ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/3 rup. 15-20
  • Inyobozo ziranga ubukerebutsi ku bubakanye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyobozo ziranga ubukerebutsi ku bubakanye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nimwigane Yezu be n’ishengero ryiwe
  • Mubandanye kubana na bo
  • Ni “urwavya rurushirije kworoha” mu buryo ki?
  • Mu rugo badasangiye ukwizera
  • “Umuntu ahishijwe wo mu mutima”
  • Inyobozo ziranga ubukerebutsi Bibiliya itanga
  • Bagabo, nimwemere icese ikibanza Kristu afise co kuba umutwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ntumature ico Imana yamatanije
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bagore, nimwubahe cane abagabo banyu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ico wogira ngo mu rugo iwanyu harangwe agahimbare
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/3 rup. 15-20

Inyobozo ziranga ubukerebutsi ku bubakanye

“Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko mugamburukira Umwami wacu. Bagabo, [“mubandanye gukunda”, “NW”] abagore banyu”.​—ABANYEFESO 5:22, 25.

1. Ni mu buryo bubereye ubuhe umuntu akwiye kubona umubano w’abubatse?

YEZU yavuze yuko ukwabirana ari ukumatanya canke ugushira ku ngǒgo imwe umugabo n’umugore kugirwa n’Imana kugira babe “umubiri umwe” (Matayo 19:5, 6). Guhuza abantu babiri bafise kamere zitandukanye biga kurondera ineza yabo bompi no gukorana bahuje imigambi. Ukwabirana ni indagano y’ubuzima bwose, si umwumvikano w’igihe gito umuntu ashobora guheba bitagoranye. Mu bihugu vyinshi, biroroshe kuronka uburenganzira bwo kwahukana, mugabo turavye ukuntu umukirisu abona ibintu, ubucuti buba buri hagati y’abubakanye ni bweranda. Bushobora gusamburwa gusa bivuye ku mvo ikomeye.​—Matayo 19:9.

2. (a) Ni imfashanyo iriho iyihe abubakanye bashobora kwikorako? (b) Ni kubera iki bihambaye ko umuntu yihatira gutuma umubano wabo w’abubatse uroranirwa?

2 Umuhanuzi umwe mu vy’imibano y’abubatse yavuze ati: “Umubano w’abubatse mwiza ni ikintu kiguma gihinduka kubera ko uvyukamwo ibibazo bishasha, ukarondera gutorera umuti ingorane zaduka, kandi ukikora ku butunzi buba buhari mu gihe ico ari co cose c’ubuzima”. Ku bakirisu bubakanye, ubwo butunzi burimwo impanuro nziza zo muri Bibiliya, ugufatwa mu mugongo n’abakirisu bagenzi babo, be n’ukugiriranira ubucuti bwa hafi na Yehova biciye mw’isengesho. Umubano w’abubatse uroraniwe uraramba, kandi uko imyaka igenda irahaca, urazanira umunega n’umukenyezi agahimbare be n’ugushira akanyota. N’igihambaye kuruta, uratera iteka Yehova Imana, nyene gutanguza umubano w’abubatse.​—Itanguriro 2:18, 21-24; 1 Ab’i Korinto 10:31; Abanyefeso 3:15; 1 Ab’i Tesalonike 5:17.

Nimwigane Yezu be n’ishengero ryiwe

3. (a) Nuvuge muri make impanuro Paulo yahaye abubakanye. (b) Ni akarorero keza akahe Yezu yasize?

3 Haraciye imyaka 2.000 intumwa Paulo ahaye abubakanye impanuro iranga ubukerebutsi. Yanditse ati: “Nk’ukw ishengero rigamburukira Kristo, abe ari kw abagore bagamburukira abagabo babo muri vyose. Bagabo, [“mubandanye gukunda”, NW] abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura” (Abanyefeso 5:24, 25). Mbega ukugereranya kwiza kuvugwa muri ico canditswe! Abakenyezi bakirisu baguma bagamburukira abanega babo babigiranye ukwicisha bugufi, barigana ishengero mu kwemera icese no mu gukurikiza ingingo ngenderwako ijanye n’uwuri umutwe. Abanega bizera usanga babandanya gukunda abakenyezi babo, haba mu bihe vyiza canke mu bihe bitoroshe, barerekana ko bakurikira neza akarorero Kirisitu yatanze mu gukunda ishengero no mu kuribungabunga.

4. Abanega bashobora gute gukurikiza akarorero ka Yezu?

4 Abanega bakirisu ni bo mitwe y’imiryango yabo, mugabo na bo nyene barafise umutwe, ni ukuvuga Yezu (1 Ab’i Korinto 11:3). Ku bw’ivyo rero, nk’uko Yezu yitwararitse ishengero ryiwe, ni ko n’abanega bitwararikana urukundo imiryango yabo mu vy’impwemu no mu vy’umubiri, naho ivyo bibasaba kugira akigoro. Bashira ineza y’imiryango yabo imbere ntibashire imbere ivyipfuzo vyabo bwite canke ivyo bo ubwabo bashima. Yezu yavuze ati: “Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe” (Matayo 7:12). Iyo ngingo ngenderwako irakora mu buryo budasanzwe mu mubano w’abubatse. Ivyo Paulo yaravyerekanye igihe yavuga ati: “Abagabo . . . bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bgite. . . . [N]ta muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, arikw arawugaburira, akawubungabunga” (Abanyefeso 5:28, 29). Umugabo akwiye kugaburira umugore wiwe no kumubungabunga, nka kurya nyene yitaho cane kwigaburira no kwibungabunga.

5. Abakenyezi bashobora gute kwigana ishengero rya gikirisu?

5 Abakenyezi bibanga Imana barabira ku karorero k’ishengero rya gikirisu. Igihe Yezu yari kw’isi, abayoboke biwe baremeye guheba ivyo bahora bakora maze baramukurikira. Inyuma y’urupfu rwiwe, barabandanije kumugamburukira, kandi mu kiringo c’imyaka yababa 2.000 iheze, ishengero ry’abakirisu b’ukuri ryarabandanije kugamburukira Yezu no gukurikiza uburongozi bwiwe muri vyose. Mu buryo nk’ubwo nyene, abakenyezi bakirisu ntibakengera abanega babo canke ngo barondere gufatira mu rwara indinganizo yo mu Vyanditswe ijanye n’uwuri umutwe mu mubano w’abubatse. Ahubwo riho, barafata mu mugongo abanega babo, bakabagamburukira, bagasenyera ku mugozi umwe na bo, gutyo bakaba babaremesheje. Mu gihe umunega n’umukenyezi bompi bakoze muri mwene ubwo buryo buranga urukundo, umubano wabo w’abubatse ntuzobura kuroranirwa kandi bose uzobahimbara.

Mubandanye kubana na bo

6. Ni impanuro iyihe Petero yahaye abanega, kandi ni kubera iki ihambaye?

6 N’intumwa Petero yarahaye impanuro abubakanye, kandi amajambo yabwiye abanega yari ayarashe rwose. Yavuze ati: “[“Mubandanye kubana n’abagore banyu mwisunze ubumenyi, mubatera iteka nk’urwavya rurushirije kworoha, urwavya rugore”, NW], kuko na bo ar’abaraganwa namwe [b’]ubuntu bg’ubu[zima], kugira ng’ugusenga kwanyu ntikugire ikigutesha” (1 Petero 3:7). Ivy’uko impanuro Petero yatanze ihambaye tubibonera mu majambo ya nyuma y’uwo murongo. Mu gihe umunega atotera iteka umukenyezi wiwe, bizogira ico bihinduye ku bucuti afitaniye na Yehova. Amasengesho atura azogira ikiyatesha, ni ukuvuga ikiyatangira.

7. Umunega akwiye gutera iteka gute umukenyezi wiwe?

7 Abanega bashobora gute none gutera iteka abakenyezi babo? Gutera iteka umukenyezi wawe bisobanura kumufatana urukundo, icubahiro n’urupfasoni. Gufatana ubuntu umukenyezi muri mwene ubwo buryo vyari gusa n’aho ari ikintu gishasha kuri benshi. Incabwenge imwe y’Umugiriki yanditse iti: “Mu gihe c’amategeko y’Abaroma, umugore nta burenganzira yari afise. Imbere y’amategeko yaguma ari umwana. . . . Yagamburukira umugabo wiwe muri vyose, agakora ico amubwiye cose”. Mbega ukuntu vyari bihushanye n’inyigisho za gikirisu! Umunega mukirisu yaratera iteka umukenyezi wiwe. Ivyo yamugirira vyose yabigira yisunze ingingo ngenderwako za gikirisu, ntapfe kugira ikimujemwo cose. Vyongeye, yaramwubahiriza “[y]isunze ubumenyi”, ntiyirengagize ivy’uko umugore wiwe ari urwavya rurushirije kworoha.

Ni “urwavya rurushirije kworoha” mu buryo ki?

8, 9. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abagore bangana n’abagabo?

8 Mu kuvuga yuko umugore ari “urwavya rurushirije kworoha”, Petero ntiyashaka kuvuga yuko abagore barushirije kworoha canke bari munsi y’abagabo mu bijanye n’ubwenge canke ivy’impwemu. Ego ni ko, abagabo bakirisu benshi barafise uduteka mw’ishengero abagore batitega kuronka. Vyongeye mu rugo abagore baragamburukira abagabo babo (1 Ab’i Korinto 14:35; 1 Timoteyo 2:12). Naho ari ukwo, abagabo n’abagore basabwa kugira ukwizera kumwe, ukwihangana kumwe no gukurikiza ingingo mfatirwako ziri hejuru zijanye n’ukwigenza runtu zimwe. N’ikindi kandi, nk’uko Petero yabivuze, umugabo n’umugore bompi ni “abaraganwa . . . [b’]ubuntu bg’ubu[zima]”. Ku bijanye n’ubukiriro, bafise impagararo ingana imbere ya Yehova Imana (Ab’i Galatiya 3:28). Abakirisu basizwe bo mu kinjana ca mbere ni bo Petero yandikiye. Ku bw’ivyo, amajambo yiwe yaribukije abanega bakirisu yuko, bwa “baraganwa na Kristo”, bo hamwe n’abakenyezi babo bari bafise icizigiro c’ijuru kimwe (Abaroma 8:17). Umusi uri izina, bompi bosukuye ari abami n’abaherezi mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru!​—Ivyahishuriwe 5:10.

9 Abakenyezi bakirisu basizwe nta bwo bari bari munsi y’abanega babo bakirisu basizwe. Ku bwa ngingo, ivyo ni na ko biri ku bafise icizigiro co kuba kw’isi. Bompi abagabo n’abagore bo mw’“ishengero ryinshi” baramesura imvune zabo bakazezesha amaraso ya wa Mwagazi. Bompi abagabo n’abagore barajamwo mu gushira ijwi hejuru kugirwa mw’isi yose “ku murango no mw ijoro” ku bwo gushemeza Yehova (Ivyahishuriwe 7:9, 10, 14, 15). Bompi abagabo n’abagore bariteganye umushasharo kugira “umwidegemvyo w’ubuninahazwa [w]’abana b’Imana” igihe bazohimbarwa n’‘ubuzima nyakuri’ (Abaromani 8:21, UB; 1 Timoteyo 6:19). Abakirisu bose, baba abo mu basizwe canke abo mu zindi ntama, basukurira Yehova bahurikiye hamwe, bagize “umukuku umwe” uyoborwa “n’umwungere umwe” (Yohana 10:16). Ese ukuntu iyo ari imvo ikomeye ituma abanega be n’abakenyezi bakirisu baterana iteka rikwiriye!

