ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/1 rup. 4-7
  • Umugabo n’umugore—Umwe wese yahawe uruhara ruteye iteka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umugabo n’umugore—Umwe wese yahawe uruhara ruteye iteka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abagore barafise uduteka twiza
  • Ibikorwa bitandukanye umugabo arangura
  • Baranezererwa amabanga bajejwe
  • Bagore, kubera iki mwoyoboka ubukuru?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Inyobozo ziranga ubukerebutsi ku bubakanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Bagore, nimwubahe cane abagabo banyu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Imana irabatera iteka ikabaha n’icubahiro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/1 rup. 4-7

Umugabo n’umugore​—Umwe wese yahawe uruhara ruteye iteka

YEHOVA IMANA yabanje kurema Adamu, hanyuma arema Eva. Imbere y’uko Eva aremwa, Adamu yaramenye utuntu n’utundi mu bijanye n’ukubaho. Muri ico gihe, Yehova yaramuhaye ubuyobozi akwiye gukurikiza (Itanguriro 2:15-20). Bwa muvugizi w’Imana, Adamu yategerezwa kubwira uwo mugore wiwe ubwo buyobozi yari yarahawe. Ni ivyumvikana rero ko yociye aba ari we aza araja imbere mu bibazo vyose bijanye n’ugusenga.

Intunganyo nk’iyo iriho mw’ishengero rya gikirisu, kandi kuyica irya n’ino birashobora kutugirira akamaro. Intumwa Paulo yanditse ati: “Sinkundira umugore . . . kw aganza umugabo, arikw atekereze. Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva” (1 Timoteyo 2:12, 13). Ivyo ntibisigura yuko umugore akwiye kuguma atekereje ntagire ico avuga ku makoraniro y’ishengero rya gikirisu. Atekereza mu buryo bw’uko ataja mu vyo guharira n’umugabo. Ntakwiye gukengera ikibanza umugabo yashizwemwo canke ngo arondere kwigisha ishengero. Abagabo ni bo bahawe igikorwa co guhagarikira ishengero no kuryigisha, mugabo abagore baragira ikintu kinini baterereye ku makoraniro ya gikirisu mu kuyagiramwo uruhara mu buryo butandukanye.

Kugira ngo intumwa Paulo adufashe gutahura uruhara umugabo n’umugore bafise mu ndinganizo y’Imana, yanditse ati: “Umugabo [ntiy]amutse ku mugore, arik’umugore ni we yamutse ku mugabo. . . . [“Nakare, mu bijanye n’Umukama, nta mugore hatari umugabo kandi nta mugabo hatari umugore”, NW]. Nk’uk’umugore yamutse ku mugabo, ni k’umugabo avyarwa n’umugore: ariko vyose vyamuka ku Mana”.​—1 Ab’i Korinto 11:8-12.

Abagore barafise uduteka twiza

Mu gihe ca vya Vyagezwe Imana yaha Isirayeli, abagore bari bafise uduteka twinshi kandi bari bafise umwidegemvyo wo kwibwiriza gukora ikintu kinaka. Nk’akarorero mu Migani 31:10-31 haravuga ibijanye n’“umugore aroranye” agura ibintu vyizavyiza maze akabikoramwo ivyambarwa vyiza vy’abo mu nzu yiwe. Mbega waruzi ko “a[na]jisha impuzu zera nziza akazigur[ish]a” (umurongo wa 13 n’uwa 21-24)! “Nk’amāto y’abadandaza”, uwo mugore aroranye arondera ibifungurwa vyizavyiza n’igihe nyene yoba ategerezwa kubikura kure (umurongo wa 14). “Yitegereza indimiro akayigura”, kandi “a[ga]tēza uruzabibu” (umurongo wa 16). “Ibikorwa vyiwe” bijanye n’urudandaza “bimugirira ikimazi” (umurongo wa 18). Uretse ko “agendeza ingeso z’abo mu rugo rw[iwe]”, uwo mugore w’umunyamwete atinya Yehova aranafasha abandi ata bwikunzi (umurongo wa 20, 27). Emwe, ntibitangaje kubona ashirwa hejuru!​—Umurongo wa 31.

Ivyagezwe Yehova yatanze abicishije kuri Musa vyaraha abagore uturyo duhagije two gukura mu vy’impwemu. Nk’akarorero, muri Yosuwa 8:35, dusoma tuti: “Nta jambo na rimwe mu yo Mose yageze yose, Yosuwa atāsomeye imbere y’ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, hamwe n’abagore n’abana n’abanyamahanga bāgendana na bo”. Ku vyerekeye Ezira umuherezi, Bibiliya ivuga iti: “Azana ico gitabo c’ivyagezwe, agishira imbere y’ishengero ry’abagabo n’abagore n’abandi bose bafise ubgenge bgo kwumva. Hari ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi. Ezira agisoma ahagaze yerekeye ico kibuga kir’imbere y’irembo ry’amazi, agisomera abagabo n’abagore n’abandi bashoboye kwumva, uhereye mu mutwenzi ugashitsa mu mashōka, kand’abantu bose bari bateze amatwi bumviriza ivy’ico gitabo c’ivyagezwe” (Nehemiya 8:2, 3). Abagore barungukira kuri mwene ubwo busomyi bw’Ivyagezwe. Baranahimbaza imisi mikuru ijanye n’ivy’ugusenga (Gusubira mu vyagezwe 12:12, 18; 16:11, 14). N’ikiruta vyose, abagore bo muri Isirayeli ya kera, barashobora umwumwe ku giti ciwe kugiranira na Yehova Imana ubucuti bwa somambike bagashobora no kumusenga umwumwe ukwiwe.​—1 Samweli 1:10.

Mu kinjana ca mbere G.C., abagore batinya Imana baratewe agateka ko gusukurira Yezu (Luka 8:1-3). Igihe kimwe, mu kiringo co gufungura udufungurwa two ku mugoroba, hari umugore yamusutse amavuta mu mutwe ayamusiga no ku birenge (Matayo 26:6-13; Yohana 12:1-7). Abagore bari mu bo Yezu yabonekeye amaze kuzuka (Matayo 28:1-10; Yohana 20:1-18). Yezu amaze kuduga mw’ijuru, wa mugwi w’abantu nka 120 bari bakoraniye hamwe warimwo “abagore, na Mariya nyina wa Yesu” (Ivyakozwe n’intumwa 1:3-15). Nta nkeka ko benshi muri abo bagore canke bose, bari muri ca cumba co hejuru i Yeruzalemu ku musi wa Pentekote yo 33 G.C. igihe impwemu yera yarungikwa maze abigishwa ba Yezu bakavugishwa ku gitangaro mu ndimi nyinshi.​—Ivyakozwe n’intumwa 2:1-12.

Abagabo n’abagore bompi bari muri abo bantu babonye iranguka ryo muri Yoweli 2:28, 29, nk’uko intumwa Petero yabisubiyemwo kuri uwo musi wa Pentekote ati: “[Jewe Yehova] nzosuka [im]pwemu [y]anje ku bari n’umubiri bose: kand’abahungu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje. . . . Mbere n’abagurano banje b’abahungu n’abakobga mur’iyo misi nzobasukako [im]pwemu [y]anje” (Ivyakozwe n’intumwa 2:13-18). Inyuma ya Pentekote yo mu 33 G.C., abagore bakirisu baramaze igihe kinaka baterwa agateka ko kuronka ingabire z’impwemu. Baravuga mu ndimi z’inyamahanga bakongera bakavugishwa n’Imana, ivyo bikaba bidasobanura ko bavuga ibizoba ariko ko bavuga ukuri kwo mu Vyanditswe.

Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Roma, aravuga neza “Foyibe mwene Data”, akamubashimira. Aranavuga ibijanye na Tirufayina na Tirufosa, akabita abagore “bakorera mu Mwami” (Abaroma 16:1, 2, 12). Naho abo bagore batari barahawe amabanga manaka mw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango, bo hamwe n’abandi benshi barironkeye umuhezagiro wo gutorwa n’Imana ngo babe mu bazofatanya n’Umwana wayo Yezu Kristu mu Bwami bwo mw’ijuru.​—Abaroma 8:16, 17; Ab’i Galatiya 3:28, 29.

Ese agateka gahambaye abagore batinya Imana bifitiye muri iki gihe! Muri Zaburi 68:11 hagira hati: “Umwami Imana yaravuze: abagore bakwiza inkuru [“nziza”, NW] baba ingabo nyinshi”. Mwene abo bagore, emwe, barakwiye gukezwa! Nk’akarorero, uburyo bigisha babigiranye ubuhanga igihe bayobora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana burafasha abantu benshi kwemera inyigisho z’ukuri zihimbara Imana. Abagore bakirisu bubatse bafasha abana babo kuba abizera kandi bagafata mu mugongo abanega babo usanga bafise vyinshi barangura mw’ishengero, na bo nyene barakwiye gukezwa (Imigani 31:10-12, 28). Abigeme na bo nyene barafise ikibanza giteye iteka mu ndinganizo y’Imana, kandi abagabo bakirisu bahimirizwa ‘guhanura abatamakazi nka ba nyina, n’abigeme nka bashiki babo, bari n’umutima utanduye na gatoya’.​—1 Timoteyo 5:1, 2.

Ibikorwa bitandukanye umugabo arangura

Umugabo mukirisu arafise uruhara yahawe n’Imana, kandi vyitezwe ko arurangura. Paulo yavuze ati: “Ndagomba ko mumenya k’umutwe w’umugabo wese ari Kristo, kandi k’umutwe w’umugore ar’umugabo, kandi k’umutwe wa Kristo ar’Imana” (1 Ab’i Korinto 11:3). Umugabo na we nyene arafise umutwe wiwe, uwo na we akaba ari Kristu. Vy’ukuri, umugabo arafise ico abazwa na Kristu, bikaba vyumvikana rero ko agira ico abazwa n’Imana. N’ikindi kandi, Imana yiteze ko umugabo akoresha ikibanza afise co kuba umutwe w’umuryango mu buryo buranga urukundo (Abanyefeso 5:25). Ico ni ikintu yamye yiteze kuva abantu batanguye kubaho kw’isi.

Bibiliya yerekana yuko Imana yagiye iraha umugabo ibikorwa bikwiranye n’ikibanza afise co kuba umutwe w’umuryango. Nk’akarorero, Yehova yabwiye wa mugabo Nowa kwubaka ubwato bwo kurokoreramwo ubuzima mu gihe c’Umwuzure (Itanguriro 6:9–7:24). Wa mugabo Aburahamu yarasezeraniwe yuko biciye ku ruvyaro rwiwe imiryango yose n’amahanga yose yo kw’isi vyokwironkeje umugisha. Igice nyamukuru c’urwo ruvyaro ni Yezu Kristu (Itanguriro 12:3; 22:18; Ab’i Galatiya 3:8-16). Imana yaragenye wa mugabo Musa ngo ayobore Abisirayeli abakure mu Misiri (Kuvayo 3:9, 10, 12, 18). Biciye kuri Musa ni ho Yehova yatanze amategeko, ayitwa isezerano ry’Ivyagezwe canke Ivyagezwe vya Musa (Kuvayo 24:1-18). Abanditsi ba Bibiliya bose bari abagabo.

Kubera ko Yezu ari Umutwe w’ishengero rya gikirisu, “yaratanze aba[gabo] b’ingabirano” (Abanyefeso 1:22; 4:7-13, NW). Paulo yerekeza ku bagabo igihe avuga ibijanye na kamere abazezwashengero bategerezwa kuba bafise (1 Timoteyo 3:1-7; Tito 1:5-9). Ku bw’ivyo, abazezwashengero canke abakurambere b’abagabo be n’abakozi b’ishengero b’abagabo ni bo basukurira amashengero y’Ivyabona vya Yehova (Ab’i Filipi 1:1, 2; 1 Timoteyo 3:8-10, 12). Abagabo gusa ni bo bakwiye kuba abungere mw’ishengero rya gikirisu (1 Petero 5:1-4). Ariko rero, nk’uko twamaze kubivuga, abagore barafise uduteka twiza igitangaza bahawe n’Imana.

Baranezererwa amabanga bajejwe

Igihe abagabo n’abagore bashitsa amabanga bahawe n’Imana bituma bompi bagira umunezero. Igihe na ho biganye akarorero ka Kristu be n’ishengero ryiwe bituma haba imibano ihimbawe. Paulo yanditse ati: “Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura. . . . Umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda” (Abanyefeso 5:25-33). Ku bw’ivyo, abagabo basabwa gukoresha ikibanza bafise co kuba umutwe w’umuryango, atari mu buryo bw’ubwikunzi, ariko mu buryo buranga urukundo. Ishengero rya Kristu ntirigizwe n’abantu batunganye. Yamara, Yezu ararikunda akongera akaryitwararika. Umugabo mukirisu na we nyene akwiye gukunda no kwitwararika umugore wiwe.

Umugore mukirisu akwiye ‘kwubaha umugabo wiwe’ (Abanyefeso 5:33). Muri ivyo, arashobora kurabira akarorero kw’ishengero. Mu Banyefeso 5:21-24 havuga hati: “Mugamburukanire, kuko mwubashe Kristo. Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko mugamburukira Umwami wacu. Kuk’umugabo ari we mutwe w’umugore wiwe, nk’uko Kristo na we ar’umutwe w’ishengero, akaba Umukiza waryo, ari wo mubiri wiwe. Ariko nk’ukw ishengero rigamburukira Kristo, abe ari kw abagore bagamburukira abagabo babo muri vyose”. Naho bishobora gushika umugore akabona ko bigoye kugamburukira umugabo wiwe, kubigira ni vyo “bibereye abari mu Mwami wacu” (Ab’i Kolosayi 3:18). Kwubaha umugabo wiwe bizorushiriza kumworohera niyibuka ko ivyo ari vyo bihimbara Umwami Yezu Kristu.

Naho nyene umugabo yoba atizera, umugore mukirisu ategerezwa kwubaha ikibanza umugabo wiwe afise co kuba umutwe w’umuryango. Intumwa Petero avuga ati: “Namwe bagore, mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry’Imana, bareshwe n’ingeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze, ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’[“icubahiro”, UB]” (1 Petero 3:1, 2). Sara, uwari asanzwe yubaha umugabo wiwe Aburahamu, yaratewe agateka ko kuvyara Isaka maze aba inakuruza wa Yezu Kristu (Abaheburayo 11:11, 12; 1 Petero 3:5, 6). Abagore bigenza nk’uko Sara yigenza barazi neza badakeka ko Imana izobaha impera.

Amahoro n’umwumvikano birasasagara igihe abagabo n’abagore bashitsa uruhara bahawe n’Imana. Ico bivamwo ni uko bashira akanyota bakongera bakagira agahimbare. N’ikindi kandi, guhuza n’ico Ivyanditswe bisaba biratuma umwe wese agira icubahiro kijanye n’ikibanza giteye iteka afise mu ndinganizo y’Imana.

[Uruzitiro ku rup. 7]

Ukuntu biyumva ku bijanye n’uruhara bahawe n’Imana

Uwitwa Suzana avuga ati: “Umunega wanje akoresha ikibanza afise co kuba umutwe w’umuryango mu buryo buranga urukundo kandi burimwo ubugwaneza. Turakunda kuyaga igihe hageze gufata ingingo, kandi avuze ko ikintu kinaka kizokorwa canke kitazokorwa, mba nzi ko ari ku neza yacu. Intunganyo Yehova yashiriyeho abagore bakirisu iratuma mpimbarwa vy’ukuri kandi igatuma umubano wacu ukomera. Turashikirana, kandi turasenyera ku mugozi umwe kugira ngo dushikire amahangiro twishingiye yo mu vy’impwemu”.

Umugore umwe yitwa Mindy avuga ati: “Uruhara Yehova yahaye abasavyi biwe b’igitsina-gore ruradukura amazinda yuko adukunda. Gutera iteka umunega wanje, kumwubaha no kumufata mu mugongo mu bikorwa arangura mw’ishengero, mbona ko ari bwo buryo mfise bwo gukengurukira Yehova ku bw’iyo ndinganizo yashizeho”.

[Amafoto ku rup. 5]

Imana yahaye Nowa, Aburahamu na Musa ibikorwa bitandukanye bikwiranye n’ikibanza umugabo afise co kuba umutwe w’umuryango

[Ifoto ku rup. 7]

‘Abagore bakwiza inkuru nziza baba ingabo nyinshi’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika