Niwitege ibitegereka, uheze ugire umunezero
“VYASUBIYE kwanka ga yemwe!” Ni kangahe umaze kuvuga bene ayo majambo kubera ko utashoboye gukora ivyo wari wategekanije? Inabibondo akiri muto w’umukirisu yoshobora guserura inyiyumvo nk’izo bitumwe n’uko yumva arengewe kubera ko ategerezwa kuguma yitwararika umwanya wose akayoya kiwe, maze agahagarika umutima kubera ko atacitwararika cane ivy’impwemu. Hari uwundi mukirisu yoshobora kwumva ko hariho ivyo adashoboye bivanye n’ukuntu yarezwe maze akiyumvira ko atigera akora ibihagije mw’ishengero. Umuvukanyikazi ageze mu zabukuru yoshobora kwumva avunitse umutima kubera ko atagishobora kugira uruhara mu mirimo ya gikirisu mu buryo bushitse nk’uko yahora abigira akiritera akarisama. Christiane, uno uko ivy’umuryango wiwe vyifashe bikaba bitamukundira gukora vyinshi mu murimo wa Yehova nk’uko yavyipfuza, avuga ati: “Insiguro iremesha umurimo w’ubutsimvyi yo nyene irashobora kundiza.”
Twokora iki igihe twumvise tumerewe gutyo? Abakirisu bamwebamwe bashoboye gute kubona mu buryo bubereye ukuntu ivyabo vyifashe? Ni ivyiza ibihe biri mu kwitega ibintu mu buryo buri ku burimbane?
Nugire ibitegereka
Intumwa Paulo aratwereka ikintu nyamukuru cotuma tugumana umunezero igihe avuga ati: “Mwame nantaryo munezerwa mu Mukama. Ndongeye kubivuga: Nimunezerwe! Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane ku bantu bose.” (Flp. 4:4, 5) Kugira ngo turonke umunezero kandi dushire akanyota mu murimo turangurira Imana, turakeneye kwitega ibitegereka bivanye n’ubushobozi dufise be n’uko ivyacu vyifashe. Twitaye ku rutare kugira ngo dushike ku vyo tudashobora, naho vyoba bisaba iki, tuba twishize mu mukazo bidakenewe. Ku rundi ruhande, turakwiye kuba maso kugira ntiduhave dusanga twibabariye cane, tukitwaza ko ibitubuza gukora ibintu binaka ari vyo bituma dusubira inyuma mu busuku bwa gikirisu tukareka gukora n’ivyo twari dushoboye.
Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, Yehova adusaba kumuha ikintu ciza kuruta ibindi vyose mu vyo dufise, ni ukuvuga ubuzima bwacu bwose n’umutima wacu wose. (Kol. 3:23, 24) Hamwe tutoha Yehova ikintu ciza kuruta ibindi vyose mu vyo dufise, ntitwoba tubayeho duhuza n’ukumwiyegurira kwacu. (Rom. 12:1) Vyongeye, twoshobora kudashira akanyota koko tukabura kandi umunezero nyakuri be n’iyindi mihezagiro turonka igihe dusukura n’ubuzima bwacu bwose.—Imig. 10:22.
Ijambo ryahinduwe ngo “ibitegereka” muri Bibiliya ririmwo iciyumviro co kwitwararika. Ijambo ku rindi risobanura “kwiyorosha.” (Yak. 3:17) Iryo jambo risobanura kandi kutadadaza. Ku bw’ivyo rero, tubaye abagira ibitegereka, tuzoshobora kubona uko ivyacu vyifashe mu buryo buri ku burimbane. None ivyo vyoba bigoye gukora? Kuri bamwe biragoye, naho nyene boba bashoboye kwitwararika abandi. Nk’akarorero, nka hamwe hoba hari ibimenyetso bitwereka ko umugenzi wacu somambike asanzara kubera ko akora ibintu vyinshi, ntitwogerageza none kumufasha kubona ko kugira ivyo uhinduye mu buzima bwiwe ari ikintu kiranga ubukerebutsi? Muri ubwo buryo nyene, turakeneye kwiga ingene twomenya ibimenyetso vyoshobora kutwereka ko turiko turakora ibirenze ivyo dushoboye.—Imig. 11:17.
Kubona mu buryo butegereka ko turi naho tugarukiriza birashobora kurushiriza kutugora mu gihe twoba twarezwe n’abavyeyi basaba ibirenze. Igihe bamwebamwe bari bakiri abana barabonye ko bategerezwa kwama bakora vyinshi canke kuba abana bameze neza kugira ngo bakundwe n’abavyeyi babo. Nimba ivyacu ari ukwo vyifashe, twoshobora kugira iciyumviro kitari co ku bijanye n’ukuntu Yehova atubona. Yehova aradukunda kubera tumukorera n’umutima wacu wose. Ijambo ry’Imana ridukura amazinda ko “azi iremwa ryacu, [ko] yibuka ko tur’umukungugu.” (Zab. 103:14) Arazi aho tugarukiriza kandi aradukunda igihe tumukorera n’umwete naho hari ivyo tudashoboye. Kwibuka yuko Imana yacu itameze nk’umukoresha adadaza bizotuma tuba abantu bifata ruto mu vyo twitega gushitsa, tumenye ko turi naho tugarukiriza.—Mika 6:8.
Ariko ntiwumve, hari abo bigora gutsimbataza mwene ako gatima ko kubona ibintu mu buryo buri ku burimbane. Nimba nawe bikugora, ni kubera iki utorondera gufashwa n’umukirisu ahumuye akuzi neza? (Imig. 27:9) Nk’akarorero, woba wipfuza gukora ubutsimvyi busanzwe? Emwe, uwo ni umugambi mwiza utoraba! Woba ufise ingorane zikubuza kuwushikako? Hari aho woba ukeneye imfashanyo mu bijanye no kworosha ubuzima. Canke woshobora kuganira n’umugenzi wawe w’umukirisu wizigiye mukaraba nimba amabanga menshi ufise mu muryango atokubuza gukora ubutsimvyi busanzwe muri uwo mwanya uvyipfuza. Yoshobora kugufasha kuraba nimba woshobora gukora ivyo bikorwa vyiyongereye canke akagufasha kuraba ivyo wohindura kugira ushobore gukora vyinshi. Umunega na we nyene arashoboye cane gufasha umukenyezi wiwe kubona ivyo yoshobora gukora. Nk’akarorero, arashobora kumugira inama yuko yoza araruhuka imbere y’uko atangura ukwezi kuzoba kurimwo ibikorwa vyinshi. Ivyo vyoshobora kumufasha kugira intege bikongera bikamufasha kugumana umunezero mu busuku.
Nturondere gukora ivyo udashobora
Ukwiterera mu myaka canke ukugira amagara make vyoshobora gutuma hari ivyo tudashobora gukora mu murimo wa Yehova. Nimba uri umuvyeyi, woshobora kubona ko wungukira buhoro ku kwiyigisha canke ku makoraniro ya gikirisu bitumwe n’uko abana bawe bagutwara umwanya munini n’inguvu nyinshi. Ariko none, vyoba bishoboka ko kuguma wiyumvira ivy’uko uri n’aho ugarukiriza bishobora rimwe na rimwe ku kubuza kubona ivyo ugishobora gukora?
Haraciye imyaka ibihumbi, Umulewi umwe aseruye icipfuzo atashobora gushikako. Yari yatewe agateka ko gukorera ku rusengero indwi zibiri uko umwaka utashe. Ariko rero, yaraseruye icipfuzo ciza cane c’uko ashaka kuguma yibera iruhande y’igicaniro. (Zab. 84:1-3) Ni igiki cafashije uwo mugabo w’umwizigirwa kugira umunezero? Yarabonye ko kumara umusi umwe wonyene mu nyubakwa z’urusengero kari agateka kadasanzwe. (Zab. 84:4, 5, 10) Muri ubwo buryo nyene, aho kuguma twiyumvira ivyo tudashoboye, turakwiye kugerageza kubona tukongera tugakenguruka ivyo dushobora gukora.
Rimbura akarorero k’umuvukanyikazi wo muri Kanada yitwa Nerlande. Ntiyigera ava mu gakinga k’ibimuga kandi arabona ko adashoboye gukora ibintu bike cane mu murimo wo mu ndimiro. Ariko rero, yarahinduye ukuntu yabona ibintu mu gufata ko imangazini iri hafi ari co cibare ciwe co kwamamazamwo. Avuga ati: “Ndicara mu gakinga kanje k’ibimuga hafi y’intebe ndende iri muri iyo mangazini. Ndaryoherwa no kubwira inkuru nziza abantu baza bakicara kugira baruhuke gatoyi.” Kugira uruhara muri uwo muce uhambaye w’ubusuku bituma Nerlande yumva ashize akanyota.
Nugire ivyo uhinduye nimba bikenewe
Ubwato bushobora kuba buriko buriruka cane umuyaga uriko urahuhuta ku bitambara vyabwo. Ariko rero, igihe uwubusoza ahuye n’igihuhusi gikomeye, aca abwirizwa guhindura aho ivyo bitambara vyari bitumbereye. Ntariko aratangira ico gihuhusi, mugabo mu kugira ivyo ahinduye yoshobora kuguma acungereye ubwato bwiwe. Mu buryo busa n’ubwo, kenshi na kenshi ntidushobora gutangira ibintu bishika mu buzima bimeze nk’igihuhusi. Mugabo turashobora kuguma ducungera ubuzima bwacu uko bishoboka kwose mu kugira ivyo duhinduye mu bijanye n’ukuntu dukoresha umubiri wacu, ubwenge bwacu be n’inyiyumvo zacu. Igihe turimbuye uko ivyacu bisigaye vyifashe ubu, bizodufasha kuguma dufise umunezero mu murimo wa Yehova kandi dushize akanyota.—Imig. 11:2.
Reka turimbure uburorero bumwebumwe. Mu gihe dufise intege nke, twoshobora gusanga ari vyiza kwirinda gukora ibikorwa biruhisha hakiri kare kugira ngo tuze kuronka inguvu zo kwitaba ikoraniro rya gikirisu ryo ku mugoroba. Ivyo bizoheza bitume twungukira bimwe bishitse ku kwifatanya n’abakirisu bagenzi bacu. Nimba naho hari inarugo adashoboye kuja mu busuku bw’inzu ku nzu kubera ko akana kiwe katameze neza, yoshobora gusanga ari ngirakamaro atumiye i muhira iwe umuvukanyikazi kugira ngo bafatanye mu kwamamaza inkuru nziza bakoresheje telefone mu gihe ako kana gasinziriye.
Tuvuge iki hamwe uko ivyawe vyifashe bitagukundira kwiga imbere y’igihe ibintu vyose biza kwihwezwa ku makoraniro ya gikirisu? Woshobora kuraba ukuntu ivyo woshobora gutegura vyongana maze ukabitegura neza uko bishoboka kwose. Duhinduye imigambi twashaka gushikako ubwo nyene, turashobora kuguma dufise umwete kandi duhimbawe.
Guhindura imigambi yacu bishobora gusaba ko tugira umwiyemezo n’akigoro. Serge na Agnès, ni abubakanye, babwirijwe kugira ikintu kinini bahinduye mu migambi yabo. Serge avuga ati: “Igihe twamenya ko Agnès yibungenze, icipfuzo cacu co kuba abamisiyonari caciye gikamangana.” Ubu Serge ari se w’udukobwa tubiri tw’umunezero n’umwete, aravuga ukuntu we n’umukenyezi wiwe bashinze uwundi mugambi. Agira ati: “Kubera ko tutashobora kuja gukorera mu mahanga, twaciye dufata ingingo yo gukorera mu gihugu iwacu igikorwa gisa n’ic’abamisiyonari. Twarifatanije n’umugwi ukoresha ururimi runyamahanga.” Boba none barungukiye kuri ukwo kwishingira uwundi mugambi? Serge avuga ati: “Twumva turi n’ikintu kinini tumariye ishengero.”
Odile, ni umuvukanyikazi wo mu Bufaransa ari mu myaka 70 kandi akaba arwaye mu mavi indwara ifatira mu ngingo yitwa arthrose. Yaracitse intege kubera ko amagara yiwe atamukundira kuja mu busuku bw’inzu ku nzu. Yamara ntiyatanye n’akabando. Yarahinduye ukuntu yakora araheza yamamaza biciye kuri telefone. Avuga ati: “Biroroshe kandi biratera umunezero kuruta uko navyibaza!” Ubwo buryo bwo kwamamaza bwatumye asubira kugukunda ubusuku.
Twiteze ibitegereka biratuzanira imihezagiro
Kubona mu buryo butegereka ivyo dushobora gukora bituma tudahagarika umutima cane. Twishingiye imigambi iri ku burimbane, turizigira ko tuzoyishikako naho hari ivyo tudashobora. Tubigenjeje gutyo turanezerwa n’ivyo dushobora gushikako, naho mbere hoba hari ukuntu bidahambaye.—Gal. 6:4.
Uko tuguma tubona mu buryo buri ku burimbane ivyo twitega gushitsa, ni ko turushiriza kwitwararika abakirisu bagenzi bacu. Tuzi ko hari ivyo badashoboye gukora, tuzokwama dukenguruka ivyo badukorera. Dukengurutse ikintu ico ari co cose badufashije, turagira ico duterereye ku gatima ko gusenyera ku mugozi umwe kandi tugatahurana. (1 Pet. 3:8) Uribuka y’uko Yehova, kubera ko ari umuvyeyi munyarukundo, atigera adusaba ibiruta ivyo twoshobora gutanga. Vyongeye, igihe twiteze ibintu biri ku burimbane kandi tukishingira imigambi dushobora gushikako, ivyo dukora vyo mu vy’impwemu bizorushiriza gutuma dushira akanyota vyongere bitume turushiriza kugira umunezero.
[Iciyumviro ku rup. 29]
Kugira ngo tugire umunezero kandi dushire akanyota mu murimo turangurira Imana, turakeneye kwitega ibitegereka bivanye n’ubushobozi dufise be n’uko ivyacu vyifashe
[Ifoto ku rup. 30]
Nerlande aragira umunezero mu gukora uko ashoboye mu busuku
[Ifoto ku rup. 31]
Niwige guhindura ivyo twokwita ibitambara vy’ubwato
[Abo dukesha ifoto]
© Wave Royalty Free/age fotostock
[Ifoto ku rup. 32]
Serge na Agnès barungukiye ku kwishingira iyindi migambi