ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/6 rup. 20-24
  • “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Muragire ubusho bw’Imana
  • Mutagoberewe ahubwo mubikunze
  • Nimwirinde inyungu mbi, muragire ubusho mubishashaye
  • Ntimukandamize ubusho ahubwo mube uburorero
  • Bungere, nimwigane ba Bungere bakuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • “Muragire Ubusho bg’Imana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Tugamburukire abungere ba Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Abakurambere bakora iki mw’ishengero?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/6 rup. 20-24

“Muragire ubusho bw’Imana mujejwe”

“Muragire ubusho bw’Imana mujejwe, mutagoberewe, ahubwo mubikunze.”​​—⁠1 PET. 5:2.

1. Abakirisu bari bahanganye n’ibiki igihe Petero yandika ikete ryiwe rya mbere?

HAGISIGAYE igihe gito ngo Nero atanguze ibitero vyo guhama abakirisu b’i Roma, intumwa Petero yaranditse ikete ryiwe rya mbere. Yashaka gukomeza abo basangiye ukwemera. Shetani yariko ‘aragendagenda,’ arondera kurotsa abakirisu. Kugira ngo bahagarare bashikamye mu kumurwanya, bari bakeneye ‘kuzigama ubwenge bwabo’ no ‘kwicisha bugufi munsi y’ukuboko kw’ububasha kw’Imana.’ (1 Pet. 5:​6, 8) Bari bakeneye kandi kuguma bafatanye mu nda. Bategerezwa kwirinda ‘kuryana no kurotsanya,’ kubera yuko ivyo vyari gutuma ‘bamarana.’​​—⁠Gal. 5:​15.

2, 3. Dukwiye kuba turiko turarwana na nde, kandi ni ibiki tugiye kurimbura muri ibi biganiro bikurikirana?

2 Muri iki gihe, ivyacu vyifashe nk’ukwo nyene. Shetani ariko ararondera uturyo two kuturotsa. (Ivyah. 12:​12) Vyongeye, himirije kuba “amakuba akomeye atigeze abaho kuva mu ntango.” (Mat. 24:​21) Nka kurya nyene abakirisu bo mu kinjana ca mbere bategerezwa kwirinda kuryana, ni na ko natwe dutegerezwa kuvyirinda. Kugira ngo tubishikeko, rimwe na rimwe turakenera gufashwa n’abagabo b’inararibonye.

3 Nimuze turimbure ingene abakurambere bashobora kurushiriza gutahura agateka ko kuragira “ubusho bw’Imana [ba]jejwe.” (1 Pet. 5:2) Inyuma y’ivyo, turaza kuzirikana uburyo bubereye bwo kurangura igikorwa co kuragira ubusho. Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ingene ishengero rishobora ‘guha iteka abakora cane kandi bahagarikira’ ubusho. (1 Tes. 5:​12) Kwihweza ivyo bintu bizodufasha guhagarara dushikamye mu kurwanya Umwansi wacu mukuru, tuzi neza yuko ari we tunigana.​​—⁠Ef. 6:​12.

Muragire ubusho bw’Imana

4, 5. Abagabo b’inararibonye bakwiye kubona gute ubusho? Bitangire akarorero.

4 Petero yaremesheje abagabo b’inararibonye bari mu bakirisu bo mu kinjana ca mbere kubona ubusho bajejwe nk’uko Imana ibubona. (Soma 1 Petero 5:​1, 2.) Naho Petero yabonwa yuko ari inkingi mw’ishengero, ntiyavugishije abakurambere mu buryo bwo kubashira hasi. Ahubwo, yarabakebuye nk’abakurambere bagenziwe. (Gal. 2:9) Muri iki gihe, Inama Nyobozi ibigiranye agatima nk’aka Petero irahimiriza abakurambere b’ishengero kwihatira kurangura ibanga riremereye ryo kuragira ubusho bw’Imana.

5 Iyo ntumwa yanditse ko abagabo b’inararibonye babwirizwa ‘kuragira ubusho bw’Imana bajejwe.’ Vyari bihambaye cane ko batahura yuko ubusho ari ubwa Yehova na Yezu Kristu. Abo bakurambere bategerezwa kugira ico babajijwe ku bijanye n’ukuntu barinda ubusho bw’Imana. Dufate yuko umugenzi wawe somambike agusavye kwitwararika abana biwe igihe atari ho ari. None ntiwobitwararika neza ukongera ukabagaburira? Bishitse umwe muri bo akarwara, ntiwokora uko ushoboye none kugira ngo umuvuze? Muri ubwo buryo nyene, abakurambere b’ishengero babwirizwa “[kuragira] ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’Umwana wayo bwite.” (Ivyak 20:​28) Baguma bibuka yuko intama imwimwe yose yaguzwe amaraso y’agaciro ya Kristu Yezu. Kubera yuko hari ico abakurambere bazobazwa, baragaburira ubusho, bakabukingira kandi bakabwitwararika.

6. Ni ibiki abungere ba kera babwirizwa gukora?

6 Zirikana ivyo abungere nya bungere bo mu bihe vya Bibiliya babwirizwa gukora. Bategerezwa kwihanganira ubushuhe bwo ku murango be n’imbeho yo mw’ijoro kugira ngo baragire ubusho. (Ita. 31:​40) Barahakwa mbere no gupfa kubera intama. Ka gahungu k’akungere Dawidi karakijije ubusho bwako ibikoko, harimwo n’intambwe be n’idubu. Ku vyerekeye kimwe cose muri ivyo bikoko, Dawidi yavuze yuko ‘yacakiye ivyanwa vyaco maze arakigarika, aracica.’ (1 Sam. 17:34, 35) Mbega uburindutsi! Ese ukuntu ico gikoko gitegerezwa kuba carahakwa kumushinga amenyo! Naho vyari ukwo, ntiyaretse gukiza izo ntama.

7. Abakurambere boshobora gute gushikura intama mu vyinyo vya Shetani mu buryo bw’ikigereranyo?

7 Muri iki gihe, abakurambere barakeneye kuba maso ku bitero vya Shetani bimeze nk’ivy’intambwe. Ivyo vyoshobora kubasaba gukora ikintu kiranga umutima rugabo co gushikura intama mu vyinyo vya Shetani mu buryo bw’ikigereranyo. Mu gucakira ivyanwa vy’ico gikoko mu buryo bw’ikigereranyo, abakurambere barashobora gukiza intama. Boshobora gufasha kuzirikana abavukanyi batazi utuntu n’utundi bariko barakwegakwegwa n’imitego ya Shetani. (Soma Yuda 22, 23.) Birumvikana yuko abakurambere bakora ico kintu babifashijwemwo na Yehova. Baritwararikana ikibabarwe intama iba yakomeretse, bakayipfuka igikomere bakongera bakayisiga umuti ugabanya ububabare w’Ijambo ry’Imana.

8. Ni hehe abakurambere bayobora ubusho, kandi babigira gute?

8 Umwungere nya mwungere yarayobora kandi ubusho kw’iragiriro ribereye be n’ahantu hari amazi. Muri ubwo buryo nyene, abakurambere barayobora ubusho kw’ishengero, bakaburemesha kwama bwitaba amakoraniro kugira ngo bushobore kugaburirwa neza no kuronka “ibifungurwa [vyabwo] ku gihe kibereye.” (Mat. 24:​45) Abakurambere boshobora gukenera gukoresha umwanya wiyongereye bariko barafasha abarwaye mu buryo bw’impwemu kugira ngo bemere ingaburo yo mw’Ijambo ry’Imana. Intama yazimiye yoshobora kuba iriko iragerageza kugaruka mu busho. Aho gutera ubwoba uwo muvukanyi wabo, abakurambere baramusigurira ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe babigiranye ikibabarwe bakongera bakamwereka ingene ashobora kuzishira mu ngiro mu buzima bwiwe.

9, 10. Abakurambere bakwiye kwitwararika gute abarwaye mu buryo bw’impwemu?

9 Iyo urwaye, uhora wipfuza kuvurwa n’umuganga ameze gute? Woba uhora wipfuza urya amara akanya gatoya ariko arakwumviriza agaca yihutira kukwandikira umuti kugira ngo ashobore kwakira umurwayi akurikira? Canke riho wokwisuzumisha ku muganga agutega yompi, akagusigurira ingorane woba ufise, maze akakwereka uburyo ushobora kuvurwa?

10 Muri ubwo buryo nyene, abakurambere barashobora kwumviriza umuntu arwaye mu buryo bw’impwemu maze bakamufasha gukira ico gikomere, gutyo bakaba “bamusi[ze] amavuta mw’izina rya Yehova” mu buryo bw’ikigereranyo. (Soma Yakobo 5:14, 15.) Nka kurya kw’umusomōzo w’i Gileyadi, Ijambo ry’Imana rirashobora kugabanya ububabare bw’uwurwaye. (Yer. 8:​22; Ezek. 34:​16) Igihe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishizwe mu ngiro zirashobora gufasha uwo muntu agoyagoya agasubira kugira impagararo nziza mu vy’impwemu. Vyemere, abakurambere barafasha cane igihe bumvise ibintu biraje ishinga iyo ntama bakongera bagasenga bari kumwe na yo.

Mutagoberewe ahubwo mubikunze

11. Ni igiki kivyurira abakurambere umutima wo kuragira ubusho bw’Imana babikunze?

11 Ubukurikira, Petero yaribukije abagabo b’inararibonye ingene igikorwa co kuragira gikwiye gukorwa be n’ingene kidakwiye gukorwa. Abakurambere babwirizwa kuragira ubusho bw’Imana ‘batagoberewe, ahubwo babikunze.’ Ni igiki kivyurira abakurambere umutima wo gukorera abavukanyi babo babikunze? Ni igiki none cavyuriye Petero umutima wo kuragira no kugaburira intama za Yezu? Urukundo yakunda Umukama be n’ukuntu yamwiyumvamwo ni vyo vyamuvyuriye uwo mutima. (Yoh. 21:​15-​17) Abakurambere babitumwe n’urukundo ‘ntibaba bakibaho ku bwabo, ahubwo babaho ku bw’umwe yabapfira.’ (2 Kor. 5:14, 15) Urwo rukundo, ruri kumwe n’urukundo bakunda Imana n’abavukanyi babo, ruratuma abakurambere bakorera ubusho, bakagira utwigoro, kandi bagakoresha ubutunzi bwabo n’umwanya wabo mu kubukorera. (Mat. 22:​37-​39) Baritanga batabigiranye umwikomo, ahubwo babikunze.

12. Intumwa Paulo yitanze ku rugero rungana gute?

12 Abakurambere bakwiye kwitanga ku rugero rungana iki? Mu kwitwararika intama, barigana intumwa Paulo, nk’uko na we nyene yiganye Yezu. (1 Kor. 11:1) Kubera ko Paulo na bagenziwe bari bafitiye ikibabarwe abavukanyi b’i Tesalonika, barahimbawe cane no “kutabaha inkuru nziza y’Imana gusa, mugabo n’ubuzima bwa[bo] bwite.” Igihe bariko barabigenza gutyo, barabaye abengenga “nk’igihe umuvyeyi yonsa abungabunga abana biwe.” (1 Tes. 2:​7, 8) Paulo yaratahura ukuntu umuvyeyi yonsa yiyumva ku bijanye n’abana biwe. Uwo muvyeyi nta kintu na kimwe atobakorera, harimwo no kuvyuka mu gicugu kugira ngo abonse.

13. Abakurambere bakeneye kugira uburimbane ubuhe?

13 Abakurambere barakeneye kwitwararika ivyo kuguma bafise uburimbane hagati y’amabanga ajanye no kuragira ubusho be n’ivyo babwirizwa gukorera umuryango wabo bwite. (1 Tim. 5:8) Umwanya abakurambere bamara bari kumwe n’ishengero ni umwanya w’agaciro bakoresha batari kumwe n’umuryango wabo. Uburyo bumwe bwo gushira uburimbane hagati y’ayo mabanga abiri ni ukuza baracishamwo bagatumira abandi kuri porogarama yabo y’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango. Uko imyaka yagiye irarengana, umukurambere umwe wo mu Buyapani yitwa Masanao yaratumira ku nyigisho y’umuryango wiwe abatarubaka izabo be n’imiryango itagira ba sebibondo bayitaho mu vy’impwemu. Mu nyuma, abantu bamwebamwe bafashijwe muri ubwo buryo barabaye abakurambere hanyuma barigana akarorero keza ka Masanao.

Nimwirinde inyungu mbi, muragire ubusho mubishashaye

14, 15. Ni kubera iki abakurambere bakwiye kwirinda “gukunda inyungu mbi,” kandi bashobora gute kwigana Paulo muri ivyo?

14 Petero yararemesheje kandi abakurambere kuragira ubusho “[ba]tabitumwe n’ugukunda inyungu mbi, ahubwo [ba]bishashaye.” Igikorwa c’abakurambere gisaba umwanya munini, yamara ntibitega kuronka umushahara. Petero yarabonye ko bikenewe kugabisha abagabo b’inararibonye bagenzi we ku bijanye n’ingeramizi iri mu kuragira ubusho babitumwe n’“ugukunda inyungu mbi.” Iyo ngeramizi iribonekeza mu kuntu indongozi z’idini za “Babiloni Akomeye” zibera mu bihinda mu gihe abantu benshi usanga babwirizwa kuba mu bukene. (Ivyah. 18:​2, 3) Abakurambere bo muri iki gihe barafise imvo yumvikana yo kwirinda agatima nk’ako.

15 Paulo yarahaye akarorero keza abakurambere bakirisu. Naho yari intumwa akaba kandi yari gushobora kubera “umuzigo uzimvye” abakirisu b’i Tesalonika, “nta n’umwe [y]aririye ibifungurwa ku buntu.” Ahubwo nyabuna, ‘yarabira akuya akongera agacumukura ijoro n’umurango.’ (2 Tes. 3:8) Abakurambere benshi bo muri iki gihe, harimwo n’abakora igikorwa co kugendera amashengero, baratanga akarorero keza muri ivyo. Naho bemera kwakirwa n’abo basangiye ukwemera, nta n’umwe “[b]ikoreza umuzigo uzimvye.”​​—⁠1 Tes. 2:9.

16. Kuba abakurambere baragira ubusho ‘babishashaye’ bisigura iki?

16 Abakurambere baragira ubusho ‘babishashaye.’ Umushasharo wabo uribonekeza mu gatima ko kwitanga bagaragaza mu gufasha ubusho. Ariko rero, ivyo ntibisigura yuko bahata ubusho gukorera Yehova; eka kandi abakurambere b’abanyarukundo ntibaremesha abandi gukorera Imana babitumwe n’agatima ko guhiganwa. (Gal. 5:​26) Abakurambere baratahura yuko ata ntama n’imwe imeze nk’iyindi. Usanga bashashaye gufasha abavukanyi babo gukorera Yehova bahimbawe.

Ntimukandamize ubusho ahubwo mube uburorero

17, 18. (a) Ni kubera iki vyashika intumwa bikazigora gutahura inyigisho ya Yezu ijanye no kwicisha bugufi? (b) Ivyazishikiye bigira ico bikoze gute kuri twebwe muri iki gihe?

17 Nk’uko twamaze kubibona, abakurambere bakwiye kwama bibuka yuko ubusho baragira ari ubw’Imana, atari ubwabo. Baririnda “gukandamiza abari intoranwa y’Imana.” (Soma 1 Petero 5:3.) Intumwa za Yezu, zibitumwe n’imvo itabereye, vyarashika zikarondera kuronka ubukuru. Nk’uko abaganza amahanga wasanga babigira, izo ntumwa zaripfuza kuronka ikibanza gihambaye.​​—⁠Soma Mariko 10:​42-​45.

18 Muri iki gihe, abavukanyi “[b]arondera gushikira ibanga ry’umucungezi” vyoba vyiza bisuzumye kugira ngo bamenye igituma bariko bararondera gushikira iryo banga. (1 Tim. 3:1) Abasanzwe ari abakurambere vyoba vyiza bibajije ata buryarya nimba bipfuza ubukuru canke kuba rurangiranwa nk’uko intumwa zimwezimwe zavyipfuje. Nimba intumwa zaragize ingorane muri uwo muce, abakurambere barashobora rero gutahura yuko bakeneye kwita ku rutare kugira ngo birinde agatima ako ari ko kose ko mw’isi ko kurondera kugira ubukuru ku bandi.

19. Abakurambere bakwiye kwibuka iki igihe bariko baragira ico bakoze kugira ngo bakingire ubusho?

19 Ego ni ko, hariho ibihe usanga abakurambere bakeneye gushikama, nk’igihe bariko barakingira ubusho “amabingira y’agahahazo.” (Ivyak. 20:​28-​30) Paulo yabwiye Tito ngo agume ‘ahimiriza, akangira n’ububasha bwose bwo gutegeka.’ (Tito 2:​15) Ariko rero, n’igihe nyene abakurambere baba babwirizwa gukora ico kintu, baragerageza gufatana icubahiro abo vyega. Baratahura yuko aho gukarira abandi mu buryo bwo kubaryagagura, kubajijura babigiranye ubwitonzi ari vyo bikunda gufasha cane gushikira imitima no gutuma umuntu akurikira ingendo igororotse.

20. Abakurambere bashobora gute kwigana Yezu mu gutanga akarorero keza?

20 Akarorero keza ka Kristu karavyurira abakurambere umutima wo gukunda ubusho. (Yoh. 13:​12-​15) Turaremeshwa igihe dusoma ingene yigisha abigishwa biwe mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Akarorero yatanze mu bijanye no kwicisha bugufi karakoze ku mutima abigishwa biwe, birabavyurira umutima wo gukurikira ingendo yerekana ko ‘biyumvira biyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta.’ (Flp. 2:3) Muri iki gihe, abakurambere na bo nyene baravyurirwa umutima wo gukurikiza akarorero ka Yezu, bigatuma bipfuza “kubera uburorero ubusho.”

21. Ni impera iyihe abakurambere bashobora kwitegana igishika?

21 Petero yasozereye inkeburo yariko araha abagabo b’inararibonye mu kuvuga ibijanye n’umuhango werekeye kazoza. (Soma 1 Petero 5:4.) Abo bacungezi barobanuwe “[ba]zoronka rwa rugori rudakabirana rw’ubuninahazwa” bari kumwe na Kristu mw’ijuru. Abungere batobato bo mu “zindi ntama” bazoterwa agateka ko kuragira ubusho bw’Imana kw’isi bayobowe na “wa mukuru w’abungere.” (Yoh. 10:​16) Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino uburyo butandukanye abagize ishengero bashobora gushigikira abagenywe ngo baje imbere abandi.

Mu buryo bw’isubiramwo

• Ni kubera iki vyari bibereye yuko Petero akebura abakurambere bagenziwe ngo baragire ubusho bw’Imana bajejwe?

• Abakurambere bakwiye kuragira gute abarwaye mu buryo bw’impwemu?

• Ni igiki kivyurira abakurambere umutima wo kuragira ubusho bw’Imana bajejwe?

[Ifoto ku rup. 21]

Nka kurya kw’abungere bo mu bihe vya kera, muri iki gihe abakurambere bategerezwa gukingira “intama” bajejwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika