ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/1 rup. 32
  • Imana yoba itwitaho?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yoba itwitaho?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/1 rup. 32

Imana yoba itwitaho?

WOBA uriko unyinyana n’ukuremerwa mu mutima bivuye ku ngorane zo mu muryango wawe, z’amagara, z’akazi canke ayandi mabanga aremereye? Abantu benshi bariko banyinyana na vyo. Bisubiye, ni nde atababazwa n’akarenganyo, ubukozi bw’ikibi be n’ubukazi? Nkako, bimeze nk’uko nyene Bibiliya ibivuga. Igira iti: “Ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu” (Abaroma 8:22). Ntibitangaje kubona abantu benshi babaza bati: ‘Imana yoba itwitaho? Yoba izodufasha?’.

Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yabwiye Imana mw’isengesho ati: “[Ni] wewe wenyene uzi imitima y’abantu”. Salomo yarizigira yuko Imana itatuzi vyonyene, ariko kandi yuko itwitaho twebwe abantu. Yarashoboye gusaba Imana ‘kuvyumva iri mw’ijuru’ no kwishura amasengesho y’umuntu wese atinya Imana, ayihishurira “indwara yiwe n’umubabaro wiwe”.—2 Ngoma 6:29, 30.

Muri iki gihe, Yehova Imana arabandanya kutwitaho kandi adutumira kumwambaza mw’isengesho (Zaburi 50:15). Asezerana kwishura amasengesho avuye ku mutima ahuje n’ukugomba kwiwe (Zaburi 55:16, 22; Luka 11:5-13; 2 Ab’i Korinto 4:7). Vyemere, Yehova arumviriza ‘hagize uwusenga akinginga, naho yoba umuntu umwe canke abantu biwe bose’. Ku bw’ivyo, turamutse twizigiye Imana, tugasenga tuyisaba imfashanyo, tukongera tukayiyegereza, tuzokwibonera ubwitwararitsi bwayo be n’ubuyobozi bwayo biranga urukundo (Imigani 3:5, 6). Umwanditsi wa Bibiliya Yakobo adukura amazinda ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izōbēgera”.—Yakobo 4:8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika