Rwaruka—mwoba muriko mutera imbere mu vy’impwemu?
“NAHO nitaba amakoraniro ya gikirisu, nta cipfuzo gikomeye nari mfise co gusukurira Yehova. Akenshi nariha ishusho ndi umuntu azwi cane n’abanyeshure twigana, ntambukana ubwishime ndi kumwe n’umukobwa dukundana. Imigambi yanje ntiyari itomoye kandi nta n’icipfuzo nari mfise co kugira iterambere na rimwe ryo mu vy’impwemu.” Ukwo ni ko Hideo avuga, iyo yibutse imyaka yiwe ya mbere y’amashure yisumbuye. Cokimwe na Hideo, abakiri bato benshi usanga bapfa kugenda gutyo, ata cipfuzo bafise co gushitsa umugambi n’umwe w’ingirakamaro canke co kugira iterambere na rimwe.
Niba uri uwukiri muto, ushobora kuba wumva uryohewe cane igihe uri mu nkino zo kwinonora imitsi canke uri mu vyo kwisamaza. Ariko rero, ku bijanye n’ibikorwa vy’impwemu, ushobora kuba utiyumva gutyo. Vyoba bishoboka ko uryoherwa cane n’imigambi y’ivy’impwemu? Niwihweze aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi avuga ngo: “[“Icibutswa ca Yehova ni ico kwizigirwa,” NW], giha umutungu ubgenge. . . . Ivyo Uhoraho yageze n’ibitanduye, bihwejesha amaso.” (Zaburi 19:7, 8) Ijambo ry’Imana rirashobora kuyobora “umutungu” agakora mu buryo buranga ubukerebutsi, ‘rigahwezesha amaso yiwe.’ Vyemere, urashobora kwumva uryohewe kandi ukanezerererwa ibintu vy’impwemu. Mugabo ni igiki ukeneye kugira ngo wiyumve gutyo? Ukwiye guhera he?
Nuvyurirwe ingiro yo gusukurira Imana
Ubwa mbere, utegerezwa kubanza kuvyurirwa ingiro. Rimbura ivya wa Mwami w’Ubuyuda Yosiya igihe yari akiri muto. Igihe igitabu c’Ivyagezwe vya Yehova catorwa mu rusengero, Yosiya yaragisomewe, hanyuma akorwa ku mutima cane n’ivyo yumvise. Ico vyavuyemwo ni uko ‘Yosiya yaciye akura ibizira vyose vy’ubuyobe mu ntara zose z’Abisirayeli.’ (2 Ngoma 34:14-21, 33) Gusoma Ijambo ry’Imana vyatumye Yosiya akora vyinshi mu guteza imbere ugusenga gutyoroye.
Na wewe nyene urashobora gutsimbataza icipfuzo co gusukurira Yehova nimba usoma Bibiliya udahorereza ukongera ukazirikana ku vyo usoma. Ivyo ni vyo vyavyuriye ingiro Hideo. Yatanguye kwifatanya cane n’umutsimvyi akuze, ni ukuvuga umusuku w’igihe cose wo mu Vyabona vya Yehova. Uwo mutsimvyi yari umutohoji wa Bibiliya ashirutse ubute kandi yihatira gushira mu ngiro inyigisho zayo mu buzima bwiwe. Hideo amaze kuremeshwa cane n’akarorero k’uwo mutsimvyi, yaciye atangura gukora nka we, hanyuma aratsimbataza icipfuzo gikomeye co gusukurira Imana n’abandi bantu. Iterambere ryo mu vy’impwemu ryiwe ryatumye agira ubuzima buri n’intumbero.
Gusoma Bibiliya ku musi ku musi birashobora kuvyurira ingiro urwaruka. Takahiro asigura ati: “Igihe cose naba maze gushika mu gitanda, hanyuma nkibuka ko aho nategerezwa gusoma muri Bibiliya uwo musi ntarahasoma, naca mvyuka hanyuma nkahasoma. Vyatumye numva ko nyoborwa na Yehova. Gusoma Bibiliya ku musi ku musi vyaramfashije cane mw’iterambere ryanje ryo mu vy’impwemu. Kubera nari niyemeje kugira uruhara runini mu murimo wa Yehova, naciye ntangura igikorwa c’ubutsimvyi busanzwe nkimara kurangiza amashure yisumbuye. Kandi burandyohera cane.”
Uretse ugusoma Bibiliya, ni ikindi kintu ikihe gishobora kugufasha gukomeza umwiyemezo wawe wo gushemeza Yehova? Tomohiro yigishijwe ukuri kwa Bibiliya na nyina wiwe. Avuga ati: “Maze kwiga bimwe binogangije igitabu La vie a bien un but (Ubuzima buri n’intumbero koko) mfise imyaka 19, ni ho nakozwe ku mutima cane n’urukundo rwa Yehova be n’inkuka y’incungu ya Yezu. Ukwo gukenguruka urukundo rw’Imana kwaramvyuriye ingiro yo gukora vyinshi mu murimo wa Yehova.” (2 Ab’i Korinto 5:14, 15) Nk’uko kwa Tomohiro, abakiri bato benshi bararemeshwa gutera imbere mu vy’impwemu mu gukurikirana ukwiyigisha Bibiliya bashirutse ubute.
Naho ivyo wobigira, tuvuge iki niba ucumva ko mu mutima ubuze icipfuzo co gukorera Yehova? Hoba hari uwo ushobora kwitura kugira ngo agufashe? Intumwa Paulo yanditse ati: “Kukw Imana . . . ikorera mu mitima yanyu, ikabaha [“ugushaka,” UB] no gukora ibiyihimbara.” (Ab’i Filipi 2:13) Niwasenga Yehova umusaba imfashanyo, azoguha impwemu yiwe yera atitangiriye itama, ikaba itazokuronsa ububasha bwo “gukora ibiyihimbara” gusa, ariko kandi izokuronsa n’“ugushaka.” Ivyo bisigura yuko impwemu yera y’Imana izokwongereza icipfuzo ufise co gukora uko ushoboye kwose mu murimo wa Yehova ikongera ikagufasha gukura mu buryo bw’impwemu. Uko biri kwose, niwizigire ububasha bwa Yehova wongere ukomeze umutima wawe!
Niwishingire imigambi yawe bwite
Umaze kugira umwiyemezo wo kurushiriza gusukurira Yehova bimwe bishitse, uca ukenera kwishingira imigambi yawe bwite kugira ngo utere imbere mu vy’impwemu. Umukirisukazi akiri muto yitwa Mana yavuze ati: “Kwishingira imigambi vyaramfashije cane. Aho kugenda nsubira inyuma, narashoboye kugenda ntera imbere ndabigiranye uburindutsi. Mfise imigambi yanje mu bwenge, narasenganye ubwira Yehova ndamusaba ubuyobozi, maze ndashobora gutera imbere ata kinsamaje.”
Imigambi yawe ikwiye kuba ari imigambi ishoboka kandi ushobora gushikako. Gusoma ikigabane ca Bibiliya ku musi ku musi ushobora kuba ari umugambi wumvikana. Urashobora kandi gutangura umugambi wo kugira ubushakashatsi. Tubitangiye akarorero gafatiye ku mayagwa ashobora kuboneka mu kirundi, woshobora gutohoza kamere za Yehova zidondorwa mu gitabu Niwiyegereze Yehova, kandi ubwo bushakashatsi ntibuzobura kugufasha kwiyegereza Yehova bwongere bukuvyurire kumukorera vyinshi kuruta. Mu yindi migambi ushobora gushitsa, harimwo gutanga insasanuro n’imiburiburi rimwe mw’ikoraniro rya gikirisu ryose risaba ko abumviriza barigiramwo uruhara, kurondera kumenya neza n’imiburiburi umwe mu bagize ishengero kw’ikoraniro rimwerimwe ryose, hamwe no kutareka ngo umusi urengane udatuye isengesho Yehova canke utabwiye abandi ibimwerekeye.
Nimba utariyandikisha mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, kubigira woba ari umugambi mwiza kuri wewe. Woba umaze kugira uruhara mu busuku burangurirwa ku mugaragaro? Nimba utarabigira, wokwipfuza gukora kugira ngo ube umwamamaji atarabatizwa. Birumvikana ko kurimbura ata gufyina ubucuti ufitaniye na Yehova no kumwiyegurira yoba ari yo ntambwe ikurikira. Abakiri bato benshi barihatira kubaho bahuza n’ukwiyegura kwabo mu kurondera gukora ubusuku bw’igihe cose.
Naho ari vyiza kugira imigambi mu buzima bwawe, uragaba ntutsimbataze agatima ko guhiganwa. Uzoronkera umunezero mwinshi mu vyo ukora nutigereranya n’abandi.—Ab’i Galatiya 5:26; 6:4.
Kumbure wumva ko utaramenya utuntu n’utundi, maze ukabona ko bikugora kwishiriraho imigambi itegereka. Nuce rero ukurikiza impanuro ya Bibiliya igira iti: “Tega ugutwi, wumvire amajambo y’abanyabgenge.” (Imigani 22:17) Nusabe abavyeyi bawe canke abandi Bakirisu bahumuye bagufashe. Birumvikana yuko abavyeyi bawe be n’abandi bakeneye kuba abakora ibitegereka no kuba abantu baremesha muri ivyo. Mu gihe abakiri bato bumva ko bahatiwe gukurikira umugambi abandi babashiriyeho, birashobora kubatwara umunezero, mbere vyoshobora gukuraho intumbero y’ivyo kwishingira imigambi. Ivyo ni vyo vyashikiye umukobwa umwe, uwavuze ati: “Abavyeyi banje baguma baza baranshingira imigambi, nko kwiyandikisha mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro, kubatizwa no kuba umutsimvyi. Naragize utwigoro dukomeye kugira ngo nshitse umwumwe wose muri iyo. Maze gushitsa umugambi umwe, abavyeyi banje ntibankeza, ahubwo riho baca banshingira uwundi mugambi ntegerezwa kwihatira gushitsa. Vyatumye nama numva ko mpatirwa gushitsa imigambi. Vyaranduhije, bituma numva ko umenga nta co nshikako.” Ni igiki kitagenda neza? Iyo migambi yose yarumvikana, mugabo si iyo we ubwiwe yari yarishingiye. Kugira ngo wererwe, wewe utegerezwa kuvyurirwa ingiro yo kwibwiriza mu bijanye no kwishingira umugambi!
Niwiyumvire Yezu Kirisitu. Igihe yaza kw’isi, yari azi ivyo Se wiwe Yehova yari amwitezeko. Gukora ivyo Yehova agomba ntiwari umugambi wa Yezu gusa, ahubwo cari igikorwa ategerezwa kurangura. Yezu yabona gute igikorwa ciwe? Yavuze ati: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.” (Yohana 4:34) Yezu yarahimbarwa no gukora ivyo Yehova agomba kandi yabayeho ashitsa ivyo Se yamwitegako. Vyari bimeze nk’imfungurwa kuri Yezu, ni ukuvuga ko yahimbarwa akongera akamarwa akanyota no kurangiza igikorwa yari yitezweko. (Abaheburayo 10:5-10) Na wewe urashobora guhimbarwa igihe usunikiwe mu buryo bubereye gukora ivyo abavyeyi bawe bakuremesha gukora.
Nturambirwe no gukora ivyiza
Umaze gushinga umugambi, nukore cane kugira ngo uwushitse. Mu B’i Galatiya 6:9 havuga hati: “Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.” Ntiwiheke ku nkomezi zawe bwite canke ku bushobozi bwawe bwite gusa. Ntuzobura guhura n’intambamyi kandi rimwe na rimwe ushobora kuzokwumva unaniwe mu gihe gitoyi. Ariko Bibiliya idukura amazinda iti: ‘Umenye Imana mu ngendo zawe zose, na yo izogorora inzira zawe.’ (Imigani 3:6) Yehova azogushigikira uko ukora ugatama kugira ngo ushitse imigambi yawe y’ivy’impwemu.
Vyemere, niwatsimbataza icipfuzo co gusukurira Yehova kandi ukarondera gushitsa imigambi yawe yo mu vy’impwemu, uzoshobora gutuma ‘ukuja imbere kwawe kubonekera bose.’ (1 Timoteyo 4:15) Uzokwinovora rero ubuzima bwo gusukurira Imana buri n’intumbero.
[Ifoto ku rup. 9]
Gusoma Bibiliya no kuzirikana ku vyo usoma bizogusunikira ku gusukurira Yehova
[Ifoto ku rup. 10]
Yezu yabayeho ashitsa ivyo Se yamwitegako