URURIRIMBO RWA 140
Ubuzima bwamaho!
Integuro icapuwe
1. Ibaze bose kw’isi
Bibanira mu bumwe.
Kwiganyira, kurira,
Vyabay’umugani.
(ICITABIRIZO)
Ririmba! Nezerwa!
Na wewe woterwa
Iteka ryo kubaho
Ukazokwamaho.
2. Nta n’umwe ico gihe
Azoba agisaza.
Eka ng’aho nta vyago
Bikihari yemwe!
(ICITABIRIZO)
Ririmba! Nezerwa!
Na wewe woterwa
Iteka ryo kubaho
Ukazokwamaho.
3. Kwibera mw’isi nshasha
Nta wutazobishima.
Tuzokwama duhaya
Ya Mana Rurema.
(ICITABIRIZO)
Ririmba! Nezerwa!
Na wewe woterwa
Iteka ryo kubaho
Ukazokwamaho.
(Raba kandi Yobu 33:25; Zab. 72:7; Ivyah. 21:4.)