Ngoma za kabiri
6 Maze Salomo avuga ati: «Yehova, wavuze ko uzoba mu mwiza w’umuzitanya+. 2 None raba narakwubakiye inzu ihambaye uzobamwo ibihe vyose+.»
3 Maze umwami arahindukira, araba ishengero ryose ry’Abisirayeli bari bahagaze imbere yiwe, atangura kubahezagira+. 4 Avuga ati: «Yehova Imana ya Isirayeli aragahezagirwa, we yashikije* ivyo ubwiwe yavuze* igihe yasezeranira dawe Dawidi ati: 5 “Kuva umusi nakura abantu banje mu gihugu ca Misiri, nta gisagara natoye mu miryango yose ya Isirayeli ngo bahubake inzu izokwama yitirirwa izina ryanje+. Kandi nta muntu natoye ngo abe indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli. 6 Mugabo natoye igisagara ca Yeruzalemu+ ngo came citirirwa izina ryanje, ntora na Dawidi kugira ngo aganze abantu banje b’Abisirayeli+.” 7 Dawe Dawidi yaripfuje cane kwubaka inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana ya Isirayeli+. 8 Mugabo Yehova abwira dawe Dawidi ati: “Waripfuje cane kwubaka inzu yitirirwa izina ryanje, kandi wagize neza. 9 Ariko si wewe uzokwubaka iyo nzu. Umuhungu uzovyara* ni we azokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+.” 10 Yehova yarashikije ivyo yari yarasezeranye: dawe Dawidi naramusubiriye, nicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+, nk’uko Yehova yari yarabisezeranye+. Narubatse n’inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana ya Isirayeli. 11 Muri iyo nzu nahashize isandugu irimwo isezerano+ Yehova yagiranye n’Abisirayeli.»
12 Maze Salomo ahagarara imbere y’igicaniro ca Yehova, ishengero ryose ry’Abisirayeli riri imbere yiwe, aduza amaboko+. 13 (Salomo yari yarubatse ikintu c’umujumpu gitaramutse co guhagararako, agishira hagati na hagati mu kigo+. Cari gifise uburebure bw’intambwe* zitanu, ubwaguke bw’intambwe zitanu n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe zitatu. Araheza agihagararako.) Maze apfukama imbere y’ishengero ryose rya Isirayeli, aduza amaboko ayerekeje mw’ijuru+. 14 Avuga ati: «Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, nta Mana iriho imeze nkawe mw’ijuru canke kw’isi. Urashitsa ivyo wasezeranye kandi ukereka urukundo rudahera* abasavyi bawe bagukorera* n’umutima wabo wose+. 15 Warubahirije ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi+. Uyu musi ushikije ivyo wewe ubwawe wasezeranye+. 16 None rero Yehova Mana ya Isirayeli, ndagusavye uze ushitse ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi igihe wavuga uti: “Abana bawe nibaguma bigenza neza, bakagendera mu mategeko yanje nk’uko wabigize*, mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.” 17 Yehova Mana ya Isirayeli, ndagusavye ushitse ivyo wasezeraniye umusavyi wawe Dawidi.
18 Ariko none Mana, vy’ukuri uzobana n’abantu kw’isi+? N’ijuru iyo riva rikagera ntirishobora kugukwira+, nkanswe iyi nzu nubatse+! 19 Ndagusavye rero Yehova Mana yanje wumvirize iri sengesho ryanje jewe umusavyi wawe, wumvirize n’ugutakamba kwanje. Ndagusavye wumve ugutabaza kwanje n’isengesho ndagutuye. 20 Nugumize amaso yawe kuri iyi nzu umurango n’ijoro, aho wavuze ko uzoshira izina ryawe+. Nuyigumizeko amaso kugira ngo unyumvirize jewe umusavyi wawe ninagusenga ntumbereye aha hantu. 21 Uze wumvirize ugutakamba kwanje jewe umusavyi wawe n’ukw’abantu bawe b’Abisirayeli, nibasenga batumbereye aha hantu+. Uze wumvirize uri mw’ijuru aho uba+, maze utubabarire+.
22 Umuntu niyacumura kuri mugenziwe, hari aho bomutegeka kurahira* na we akavyemera, hanyuma amaze kurahira akaza imbere y’igicaniro cawe muri iyi nzu+. 23 Nivyaba, uze wumve uri mw’ijuru ugire ico ukoze. Uze ucire urubanza abasavyi bawe: umubisha umusubirize mu nkoko, ivyo yakoze bije ku gatwe kiwe+, umugororotsi na we umwambike izera*, umuhembere ubugororotsi bwiwe+.
24 Abantu bawe b’Abisirayeli nibatsindwa n’abansi babo kubera ko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bagahindukira bakaninahaza izina ryawe+, bakaza gusengera+ imbere yawe muri iyi nzu bagutakambira+, 25 uze wumve uri mw’ijuru+. Uze ubabarire igicumuro c’abantu bawe b’Abisirayeli, hanyuma ubagarukane mu gihugu wabahaye bo na ba sekuruza babo+.
26 Ijuru niryugarwa, imvura ikareka kugwa+ kubera yuko bagumye bagucumurako+, hanyuma bagasenga batumbereye aha hantu, bakaninahaza izina ryawe, bagaheba ibicumuro vyabo kubera wabacishije bugufi*+, 27 uze wumve uri mw’ijuru. Uze ubabarire ibicumuro vy’abasavyi bawe, ubabarire abantu bawe b’Abisirayeli, ubigishe inzira nziza bakwiye gucamwo+. Uzoce ugwisha imvura+ ku gihugu cawe, ico wahaye abantu bawe nk’intoranwa.
28 Mu gihugu nihatera inzara+, ikiza+, imiyaga ibabura ibiterwa, ingese y’ibiterwa*+, inzige canke ibihori bitema bigatongora+, canke abansi babo bakugariza igisagara cabo ico ari co cose+, canke bagaterwa n’icago ico ari co cose canke indwara iyo ari yo yose+, 29 ntibazobura kugusenga+. Umuntu uwo ari we wese canke abantu bawe b’Abisirayeli bose, nibagusenga canke bakagutakambira+ (kuko umwe wese azi amagorwa yiwe n’umubabaro wiwe+), maze bakaduza amaboko bayerekeje kuri iyi nzu+, 30 uze wumve rero uri mw’ijuru aho uba+, ubababarire+. Umwe wese uze umuhe ibikwiranye n’ivyo akora kuko uzi umutima wiwe. (Ni wewe wenyene uzi neza umutima w’umuntu+). 31 Uze ubigire kugira ngo bagutinye, bagendere mu nzira zawe igihe cose bazoba mu gihugu wahaye ba sogokuruza bacu.
32 Kandi nihagira umunyamahanga atari uwo mu bantu bawe b’Abisirayeli aza avuye mu gihugu ca kure, akaza azanywe n’izina ryawe rihambaye*+ n’ukuboko kwawe gukomeye kandi kw’ububasha*, akaza maze agasenga atumbereye iyi nzu+, 33 uze umwumvirize uri mw’ijuru aho uba, umukorere ivyo agusavye vyose. Amahanga yose yo kw’isi azoheza amenye izina ryawe+ yongere agutinye nk’uko abantu bawe b’Abisirayeli bagutinya, amenye kandi yuko iyi nzu nubatse yitirirwa izina ryawe.
34 Niwarungika abantu bawe ahantu aho ari ho hose ngo baje kurwanya abansi babo+, maze bakagusenga+ batumbereye iki gisagara watoye n’iyi nzu nubatse ngo yitirirwe izina ryawe+, 35 uze rero wumve isengesho ryabo. Uze wumve n’ugutakamba kwabo uri iyo mw’ijuru, ubafashe*+.
36 Abantu bawe nibagucumurako (kuko ata muntu adacumura+), hari aho wobashavurira cane maze ukareka abansi babo bakabatsinda, bakabatwara ari imbohe mu gihugu kanaka, caba kiri kure canke hafi+. 37 Bagezeyo hari aho bokwigarura bakakugarukako, bakagutakambira bari muri ico gihugu batwawemwo ari imbohe, bakakubwira bati: “Twaracumuye tugira nabi, dukora ivy’ububisha+.” 38 Hari aho bokugarukako n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose bari muri ico gihugu babajanyemwo ari imbohe+, maze bakagusenga batumbereye igihugu cabo wahaye ba sekuruza babo n’igisagara watoye+ be n’iyi nzu nubatse ngo yitirirwe izina ryawe. 39 Uze rero wumve isengesho ryabo n’ugutakamba kwabo uri iyo mw’ijuru aho uba, ubafashe*+, ubabarire abantu bawe bagucumuyeko.
40 Ndakwinginze rero Mana yanje, uze utwitegereze igihe tugusengera muri iki kibanza*, wongere udutege amatwi+. 41 None rero Yehova Mana, ingo uje mu kibanza cawe co kuruhukiramwo+ wewe n’isandugu yerekana inkomezi zawe. Ewe Yehova Mana, abaherezi bawe nibambare ubukiriro kandi intahemuka zawe zinezererwe ivyiza biva iwawe+. 42 Yehova Mana, ntuhebe uwo warobanuje amavuta*+. Uze wame wibuka urukundo rudahera* wakunze umusavyi wawe Dawidi+.»