-
Yesaya 37:24Bibiliya y’isi nshasha
-
-
24 Wacokoye Yehova biciye ku basavyi bawe, kandi ukaba uvuga uti+:
‘Nkoresheje ubwinshi bw’imikogote y’intambara yanje, jewe ubwanje+—
Nzoduga koko ahakirurutse h’uturere tw’imisozi+,
Imihingo ya Libani+ iri kure kuruta iyindi;
Kandi nzokwicira amasederi maremare yaho, ibiti vy’imiberoshi vyaho vy’intorwa+.
Nzokwinjira ahakirurutse haho ha nyuma, ikibira kimeze nk’umurima w’ivyamwa waho+.
-