Woba uba uwa mbere mu vyo gutera iteka abo musangiye ukwemera?
“Mu vy’urukundo rwa kivukanyi mugiriranire ikibabarwe. Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.”—ROM. 12:10.
1, 2. (a) Ni impanuro iyihe Paulo atanga mw’ikete yandikiye Abaroma? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kwihweza?
MW’IKETE intumwa Paulo yandikiye Abaroma, arashimika ku kuntu bihambaye ko twebwe abakirisu tugaragaza urukundo mw’ishengero. Aratwibutsa yuko urukundo rwacu rukwiye ‘kutabamwo ubwiyorobetsi.’ Aravuga kandi ibijanye n’“urukundo rwa kivukanyi” akongera akerekana yuko mwene urwo rukundo rukwiye kubamwo “ikibabarwe.”—Rom. 12:9, 10a.
2 Ariko ntiwumve, kugira urukundo rwa kivukanyi harimwo n’ibindi uretse gusa kugirira abandi igishika. Mwene ico gishika gikwiye kugaragarira mu bikorwa. Nakare, nta n’umwe yomenya ko dufise urukundo n’igishika tutabigaragaje mu buryo bunaka. Ni co gituma Paulo yongerako iyi mpanuro igira iti: “Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.” (Rom. 12:10b) None gutera iteka abandi birimwo iki? Ni kubera iki bihambaye ko tuba aba mbere mu vyo gutera iteka abo dusangiye ukwemera? Ivyo twobigira gute?
Icubahiro be n’iteka
3. Ijambo “iteka” risobanura iki mu ndimi z’intango Bibiliya yanditswemwo?
3 Ijambo nyamukuru ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “iteka” urudome ku rundi risobanura “ukuremera.” Umuntu atewe iteka abonwa ko aremereye canke ahambaye. Vyongeye, iryo jambo nyene ry’igiheburayo akenshi mu Vyanditswe rihindurwa ngo “ubuninahazwa,” rino ahanini rikaba ryerekana yuko uwuriko araterwa iteka ari n’agaciro kanini. (Ita. 45:13) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “iteka” muri Bibiliya ritanga iciyumviro co kwubaha, guha agaciro. (Luka 14:10) Egome, abo dutera iteka baba bari n’agaciro kuri twebwe.
4, 5. Gutera iteka abandi no kubagaragariza icubahiro bifitaniye isano gute? Bitangire akarorero.
4 None gutera iteka abandi birimwo iki? Bihera ku kububaha. Mu bisanzwe, ijambo “iteka” be n’ijambo “icubahiro” akenshi akoreshwa ari kumwe kubera ko afitaniye isano cane. Iteka ni uburyo bwo kugaragaza icubahiro. Mu yandi majambo, icubahiro cerekeza ahanini ku kuntu tubona umuvukanyi wacu mu gihe iteka ryerekeza ku kuntu dufata umuvukanyi wacu.
5 Vyoshoboka gute none ko umukirisu atera iteka mu buryo butarimwo uburyarya abo basangiye ukwemera mu gihe atabubaha bimwe bivuye ku mutima? (3 Yoh. 9, 10) Nka kurya nyene igiterwa gishobora gutotahara kandi kikaramba mu gihe gusa gishinze imizi mw’ivu ryiza, ni na ko iteka rishobora kuba iritagiramwo uburyarya kandi rikaramba mu gihe gusa rishingiye ku cubahiro kivuye ku mutima. Kubera yuko iteka ririmwo uburyarya ritaba rishingiye ku cubahiro nyakuri, impera n’imperuka rirayama. Ntibitangaje rero kubona Paulo, imbere y’uko atanga impanuro yerekeye gutera iteka abandi, yabanje kuvuga aya majambo atomoye agira ati: “Urukundo rwanyu ntirubemwo ubwiyorobetsi.”—Rom. 12:9; Soma 1 Petero 1:22.
Nutere iteka abantu baremwe “mw’ishusho y’Imana”
6, 7. Ni kubera iki dukwiye kwubaha abandi?
6 Kubera yuko kwubaha abandi bimwe bivuye ku mutima ari ntahara kugira ngo tubatere iteka, ntidukwiye kwigera twirengagiza imvo dufise zishingiye ku Vyanditswe zituma twubaha abavukanyi bacu bose. Nimuze rero turimbure zibiri muri izo mvo.
7 Mu buryo butandukanye n’ibindi biremwa vyo kw’isi, abantu baremwe “mw’ishusho y’Imana.” (Yak. 3:9) Ku bw’ivyo, turafise kamere ziva ku Mana nk’urukundo, ubukerebutsi n’ubutungane. Raba ikindi kintu Umuremyi wacu yaduhaye. Umwanditsi wa Zaburi avuga ati: “Ewe Yehova . . . , wewe w’iteka riyagwa hejuru y’amajuru! . . . Vyongeye [umuntu] wamugize uwuri munsi gatoyi y’abameze nk’Imana, uraheza umwambika urugori rw’ubuninahazwa n’ubwiza bwakaka [“iteka,” King James Version].” (Zab. 8:1, 4, 5; 104:1)a Abantu muri rusangi Imana yarabambitse ku rugero runaka urugori rw’iteka n’ubuninahazwa, ni ukuvuga yuko yabasharije ikoresheje ivyo bintu. Ku bw’ivyo rero, igihe duteye iteka uwundi muntu, mu bisanzwe tuba twemeye icese umwe iteka riterwa abantu rikomokako, ari we Yehova. Nimba rero dufise imvo zumvikana zo kwubaha abantu muri rusangi, ese ukuntu tubwirizwa kurushiriza kwubaha abo dusangiye ukwemera!—Yoh. 3:16; Gal. 6:10.
Tugize umuryango umwe
8, 9. Ni imvo iyihe Paulo atanga yo kwubaha abo dusangiye ukwemera?
8 Iyindi mvo ituma twubahana iravugwa na Paulo. Imbere gato y’uko atanga impanuro ijanye no gutera iteka abandi, avuga ati: “Mu vy’urukundo rwa kivukanyi mugiriranire ikibabarwe.” Imvugo y’ikigiriki yahinduwe ngo “ikibabarwe” yerekeza ku bucuti bukomeye butuma umuryango ukundana kandi ushigikirana wunga ubumwe. Ku bw’ivyo, mu gukoresha iyo mvugo, Paulo arashimika ku vy’uko ubucuti abo mw’ishengero bafitaniye bukwiye kuba bukomeye kandi burimwo igishika nka kurya usanga bimeze mu muryango wunze ubumwe. (Rom. 12:5) Vyongeye, urama wibuka yuko Paulo yandikiye ayo majambo abakirisu barobanuwe, bose bakaba bari baragizwe abana n’Umuvyeyi umwe ari we Yehova. Mu buryo buri n’ikintu kinini buvuze rero, bari bagize umuryango ufatanye mu nda. Ni co gituma abakirisu barobanuwe bo mu gihe ca Paulo bari bafise vy’ukuri imvo ikomeye yo kwubahana. Ivyo ni na ko biri ku barobanuwe bo muri iki gihe.
9 Tuvuge iki none ku bijanye n’abo mu “zindi ntama”? (Yoh. 10:16) Naho bataragirwa abana b’Imana, barashobora kwitana abavukanyi n’abavukanyikazi mu buryo bubereye kubera yuko bagize umuryango wa gikirisu wunze ubumwe ukwiye kw’isi yose. (1 Pet. 2:17; 5:9) Ku bw’ivyo, mu gihe abo mu zindi ntama batahura neza ivyo baba bariko baravuga igihe bakoresha imvugo ngo “umuvukanyi” canke “umuvukanyikazi,” na bo nyene rero baba bafise imvo ikomeye yo kwubaha bimwe bivuye ku mutima abo basangiye ukwemera.—Soma 1 Petero 3:8.
Ni kubera iki bihambaye cane?
10, 11. Ni kubera iki kwubaha abandi no kubatera iteka bihambaye cane?
10 Ni kubera iki kwubaha abandi no kubatera iteka bihambaye cane? Ni kubera iyi mvo: Iyo twubashe abavukanyi n’abavukanyikazi bacu, tuba tugize ikintu kinini duterereye ku kumererwa neza kw’ishengero ryose uko ringana no ku bumwe bwaryo.
11 Ariko ntiwumve, turatahura yuko kugiranira ubucuti somambike na Yehova no gushigikirwa n’impwemu yiwe ari vyo bintu bikomeye kuruta ibindi vyose bituma twebwe abakirisu b’ukuri turonka inkomezi. (Zab. 36:7; Yoh. 14:26) Muri ico gihe nyene, igihe abo dusangiye ukwemera berekanye ko baduha agaciro, turumva turemye. (Imig. 25:11) Turumva tweze umutima igihe hari umuntu avuze canke akoze ikintu cerekana yuko aduha agaciro be n’uko atwubaha. Biratuma turushiriza kugira inkomezi zo kubandanya kugendera mu nzira ijana mu buzima tunezerewe kandi dufise umwiyemezo. Nta gukeka ko wewe ubwawe umaze kwumva umerewe gutyo.
12. Umwe wese muri twebwe ashobora gute kugira ico akoze kugira ngo mw’ishengero harangwe igishika n’urukundo?
12 Kubera rero yuko Yehova azi ko tuvuka dufise icipfuzo co kugaragarizwa icubahiro, abicishije kw’Ijambo ryiwe araduhimiriza mu buryo bubereye ‘gushira imbere bagenzi bacu mu bijanye n’icubahiro.’ (Rom. 12:10, Bibiliya Yera; soma Matayo 7:12.) Abakirisu bose bafata nka nkama iyo mpanuro ije hageze baragira ico bakoze kugira ngo mu muryango w’abakirisu harangwe igishika n’urukundo. Ku bw’ivyo, vyoba vyiza dufashe akanya tukibaza duti: ‘Ni ryari mperuka kugaragaza mu majambo no mu bikorwa yuko nubaha bivuye ku mutima umuvukanyi canke umuvukanyikazi wo mw’ishengero?’—Rom. 13:8.
Ni igikorwa kituraba twese
13. (a) Ni nde akwiye kuba uwa mbere mu vyo gutera iteka abandi? (b) Amajambo ya Paulo dusanga mu Baroma 1:7 yerekana iki?
13 Ni nde akwiye kuba uwa mbere mu vyo gutera iteka abandi? Mw’ikete Paulo yandikiye Abaheburayo, avuga yuko abakurambere bakirisu ari ‘abaja imbere abandi.’ (Heb. 13:17) Ego ni ko, abakurambere baraja imbere abandi mu bikorwa bitari bike. Ariko rero, kubera ko ari abungere b’umukuku, nta gukeka yuko bakwiye kuba aba mbere mu vyo gutera iteka abo basangiye ukwemera, harimwo n’abakurambere bagenzi babo. Nk’akarorero, igihe abakurambere bakoraniye hamwe kugira ngo bihweze ivyo ishengero rikeneye, baraterana iteka mu gutega yompi ibivugwa n’umwe wese mu bakurambere bagenzi babo. Vyongeye, igihe bafata ingingo baraterana iteka mu kwitwararika ivyiyumviro be n’amajambo vyashikirijwe n’abakurambere bose. (Ivyak. 15:6-15) Ariko rero, turakwiye kwibuka yuko ikete Paulo yandikiye Abaroma ritari ryerekeye gusa abakurambere ariko ryari ryerekeye ishengero ryose uko ringana. (Rom. 1:7) Tubivuze mu buryo bwagutse rero, iyo mpanuro ijanye no kuba aba mbere mu vyo gutera iteka abandi iratwerekeye twese muri iki gihe.
14. (a) Tanga akarorero kerekana itandukaniro riri hagati yo gutera iteka no kuba uwa mbere mu vyo gutera iteka abandi. (b) Ni ikibazo ikihe umwe wese muri twebwe yokwibaza?
14 Raba kandi iki kintu giseruka mu mpanuro Paulo yatanze. Yahimirije abo bari basangiye ukwemera b’i Roma kudatera iteka abandi gusa mugabo kuba aba mbere mu vyo gutera iteka abandi. Ni kubera iki ivyo bitandukanye? Zirikana kuri aka karorero. Mbega umwigisha yohimiriza umugwi w’abanyeshure bazi gusoma no kwandika ngo bige gusoma? Oya. Baba basanzwe bazi gusoma. Ahubwo nyabuna, uwo mwigisha yokwipfuza gufasha abo banyeshure ngo bamenye gusoma neza. Muri ubwo buryo nyene, gukundana, ivyo bikaba bituvyurira umutima wo gutera iteka abandi, gisanzwe ari ikimenyetso kiranga abakirisu b’ukuri. (Yoh. 13:35) Ariko rero, nk’uko nyene abanyeshure bazi gusoma no kwandika bashobora kurushiriza gutera imbere mu kuryohora ubuhanga bwabo bwo gusoma, ni na ko dushobora kurushiriza gutera imbere mu kuba aba mbere mu vyo gutera iteka abandi. (1 Tes. 4:9, 10) Ico gikorwa gitomoye co kuba aba mbere mu vyo gutera iteka abandi gihabwa umwe wese muri twebwe. Umwe wese muri twebwe yoshobora kwibaza ati: ‘Noba ndiko ndabigira, nkibwiriza gutera iteka abandi mw’ishengero?’
Nutere iteka “abaciye bugufi”
15, 16. (a) Igihe dutera iteka abandi, ni bande tudakwiye kwirengagiza, kandi kubera iki? (b) Ni igiki cohishura yuko twubaha bivuye ku mutima abavukanyi na bashiki bacu bose?
15 Igihe dutera iteka abandi, ni bande mw’ishengero tudakwiye kwirengagiza? Ijambo ry’Imana rigira riti: “Uwugirira ubutoni umuntu mutoyi aba aguranye Yehova, kandi ivyo akoze azobimwishura.” (Imig. 19:17) None ingingo ngenderwako dusanga muri ayo majambo ikwiye kugira ico ikoze gute kuri twebwe uko twihatira kuba aba mbere mu vyo gutera iteka abandi?
16 Urashobora kwemera yuko abantu benshi bagerageza gutera iteka ababarusha ubukuru, mugabo ugasanga abo bantu nyene boshobora gufatana icubahiro gito canke kudafatana icubahiro abo babona ko bari munsi yabo. Ariko rero, Yehova we si ukwo ameze. Avuga ati: “Abantera iteka nzobatera iteka.” (1 Sam. 2:30; Zab. 113:5-7) Yehova aratera iteka abo bose bamukorera bakongera bakamutera iteka. Ntiyirengagiza “abaciye bugufi.” (Soma Yesaya 57:15; 2 Ngo. 16:9) Birumvikana yuko twipfuza kwigana Yehova. Ku bw’ivyo rero, nimba twipfuza kumenya aho tugeza mu gutera iteka abandi ata buryarya, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Mfata gute abantu badafise ikibanza gihambaye canke amabanga mw’ishengero?’ (Yoh. 13:14, 15) Inyishu y’ico kibazo irahishura vyinshi ku bijanye n’urugero tugezako mu kwubaha abandi bivuye ku mutima.—Soma Abafilipi 2:3, 4.
Dutere iteka abandi mu kubaha umwanya wacu
17. Ni uburyo nyamukuru ubuhe dushobora kuba aba mbere mu vyo gutera iteka abandi, kandi kubera iki ari ukwo biri?
17 Ni uburyo nyamukuru ubuhe dushobora kuba aba mbere mu vyo gutera iteka abantu bose mw’ishengero? Ni mu guha abandi umwanya wacu. Ni kubera iki ari ukwo biri? Twebwe abakirisu, turafise vyinshi dukora mu buzima, kandi kurangura ibikorwa vyinshi bihambaye vyo mw’ishengero biradutwara umwanya mwinshi. Ntibitangaje rero kuba tubona yuko umwanya uri n’agaciro. Turatahura kandi yuko tudakwiye gusaba abavukanyi n’abavukanyikazi bacu ngo baduhe umwanya urenze urugero. Muri ubwo buryo nyene, turabikenguruka igihe abandi bo mw’ishengero batahura yuko badakwiye kudusaba ngo tubahe umwanya urenze urugero.
18. Nk’uko vyerekanwa kw’ifoto iri ku rupapuro rwa 18, twoshobora gute kwerekana ko dufise umutima ukunze wo guha umwanya munaka abo dusangiye ukwemera?
18 Ariko rero, turatahura kandi (na canecane abo muri twebwe basukura ari abungere mw’ishengero) yuko ukuba dufise umutima ukunze wo guhagarika ibikorwa vyacu kugira ngo duhe umwanya munaka abo dusangiye ukwemera vyerekana ko tububaha. Mu buhe buryo? Igihe duhagaritse ibikorwa vyacu kugira ngo duhe umwanya munaka abavukanyi bacu, ni nk’aho tuba tubabwiye duti: ‘Muri n’agaciro rwose mu maso yanje ku buryo kumarana umwanya namwe bihambaye kuruta kubandanya gukora ivyo ndiko ndakora.’ (Mrk. 6:30-34) Igihushane c’ivyo na co nyene kirashoboka. Nimba tugonanwa guhagarika ibikorwa vyacu kugira ngo duhe umwanya munaka umuvukanyi wacu, twoshobora gutuma yiyumvamwo yuko ata gaciro kanini afise kuri twebwe. Ego ni ko, turatahura yuko hariho igihe ikintu kinaka kiba cihutirwa ku buryo umuntu atogihagarika. Naho ari ukwo, kuba dufise umutima ukunze wo guha abandi umwanya munaka, canke ukuba tugonanwa kuwubahebera, birahishura vyinshi ku bijanye n’ukuntu icubahiro kiri mu mutima dufitiye abavukanyi na bashiki bacu kingana.—1 Kor. 10:24.
Niwiyemeze kuba uwa mbere mu vyo gutera iteka abandi
19. Uretse uguha umwanya wacu abo dusangiye ukwemera, ni mu bundi buryo ubuhe dushobora kubatera iteka?
19 Hariho ubundi buryo buhambaye dushobora kwerekana ko dutera iteka abo dusangiye ukwemera. Nk’akarorero, igihe tubahaye umwanya wacu, turakwiye kandi kubatega yompi. No ng’aho nyene, Yehova aratanga akarorero. Umwanditsi wa Zaburi ari we Dawidi avuga ati: “Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi, kandi amatwi yiwe ari ku gutabaza kwabo.” (Zab. 34:15) Turihatira kwigana Yehova mu guhindukiriza amaso yacu n’amatwi yacu ku bavukanyi bacu, ni ukuvuga ko tubatega yompi, na canecane ababa batwituye kugira ngo tubafashe. Tubigenjeje gutyo, tuba tubateye iteka.
20. Ni ibintu ibihe twibukijwe ku bijanye no gutera iteka abandi twipfuza kuguma twibuka?
20 Nk’uko twabibonye, turipfuza kuguma twibuka neza igituma dukwiye kwubaha bivuye ku mutima abo dusangiye ukwemera. N’ikindi kandi, turarondera uturyo two kuba aba mbere mu vyo gutera iteka abantu bose, harimwo n’abaciye bugufi. Nitwakora ivyo bintu, tuzokomeza urukundo rwa kivukanyi be n’ubumwe mw’ishengero. Nimuze rero twese tubandanye kudatera iteka abandi gusa ariko canecane tubandanye kuba aba mbere mu vyo guterana iteka. Woba wiyemeje kubigira?
[Akajambo k’epfo]
a Amajambo Dawidi yakoresheje muri Zaburi ya 8 ni amajambo kandi y’ubuhanuzi, akaba yerekeza kuri wa muntu atagira agasembwa ari we Yezu Kristu.—Heb. 2:6-9.
Woba uvyibuka?
• Iteka n’icubahiro bifitaniye isano gute?
• Ni imvo izihe dufise zo gutera iteka abo dusangiye ukwemera?
• Ni kubera iki bihambaye ko duterana iteka?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora gutera iteka abo dusangiye ukwemera?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 18]
Dushobora gute gutera iteka abo dusangiye ukwemera?