ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/12 rup. 14-19
  • Ukwizera Kuratugira Abihangana n’Abanyabwira mu Gusenga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwizera Kuratugira Abihangana n’Abanyabwira mu Gusenga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyipfuzo Bibi Birasambura
  • Ntimugahinyurane
  • Niwirinde Ukwiyemera kw’Ubwirate
  • Imburizi Ziraba Abatunzi
  • Ukwizera Kuradufasha Kugaragaza Ukwihangana
  • Ukwizera n’Amasengesho Yacu
  • Ikintu Kituraba Twese
  • Ivyo twigira kuri mutoyi wa Yezu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Naho Haba Ibigeragezo, Umira ku Kwizera Kwawe!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ukwizera Gutuma Dukora!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Twigane ukwihangana kwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/12 rup. 14-19

Ukwizera Kuratugira Abihangana n’Abanyabwira mu Gusenga

‘Mwihangane; imitima yanyu muyigire iyishikamye, kuko ukuhaba kw’Umukama kwegereje.’—YAKOBO 5:8.

1. Ni kuki dukwiye kuzirikana Yakobo 5:7, 8?

“UKUHABA” kwa Yezu Kirisitu kwarorerewe kuva kera ubu si umugani. (Matayo 24:3-14) Abavuga ko bizeye Imana na Kirisitu barafise impamvu yo kuzirikana aya majambo y’umwigishwa Yakobo kurusha ikindi gihe ico ari co cose cahise: ‘Mwihangane, . . . bavukanyi, kugeza ku kuhaba kw’Umukama. Eh’umurimyi aguma arorereye icamwa c’isi c’agaciro, akarindira yihanganye kugeza aronse imvura ya kare n’imvura ya nyumanyuma. Namwe nyene mwihangane; imitima yanyu muyigire iyishikamye, kuko ukuhaba kw’Umukama kwegereje.’—Yakobo 5:7, 8.

2. Zimwezimwe mu mbangamyi abo Yakobo yandikiye bari bahanganye na zo zari izihe?

2 Abo Yakobo yandikiye ikete ryiwe ryahumetswe bari bakeneye kugaragaza ukwihangana kandi bagatorera umuti imbangamyi zitari zimwe. Abatari bake bariko bakora ibihushanye n’ivyari vyitezwe ku bavuga ko bizeye Imana. Nk’akarorero, hari ikintu cari gikeneye kugirwa ku vyerekeye ivyipfuzo bimwebimwe vyari vyatsimbatariye mu mitima imwimwe. Itekane ryari rikeneye kugarukanwa muri abo Bakirisu ba mbere. Vyasaba kandi ko bahabwa impanuro ku vy’ukwihangana n’ukuba abanyabwira mu gusenga. Uko turimbura ico Yakobo yababwiye, nitubone ukuntu dushobora gukurikiza amajambo yiwe mu buzima bwacu.

Ivyipfuzo Bibi Birasambura

3. Intandagara z’amahane yari mw ikorane zari izihe, kandi ni ibiki dushobora kwigira kuri ivyo?

3 Amahoro yari abuze muri bamwebamwe mu bavuga ko ari Abakirisu, kandi ivyipfuzo bibi ni vyo vyari intandagara y’iyo nyifato y’ibintu. (Yakobo 4:1-3) Ugutongana kwariko gutera umuvurungano, kandi bamwebamwe bariko bahinyura abavukanyi babo bimwe vy’ukubura urukundo. Ivyo vyariko bishika kubera ko inambu zikaze z’umunezero w’umubiri zariko zishishikara indwano mu bihimba vy’umubiri wabo. Twebwe ubwacu hari aho twokenera gusenga ngo dufashwe kugira tunanire inambu umubiri ufise z’ukuronka icubahiro, ububasha n’amatungo, kugirango hoye kugira ico dukora na kimwe gihungabanya amahoro y’ikorane. (Abaroma 7:21-25; 1 Petero 2:11) Mu Bakirisu bo mu kinjana ca mbere bamwebamwe, umwina wari watsimbataye gushika aho uvamwo agatima k’ukwankana, k’ukwica. Kubera ko Imana itoshikije ivyipfuzo vyabo bibi, bagumye barwana mu kigoro ngo bashike ku vyo barondera. Nimba dufise ivyipfuzo bibi nk’ivyo, twoshobora gusaba ariko ntituzoronka, kuko Imana yacu nyeranda itishura amasengesho ben’ayo.—Gucura Intimba 3:44; 3 Yohana 9, 10.

4. Ni kuki Yakobo yita bamwe ‘abasambanyi,’ kandi ni gute amajambo yavuze akwiye kugira ico akoze kuri twebwe?

4 Ubunyesi, ishari n’ubwishime vyari bihari mu Bakirisu bamwebamwe ba mbere. (Yakobo 4:4-6) Yakobo yita bamwe ‘abasambanyi’ kubera ko bari abagenzi b’isi hanyuma gutyo bakâgīrwa n’ubusambanyi bwo mu vy’impwemu. (Ezekiyeli 16:15-19, 25-45) Nta gukeka, ntidushaka gucika abanyesi mu nyifato, mu mvugo no mu ngiro, kuko ivyo vyohava bitugira abansi b’Imana. Ijambo ryayo riratwereka ko ‘impengamiro ija kw ishari’ ari umuce w’imbogamiro mbi, canke ‘impwemu,’ mu bantu banyavyaha. (Itanguriro 8:21; Guharūra 16:1-3; Zaburi 106:16, 17; Umusiguzi 4:4) Nuko, mu gihe tubonye ko dukeneye kurwanya ishari, ubwishime canke iyindi mbogamiro yinaka, niturondere ubufasha bw’Imana biciye ku mpwemu yera. Iyo nguvu, iyitangwa bivuye ku buntu tudakwiriye bw’Imana, irakomeye kuruta ‘impengamiro yo kw ishari.’ Kandi ko Yehova ateye kubiri n’abanyabwishime, azoduha ubuntu tudakwiriye mu gihe turwanya impengamiro nyecaha.

5. Kugira turonke ubuntu tutabereye bw’Imana, ni ibisabwa ibihe dutegerezwa kwuzuza?

5 Ni gute dushobora kuronka ubuntu tutabereye bw’Imana? (Yakobo 4:7-10) Kugirango turonke ubuntu tutabereye buva kuri Yehova, dutegerezwa kumugamburukira, kwemera ivyo yatunganije, kandi tukayoboka ivyo agomba vyose. (Abaroma 8:28) Dutegerezwa kandi ‘gutera kubiri’ canke ‘kurwanya’ ya Diyabule. Na yo ‘izoduhunga’ mu gihe tugumye dushikamye nk’abashigikira ukugaba n’ukuganza Yehova afise hose. Turafise ubufasha bwa Yezu, uwutangīra imihora mibi isi ikoresha ngo hoye kuba ikintu na kimwe coshobora kutugirira inabi idahera. Kandi ntiwigere wibagira ibi: Biciye kw isengesho, ukugamburuka n’ukwizera, turiyegereza Imana, na yo ikagaragaza ko iri hafi yacu.—2 Ngoma 15:2.

6. Ni kuki Yakobo yita Abakirisu bamwebamwe “[a]banyavyaha”?

6 Ni kuki Yakobo akoresha ijambo “[a]banyavyaha” ku bantu bamwebamwe bavuga ko bizeye Imana? Kubera ko bagîrwa n’ “intambara” hamwe n’urwanko rwicanyi—inyifato zidashobora kwemerwa ku Bakirisu. (Tito 3:3) ‘Iminwe’ yabo, iyari yuzuye ibikorwa bibi, vyasaba ko ityororwa. Bari bakeneye kandi gutyorora “imitima” yabo, icicaro c’ibivyura ingiro. (Matayo 15:18, 19) Abo bantu “b’imitima ibiri” bazungazungira hagati y’ugucudika n’Imana n’ugucudika n’isi. Kubera tubūrirwa n’akarorero kabo kabi, nitugaragaze ukuba maso kudacika kugirango ibintu mwen’ivyo ntivyice ukwizera kwacu.—Abaroma 7:18-20.

7. Ni kuki Yakobo abwira bamwe ‘kuboroga no kurira’?

7 Yakobo abwira abasomyi biwe ‘kubabara, kuboroga, no kurira.’ Iyo bagaragaza ukwijirwa kwo mu vy’Imana, vyari kuba ari ikimenyamenya c’ukwigaya. (2 Ab’i Korinto 7:10, 11) Muri iki gihe, bamwe mu bavuga ko bafise ukwizera barimwo barondera ugucudika n’isi. Niba hari abo muri twebwe bariko bakurikirana ingendo mwen’iyo, ntidukwiye none kuborogeshwa n’imero yacu igoyagoya yo mu vy’impwemu hanyuma tugatera intambwe tudatevye kugira dukosore ibintu? Ukubogora ibikeneye kubogorwa hanyuma tukaronka ikigongwe c’Imana bizokwimbuka inyiyumvo y’umwigino kubera ijwi ryo mu mutima ritanduye hamwe na ca cizero giteye umunezero c’ubuzima budashira.—Zaburi 51:10-17; 1 Yohana 2:15-17.

Ntimugahinyurane

8, 9. Ni kuki tudakwiye kuvugana nabi canke ngo duhinyurane?

8 Birimwo icaha kuvuga nabi mugenzi wacu yizeye. (Yakobo 4:11, 12) Yamara bamwe usanga banebagura Abakirisu bagenzi babo, kumbure bivuye ku nyifato bafise y’ukwibona ubugororotsi, canke kubera bashaka kwishira hejuru báshize hasi abandi. (Zaburi 50:20; Imigani 3:29) Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngaha ngo ‘kuvuga nabi’ rimenyesha ubwankane kandi rikaba rishaka kuvuga ukurega ikirego gikabije canke kitari co. Ivyo bingana no guhinyura umuvukanyi vy’ukumucira rubi. Ni gute ivyo ari ‘ukuvuga nabi no guhinyura icagezwe c’Imana’? Urabona, abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo ‘koko barakengereye icagezwe c’Imana,’ bahinyura bakurikije ingingo mfatirwako ubwabo bishingiye. (Mariko 7:1-13) Natwe nyene, mu gihe twocira rubi umuvukanyi Yehova atocira rubi, ntitwoba none turiko ‘duhinyura icagezwe c’Imana’ kandi mu buryo ndangacaha tukaba dushatse kuvuga ko ico cagezwe kidakwiriye? Kandi tunebaguye umuvukanyi wacu mu buryo butabereye, ntitwoba turiko turashitsa ca cagezwe c’urukundo.—Abaroma 13:8-10.

9 Nitwibuke ibi: “Ūshinga ivyagezwe, [ni] we mucamanza, [ni U]mwe gusa”—Yehova. ‘Icagezwe ciwe kiratunganye,’ si ikiri n’agahaze. (Zaburi 19:7; Yesaya 33:22) Imana yonyene ni yo ifise uburenganzira bwo gushinga ingingo mfatirwako n’amategeko bigenga agakiza. (Luka 12:5) Niho Yakobo avuga ati: “Ur’iki, uhinyura mugenzawe?” Si ivyacu guhinyura no gucira urubanza abandi. (Matayo 7:1-5; Abaroma 14:4, 10) Ukuzirikana ivy’ukugaba n’ukuganza kw’Imana, n’ukutagira nkunzi kwayo, hamwe n’ukuba ubwacu turi abanyavyaha, bikwiye kudufasha kwirinda uguhinyura abandi bimwe vy’ukwibona ubugororotsi.

Niwirinde Ukwiyemera kw’Ubwirate

10. Ni kuki dukwiye kurimbura Yehova mu buzima bwacu bwa misi yose?

10 Dukwiye nantaryo kurimbura Yehova n’icagezwe ciwe. (Yakobo 4:13-17) Uwiyemera arirengagiza Imana, akavuga, ati ‘Uyu musi cank’ejo tuzoja mu gisagara kinaka, tumareyo umwaka, tudandaze, turonke inyungu.’ Mu gihe ‘twirundaniriza ubutunzi ariko tutari abatunzi ku Mana,’ ubuzima bwacu bushobora kurangira ejo, ugasanga nta karyo turonse k’ugukorera Yehova. (Luka 12:16-21) Nk’uko Yakobo avuga, tumeze nk’umwuka w’igitondo “uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga.” (1 Ngoma 29:15) Tugaragaje ukwizera Yehova ni ho gusa dushobora kwizigira umunezero uramba be n’ubuzima budashira.

11. Bisobanura iki kuvuga, ngo “[Yehova] ni yabikunda”?

11 Aho kwirata twiyobagiza Imana, twari dukwiye gufata ibintu muri ubu buryo: “[Yehova] ni yabikunda, tuzoramba, kandi tuzokora durtya canke durtya.” Kuvuga, ngo “[Yehova] ni yabikunda” vyerekana ko turiko tugerageza gukora mu buryo buhuye n’igomba ryiwe. Vyoshobora kuba ngombwa ko tudandaza kugirango dutunge urugo rwacu, tugire urugendo mu gikorwa c’Ubwami, n’ibindi. Ariko ntitwishimagize. “Ukwirata kwose ben’ukwo ni kubi” kubera ko kwiyobagiza ivy’ukwisunga Imana.—Zaburi 37:5; Imigani 21:4; Yeremiya 9:23, 24.

12. Amajambo yo muri Yakobo 4:17 asobanuye iki?

12 Uko biboneka, mu gusozera amajambo yiwe ku vyerekeye ukwiyumva n’ukwirata, Yakobo avuga ati: “Ūzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha.” Umukirisu wese akwiye kwicisha bugufi akemera yuko yisunze Imana. Atagenjeje gutyo, “bimubera icaha.” Birumvikana, iyo ngingo nyene irakora ku kunanirwa kwose kw’ugukora ico ukwizera Imana kudusaba.—Luka 12:47, 48.

Imburizi Ziraba Abatunzi

13. Yakobo avuga iki ku vyerekeye abo bakoresha nabi amatungo?

13 Kubera ko bamwebamwe mu Bakirisu ba mbere bari bacitse inkundamaronko canke bakaba baratamarira abakungu, Yakobo aravuga amajambo akomeye araba abagabo bamwebamwe b’abatunzi. (Yakobo 5:1-6) Abantu b’abanyesi bakoresha amatungo yabo nabi ‘borize bakaboroga kubera amagorwa yari buze kuri bo’ igihe Imana yobahemvye hakurikijwe ivyo bakoze. Muri iyo misi, ubukungu bw’abantu benshi bwari bugizwe canecane n’ibintu nk’ivyambarwa, intete, n’umuvinyu. (Yoweli 2:19; Matayo 11:8) Bimwebimwe muri ivyo birashobora kubora canke ‘bikaribwa n’inyenzi,’ mugabo Yakobo ariko ashimika ku vy’uko ubukungu ataco bumaze, si ku vy’uko bubora. Nubwo inzahabu n’ifeza bitagwa ingese, mu gihe twovyirundanirizako, vyoba ibitagira ico bimaze nk’ibintu vyaguye ingese. “Ingese” yerekana yuko amatungo y’ivy’umubiri atakoreshejwe neza. None rero, twese dukwiye kwibuka ko ‘ikintu kimeze nk’umuriro’ ari co abizigira amatungo yabo y’ivy’umubiri ‘barundanije mu misi ya nyuma,’ aho uburake bw’Imana buzoza kuri bo. Kubera ko tubayeho mu “gihe c’iherezo,” ayo majambo ari n’ico avuze kuri twebwe bimwe bidasanzwe.—Daniyeli 12:4; Abaroma 2:5.

14. Abatunzi kenshi bakora gute, kandi dukwiye kugira iki kuri ivyo?

14 Abakungu kenshi bararenganya abashwabuzi babo, imishahara yabo igungwa ikaba ‘itaka’ isaba igihano. (Gereranya n’​Itanguriro 4:9, 10.) Abatunzi banyesi ‘baridibamiye.’ Kubera ko bihereza umunezero w’umubiri, bafunereje imitima, imitima itadonoka, kandi bazoba bagikora ivyo ku “musi” washiriweho ugukekagurwa kwabo. ‘Bacira rubi kandi bakica umugororotsi.’ Yakobo arabaza ati: ‘Mbega ntabarwanya?’ Ariko iyindi mpinduro ni, ‘umugororotsi; ntabarwanya.’ Ivyo ari vyo vyose, ntidukwiye kugirira nkunzi abatunzi. Dutegerezwa kugumiza inyungu z’ivy’impwemu aha mbere mu buzima.—Matayo 6:25-33.

Ukwizera Kuradufasha Kugaragaza Ukwihangana

15, 16. Ni kuki ari ikintu gihambaye cane kugaragaza ukwihangana?

15 Amaze kugira ico avuze ku vy’abatunze b’inkandamiza bo mw isi, Yakobo ubukurikira araremesha Abakirisu bakandamijwe kugaragaza ukwihangana. (Yakobo 5:7, 8) Abizera iyo bihanganira amagume yabo bihanganye, bohawe impera kubera ukwizerwa kwabo mu gihe c’ukuhaba kwa Kirisitu, aho urubanza rwoziye kuri bene kubakandamiza. (Matayo 24:37-41) Abo Bakirisu ba mbere bari bakeneye kumera nk’umurimyi yihangana akarorera imvura y’agatasi igihe ashobora gutera, n’iya nyumanyuma yo mu rushana ivamwo ivyimburwa. (Yoweli 2:23) Natwe turakeneye kugaragaza ukwihangana kandi imitima yacu tukayigira iyishikamye, canecane kubera ko ‘ukuhaba kw’Umukama’ Yezu Kirisitu kuri hano!

16 Ni kuki dukwiye kuba abihangana? (Yakobo 5:9-12) Ukwihangana kuradufasha kudahigimanga canke ngo twidodombe igihe bagenzi bacu bizeye batubabaje. Niba ‘twidodomberaniye’ dufise agatima kabi, tuzocirwa rubi na wa Mucamanza Yezu Kirisitu. (Yohana 5:22) Ubu “ukuhaba” kwiwe kwamaze gutangura kandi akaba “ahagaze ku rugi,” nituremeshe amahoro mu kuba abihanganira abavukanyi bacu, abo usanga bahangana n’ibigeragezo vyinshi vy’ukwizera. Ukwizera twebwe ubwacu dufise kurakomezwa igihe twibutse ko Imana yahaye impera Yobu kubera yihanganiye cane ibigeragezo yarimwo. (Yobu 42:10-17) Mu gihe tugaragaje ukwizera n’ukwihangana, tuzobona ko “[Yehova] yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.”—Mika 7:18, 19.

17. Ni kuki Yakobo avuga ngo “Ntimukarahire”?

17 Mu gihe tutari abihangana, twoshobora gukoresha nabi ururimi iyo twumva turemerewe. Nk’akarorero, twoshobora kwihutira kurahira. Yakobo aravuga ati “Ntimukarahire,” atuburira ngo ntihagirwe ukurahira kw’ibidaguro. Ukuguma umuntu yemeza indahiro ivyo avuze bisa kandi n’ibirimwo uburyarya. Ni co gituma dukwiye vyonyene kuvuga ukuri, ego yacu igasobanura ego, oya yacu na yo, oya. (Matayo 5:33-37) Birumvikana, Yakobo ntariko avuga yuko ari bibi kurahira umuntu yemeza ukuri muri sentare.

Ukwizera n’Amasengesho Yacu

18. Ni mu mimerere iyihe dukwiye ‘gushishikara gusenga’ kandi ‘tukaririmba amazaburi’?

18 Isengesho ritegerezwa kurangura uruhara nyamukuru mu buzima bwacu niba dushaka gucunga imvugo yacu, kugaragaza ukwihangana, no kuguma turi bazima mu vy’ukwizera Imana. (Yakobo 5:13-20) Canecane igihe turi mu bigeragezo dukwiye ‘gushishikara gusenga.’ Niba turi mu rweze, ‘nituririmbe amazaburi,’ nk’uko Yezu n’intumwa ziwe babigize hamwe yatanguza Icibutso c’urupfu rwiwe. (Mariko 14:26, NW, akajambo k’epfo) Rimwe na rimwe, twoshobora kwumva twuzuye cane ugukurira ubwatsi Imana ku buryo turirimba amashemezo no mu mutima nyene. (1 Ab’i Korinto 14:15; Abanyefeso 5:19) Kandi ese ingene ari umunezero guha ikuzo Yehova mu ndirimbo ku makoraniro ya gikirisu!

19. Dukwiye kugira iki mu gihe ducitse abarwaye mu vy’impwemu, kandi ni kuki twotera intambwe ben’iyo?

19 Twoshobora kutumva dushaka kuririmba mu gihe turwaye mu vy’impwemu, kumbure biturutse ku kwigenza nabi canke ukunanirwa gufungura ubudahorereza ku meza ya Yehova. Mu gihe tumerewe gutyo, nitwicishe bugufi duhamagare abakurambere kugirango bashobore ‘kudusengera.’ (Imigani 15:29) Vyongeye ‘bazodusiga amavuta mw izina rya Yehova.’ Nka kurya kw’amavuta atururuza ku ruguma, amajambo yabo ahumuriza hamwe n’impanuro batanga iva mu Vyanditswe bizofasha guhwamika umubabaro, amazinda, ubwoba. ‘Isengesho ry’ukwizera rizodukiza’ niba rishigikiwe n’ukwizera kwacu ubwacu. Niba abakurambere basanze ukurwara kwacu kwo mu vy’impwemu kwatewe n’icaha gikomeye, bazokorana ubuntu badutomorere ikosa twakoze hanyuma bagerageze kudufasha. (Zaburi 141:5) Kandi niba twigaye, turashobora kwizera yuko Imana yumviriza amasengesho yabo hanyuma ikatugirira ikigongwe.

20. Ni kuki dukwiye kwatura ivyaha vyacu kandi tugasengeranira?

20 ‘Ukwaturanira ivyaha vyacu umudahisha’ bikwiye kutubera nk’igitangīra ngo ntitwongere gukora icaha. Bikwiye gutsimbataza ukugiriranira imbabazi, kamere izotuma ‘dusengeranira.’ Turashobora kwizera ko ivyo bizogira akunguko kubera ko isengesho rituwe n’ ‘umugororotsi’—uwugira ukwizera kandi abonwa n’Imana nk’umugororotsi—rirarangura vyinshi kuri Yehova. (1 Petero 3:12) Umuhanuzi Eliya yari afise intege nke nk’izacu, ariko amasengesho yiwe yaragize ico amara. Yarasenze hanyuma imvura iramara imyaka itatu n’igice itagwa. Igihe yongera gusenga, imvura yaraguye koko.—1 Abami 17:1; 18:1, 42-45; Luka 4:25.

21. Ni igiki twoshobora kugira mu gihe Umukirisu mugenzi wacu ‘yazimiye akava ku kuri’?

21 Bite igihe uwo mu bagize ikorane yoba ‘azimiye akava ku kuri,’ agakevya akava ku nyigisho no ku ngendo nziza? Hari aho twoshobora kumugarura akava ku guhuba kwiwe biciye ku mpanuro ya Bibiliya, kw isengesho no ku bundi bufasha. Mu gihe twerewe, ivyo bimugumiza munsi y’incungu ya Kirisitu kandi bikamukiza urupfu rwo mu vy’impwemu no gucirwa urwo guhonywa. Dufashije uwahuvye, tuba dupfutse ivyaha indiri vyiwe. Mu gihe umunyavyaha yakangiriwe ahindukiye akava ku ngendo yiwe mbi, akigaya, kandi akarondera kurekurirwa, tuzonezerwa n’uko twakoze kugirango ivyaha vyiwe bipfukwe.—Zaburi 32:1, 2; Yuda 22, 23.

Ikintu Kituraba Twese

22, 23. Amajambo ya Yakobo akwiye kugira ico akoze gute kuri twebwe?

22 Birumvikana, ikete rya Yakobo ririmwo ikintu kiduhesha twese akunguko. Riratwereka ukuntu twohangana n’ibigeragezo, rikaduhanura ngo ntiturobanure ku cubahiro, kandi rikaduhimiriza ngo tuje mu bikorwa bigororotse. Yakobo araduhimiriza gucunga ururimi, kunanira akosho k’isi, no kuremesha amahoro. Amajambo yiwe akwiye kutugira abihangana n’abanyabwira mu gusenga.

23 Niko, ikete rya Yakobo ubwa mbere ryarungikiwe Abakirisu ba mbere basizwe. Yamara, twebwe twese dukwiye kureka impanuro ririmwo ikadufasha kwumira ku kwizera kwacu. Amajambo ya Yakobo arashobora guhamangira ukwizera gutuma dukora umutisubirako mu gikorwa c’Imana. Vyongeye iryo kete ryahumetswe n’Imana rirubaka ukwizera kwuzuye ukwihangana, kutugira Ivyabona vya Yehova bihangana, b’abanyabwira mu gusenga, ubu mu gihe c’ ‘ukuhaba kw’Umukama’ Yezu Kirisitu.

Wokwishura Ngw Iki?

◻ Ni kuki bamwe mu Bakirisu ba mbere bari bakeneye guhindura agatima n’ingendo vyabo?

◻ Ni imburizi iyihe Yakobo aha abatunzi?

◻ Ni kuki dukwiye kugaragaza ukwihangana?

◻ Ni kuki dukwiye gusenga ubudahorereza?

[Abo dukesha ifoto ku rup. 14]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.

[Ifoto ku rup. 17]

Bamwe mu Bakirisu ba mbere bari bakeneye kurushirizaho kuba abihanganira bagenzi babo bizeye

[Ifoto ku rup. 18]

Abakirisu barakeneye kuba abihangana, abakundana, abanyabwira mu gusenga

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika