Naho Haba Ibigeragezo, Umira ku Kwizera Kwawe!
“Mwiyumvire kw ar’ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe.”—YAKOBO 1:2.
1. Abantu ba Yehova bamukorera mu kwizera n’ ‘umunezero wo mu mutima’ naho haba ibiki?
ABANTU ba Yehova bakora bwa Vyabona vyiwe bamwizeye kandi bafise ‘umunezero wo mu mutima.’ (Gusubira mu Vyagezwe 28:47; Yesaya 43:10) Ivyo barabigira naho nyene basagirizwa n’ibigeragezo vyinshi. Niyo baba bari mu magume, baravoma uguhumurizwa muri aya majambo: “Mwiyumvire kw ar’ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe, mumenye yukw ibigeza ukwizera kwanyu bitera ukwihangana.”—Yakobo 1:2, 3.
2. Ni ibiki bizwi ku mwanditsi w’ikete rya Yakobo?
2 Ayo majambo yanditswe nko mu 62 G.C. n’umwigishwa Yakobo, mwenewabo na Yezu Kirisitu basangiye nyina. (Mariko 6:3) Yakobo yari umukurambere mw ikorane ry’i Yeruzalemu. Nkako, we, Kefa (Petero) na Yohani, ‘bǎsa n’uko ari inkingi’—ibishigikizo bikomeye vy’ikorane, bishinze umutanyiganyiga. (Ab’i Galatiya 2:9) Igihe ikibazo c’ugukebwa caza imbere y’ ‘intumwa n’inararibonye’ nko mu 49 G.C., Yakobo yaratanze iciyumviro co mu Vyanditswe kirashe caciye cemerwa n’iyo nama nyobozi yo mu kinjana ca mbere.—Ivyakozwe 15:6-29.
3. Zimwezimwe mu ngorane Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bahanganywe na zo zari izihe, kandi dushobora dute kwungukira cane birushirije kw ikete rya Yakobo?
3 Bwa mwungere wo mu vy’impwemu w’umwitwararitsi, Yakobo ‘yari azi umukuku uko umeze.’ (Imigani 27:23) Yaramenye ko Abakirisu ico gihe bariko bahangana n’ibigeragezo bikaze. Ukwiyumvira kwa bamwebamwe kwari gukeneye kubogorwa, kuko bariko batonesha abatunzi. Ku batari bake, ugusenga kwari uguheza umwuga gusa. Bamwe bǎriko bakora inabi bakoresheje ururimi rwabo rutagumijwe. Agatima k’isi kariko gateza ingaruka nyononyi, kandi abenshi ntibiyumanganya, eka ntibakunda ivy’ugusenga. Nkako, ukurwara mu vy’impwemu kwari kwashikiye Abakirisu bamwebamwe. Ikete rya Yakobo ririhweza mwen’ivyo bibazo mu buryo bwubaka, kandi impanuro yatanze ni ngirakimazi uno musi nk’uko yari iri mu kinjana ca mbere G.C. Turaja kwunguka cane turimbuye iryo kete nk’iryandikiwe twebwe ubwacu.a
Igihe Dushikiwe n’Ibigeragezo
4. Ni gute dukwiye kubona ibigeragezo?
4 Yakobo aratwereka ukuntu dukwiye kubona ibigeragezo. (Yakobo 1:1-4) Ata gucishamwo ico apfana na wa Muhungu w’Imana, aricisha bugufi akiyita “umugurano w’Imana n’uw’Umwami Yesu Kristo.” Yakobo yandikira “[i]miryango cumi n’ibiri” ya Isirayeli yo mu vy’impwemu “[ya]sābagiye,” ubwa mbere na mbere biturutse ku ruhamo. (Ivyakozwe 8:1; 11:19; Ab’i Galatiya 6:16; 1 Petero 1:1) Uko turi Abakirisu, natwe turahamwa, vyongeye ‘tugahura n’ibitugerageza bitari bimwe.’ Ariko iyo twibutse ko ibigeragezo vyihanganiwe bikomeza ukwizera kwacu, ‘tuzokwiyumvira kw ar’ivyo kunezererwa rwose’ igihe bitubayeko. Tugumanye ukutadohoka ku Mana kwacu mu gihe c’ibigeragezo, ivyo bizotuzanira ubuhirwe buramba.
5. Ibigeragezo bidushikira bishobora kubamwo n’ibiki, kandi ni ibiki bishika igihe tuvyihanganiye tukererwa?
5 Ibigeragezo bidushikira birimwo n’ivyago bishikira abantu muri rusangi. Nk’akarorero, amagara mabi ashobora kutubera icago. Imana ubu ntikora ivy’ugukiza ku gitangaro, ariko irishura amasengesho tuyitura dusaba ubwenge n’inguvu dukeneye ngo tumenye uko tubikǐka iyo turwaye. (Zaburi 41:1-3) Vyongeye turacumukura ku bw’ukugororoka bwa Vyabona vya Yehova bahamwa. (2 Timoteyo 3:12; 1 Petero 3:14) Igihe twerewe mu kwihanganira ibigeragezo nk’ivyo, ukwizera kwacu kuba kwemejwe, kugacika ‘ukugejejwe.’ Kandi igihe ukwizera kwacu gutahukanye intsinzi, ivyo “bitera ukwihangana.” Ukwizera kurushirije gukomezwa biciye mu bigeragezo kuzodufasha kwihanganira udusuzumisho two muri kazoza.
6. Ni gute ‘ukwihangana kugatunganya igikorwa cakwo,’ kandi ni intambwe nyakimazi izihe zishobora guterwa igihe turi mu bigeragezo?
6 Yakobo aravuga, ati “Arik’ukwihangana gukwiye guhīngūra igikorwa cakwo.” Mu gihe turetse ikigeragezo kigakora akazi kaco ata kugerageza kugihagarika vubavuba biciye mu buryo buteye kubiri n’Ivyanditswe, ukwihangana kuzokora “igikorwa” c’ukutugira Abakirisu buzuye, ataco babuze mu kwizera. Nkako nyene, mu gihe ikigeragezo gishize ahabona intege nke zinaka, dukwiye kurondera gufashwa na Yehova kugirango tuzitsinde. Bite mu gihe ico kigeragezo coba ari ukwoshwa ngo tuje mu busambanyi? Nidusenge ku vyerekeye iyo ngorane hanyuma dukore ibihuza n’amasengesho yacu. Hari aho twokenera guhindura aho dukorera akazi canke tugatera izindi ntambwe kugira tugumye ukutadohoka ku Mana kwacu.—Itanguriro 39:7-9; 1 Ab’i Korinto 10:13.
Ugusaba Ubwenge
7. Ni gute dushobora gufashwa kugira tubone uko tubikika iyo turi mu bigeragezo?
7 Yakobo araturangira ico twogira niba tutazi uko twobikǐka iyo turi mu kigeragezo. (Yakobo 1:5-8) Yehova ntazoturaba ribi kubera ukubura ubwenge n’ugusenga tubusaba mu kwizera. Azodufasha kubona ikigeragezo mu buryo bubereye no kucihanganira. Bagenzi bacu bizeye barashobora kutwereka Ivyanditswe canke tukabibona igihe twiga Bibiliya. Ibintu bishika biciye mu buyobozi bw’Imana bishobora gutuma tubona ico dukwiye gukora. Dushobora kuyoborwa n’impwemu y’Imana. (Luka 11:13) Kugira turonke izo nyungu, ubusanzwe dutegerezwa kumata cane ku Mana n’igisata cayo.—Imigani 18:1.
8. Ni kuki uwukekeranya atazogira ico aronka kuri Yehova?
8 Yehova araduha ubwenge kugirango twihanganire ibigeragezo niba ‘tugumye dusaba twizeye, tudakekeranya na gatoyi.’ Uwukekeranya “ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n’umuyaga, usimbaguritswa” mu buryo ata wubimenya imbere y’igihe. Mu gihe twoba tuyumbayumba gutyo mu vy’impwemu, ‘ntidukwiye kwiyumvira ko hari ico tworonka kuri Yehova.’ Ntitube rero ‘ab’imitima ibiri’ n’ ‘abadashikamye’ mw isengesho canke mu bundi buryo. Ahubwo, nitugire ukwizera Yehova, we Sôko ry’ubwenge.—Imigani 3:5, 6.
Abatunzi n’Aboro Bashobora Kwigina
9. Ni kuki dufise impamvu z’ukwigina nk’abasenga Yehova nyene?
9 Naho nyene ubworo ari kimwe mu bitugerageza, nitugumye mu muzirikanyi ko Abakirisu b’abatunzi n’aboro bashobora bompi kwigina. (Yakobo 1:9-11) Imbere y’uko baba abigishwa ba Yezu, benshi mu basizwe bari bafise bike mu vy’umubiri, kandi isi yabarabira hasi. (1 Ab’i Korinto 1:26) Ariko barashoboye kwigina kubera ‘ugushirwa hejuru’ kwabo ku rugero rw’ukuba ba samuragwa b’Ubwami. (Abaroma 8:16, 17) Tubinyuranije, abatunzi bigeze kuba bubahwa barashikirwa n’ ‘ugucishwa bugufi’ nk’abigishwa ba Kirisitu nyene, kubera ugukengerwa n’isi. (Yohana 7:47-52; 12:42, 43) Uko turi abasuku ba Yehova ariko, twese turashobora kwigina kubera ko ubutunzi bw’isi hamwe n’ikibanza gikirurutse bingana ubusa ubigereranije n’amatungo y’ivy’impwemu twifitiye. Kandi ese ukuntu dukura ubwatsi kubona muri twebwe ata kibanza ubwishime bufise ku vy’igiti umuntu afise mu kibano!—Imigani 10:22; Ivyakozwe 10:34, 35.
10. Ni gute Umukirisu akwiye kubona ubukungu bw’ivy’umubiri?
10 Yakobo aradufasha kubona ko ubuzima bwacu butava ku bukungu hamwe n’ivy’isi umuntu yashitseko. Nka kurya ubwiza bw’ishurwe budashobora kuribuza gukabirana mu gihe c’ ‘ubushuhe buturira,’ ni ko ubukungu bw’umutunzi budashobora kurehurura ubuzima bwiwe. (Zaburi 49:6-9; Matayo 6:27) Arashobora gupfa mu gihe ariko akurikirana ‘uburyo bwiwe bw’ukubaho,’ nko mu bucuruzi. Ni co gituma ikintu gihambaye ari ukuba ‘umutunzi ku Mana’ no gukora ivyo dushoboye vyose kugira duteze imbere inyungu z’Ubwami.—Luka 12:13-21; Matayo 6:33; 1 Timoteyo 6:17-19.
Harahiriwe Abihanganira Ibigeragezo
11. Ivyizigiro ni ibihe ku bumira ku kwizera kwabo bahanganywe n’ibigeragezo?
11 Tuba abatunzi, tuba aboro, dushobora kugira ubuhirwe ari uko gusa twihanganiye ibigeragezo bidushikira. (Yakobo 1:12-15) Mu gihe twihanganiye ibigeragezo ukwizera kwacu ataco kubaye, turashobora kwitwa abahirwe, kuko hari umunezero mu kugira ibigororotse mu nyonga z’Imana. Bivuye ku kwumira ku kwizera kwabo gushika ku gupfa, Abakirisu bavyawe n’impwemu bararonka “urugori rw’ubuzima,” ni ukuvuga ukudahwera bari mw ijuru. (Ivyahishuwe 2:10, Ubwuzure Bushasha; 1 Ab’i Korinto 15:50) Niba dufise ivyizigiro vyo kw isi kandi tukagumya ukwizera Imana kwacu, turashobora kuraba imbere ku buzima budashira bwo kw isi y’iparadizo. (Luka 23:43; Abaroma 6:23) Ese ukuntu Yehova abera mwiza abagaragaza ukumwizera bose!
12. Mu gihe turiko dushikirwa n’ivyago, ni kuki tudakwiye kuvuga, ngo “Imana ni yo ingerageje”?
12 Mbega birashoboka ko Yehova ubwiwe atugerageresha ivyago? Oya, ntidukwiye kuvuga, ngo “Imana ni yo ingerageje.” Yehova ntagerageza gutuma tuvyukwamwo n’ugukora icaha, ahubwo koko aradufasha kandi akaduha inkomezi zikenewe ngo twihanganire ibigeragezo mu gihe tuguma dushikamye mu kwizera. (Ab’i Filipi 4:13) Imana ni nyeranda, ntiyodushira rero mu mimerere yotuma ubushobozi bwacu bwo kunanira ugukora inabi bugoyagoya. Niba ubwacu twijanye mu nyifato y’ibintu itari nyeranda hanyuma tugakora icaha kinaka, ntidukwiye kubiyegekako, “kukw Imana itageragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha.” Naho Yehova yoshobora kurekura ikigeragezo kugira adutoze indero ku neza yacu, ntatugerageza afise imigabo mibi. (Abaheburayo 12:7-11) Shetani ashobora kutwosha gukora inabi, ariko Imana irashobora kudukiza uwo mubi.—Matayo 6:13.
13. Ni ibiki bishobora gushika mu gihe tutiyamye icipfuzo kibi?
13 Birakenewe ko twijukira gusenga kubera ko inyifato y’ibintu yinaka yoshobora kuvyura icipfuzo kibi cohava kituvyuramwo ugukora icaha. Yakobo avuga ati: “Umuntu wese a[ra]geragezwa, iy’akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka.” Ntidushobora kwegeka ku Mana icaha dukoze mu gihe twaretse umutima wacu ugacumbika ku cipfuzo kirimwo icaha. Mu gihe tutirukanye icipfuzo kibi, ‘kiratwara inda,’ kikagaburirirwa mu mutima, hanyuma ‘kikibaruka icaha.’ Igihe icaha gishikijwe, “kikavyara urupfu.” Ni ibiboneka, turakeneye kurinda imitima yacu kandi tukananira impengamo nyecaha. (Imigani 4:23) Kayini yaraburiwe ko icaha cari mu kumutsinda, ariko ntiyanannye. (Itanguriro 4:4-8) Mbega none, bite mu gihe dutanguye gukurikirana ingendo iteye kubiri n’Ivyanditswe? Nta gukeka, dukwiye gukura ubwatsi mu gihe abakurambere b’Abakirisu bagerageje kutubogora kugira ntidukore icaha ku Mana.—Ab’i Galatiya 6:1.
Imana—Yo Sôko ry’Ibintu Vyiza
14. Ni mu buryo ki bishobora kuvugwa ko impano ziva ku Mana ‘zitunganye’?
14 Turakwiye kwibuka ko Yehova ari we Sôko, si ry’ibigeragezo, ariko ry’ibintu vyiza. (Yakobo 1:16-18) Yakobo ahamagara abera bagenziwe ngo ‘bavukanyi nkunda’ kandi akerekana ko Imana ari yo Mutanzi w’ ‘impano nziza yose n’ingabirano itunganye.’ Impano z’ivy’impwemu n’ivy’umubiri ziva kuri Yehova ‘ziratunganye,’ canke ziruzuye, ntaco zibuze. ‘Ziva hejuru,’ mu buvyagiro bw’Imana mw ijuru. (1 Abami 8:39) Yehova ni “Se w’imico [y’ijuru]”—izuba, ukwezi, n’inyenyeri. Araduha kandi umuco n’ukuri vyo mu vy’impwemu. (Zaburi 43:3; Yeremiya 31:35; 2 Ab’i Korinto 4:6) Imana ntimeze nk’izuba rituma ibitûtu bihindagurika uko rigendagenda hanyuma rikaba umutari igihe gusa ari ku murango wa sebarango, yo yama nantaryo ari iya mbere mu gutanga ivyiza. Izoturonsa ivya ngombwa kugirango duhangane n’ibigeragezo niba twungukira bimwe vyuzuye ku bigaburwa vyo mu vy’impwemu bitangwa biciye mw Ijambo ryiwe no kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.”—Matayo 24:45, NW.
15. Imwe mu mpano nziza birushirije za Yehova ni iyihe?
15 Imwe mu mpano nziza birushirije yatanzwe n’Imana yabaye iyihe? Ni ivyarwa ry’abahungu bo mu vy’impwemu biciye ku mpwemu yera, igakora ifatanije n’inkuru nziza, canke “ijambo ry’ukuri.” Abashikwako n’ivuka ryo mu vy’impwemu ni ‘imishuzo minaka,’ bacagurwa mu bantu ngo bazobe “abami n’abaherezi” bo mw ijuru. (Ivyahishuriwe 5:10; Abanyefeso 1:13, 14) Yakobo ashobora kuba yariko yiyumvira ivy’imishuzo ya sayiri yatangwa ku wa 16 Nisani, iyo ikaba yari itariki Yezu yazuriweko, n’iy’uguherezako imitsima ibiri y’ingano ku musi wa Pentekote, igihe impwemu yera yasukwa. (Abalewi 23:4-11, 15-17) Muri ico gihe Yezu ni we aca aba imishuzo, abaraganwa na we na bo bakaba ‘imishuzo minaka.’ Bite niba dufise icizigiro co kw isi? Urumva, ivyo tubigumije mu muzirikanyi bizodufasha kwumira ku kwizera dufise muri wa Mutanzi w’ ‘impano yose nziza’ we yatumye ubuzima budashira bushoboka munsi y’inganji y’Ubwami.
Nube ‘Ukora Ivy’Iryo Jambo’
16. Ni kuki dukwiye ‘kwihutira kwumva ariko tugateba kuvuga no kuraka’?
16 Twaba turiko dushikirwa n’ibigerageza ukwizera kwacu ubu canke atavyo, dutegerezwa kuba “abakora ivy’iryo jambo.” (Yakobo 1:19-25) Turakeneye kuba ‘abihutira kwumva’ Ijambo ry’Imana, tukaba abakora ivyaryo bagamburuka. (Yohana 8:47) Ku rundi ruhande, ni tube ‘abateba kuvuga,’ tugapima twitonze ivyo tuvuga. (Imigani 15:28; 16:23) Yakobo ashobora kuba ariko aduhimiriza kutihutira kuvuga ko ibigeragezo bituzako bituruka ku Mana. Turahanurwa kandi “[guteba] kuraka: kuk’uburake bg’umuntu budakora ivy’ukugororoka kw’Imana.” Iyo dushavujwe n’ivyo umuntu avuze, ‘nitugende buhoro’ kugira twirinde gutanga igisubizo kibabaza. (Abanyefeso 4:26, 27) Agatima k’uburakari, kamwe gashobora kuduteza ingorane kandi tukabera abandi ikigeragezo, ntigashobora kuzana ico ukwizera Imana yacu igororotse kudusaba. Uretse ivyo, mu gihe turi “[aba]nyabgenge bginshi,” ‘tuzoteba kuraka,’ kandi abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bazokwumva bakwegerewe kuri twebge.—Imigani 14:29.
17. Ni ibiki biranguka tuvanyeho ububi mu mutima no mu muzirikanyi?
17 Nta gukeka turakeneye kuba abikuye “imyanda yose,” ni ukuvuga ikintu cose gisesema Imana kandi kivyura uburakari. Vyongeye, dutegerezwa kwiyambura ‘ico kintu gisigaye, ububi.’ Twese dukwiye guhanagura ubuzima bwacu tukabukurako ubwandure bwose bw’umubiri n’impwemu. (2 Ab’i Korinto 7:1; 1 Petero 1:14-16; 1 Yohana 1:9) Ukuvanaho ububi mu mutima no mu muzirikanyi vyaradufashije ‘kwemerana ubwitonzi uguterwa kw’ijambo’ ry’ukuri. (Ivyakozwe 17:11, 12) Igihe tumaze turi Abakirisu uko coba kingana kwose, dutegerezwa kuguma tureka ngo ukuri kurushirije kwo mu Vyanditswe guterwe muri twebwe. Kuki? Kuko biciye ku mpwemu y’Imana, ijambo ritewe rirazana ‘ya kamere-muntu nsha’ ishikîra agakiza.—Abanyefeso 4:20-24.
18. Uwumva ijambo gusa atandukanye gute n’uwutako agakora ivyaryo?
18 Twerekana dute ko iryo jambo ari ryo rituyobora? Mu kuba ingamburutsi z’ “abakora ivy’iryo jambo, [atari] abaryumva gusa.” (Luka 11:28) “Abakora” bafise ukwizera kuzana ibikorwa nk’umurimo ukoranywe umwete mu gikenurwa ca gikirisu no mu kugira uruhara ubudahorereza mu makoraniro y’igisata c’Imana. (Abaroma 10:14, 15; Abaheburayo 10:24, 25) Uwumva iryo jambo gusa “ameze nk’umuntu yirābiye mu cirore mu maso hiwe yavukanye.” Aratereza akajisho, maze akigira, akibagira ivyoba bikenewe kugirango akosore ukuntu asa. Bwa ‘bakora ivy’iryo jambo,’ turitonda tukiga kandi tukumvira “ivyagezwe bitunganye rwose” vy’Imana, ibirimwo ikintu cose idusaba. Umwidegemvyo twifitiye rero ni uwunyuranye koko n’ukujakarira icaha n’urupfu, kuko ujana mu buzima. Nuko rero, ni ‘dushishikare ivyagezwe bitunganye,’ tubisesangura ubudahengeshanya kandi tukavyumvira. Kandi iyumvire gatoyi! Bwa ‘bakora igikorwa, atari abumva bibagira,’ turafise umunezero uva ku gutoneshwa n’Imana.—Zaburi 19:7-11.
Si Abasenga Baheza Umwuga Gusa
19, 20. (a) Dukurikije Yakobo 1:26, 27, ugusenga kutanduye kudusaba iki? (b) Ni utuhe turorero tumwetumwe tw’ivy’ugusenga kudahumanye?
19 Niba dushaka kuba abatoni ku Mana, turakeneye kwibuka yuko ugusenga kw’ukuri atari ugupfa guheza umwuga. (Yakobo 1:26, 27) Twoshobora kwiyumvira yuko turi ‘abasenga baheza umwuga’ bemewe ba Yehova, ariko igihambaye vy’ukuri ni ukuntu abona umwumwe wese muri twebwe. (1 Ab’i Korinto 4:4) Akanenge kamwe gakomeye gashobora kuba ari ukunanirwa ‘gufata ururimi.’ Twoba turiko turihenda hamwe twokwiyumvira ko Imana ihimbarwa n’ugusenga kwacu mu gihe ducokora abandi, tukavuga ibinyoma, canke tugakoresha nabi ururimi rwacu mu bundi buryo. (Abalewi 19:16; Abanyefeso 4:25) Vy’ukuri, ntidushaka ko ‘ugusenga kwacu’ kuba ‘ukw’ubusa’ kandi ntikwemerwe ku Mana ku mpamvu n’imwe.
20 Naho Yakobo atadonda umuce uwo ari wo wose w’ugusenga kutanduye, avuga yuko kurimwo “ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo.” (Ab’i Galatiya 2:10; 6:10; 1 Yohana 3:18) Ikorane rya gikirisu rirerekana ubwitwararitsi budasanzwe mu kuronsa abapfakazi utwo bakeneye. (Ivyakozwe 6:1-6; 1 Timoteyo 5:8-10) Kubera ko Imana ari yo Mukingizi w’uwapfakaye n’uwabuze se, nidukorane na Yo mu gukora ivyo dushoboye kugirango tubafashe mu vy’impwemu no mu vy’umubiri. (Gusubira mu Vyagezwe 10:17, 18) Ugusenga kutanduye bisobanura kandi ‘kwirinda kwanduzwa n’isi,’ ikibano c’abantu kitagororotse kiri mu bubasha bwa Shetani. (Yohana 17:16; 1 Yohana 5:19) Nitwame rero twikuye ingendo y’ukutibanga Imana y’isi kugirango dushobore kuninahaza Yehova kandi tube ab’akamaro mu gikorwa ciwe.—2 Timoteyo 2:20-22.
21. Ku bijanye n’ikete rya Yakobo, ni ibindi bibazo ibihe bikwiriye ko tubirimbura?
21 Impanuro ya Yakobo turimbuye kugeza aha, ikwiye kudufasha kwihanganira ibigeragezo no kwumira ku kwizera kwacu. Ikwiye kwongerereza ukuntu dukenguruka wa Mutanzi w’impano nzizanziza w’umunyarukundo. Kandi amajambo ya Yakobo aradufasha gukwirikiza ugusenga kutanduye. Ni ibiki kandi atwereka? Ni izindi ntambwe izihe dushobora gutera kugira tugaragaze ko dufise ukwizera Yehova kw’ukuri?
[Akajambo k’epfo]
a Mu nyigisho y’umuntu ukwiwe canke yo mu rugo y’iki kiganiro hamwe na bibiri bigikurikira, uzosanga vyungura bimwe bidasanzwe usomye buri gace kadonzwe k’iryo kete nkomezakwizera rya Yakobo.
Wokwishura Ngw Iki?
◻ Ni igiki kizodufasha kwihanganira ibigeragezo?
◻ Naho habaho ibigeragezo, ni kuki Abakirisu bashobora kwigina?
◻ Ni gute dushobora kuba abakora ivy’iryo jambo?
◻ Ugusenga kutanduye kurimwo n’ibiki?
[Ifoto ku rup. 5]
Igihe uri mu bigeragezo, izere ububasha Yehova afise bwo kwishura amasengesho
[Amafoto ku rup. 7]
“Abakora ivy’iryo jambo” bariko bavugira aheru Ubwami bw’Imana kw isi yose