10. Ni mu buhe buryo abagore ari ‘inzavya zirushirije kworoha’?

10 Ni mu buhe buryo none abagore ari inzavya zirushirije kworoha? Kumbure Petero yariko yerekeza ku vy’uko muri rusangi abagore usanga ari batoyi ugereranije n’abagabo kandi ugasanga batanganya inguvu na bo. Vyongeye, kubera ko turi abanyagasembwa, ka gateka keza igitangaza ko kwibaruka ibibondo karatuma bagira ico batakaje ku magara yabo. Abagore bari mu myaka y’ugushobora kwibaruka boshobora kuza barumva batamerewe neza. Birumvikana ko baba bakeneye kwitabwaho no kwitwararikwa bidasanzwe igihe bari muri ivyo bihe vy’ukwumva batamerewe neza canke igihe baba bumva ata gatege bafise kubera bibungenze canke bibarutse. Umunega atera iteka umukenyezi wiwe kandi agatahura ugufatwa mu mugongo akeneye ukwo ari kwo, azogira ikintu kinini aterereye kugira ngo umubano wabo w’abubatse uroranirwe.

Mu rugo badasangiye ukwizera

11. Ni mu buhe buryo umubano w’abubatse ushobora kuroranirwa naho umunega n’umukenyezi boba bari mu madini atandukanye?

11 Bite none hamwe abubakanye batoba bizera bimwe, kumbure bitewe n’uko umwe muri bo yahavuye yakira ukuri kwa gikirisu bamaze kwubakana ariko uwundi akaba atakwakiriye? Umubano w’abubatse nk’uwo woba ushobora kuroranirwa? Ivyagiye birashika biremeza ko ivyo bishoboka. Umunega n’umukenyezi batizera bimwe, usanga baba bagishoboye kugira umubano w’abubatse uroraniwe mu buryo bw’uko ushobora kuramba kandi ugatuma bompi bagira agahimbare. N’ikindi kandi, uwo mubano w’abubatse uba ucemewe mu nyonga za Yehova. Baba bakiri “umubiri umwe”. Ku bw’ivyo, umugabo canke umugore mukirisu ahanurwa kugumana n’uwo bubakanye atizera mu gihe uno avyemeye. Niba bafise abana, abo bana baragira ivyo bungukiye ku kudahemuka kw’umuvyeyi wabo w’umukirisu.​—1 Ab’i Korinto 7:12-14.

12, 13. Mu kwisunga impanuro ya Petero, abakenyezi bakirisu bashobora gute gufasha abanega babo batizera?

12 Petero araha impanuro iranga umutima mwiza abagore bakirisu bari mu ngo usanga batizera bimwe. Ku bwa ngingo, amajambo yavuze arashobora no gukora ku banega bakirisu usanga ivyabo vyifashe gutyo. Petero yanditse ati: “Bagore . . . , mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry’Imana, bareshwe n’ingeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze, ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’[“icubahiro kigera kure”, NW]”.​—1 Petero 3:1, 2.

13 Niba umukenyezi abigiranye ubugenge ashobora gusigurira umugabo wiwe ivyo yizera, ivyo ni vyiza. Bite none nimba adashaka kumutega ugutwi? Iryo ni ihitamwo ryiwe. Yamara, vyose ntibiba biheze kubera ko uburyo umukirisu yigenza na bwo nyene bushinga intahe ikomeye. Abanega benshi mu ntango wasanga badashimishwa n’ukwizera kw’abagore babo canke mbere banakurwanya, baracitse abari “mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera” bamaze kubona ukuntu abagore babo bigenza neza (Ivyakozwe 13:48, NW). Naho umunega atokwakira ukuri kwa gikirisu, yoshobora kuba agishima ukuntu umukenyezi wiwe yigenza, bigaheza bikazanira ivyiza umubano wabo w’abubatse. Hari umunega umwe afise umukenyezi w’Icabona ca Yehova yiyemereye yuko atokwigera ashobora kubaho yisunga ingingo mfatirwako ziri hejuru z’Ivyabona. Ariko ntiwumve, yiyise “umunega ahimbawe afise umugore w’igikundiro”, kandi yarashimagije n’igishika umugore wiwe be n’Ivyabona bagenziwe mw’ikete yarungikiye ikinyamakuru kimwe.

14. Abanega bashobora gute gufasha abakenyezi babo batizera?

14 Abanega bakirisu bashize mu ngiro ingingo ngenderwako dusanga mu majambo ya Petero na bo nyene barareheje canke barakwegereye abakenyezi babo biciye ku buryo bigenza. Abakenyezi batizera barabonye abanega babo bacika abantu bafatana uburemere ibanga bajejwe, bahevye gusesagurira amahera mu vy’ukunywa itabi, mu vy’ukunywa inzoga no mu vy’ugukina akamari, bongera barabona ko batagikoresha imvugo mbi. Bamwebamwe muri abo bakenyezi barabonanye n’abandi bantu bo mw’ishengero rya gikirisu. Barajorejwe n’ikivukano ca gikirisu kirangwamwo urukundo, kandi ivyo babonye mu bavukanyi vyatumye biyegereza Yehova.​—Yohana 13:34, 35.

“Umuntu ahishijwe wo mu mutima”

15, 16. Ni inyifato y’umugore mukirisu iyihe yoshobora kuresha umugabo atizera?

15 Ni inyifato iyihe yoshobora kuresha umunega? Mu vy’ukuri, ni inyifato itsimbatazwa n’abagore bakirisu ata kagobero. Petero avuga ati: “Ugushaza kwanyu ntikube ukwo ku rukoba kwo gutsiba umushatsi, cank’ukwo kwambara izahabu cank’ukwo kwambara impuzu nziza; ariko kube ukw’umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’igiciro kinini imbere y’Imana. Ni kw abagore bera bizigira Imana bāshaza kera, bagamburukira abagabo babo, nk’uko Sara yumvira Aburahamu, akamwita umwami wiwe; namwe mur’abana b’uwo, ni mwahora mukora neza, mudaterwa ubgoba n’icobaca ivutu”.​—1 Petero 3:3-6.

16 Petero ahanura umukenyezi mukirisu kutishinga gusa kwitwararika ubwiza bwo ku mubiri. Ahubwo riho, akwiye kureka umugabo wiwe akibonera ukuntu inyigisho zo muri Bibiliya zigira ico zihinduye ku muntu wiwe w’imbere. Akwiye kureka umugabo wiwe akibonera ukuntu wa muntu musha ariko agira ico ahinduye muri we. Kumbure umugabo wiwe azogereranya uwo muntu musha be n’umuntu wa kera umugore wiwe yahorana (Abanyefeso 4:22-24). Nta gukeka ko azosanga “umutima w’ubugwaneza [kandi] utekereje” w’umugore wiwe ari uwuruhura be n’uwukwegēra. Mwene uwo mutima ntuhimbara umugabo vyonyene, ariko kandi ni uw’“igiciro kinini imbere y’Imana”.​—Ab’i Kolosayi 3:12.

17. Ni mu buhe buryo Sara ari akarorero keza ku bakenyezi bakirisu?

17 Sara avugwa ko ari akarorero, kandi ni akarorero abakenyezi bakirisu bakwiye kwigana, baba bafise abagabo bizeye canke batizeye. Nta gukeka ko Sara yabona ko Aburahamu ari umutwe wiwe. Mbere no mu mutima wiwe, yamwita “umwami” wiwe (Itanguriro 18:12). Yamara, ivyo ntivyatumye aba uwusuzuguritse. Biribonekeza ko yari umukenyezi akomeye mu vy’impwemu afise ukwizera gushikamye kwiwe bwite muri Yehova. Nkako, ari mu “gipfungu [kinini] c’ivyabona”, abo ukwizera kwabo gukwiye gutuma “dusiganirw[a] ivyo twashizwe imbere twihanganye” (Abaheburayo 11:11; 12:1). Mu gihe umukenyezi mukirisu abaye nka Sara, ntibigabanya icubahiro afise.

18. Ni ingingo ngenderwako izihe zikwiye gukurikizwa mu ngo umugabo n’umugore batizera bimwe?

18 Mu rugo usanga batizera bimwe, umugabo aguma ari umutwe. Niba ari we yizera, azokwubahiriza ivyo umugore wiwe yemera ata kudohoka ku kwizera kwiwe bwite. Niba umukenyezi ari we yizera, na we nyene ntazodohoka ku kwizera kwiwe (Ivyakozwe 5:29). Yamara rero, ntazohigisha ikibanza umugabo wiwe afise co kuba umutwe. Azokwubaha ikibanza uwo mugabo wiwe afise kandi agume yisunga “ibwirizwa ry’umugabo wiwe”.​—Abaromani 7:2, UB.

Inyobozo ziranga ubukerebutsi Bibiliya itanga

19. Bimwebimwe mu bintu bibangamira umubano w’abubatse ni ibihe, mugabo ivyo bintu umuntu ashobora kubinanira gute?

19 Muri iki gihe, hari ibintu vyinshi bishobora kubangamira umubano w’abubatse. Abagabo bamwebamwe usanga batarangura amabanga bajejwe. Abagore bamwebamwe baranka kwemera ikibanza abagabo babo bafise co kuba umutwe. Mu mibano y’abubatse imwimwe, umwe mu bubatse aragirirwa nabi canke akabwirwa amajambo mabi na mugenziwe. Ingorane z’ivy’ubutunzi, agasembwa abantu bafise, be n’agatima k’iyi si irangwamwo ubushegabo n’ukubona imico runtu mu buryo bugoramye, birashobora kugerageza ukudahemuka kw’abakirisu. Naho ari ukwo biri, abanega bakirisu be n’abakenyezi bakirisu bakurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya uko ivyabo vyoba vyifashe kwose, bararonka umuhezagiro uva kuri Yehova. Naho nyene umwe mu bubakanye ari we gusa yoba akurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ibintu birarushiriza kumera neza kuruta aho ata n’umwe yoba azikurikiza. Vyongeye, Yehova arakunda akongera agafata mu mugongo abasavyi biwe batigera badohoka ku ndagano yabo y’abubatse no mu bihe bigoye. Ntiyibagira ukudahemuka kwabo.​—Zaburi 18:25; Abaheburayo 6:10; 1 Petero 3:12.

20. Ni impanuro iyihe Petero aha abakirisu bose?

20 Intumwa Petero amaze guhanura abanega n’abakenyezi bakirisu, yasozereye avuga amajambo y’igishika aremesha. Yavuze ati: “Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima; ntimugere ikibi ku kindi, cank’igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha” (1 Petero 3:8, 9). Ese ukuntu ari impanuro iranga ubukerebutsi kuri bose, na canecane ku bubakanye!

Woba uvyibuka?

• Abanega bakirisu bigana gute Yezu?

• Abakenyezi bakirisu bigana gute ishengero?

• Ni mu buryo ubuhe abanega bashobora gutera iteka abakenyezi babo?

• Ingendo iranga ubukerebutsi umugore mukirisu afise umugabo atizera yokurikira ni iyihe?

[Ifoto ku rup. 16]

Umunega mukirisu arakunda umukenyezi wiwe akongera akamwitwararika

Umukenyezi mukirisu arubaha umunega wiwe kandi akamutera iteka

[Ifoto ku rup. 17]

Inyigisho za gikirisu ntizari zimeze nk’amategeko y’Abaroma, zo zasaba ko umunega atera iteka umukenyezi wiwe

[Ifoto ku rup. 18]

Bompi abagabo n’abagore bo mw’“ishengero ryinshi” biteze kuzobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo

[Ifoto ku rup. 20]

Sara yabona Aburahamu nk’umwami wiwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika