ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/4 rup. 17-20
  • Yagumye agavye yongera ararindira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yagumye agavye yongera ararindira
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yaragaragaje ko yakunda gusenga
  • Yarizigira adakeka kandi akaguma agavye
  • Yehova aratanga ukuruhurirwa be n’imihezagiro
  • Yagumye ari maso yongera ararindira
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yarahojejwe n’Imana yiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Yarahojejwe n’Imana yiwe
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yaraburaniye ugusenga gutyoroye
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/4 rup. 17-20

Niwigane ukwizera kwabo

Yagumye agavye yongera ararindira

ELIYA yaripfuza cane kuja ahantu hiherereye maze agasenga Se wiwe wo mw’ijuru. Ariko amasinzi y’abantu bari bamukikuje bari bahejeje kwibonera ingene uwo muhanuzi w’ukuri yasavye Imana igakorora umuriro uvuye mw’ijuru, kandi nta gukeka ko benshi muri bo bari bashashaye kwitonesha kuri uwo muhanuzi. Imbere y’uko Eliya aduga kw’isonga ry’Umusozi Karumeli, iricako umuyaga mwinshi cane, kugira ngo yiyegereze Yehova Imana mw’isengesho ari wenyene, hari ikintu kitanezereye yabanje gukora. Yategerejwe kugira ivyo abwiye Umwami Ahabu.

Abo bagabo babiri bari batandukanye cane. Ahabu yari yambaye inyambarabami nziza cane, akaba yari umuhuni w’umunyamwina kandi w’ishaka rike. Eliya we, yari yambaye umwambaro umuhanuzi yari asanzwe yambara ari ku murimo wiwe, iyo ikaba yari ikanzu isanzwe mugabo ikomeye, bishoboka ko yahingurwa mu rusato rw’ibitungwa canke ikajishwa mu bwoya bw’impene kibure bw’ingamiya. Yari umugabo afise ishaka ryinshi, w’intadohoka kandi afise ukwizera. Uwo musi wariko urarangira wari wahishuye ibitari bike ku bijanye n’agatima umwumwe muri abo bagabo yari afise.a

Ahabu be n’abandi bantu basenga Bayali, uwo musi wari wababereye mubi. Idini rya gipagani Ahabu be n’umugore wiwe, ari we Mwamikazi Yezebeli, bashigikira bivuye inyuma muri bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi, ryari ryamaramajwe bimwe bikomeye. Ivy’uko Bayali yari imana y’ikinyoma vyari vyakubitiwe ahashashe. Ico kimana kitagira ubuzima vyari vyagitaye ku w’amazi kudomeka n’agacanwa na gakeya kugira ngo cishure intakambo abahanuzi baco bagitura bataye umutwe, batamba, bikebagura n’amaraso akavirirana nk’uko bari basanzwe babigira mu mugenzo wabo. Bayali yari yananiwe gukingira abo bahanuzi 450 ngo ntibashikirwe n’urubanza bari babereye rwo kwicwa. Ariko rero, si ivyo gusa. Iyo mana y’ikinyoma yari yananiwe no gukora ikindi kintu, kandi ukwo kunanirwa kwari kugiye kuba ukwuzuye. Abahanuzi ba Bayali bari bamaze imyaka irenga itatu batakambira imana yabo kugira ngo irangize uruzuba rwari rwasinzikaje igihugu, mugabo Bayali vyari vyaramutaye ku w’amazi. Yehova ubwiwe yari agiye kugaragaza yuko ari we ari hejuru ya vyose, mu kurangiza urwo ruzuba.​—1 Abami 16:30–17:1; 18:1-40.

None ivyo Yehova yobikoze ryari? Eliya yokwigenjeje gute gushika Yehova agize ico akoze? Vyongeye, ni ibiki dushobora kwigira kuri uwo mugabo yari afise ukwizera? Reka tubirabe mu kurimbura inkuru iri mu 1 Abami 18:41-46.

Yaragaragaje ko yakunda gusenga

Eliya yaregereye Ahabu maze avuga ati: “Genda udūge, ufūngure, wuhire, kuko numva akariri k’imvura nyinshi.” (Umurongo wa 41) None uwo mwami w’umubisha, hoba hari ikintu yari yigiye ku vyari vyashitse kuri uwo musi? Iyo nkuru nta vyo itomora. Ariko nta majambo dusanga muri yo yerekana ko uwo mwami yoba yarigaye, canke ko yasavye uwo muhanuzi ngo amufashe kwiyegereza Yehova maze ngo arondere guharirwa. Ihibambewe, Ahabu yaciye gusa “[aduga], aja gufūngura.” (Umurongo wa 42) Tuvuge iki ku bijanye na Eliya?

“Eliya na we aradūga, aja ku mpinga y’uwo musozi Karumeli, arunama ashika hasi, acurika umutwe mu maguru.” Mu gihe Ahabu yaciye aja kwuzuza inda yiwe, Eliya we yari aronse akaryo ko gusenga Se wiwe wo mw’ijuru. Woba wabonye ingene uwo murongo udondora ukuntu Eliya yifashe mu buryo buranga ukwicisha bugufi? Yarapfukamye, arunamika cane umutwe ku buryo ugera hafi y’amavi yiwe. None Eliya yariko agira iki? Emwe, nta n’uwokwirirwa arabaza! Muri Yakobo 5:18, Bibiliya itubwira yuko Eliya yasenze asaba ko rwa ruzuba rwohera. Nta gukeka ko aho ku mpinga y’uwo Musozi Karumeli Eliya yariko asaba ibijanye n’ico kintu.

Imbere y’aho, Yehova yari yavuze ati: “Nzorekurira imvura kw isi.” (1 Abami 18:1) Eliya rero yasenze asaba yuko ivyo Se wiwe yari yavumereye ko agomba vyoranguka, ivyo bikaba bihuye n’ivyo Yezu yahavuye yigisha abayoboke biwe gusenga basaba, imyaka igihumbi inyuma y’aho.​—Matayo 6:9, 10.

Akarorero ka Eliya karatwigisha ibitari bike ku bijanye no gusenga. Icari gihambaye cane mu vyiyumviro vya Eliya kwari uko ivyo Se wiwe agomba vyoranguka. Igihe dusenga, ni vyiza ko twama twibuka iki kintu: “Ico dusaba cose twisunze ukugomba [kw’Imana], i[ra]twumva.” (1 Yohani 5:14) Biratomoye rero ko dukeneye kumenya ivyo Imana igomba ivyo ari vyo kugira ngo dusenge mu buryo yemera, iyo ikaba ari imvo nziza yotuma ukwiyigisha Bibiliya tubishira mu rutonde rw’ivyo dukora ku musi ku musi mu buzima bwacu. Nta nkeka ko Eliya yipfuza kandi kubona rwa ruzuba rurangira kubera yuko rwari rwateje amakuba menshi abantu bo mu gihugu c’iwabo. Birashoboka yuko umutima wiwe wari wuzuye ugukenguruka inyuma ya ca gitangaro yari yiboneye Yehova akora kuri uwo musi. Amasengesho na twebwe nyene dutura arakwiye kugaragaza ko twitwararika ineza y’abandi be n’uko dukengurukira Imana bivuye ku mutima.​—2 Abakorinto 1:11; Abafilipi 4:6.

Yarizigira adakeka kandi akaguma agavye

Eliya ntiyakekeranya ko Yehova yogize ico akoze kugira ngo arangize rwa ruzuba, ariko ntiyari azi neza igihe Yehova yobigiriye. None uwo muhanuzi yakoze iki muri ico kiringo Yehova atari bwagire ico akoze? Raba ico umurongo wa 43 uvuga: “Abarira umuntu wiwe, ati Dūga, witegereze ku kiyaga. Aradūga, aritegereza; aragaruka, aramubarira, ati Nta kintu mbonye. Aramubarira, ati Subira ugende, ushitse ibihetangabo ndwi.” Akarorero ka Eliya karatwigisha n’imiburiburi ibintu bibiri. Ica mbere, ni ikijanye n’ukuntu uwo muhanuzi yizigira Yehova adakeka. Ikigira kabiri, ni ikijanye n’ukuntu yari umuntu aguma agavye.

Eliya yararondeye ashashaye ibimenyamenya vy’uko Yehova yari agiye kugira ico akoze, akaba ari co gituma yaciye arungika umusuku wiwe ahantu hakirurutse cane kugira ngo atereze ijisho ibuheramaso ngo arabe neza ko ata kimenyetso ico ari co cose coba cerekana ko imvura ihava igwa. Igihe uwo musuku yagaruka, yaje azanye inkuru idahumuriza. Yavuze ati: “Nta kintu mbonye.” Ikirere cari gikeye, kandi biboneka ko ata n’igicu cari kw’ijuru. None woba wabonye ikintu kitumvikana? Niwibuke ko Eliya yari yabwiye Umwami Ahabu ati: “Numva akariri k’imvura nyinshi.” None uwo muhanuzi yashoboye gute kuvuga ikintu nk’ico kandi ata n’igicu c’imvura caboneka kw’ijuru?

Eliya yari azi ukuntu bigenda iyo Yehova atanze umuhango. Bwa muhanuzi wa Yehova akaba n’uwumuserukira, yari azi neza ko Imana yoranguye ijambo ryayo. Eliya yarizigira adakeka, akaba yarizigira cane ku buryo ari nk’aho yari amaze gutangura kwumva iryo segenya. Ivyo bitegerezwa kuba bica bitwibutsa ukuntu Bibiliya idondora Musa iti: “Yagumye ashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka.” Imana yoba atari umugani kuri wewe gushika kuri urwo rugero? Imana iraduha ibimenyamenya bihagije vyotuma tuyizera muri ubwo buryo tukongera tukizera n’imihango yayo.​—Abaheburayo 11:1, 27.

Ubukurikira, raba ukuntu Eliya yari umuntu aguma agavye. Yararungitse wa musuku wiwe, atari rimwe canke kabiri gusa, ariko ibihetangabo indwi. Twoshobora kwiha ishusho y’ukuntu uwo musuku yarambiwe n’ukwo kuguma agenda agaruka, yamara Eliya we yagumye ashashaye kuronka ikimenyetso kandi ntiyarambiwe. Amaherezo, ku ncuro igira indwi wa musuku yavuze ati: “Ehe mbonye agacu gatoya kangana ikiganza c’umuntu, kadūga kava mu kiyaga.” (Umurongo wa 44) Woba ushobora kwiha ishusho y’uwo musuku aramvuye ukuboko kwiwe maze agakoresha ikiganza ciwe kugira ngo yerekane ingene ako gacu gatoya kamwe kaduga kava ibuheramaso bw’Ikiyaga Kinini kangana?b Ako gacu gashobora kuba ata co kari kavuze kuri uwo musuku. Mugabo kuri Eliya we, kari gafise ikintu kinini gasobanura. Yaciye rero aha uwo musuku wiwe ubu buyobozi bwihutirwa: “Genda ubarire Ahabu, uti Zirikisha umukogote wawe ku mafarasi, umanuke, ut’Imvura ntikubuze.”

N’aho kandi, Eliya yaraduhaye akarorero gakomeye dushobora kwigana. Na twebwe tubayeho mu gihe Imana yimirije kugira ico ikoze kugira ngo irangure umugambi yavumereye. Eliya yararindiriye iherezo rya rwa ruzuba; n’abasavyi b’Imana muri kino gihe bararindiriye iherezo ry’ivy’iyi si yononekaye. (1 Yohani 2:17) Nk’uko Eliya yabigize, turakwiye kuguma tugavye gushika igihe Yehova Imana azogira ico akoze. Umwana w’Imana ubwiwe, ari we Yezu, yahanuye abayoboke biwe ati: “Mugume muteramye rero, kubera ko mutazi umusi Umukama wanyu azozirako.” (Matayo 24:42) Yezu yoba yashaka kuvuga yuko abayoboke biwe ata kintu na kimwe bomenye ku bijanye n’igihe umuhero woziye? Habe na buhoro! Nakare yaravuze ibintu vyinshi ku bijanye n’ukuntu isi yobaye imeze igihe umuhero wobaye wegereje. Umwumwe wese muri twebwe arashobora gutahura ivyerekeye ico kimenyetso kigizwe n’ibintu vy’ido n’ido c’“insozero y’ivy’isi.”​—Matayo 24:3-7.c

Umuce umwumwe wose w’ico ikimenyetso uratanga ibimenyamenya bikomeye kandi bijijura. None ivyo bimenyamenya vyoba bihagije kugira ngo bituvyurire umutima wo kugira ico dukoze tudatebaganye? Agacu gatoya kamwe gusa kaduze kava ibuheramaso, kari gahagije kugira ngo gakure amazinda Eliya yuko Yehova yari agiye kugira ico akoze. None uwo muhanuzi w’intahemuka, amaso yoba yaheze mu nzira?

Yehova aratanga ukuruhurirwa be n’imihezagiro

Iyo nkuru ibandanya iti: “Hashize akanya gatoya, ijuru ryubikiza ibicu, umuyaga urakubeba, hagwa imvura y’isegenya. Ariko Ahabu yūrira mu mukogote wiwe, aja i Yezireli.” (Umurongo wa 45) Ibintu vyaciye bitangura kwihuta bimwe bidasanzwe. Mu gihe wa musuku wa Eliya yariko arashikiriza Ahabu ubutumwa arungikanywe n’uwo muhanuzi, ka gacu gatoya karakuze kavamwo urucu runini, ruruzura ijuru maze rica ririraburanirwa. Umuyaga ukomeye warahuhuse. Imvura yari igiye yagwa ku butaka bwa Isirayeli inyuma y’imyaka itatu n’igice yari imaze yarataze.d Ubwo butaka bwari bwaragataye bwaranyweshejwe n’imvura. Igihe iyo mvura yacika isegenya, uruzi Kishoni rwaruzuye, ata gukeka ruca rurakukumura amaraso ya ba bahanuzi ba Bayali bari bishwe. Ba Bisirayeli bigira ibiro biteze na bo nyene bari baronse akaryo ko gukuraho ikirabagu gikomeye ugusenga Bayali kwari kwanduje ico gihugu.

Nta gukeka yuko Eliya yari yizigiye ko ukwo ari ko vyogenze. None Ahabu yoba yari kwigaya maze akava mu buhumane bwo gusenga Bayali? Ivyari vyabaye kuri uwo musi vyari vyamuhaye imvo zikomeye zo kugira ayo mahinduka. Birumvikana ko tudashobora kumenya ivyo Ahabu yariko ariyumvira ico gihe. Iyo nkuru itubwira gusa ko uwo mwami “[yuriye] mu mukogote wiwe, aja i Yezireli.” None hoba hari ico yari yize? Yoba yari yiyemeje guhindura ivyo yagenderamwo? Ivyabaye mu nyuma vyerekana ko ata co yahinduye. Ariko ntiwumve, uwo musi ntiwari bwarangire kuri Ahabu, eka mbere no kuri Eliya.

Uwo muhanuzi wa Yehova yaciye atangura kugira urugendo ajana inzira Ahabu yari yajanye. Yari agiye kugira urugendo rurerure, rutoroshe, kandi aca mu rushanga. Ariko, hariho ikintu kidasanzwe caciye kiba.

“Ukuboko kw’Uhoraho kuja kuri Eliya; arakenyera, yiruka imbere ya Ahabu barinda bashika kw irembo ry’i Yezireli nyene.” (Umurongo wa 46) Biragaragara yuko “ukuboko kw’Uhoraho” kwariko kurakorera kuri Eliya mu buryo busiga ubwenge. I Yezireli hari nko ku bilometero 30, kandi Eliya ntiyari akiri umusore.e Niwihe nawe ishusho uwo muhanuzi akenyera impuzu ziwe ndende, akazibohera mu mafyinga kugira ngo ntizimutege, maze agaca ahereka ubworo bw’ikirenge ajana iryo barabara ryanyweshejwe n’imvura, yiruka ibirenge bidakora hasi ku buryo ashikira uwo mukogote wa cami, akawurengana akongera akawutanga gushika!

Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyabaye umuhezagiro kuri Eliya! Eliya ategerezwa kuba yarahimbawe cane no kwumva afise inkomezi, ingoga be n’inguvu nk’ivyo, ivyo kumbure mbere ashobora kuba atigeze agira igihe yari akiri umusore. Ivyo bitegerezwa kuba bica bitwibutsa ubuhanuzi buduha icemeza c’uko mw’isi igiye kuza y’iparadizo, abantu b’intadohoka bazogira amagara be n’inkomezi bitagira agahaze. (Yesaya 35:6; Luka 23:43) Igihe Eliya yariko ariruka aca muri rya barabara ryarimwo urushanga, nta gukeka yuko yari azi ko ashimwa na Se wiwe, ari we Yehova, Imana yonyene y’ukuri.

Yehova arashashaye guhunda imigisha abasavyi biwe. Birabereye ko tugira utwigoro twose dushoboka kugira ngo tuyironke. Nka kumwe kwa Eliya, turakeneye kwama tugavye, tukaguma dusuzuma twitonze ibimenyamenya bikomeye vyerekana yuko Yehova yimirije kugira ico akoze muri bino bihe bigoye kandi bituma ibintu biba ivyihutirwa. Nka kumwe kwa Eliya, turafise imvo iyo ari yo yose yotuma twizigira tugaherezako imihango ya Yehova, “we Mana y’ukuri.”​—Zaburi 31:5.

[Utujambo tw’epfo]

a Nimba ushaka kumenya vyinshi, nurabe ikiganiro kivuga ngo “Yaraburaniye ugusenga gutyoroye,” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2008.

b Muri kino gihe Ikiyaga Kinini citwa Ikiyaga Mediterane.

c Nimba ushaka kumenya ayandi makuru ku bijanye n’ibimenyamenya vy’uko ayo majambo ya Yezu ariko araranguka muri kino gihe, nurabe ikigabane ca 9 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

d Hari abibaza nimba Bibiliya itivuguruza ku bijanye n’igihe urwo ruzuba rwamaze. Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 19.

e Haciye igihe gitoyi ivyo bibaye, Yehova yarashinze Eliya igikorwa co kumenyereza Elisa, uwahavuye amenyekana ko ari umuntu “yahora asukīra Eliya amazi mu minwe ngw akarabe.” (2 Abami 3:11, akajambo k’epfo.) Elisa yarakoze ari umusuku wa Eliya, bikaba bishoboka ko yafashije mu buryo ngirakamaro uwo mugabo yari ageze mu zabukuru.

[Uruzitiro ku rup. 19]

Rwa ruzuba rwatera mu gihe ca Eliya rwamaze ikiringo kingana gute?

Eliya umuhanuzi wa Yehova, yaramenyesheje Umwami Ahabu yuko uruzuba rwari rumaze igihe kinini rwari rugiye kurangira. Ivyo vyabaye “mu mwaka ugira gatatu,” bikaba biboneka ko umuntu aharura ahereye igihe Eliya yavuga ari bwo bwa mbere yuko urwo ruzuba rwoteye. (1 Abami 18:1) Haciye akanya gatoya Eliya avuze ko Yehova yogwishije imvura, Yehova yarayigwishije. Hari rero aboca bashika ku ciyumviro c’uko urwo ruzuba rwarangiye umwaka ugira gatatu rwari kumara utarahera, ku bw’ivyo rero rukaba rwamaze ikiringo kiri musi y’imyaka itatu. Ariko rero, Yezu na Yakobo bompi batubwira yuko urwo ruzuba rwamaze “imyaka itatu n’amezi atandatu.” (Luka 4:25; Yakobo 5:17) None Bibiliya yoba yivuguruza ku bijanye n’ico kintu?

Ihibambewe! Urabona, muri Isirayeli ya kera hari ukuntu ici ryamara ikiringo kirekire, rikaba ryarashobora kumara ikiringo gishika ku mezi atandatu. Nta mazinda ko igihe Eliya yaja kumenyesha Ahabu ko hoteye uruzuba vyari bimaze kugaragara ko ici ryari rimaze igihe kirekire bimwe bidasanzwe kandi rikaba rikaze. Mu bisanzwe, urwo ruzuba rwari rwatanguye hafi igice c’umwaka imbere y’aho. Ku bw’ivyo rero, igihe Eliya yamenyesha ko urwo ruzuba rugiye kurangira, “mu mwaka ugira gatatu” uhereye igihe yaheruka kumenyeshereza ko rwoteye, urwo ruzuba rwari rumaze kumara hafi ikiringo c’imyaka itatu n’igice. Iyo “myaka itatu n’amezi atandatu” vyuzuye, vyari bimaze kurangira igihe abantu bose bakoranira ku Musozi Karumeli kugira ngo bibonere rya suzuma rikomeye ryahabera.

Nurimbure rero ico urugendo rwa mbere Eliya yagize aja kwa Ahabu rwashitseko. Abantu biyumvira ko Bayali ari we “yayobora ibicu,” akaba yo mana yotumye imvura igwa kugira ngo ici rihere. Kubera yuko ici ryamaze ikiringo kinini abantu batari bamenyereye ko rimara, birashoboka ko bibaza bati: ‘Bayali ari hehe? None azogwisha imvura ryari?’ Amajambo Eliya yavuze y’uko imvura itoguye, eka mbere n’uko urume rutotonze gushika igihe yovugiye ko vyobonekeyeko, ategerezwa kuba yarababaje cane abo basavyi ba Bayali.​—1 Abami 17:1.

[Abo dukesha ifoto]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.

[Ifoto ku rup. 18]

Amasengesho Eliya yatuye yaragaragaje ko yari afise icipfuzo gikomeye c’ukubona ivyo Imana igomba biranguka

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika