ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/9 rup. 28-31
  • Reka “Ijambo” rya Yehova rikurinde

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Reka “Ijambo” rya Yehova rikurinde
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ihanga ryakingiwe n’inkinzo y’ubukerebutsi buva ku Mana
  • Ihanga rikingiwe n’ingingo ngenderwako
  • Reka “ijambo” rya Yehova ririnde umutima wawe
  • Ijambo ry’Imana rirarinda ishengero
  • Bakingiwe “ubumote bgiza”
  • Yehova arazigama abamwizigira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Wozigama gute umutima wawe?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • «Ubukerebutsi buva mw’ijuru» bwoba buriko burakora mu buzima bwawe?
    Niwiyegereze Yehova
  • ‘Kurwanya Ibiremwa vy’Impwemu Bibi’
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/9 rup. 28-31

Reka “Ijambo” rya Yehova rikurinde

MU 490 B.G.C. muri ya ntambara y’intibagirwa yabereye i Marathon, Abanyatenayi baharurwa hagati y’ibihumbi 10 n’ibihumbi 20 barahanganye n’ingabo z’Abaperesi zasumba cane iz’iwabo. Ubuhinga nyamukuru Abagiriki bakoresha bwari uburyo abasirikare bagira urunani bagatambuka begeranye cane. Inkinzo zabo barazikingiriza zegeranye cane, zikamera nk’igihome gisa n’ikidacika, gishingagiyemwo amacumu. Ubwo buryo bwo kurwana bwaratumye Abanyatenayi batahukana intsinzi ruhasha ku ngabo nyinshi kandi zikomeye z’Abaperesi.

Abakirisu b’ukuri bari mu ndwano y’ivy’impwemu. Banyinyana n’abansi bakomeye, bakaba ari abatware bataboneka b’uru runkwekwe rw’ibintu, badondorwa muri Bibiliya ko ari “abaganza iyi si y’umwiza, . . . impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru” (Abanyefeso 6:12; 1 Yohana 5:19). Abasavyi b’Imana babandanya gutsinda, ariko si ku bw’inkomezi zabo bwite. Ishimwe ry’ivyo vyose ryitirirwa Yehova we abakingira akongera akabigisha nk’uko bivugwa muri Zaburi 18:30, ahagira hati: “Ijambo ry’Uhoraho ryaravugutiwe: ni we nkinzo ikīngira abamuhungirako bose”.

Ego cane, biciye kw’“ijambo” ryiwe ryavugutiwe rikaba riri mu Vyanditswe Vyeranda, Yehova arakingira abasavyi biwe b’intahemuka kugira ntibamererwe nabi mu vy’impwemu (Zaburi 19:7-11; 119:93). Ku biraba ubwenge canke ubukerebutsi bugaragarira mw’Ijambo ry’Imana, Salomo yanditse ati: “Ntukabute, na bgo buzokuzigama, bukunde, buzokurinda” (Imigani 4:6; Umusiguzi 7:12). Ubwenge canke ubukerebutsi buva ku Mana buturinda gute ngo ntihagire ico tuba? Reka turabe akarorero ka Isirayeli ya kera.

