, abamarayika berekana gute ko bakunda abantu? (b) Abamarayika badufasha gute mu gikorwa co kwamamaza? (Raba n’ifoto yo ku gipfukisho.)

8 Abamarayika ntibinuba abantu canke ngo babace kure. Ahubwo barabakunda. Baranezerwa cane iyo umucumuzi yigaye, ni ukuvuga iyo intama yazimiye igarutse kuri Yehova canke iyo umuntu yize ivyerekeye Yehova maze akagira ivyo ahinduye mu buzima. (Soma Luka 15:10.) Abamarayika kandi baradufasha cane mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. (Ivyah. 14:6) Naho ubwabo batabwira abantu inkuru nziza, boshobora kwerekeza umwamamaji ku muntu yipfuza kumenya ivyerekeye Yehova. Naho ari ukwo, ntitwokwemeza ijana kw’ijana ko abamarayika ari bo baba batwerekeje ku muntu kanaka. Nakare, Yehova arashobora gukoresha ubundi buryo, nk’akarorero impwemu yiwe nyeranda, kugira ngo afashe abantu bipfuza kumumenya, canke kugira ayobore abasavyi biwe ngo baje kubabwira inkuru nziza. (Ivyak. 16:​6, 7) Ariko ahanini akunda gukoresha abamarayika. Igihe rero twamamaza inkuru nziza, turashobora kwemera tudakeka ko abamarayika bazoba bari kumwe natwe kugira ngo badushigikire.—Raba uruzitiro ruvuga ngo «Amasengesho yabo yarishuwe.»b

 Umugabo n’umugore wiwe bari mw’ibarabara bafise ka kantu k’amapine. Abamarayika bari hejuru yabo, bakaba bariko barayobora uwo mudada ngo arabe umugore umwe asa n’uwufise ibibazo, yicaye ku ntebe.

Umugore n’umugabo bariko barataha bavuye kwamamaza ku mugaragaro. Bakiri mu nzira uwo mushiki wacu arabona umugore asa n’uwufise ibibazo. Aciye yibuka ko abamarayika bashobora kutwerekeza ku bantu bipfuza kumenya ukuri. Uwo mushiki wacu aciye yumva yoja guhumuriza uwo mugore (Raba ingingo ya 8)


Amasengesho yabo yarishuwe

Abamarayika boba baragize uruhara muri izi nkuru zikurikira?

  • Igihe agakobwa kamwe k’imyaka 12 ko muri Peru kariko karamamaza kuri telefone kari kumwe na mama wako, karayagishije umugore umwe yari yamye asaba Imana ko yomurungikira uwomufasha. Uwo mugore yabonye ko terefone y’ako gakobwa ari inyishu y’amasengesho yiwe, aca aremera kwiga Bibiliya. Bidatevye yaciye atangura kwitaba amakoraniro.

  • Umugore umwe wo muri Rumaniya yaramaze igihe yiga Bibiliya, hanyuma arabihagarika. Mu nyuma, igihe yariko akora akazi ko kwitwararika abarwayi mu Butaliyano, yaripfuje gusubira kwiga Bibiliya. Kubera ko ata Cabona n’umwe wo ng’aho yari azi, yarasenze Yehova ngo amufashe. Gatoya inyuma y’aho, abo yakorera baramutumye kubagurira ikintu ku mangazini. Bamusavye kutayagisha nyene iyo mangazini. Bamubwiye bati: «Ni Icabona ca Yehova kandi abakiriya arakunda guca abayagisha ivyerekeye Bibiliya.» Erega wa muvukanyi nyene iyo mangazini yahavuye ayagisha uwo mugore ivyerekeye Bibiliya. Uwo mugore yaciye abona ko ari inyishu y’amasengesho yiwe. Yaciye asubira kwiga Bibiliya maze aratera imbere mu vy’impwemu. Akarorero kiwe keza karatumye umwe mu bahungu biwe atangura kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro.

  • Umugabo n’umugore b’Ivyabona barafashe ingingo yo kugurisha umuduga wabo. Igihe umugabo umwe n’umugore wiwe baza kuraba uwo muduga, ivyo Vyabona baciye baboneraho akaryo ko kubasigurira ko bahisemwo kworosha ubuzima bwabo kugira bashobore gufasha abandi kumenya ivyerekeye Bibiliya. Uwo mugabo yashaka kugura iyo modoka yaciye avuga ati: «Ejo narasenze mvuga nti: ‘Mana ndakwinginze undungikire umuntu yomfasha. Mfise ibibazo vyinshi, numfashe ndakumenye.’» Kubonana n’ivyo Vyabona yabonye ko ari inyishu y’isengesho ryiwe. Uwo mugabo n’umukenyezi wiwe baremeye kwiga Bibiliya, mu nyuma udukobwa twabo tubiri na two turakurikira. Uwo muryango wose ubu uritaba amakoraniro.

9. Twokwigana gute abamarayika mu bijanye no gukunda abantu?

9 Twokwigana gute abamarayika mu bijanye no gukunda abantu? Cokimwe n’abamarayika, turakwiye kunezerwa igihe twumvise itangazo ry’uko hari uwagarukanywe mw’ishengero. Turashobora gushikira uwo muntu tukamuha ikaze kandi tukamubwira ko tumukunda. (Luka 15:​4-7; 2 Kor. 2:​6-8) Turashobora kandi kwigana abamarayika mu gukora ivyo dushoboye vyose mu gikorwa co kwamamaza. (Umus. 11:6) Vyongeye, kurya nyene abamarayika badushigikira mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, na twebwe turakwiye kurondera ingene twoshigikira abavukanyi bacu muri ico gikorwa. Nk’akarorero, turashobora gupanga gukorana n’umwamamaji akiri mushasha. Canke na ho, twoshobora gushigikira abavukanyi na bashiki bacu bitereye mu myaka canke bamugaye, kugira na bo bashobore kugira uruhara mu ndimiro.

10. Ivyashikiye Sara bitwigisha iki?

10 Bite nimba uko ivyacu vyifashe bitadukundira gukora vyinshi mu murimo wa Yehova? N’aho nyene, twoshobora kuronka ingene dukorana n’abamarayika mu gikorwa co kwamamaza. Raba ivyashikiye mushiki wacu umwe yitwa Sarac wo mu Buhindi. Inyuma y’imyaka nka 20 Sara ari umutsimvyi, yararwaye cane ku buryo ataba akiva aho ari. Birumvikana ko yababaye cane. Ariko buhorobuhoro Sara yarasubiriye kugira umunezero, kubera ko abavukanyi bo mw’ishengero bamufashije no kubera ko yama asoma Bibiliya. Ariko rero, yategerezwa guhindura uburyo bwo kwamamaza. Kubera ko atashobora no kwicara ngo yandike amakete, yamamaza gusa akoresheje telefone. Yaraterefona rero abo bigeze kuyaga, na bo bakamubwira abandi bantu bipfuza kwiga Bibiliya. None vyavuyemwo iki? Mu mezi makeyi gusa, Sara yari afise inyigisho za Bibiliya 70 akaba atashobora kuziyobora wenyene. Zimwezimwe rero yaciye aziha abandi bo mw’ishengero. Benshi muri bo ubu baritaba amakoraniro. Ese ukuntu abamarayika bategerezwa kuba banezerwa iyo bakoranye n’abavukanyi na bashiki bacu, bakora ivyo bashoboye vyose mu gikorwa co kwamamaza nka Sara!

ABAMARAYIKA BARIHANGANA

11. Abamarayika berekanye gute ukwihangana kudasanzwe?

11 Abamarayika barerekana ukwihangana bimwe bidasanzwe. Baramaze imyaka ibihumbi bihanganira akarenganyo n’ububisha babona. Barabonye ingene Shetani n’abandi bamarayika benshi bahoze bakorera Yehova bari kumwe bamugarariza. (Ita. 3:1; 6:​1, 2; Yuda 6) Bibiliya iratubwira ibijanye n’umumarayika umwe w’intahemuka yarwanijwe imbonankubone n’idayimoni ikomeye. (Dan. 10:13) Vyongeye, kuva abantu batanguye kubaho, abamarayika babonye abantu bakeyi gusa ari bo bahitamwo gusenga Yehova. Ariko rero, ivyo vyose ntivyabujije abo bamarayika kubandanya bakorera Yehova n’umwete kandi banezerewe. Barazi ko igihe nicagera Imana izokuraho akarenganyo kose.

12. Ni ibiki vyodufasha kwihangana?

12 Twokwigana gute ukwihangana kw’abamarayika? Cokimwe na bo, twoshobora kubona ibintu vy’akarenganyo canke tugahamwa. Ariko na twebwe turazi ko igihe nicagera Imana izokuraho ububisha bwose. Nk’ukwo kw’abo bamarayika rero, «ntiduhe[ba] gukora ivyiza.» (Gal. 6:9) Imana na yo idusezeranira kudufasha kwihangana. (1 Kor. 10:13) Turashobora gusenga Yehova tumusaba impwemu yiwe, iyidufasha kwihangana no kugira umunezero. (Gal. 5:22; Kol. 1:11) Bite hoho bishitse bakakurwanya? Aho gutekerwa n’ubwoba niwizigire Yehova uherejeko. Yehova azokwama agufasha yongere agukomeze.—Heb. 13:6.

ABAMARAYIKA BARAFASHA KUGIRA NGO ISHENGERO RIGUME RITYOROYE

13. Ni igikorwa ikihe kidasanzwe abamarayika bashinzwe muri iyi misi ya nyuma? (Matayo 13:​47-49)

13 Muri iyi misi ya nyuma, Yehova yarashinze abamarayika igikorwa kidasanzwe. (Soma Matayo 13:​47-49.) Abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi barumviriza inkuru nziza. Bamwe muri bo baratera imbere bakaba abakirisu b’ukuri, abandi na bo bikabananira. Abamarayika bashinzwe igikorwa co ‘kurobanura ababisha mu bagororotsi.’ Ivyo bisobanura ko bashinzwe igikorwa co gukingira ishengero kugira ngo ntiryandure. Ariko rero, ivyo ntibisobanura ko uwo wese ahevye kwifatanya n’ishirahamwe rya Yehova atazokwigera agaruka. Vyongeye, ntibisobanura ko ata ngorane zizokwigera zishika mw’ishengero. Naho ari ukwo, turizigira tudakeka ko abamarayika bariko barakora uko bashoboye kwose kugira ngo bafashe amashengero yacu kuguma adahumanye.

14-15. Twokwigana gute icipfuzo abamarayika bafise co gukingira ishengero ngo ntirihumane? (Raba n’amafoto.)

14 Twokwigana gute icipfuzo abamarayika bafise co gukingira ishengero ngo ntirihumane? Ni mu kugira ico duterereye kugira ngo ishengero rigume rityoroye. Kugira ivyo tubishikeko turihatira kuzigama umutima wacu mu guhitamwo abagenzi beza no mu kwirinda ikintu ico ari co cose cohava conona ubucuti dufitaniye na Yehova. (Zab. 101:3) Turashobora no gufasha abo dusangiye ukwemera kuguma ari intahemuka kuri Yehova. Nk’akarorero, twokora iki tumenye ko hari uwo dusangiye ukwizera yakoze igicumuro gikomeye? Kubera ko tumukunda twomuremesha kuja kubibwira abakurambere. Atabigize, twebwe ubwacu twoca tubimenyesha abakurambere. Twipfuza ko umuvukanyi wacu aba yatirimutse afashwa ningoga.—Yak. 5:​14, 15.

15 Ikibabaje hari abakora ibicumuro bikomeye bikaba ngombwa ko bakurwa mw’ishengero. Iyo bigenze gutyo duca «[t]ureka kwifatanya» na bo.d (1 Kor. 5:​9-13) Gukura umucumuzi mw’ishengero biratuma riguma ridahumanye. Vyongeye, igihe turetse kwifatanya n’abakuwe mw’ishengero tuba vy’ukuri tubagaragarije umutima mwiza. Iyo dushikamye gutyo vyoshobora gutuma bikubita agashi. Babigize turanezeranwa na Yehova be n’abamarayika biwe.—Luka 15:7.

Amafoto: 1. Bashiki bacu babiri bicaye ku ntebe, bariko barafata agakawa. Umwe ariko aravuga, mugenziwe na we yirabiye hirya. 2. Mu nyuma wa mushiki wacu yariko aravuga, ariko arayagisha abakurambere babiri ku Ngoro y’Ubwami.

Twokora iki tumenye ko uwo dusangiye ukwemera yakoze igicumuro gikomeye? (Raba ingingo ya 14)e


16. Wokwigana abamarayika mu biki?

16 Ese ingene ari agateka kubona Yehova adufasha kumenya ibijanye n’abamarayika no kubona dukorana na bo! Nimuze rero twigane kamere zabo nziza, ari zo ukwicisha bugufi, gukunda abantu, ukwihangana, n’icipfuzo bafise co gukingira ishengero ngo ntirihumane. Na twebwe twiganye abamarayika b’intahemuka, twoba mu bagize umuryango w’abasavyi ba Yehova ibihe bidahera.

TWOKWIGANA GUTE . . .

  • ukwicisha bugufi kw’abamarayika?

  • urukundo bakunda abantu?

  • akigoro bagira ko gukingira ishengero ngo ntirihumane?

URURIRIMBO RWA 123 Tugamburuke ubuyobozi tudahemuka

a Mu bamarayika amamiliyoni amajana, babiri gusa ni bo bavugwa amazina muri Bibiliya, na bo akaba ari Mikayeli na Gaburiyeli.—Dan. 12:1; Luka 1:19.

b Wipfuza kumenya izindi nkuru nk’izo, raba Index des Publications munsi y’umutwe uvuga ngo «Anges», ku ciyumviro kivuga ngo «direction angélique (examples).»

c Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

d Nk’uko vyasiguwe mu makuru agezweho ya 2 avuye ku Nama Nyobozi (2024), igihe uwakuwe mw’ishengero yitavye ikoraniro, umwamamaji yoshobora guhitamwo kumuramutsa bisanzwe akamuha ikaze, yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya.

e INSOBANURO Y’AMAFOTO: Mushiki wacu umwe ariko araremesha umugenzi wiwe kubwira abakurambere ivyamushikiye. Haciye igihe atarabibabwira, uwo mushiki wacu aca aja kuvyibwirira abakurambere.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika