Ni izaburi ya Dawidi.
א [ʼAlefu]
37 Nturungure kubera inkozi z’ikibi+.
Ntiwumvire agashari abakora ibitagororotse+.
2 Kuko bazokabirana ningoga nk’ivyatsi+,
Bayame nk’ivyatsi bitoto bikiri bishasha+.
ב [Beti]
3 Niwizigire Yehova, ukore iciza+;
Niwibere mw’isi, ukorane ubwizigirwa+.
4 Vyongeye, nusoserwe na Yehova+,
Na we azoguha ivyo umutima wawe usaba+.
ג [Gimelu]
5 Nuragize Yehova inzira yawe+,
Kandi umwizigire+, na we ubwiwe azogira ico akoze+.
6 Kandi ntazobura kuzana ubugororotsi bwawe nk’umuco+,
N’ubutungane bwawe nk’umutaga+.
ד [Daleti]
7 Guma ucereje imbere ya Yehova+,
Umurindire ubishashaye+.
Nturungure kubera uwutuma inzira yiwe iroranirwa+,
Kubera umuntu ashitsa ivyiyumviro afise+.
ה [Heʼ]
8 Reka ishavu, uhebe ubushangashirwe+;
Nturungure kugira gusa ngo ukore ikibi+.
9 Kuko inkozi z’ikibi zizorandurwa+,
Ariko abizigira Yehova ni bo bazokwigabira isi+.
ו [Vau]
10 Kandi hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho+;
Kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure+.
11 Mugabo abatekereza bazokwigabira isi+,
Kandi bazokwinovora amahoro menshi+.
ז [Zayini]
12 Umubisha agīra umugambi mubi umugororotsi+,
Akamuhekenyera amenyo+.
13 Yehova ubwiwe azomutwenga+,
Kuko abona neza yuko umusi wiwe uzoza+.
ח [Heti]
14 Ababisha basokoye inkota, bafora n’umuheto wabo+,
Ngo bagwishe umuntu w’umurushwa kandi w’umworo+,
Ngo bakerere abagororotse mu nzira yabo+.
15 Inkota yabo izobinjira mu mutima+,
Imiheto yabo na yo ivunagurwe+.
ט [Teti]
16 Hopfuma dukeyi tw’umugororotsi+
Kuruta umurengera w’ababisha benshi+.
17 Kuko amaboko y’ababisha azovunagurwa+,
Mugabo Yehova azoshigikira abagororotsi+.
י [Yodi]
18 Yehova arazi imisi y’abantu batagira amahinyu+,
Kandi intoranwa yabo izogumaho no gushika igihe kitagira urugero+.
19 Ntibazomaramara mu gihe c’ivyago+,
Kandi mu misi y’ikigoyi bazohaga+.
כ [Kafu]
20 Kuko ababisha bazoyogera+,
Abansi ba Yehova na bo bakazomera nk’akaryoshe k’amaragiriro;
Bategerezwa guherengetera+. Emwe, bazoherengetera bacike umwotsi+.
ל [Lamedi]
21 Umubisha aragurana ntiyishure+,
Mugabo umugororotsi agira impuhwe kandi agatanga ingabirano+.
22 Kuko abo ahezagira bazokwigabira isi+,
Mugabo abo ahamagarirako akabi bazorandurwa+.
מ [Memu]
23 Intambuko z’umuntu w’umugabo zateguwe na Yehova+,
Kandi Imana irahimbarwa n’inzira yiwe+.
24 Naho yotemba, ntazoraririzwa hasi+,
Kuko Yehova ashigikiye ukuboko kwiwe+.
נ [Nuni]
25 Narabaye umusore, mbere ndashaje+,
Yamara sinabonye umugororotsi yahebwe buhere+,
Canke uruvyaro rwiwe rusēga umukate+.
26 Agira impuhwe kandi agatanga ingurane bukarinda bwira+,
Bigatuma uruvyaro rwiwe rwitega umuhezagiro+.
ס [Sameki]
27 Nureke ikibi, ukore iciza+,
Uheze wibereho gushika igihe kitagira urugero+.
28 Kuko Yehova akunda ubutungane+,
Kandi ntazoheba intahemuka ziwe+.
ע [ʼAyini]
Vy’ukuri zizorindwa gushika igihe kitagira urugero+;
Nayo uruvyaro rw’ababisha, ruzorandurwa koko+.
29 Abagororotsi bazokwigabira isi+,
Kandi bazoyibako ibihe bidahera+.
פ [Peʼ]
30 Akanwa k’umugororotsi ni ko kavuga ubukerebutsi n’ijwi ritoyi+,
Kandi ururimi rwiwe ni rwo rucisha aho ukuri kuri+.
31 Itegeko ry’Imana yiwe riri mu mutima wiwe+;
Intambuko ziwe ntizizonyoganyoga+.
צ [Tsade]
32 Umubisha aguma areretse umugororotsi+,
Akarondera kumwica+.
33 Nayo Yehova, ntazomuhebera mu kuboko kw’uyo+,
Ntazomwita umubisha igihe acirwa urubanza+.
ק [Kofu]
34 Niwizigire Yehova, ugumye inzira yiwe+,
Na we azogushira hejuru wigarurire isi+.
Ababisha nibarandurwa, uzobibona+.
ר [Reshi]
35 Narabonye umubisha ari intwazamukazo+,
Agatagarara nk’igiti gitotahaye mw’ivu ryiwe kavukire+.
36 Yamara arahita, ntiyaba akiriho+;
Nagumye ndamurondera, arabura+.
ש [Shini]
37 Itegereze uwutagirako umugayo, ugume uraba uwugororotse+,
Kuko kazoza k’uyo muntu kazorangwa n’amahoro+.
38 Ariko abagabitanya bazozimanganirizwa icarimwe ata kabuza+;
Kazoza k’ababisha kazorandurwa koko+.
ת [Tau]
39 Ubukiriro bw’abagororotsi buva kuri Yehova+;
Ni we ababera iboma mu gihe c’amarushwa+.
40 Kandi Yehova azobatabara, abarokore+.
Azobarokora abakure mu vyara vy’ababisha, abakize+,
Kuko bahungiye muri we+.