Ihanga ryakingiwe n’inkinzo y’ubukerebutsi buva ku Mana

Ivyagezwe vya Yehova vyarakingira bikongera bikayobora Abisirayeli mu mice yose y’ubuzima. Nk’akarorero, amabwirizwa ajanye n’ivyo gufungura, ivy’isuku, n’ivyo gushira ukwiwe umuntu arwaye indwara yandukira, yarabakingira indwara zaririka inganda mu yandi mahanga. Aho abahinga bamariye kumenya mu kinjana ca 19 ko habaho imigera y’indwara, ni ho gusa abo bahinga babonye kujana n’Ivyagezwe vy’Imana. Amategeko ku bijanye n’uwo itongo ryegukira, ku bijanye n’ugucungura ibintu, guhebera umwenda umuntu hamwe no ku bijanye no kuguranira inyungu, yaragirira neza abantu muri Isirayeli mu gutuma haba ikibano gitekanye kandi agatuma mu vy’ubutunzi bamwe bataburira aho abandi baronkeye (Gusubira mu vyagezwe 7:12, 15; 15:4, 5). Ivyagezwe vya Yehova vyaranafasha gutuma isi ndimwa ya Isirayeli idatituka (Kuvayo 23:10, 11)! Amabwirizwa ku bijanye n’ukwirinda ugusenga kw’ikinyoma yarakingira abantu mu buryo bw’impwemu, akabakingira guturubikwa n’amadayimoni, gutanga abana babo kw’ibimazi hamwe n’ibindi bibi vyinshi, akanabakingira wa mugenzo w’akamaramaza wo kwunamira ibigirwamana bitagira ubuzima.​—Kuvayo 20:3-5; Zaburi 115:4-8.

Si ivy’imbeshere, “ijambo” rya Yehova vyarabonetse ko ‘atari iryo kugira iryoroshe’ canke iritagira ikimazi kuri Isirayeli. Ahubwo nyabuna, ryaratuma abarikurikiza babaho kandi bakaramba (Gusubira mu vyagezwe 32:47). Ni ko bimeze no muri kino gihe ku bantu bitondera amajambo y’ubukerebutsi ya Yehova, naho nyene abakirisu batakiri munsi y’isezerano ry’Ivyagezwe (Ab’i Galatiya 3:24, 25; Abaheburayo 8:8). Kukaba nkako, abakirisu aho kugira icegeranyo c’amategeko, bafise ingingo ngenderwako nyinshi ziri muri Bibiliya, zo kubayobora no kubakingira.

Ihanga rikingiwe n’ingingo ngenderwako

Amategeko ashobora kuba araba ibintu kanaka gusa kandi agashobora kuba ay’igihe gito. Ariko rero, ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zozo, kubera ko ari ukuri kw’ishimikiro, kenshi usanga zikora ku bintu vyinshi kandi zikaba iz’igihe cose. Rimbura nk’akarorero ingingo iri muri Yakobo 3:17 (NW). Igice cayo kivuga giti: “Ubukerebutsi buva mw’ijuru, ubwa mbere na mbere ntibuhumanye, maze buremesha amahoro”. Ukwo kuri kw’ishimikiro kwoshobora gute gukingira abasavyi b’Imana muri kino gihe?

Kuba umuntu adahumanye bisobanura kuba uwutanduye mu nyifato runtu. Ku bw’ivyo, abantu bafatana uburemere ivyo kudahumana barakora uko bashoboye kwose, atari kugira gusa ngo birinde ubuhumbu, ariko kandi kugira birinde n’ikintu cose bazi ko gishikana kuri bwo, harimwo n’ukwishiramwo ivyiyumviro bijanye n’ivy’igitsina hamwe no kuraba amashusho yerekana ubushegabo (Matayo 5:28). Muri ubwo buryo nyene, abareshanya bashize ku mutima iyo ngingo ngenderwako iri muri Yakobo 3:17, baririnda ukugaragarizanya igishika kwohava gutuma batigarura. Kubera ko bakunda ingingo ngenderwako, ntibahendahendwa ngo bate ukudahumana, kumbure mu kwiyumvira ko mu gihe batoba barenze icagezwe, inyifato yabo ata kiyibuza kwemerwa na Yehova. Barazi ko Yehova ‘araba mu mutima’ kandi akagira ico akoze bivanye n’ivyo abonye (1 Samweli 16:7; 2 Ngoma 16:9). Bene abo bantu b’inkerebutsi bararinda umubiri wabo indwara nyinshi zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka ziraye muri iki gihe, bakongera bakaguma bamerewe neza mu bwenge no mu mutima.

Muri Yakobo 3:17 havuga kandi ko ubukerebutsi buva ku Mana “buremesha amahoro”. Turazi ko Shetani agerageza kutwankanisha na Yehova mu kubiba agatima k’ubukazi mu mitima yacu, biciye nko ku bitabu, ku masenema, ku miziki be no ku dukino two kuri orodinateri biteye amakenga, tumwetumwe muri utwo dukino tukaba dutuma abadukina badukina bigana ubukozi bw’ikibi n’ubwicanyi butagira izina (Zaburi 11:5)! Si agaseseshwarumuri, Shetani ariko arashika ku co ashaka uravye ingene ubukozi bw’ikibi bukaze buguma bugwirirana. Ku biraba bene ubwo bukozi bw’ikibi, haraheze imyaka mikeyi ikinyamakuru kimwe co muri Ositaraliya (The Sydney Morning Herald) gisubiyemwo ivyavuzwe na Robert Ressler, uwavuze ari bwo bwa mbere ivy’‘ubwicanyi bw’ukuririka’. Ressler yavuze ko abicanyi yabajije ibibazo mu myaka ya 1970 bari babivyuriwe n’ibintu vyerekana ubushegabo ngo busa n’ubuteruye, ngo ‘bukaba busa n’ubworoshe tugereranije n’ubwa kino gihe’. Ku bw’ivyo, Ressler yerekanye ko ‘ata cizigiro abona kuri kazoza, kikazoba ari ikinjana gishasha aho abicanyi baririka batera bagwira’.

Kukaba nkako, inyuma y’amezi makeyi ico kinyamakuru gisohotse, umugabo umwe yitwaje inkoho yarishe abana 16 biga mw’ishure ry’abana bataragera kuja mu wa mbere ry’i Dunblane muri Écosse, yica n’umwigisha wabo, na we nyene aca ararwirabira. Mu kwezi kwakurikiye, uwundi mugabo w’igisare yaragandaguye abantu 32 mu gisagara citekaniye citwa Port Arthur co muri Tasmanie muri Ositaraliya. Mu myaka mikeyi iheze, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika harabaye ubwicanyi ku mashure, ku buryo vyatumye Abanyamerika bibaza bati: “Ivyo biva kuki?”. Muri Ruheshi 2001, vyaravuzwe ko Ubuyapani ari bwo butwara idarapo igihe umugabo umwe yaparanganye yinjira kw’ishure rimwe akazibagura imbugita abana 8 bo mu mwaka wa mbere no mu wa kabiri baca barapfa, yongera azibagura n’abandi bantu 15. Mu vy’ukuri, imvo zituma haba ibibi nk’ivyo ntizoroshe gutahura, yamara rero abantu barushiriza kubona ko ubukazi bwerekanwa mu bimenyeshamakuru buri mu bibitera. Umwanditsi wo mu kinyamakuru wo muri Ositaraliya yitwa Phillip Adams yanditse ati: “Nimba iyamamazwa ry’ibidandazwa ry’amasegunda 60 rishobora gutuma abaguzi bisukira, ntimumbwire ko isenema imara amasaha abiri iciye amamiliyoni n’amamiliyoni yoyo ataco ihindura ku nyifato y’umuntu”. Ntibitangaje rero kubona mu nzu ya wa mugabo yari yitwaje inkoho wo muri Port Arthur abapolisi bahafashe amakaseti videwo 2.000 yerekana ivy’ubukazi n’ubushegabo.

Abantu batava ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya barakingira imizirikanyi yabo n’imitima yabo ubwoko bwose bwo kwisamaza bwotuma batsimbataza icipfuzo c’ubukazi. Gutyo, “impwemu y’iyi si” nta kibanza ironka mu vyiyumviro vyabo no mu vyipfuzo vyabo. Ahubwo nyabuna, ‘bigishwa n’impwemu y’Imana’ kandi barakora uko bashoboye kwose kugira ngo batsimbataze ugukunda ivyamwa vyayo, muri ivyo hakaba harimwo amahoro (1 Ab’i Korinto 2:12, 13; Ab’i Galatiya 5:22, 23). Ivyo babigira biciye ku kwama biyigisha Bibiliya, ku gusenga hamwe no ku kuzirikana kwiza. Baririnda kandi gucudika n’abantu bafise impengamiro y’ubukazi, bagaca bahitamwo kwifatanya n’abantu bahurije ku cipfuzo kimwe co kuzoba mw’isi nshasha ya Yehova y’amahoro (Zaburi 1:1-3; Imigani 16:29). Umve nawe ukuntu ubukerebutsi buva ku Mana budukingira!

Reka “ijambo” rya Yehova ririnde umutima wawe

Igihe Yezu yoshwa na Shetani mu bugaragwa, yaramwikunkumuye mu gusubiramwo Ijambo ry’Imana ata kwihenda (Luka 4:1-13). Yamara rero, ntiyagiye mu vyo guhiganwa na Shetani ngo barabe uwurusha uwundi ubwenge. Yezu yavuze ibivuye ku mutima mu kwirwanira yishimikije Ivyanditswe. Ni co gituma amayeri ya Shetani, amwe yari yakoresheje akamwerera muri Edeni, kuri Yezu ho yamucikanye amazi. Urwenge rwa Shetani no kuri twebwe ruzomucikana amazi nitwaramuka twujuje imitima yacu amajambo ya Yehova. Nta gihambaye kuruta ico, kubera ko ‘mu mutima ari ho ubuzima bududubiriza’.​—Imigani 4:23.

Vyongeye, dutegerezwa kubandanya kurinda umutima wacu, ntitwigere dutezura. Shetani bimaze kumunanira mu bugaragwa, ntiyaciye areka kugerageza Yezu (Luka 4:13). No kuri twebwe ntazoca areka; azoguma agerageza uburyo butandukanye bw’amayeri kugira asenyure ukutadohoka kwacu (Ivyahishuriwe 12:17). Ku bw’ivyo rero, nimuze twigane Yezu mu gutsimbataza urukundo rugera kure rw’Ijambo ry’Imana, twongere tugume dusenga dusaba impwemu yera be n’ubukerebutsi (1 Ab’i Tesalonike 5:17; Abaheburayo 5:7). Yehova na we asezeranira abantu bose bamuhungirako yuko ata co bazoba mu vy’impwemu.​—Zaburi 91:1-10; Imigani 1:33.

Ijambo ry’Imana rirarinda ishengero

Rya “shengero ryinshi” ryari ryaravuzwe, Shetani ntashobora kuribuza kurokoka wa mubabaro mwinshi (Ivyahishuriwe 7:9, 14). Yamara rero, aracarondera hasi hejuru kwonona abakirisu kugira ngo hagire na bakeyi batakaza ubutoni kuri Yehova. Ubwo buryo yarabukoresheje birashoboka muri Isirayeli ya kera, atuma abantu 24.000 bapfa bageze neza na neza kw’iyinjiriro ry’Igihugu c’Isezerano (Guharūra 25:1-9). Ego ni ko, abakirisu bagaragaje ukwigaya nyakuri barafashwa bigiranywe urukundo kugira ngo basubirane mu buryo bw’impwemu. Ariko rero abacumuzi batigaya, nka kumwe kwa Zimuri wa kera, barashira mu kaga inyifato runtu y’abandi bakanatuma boshobora kutamererwa neza mu vy’impwemu (Guharūra 25:14). Nk’uko bigenda igihe mu basirikare bagize urunani batambuka begeranye hagize abata inkinzo zabo, abacumuzi batigaya ubwabo baba bishize mu kaga, bakagashiramwo na bagenzi babo.

Ku bw’ivyo, Bibiliya idutegeka iti: “[Ntimukivange] n’uwitwa mwene Data, namb’ar’umusambanyi, cank’uwifuza, cank’ūsenga ibigirwamana, cank’ūtukana, cank’ūborerwa, cank’umunyazi: ūmeze artyo, no gusangira ntimugasangire na we. . . . Ni mukūre umunyakibi muri mwebge” (1 Ab’i Korinto 5:11, 13). Ntiwemera none yuko iryo “jambo” ry’ubukerebutsi rifasha kurinda ishengero rya gikirisu kugira ribe iritanduye mu nyifato runtu no mu vy’impwemu?

Amadini menshi y’abiyita abakirisu yoyo, tudasize inyuma abahuni, abona ko ivyo bice vya Bibiliya vyataye igihe kubera yuko bitavuga rumwe n’ukuntu abantu basigaye babona ivyo kwigenza runtu, bakabifata uko bishakiye. Ku bw’ivyo, ivyaha vyose bikomakomeye, naho vyoba vyakozwe n’abakuru b’idini, babona ko ata co bitwaye (2 Timoteyo 4:3, 4). Ariko urabona ko mu Migani 30:5, ahavuga na ho nyene ko “ijambo” rya Yehova rimeze nk’inkinzo, hakurikirwa n’itegeko riri ku murongo wa 6, rigira riti: “Ntukūngurire ku majambo y’[Imana], kugira ngo ntiz’iguhane, ugahinyuka k’ur’umubeshi”. Egome, abantu biha guhindura ukundi ibiri muri Bibiliya mu vy’ukuri ni ababeshi mu buryo bw’impwemu, bakaba ari bo babeshi bagirwa n’icaha kuruta abandi bose (Matayo 15:6-9)! Reka rero vy’ukuri tunezerwe kubona turi mw’ishirahamwe ryubaha Ijambo ry’Imana bimwe bigera kure.

Bakingiwe “ubumote bgiza”

Kubera ko abasavyi b’Imana bumira kuri Bibiliya kandi bakabwira abandi ubutumwa buhumuriza buri muri yo, basohora “ubumote bgiza” bumeze nk’umubavu buhimbara Yehova, bw’ubuzima. Ariko rero ku bagabitanya, abo bantu batwara ubwo butumwa basohora “agacūku k’urupfu”. Egome, ukumoterwa kw’ikigereranyo kw’abanyakibi bwaragoretswe n’urunkwekwe rw’ibintu rwa Shetani gushika naho bumva banukiwe nabi n’abasohora “ubumote bgiza bga Kristo”, canke ntibashake no kubabona. Ku rundi ruhande, abantu bamamaza inkuru nziza n’umwete, bacika “ubumote bgiza bga Kristo . . . , hagati y’abariko barakira” (2 Ab’i Korinto 2:14-16). Bene abo bantu b’imitima nziraburyarya bama bababajwe n’uburyarya be n’ibinyoma biranga idini ry’ikinyoma. Ni co gituma iyo tuzinguruye Ijambo ry’Imana tukababwira ubutumwa bw’Ubwami, baca bumva bakunze Kirisitu bagaca bashaka kumenya n’ibindi vyinshi.​—Yohana 6:44.

Ntucike intege rero igihe hari abakiriye nabi ubutumwa bw’Ubwami. Ahubwo riho, nubone “ubumote bgiza bga Kristo” nk’uburinzi bwo mu vy’impwemu bwirukana abantu benshi bameze nabi bukabakura mu mimerere myiza y’ivy’impwemu abasavyi b’Imana bibereyemwo, yamara bugakwegakwega abari n’umutima mwiza.​—Yesaya 35:8, 9.

Kubera ko ba basirikare b’Abagiriki hamwe i Marathon batambuka begeranye kandi bafashe inkinzo zabo n’inguvu, baratahukanye intsinzi naho barwana n’abansi bakomeye. Muri ubwo buryo nyene, Ivyabona vya Yehova b’intahemuka barakurwa amazinda ko bazotahukana intsinzi mu buryo bw’impwemu kubera ko uwo ari wo “mwandu” wabo (Yesaya 54:17). Ku bw’ivyo, nimuze umwe wese muri twebwe abandanye guhungira kuri Yehova mu ‘kugumya ijambo ry’ubuzima’.​—Abafilipi 2:16, UB.

[Ifoto ku rup. 31]

‘Ubukerebutsi buva mw’ijuru ntibuhumanye, maze buremesha amahoro’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika