Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 30 Nzero
INDWI ITANGURA KU WA 30 NZERO
Ururirimbo rwa 30 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 16 ing. 1-7, n’uruzitiro ku rup. 128 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 43-46 (Imin. 10)
No. 1: Yesaya 45:15-25 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ukuntu ukwihangana kw’Imana gushikana ku bukiriro—2 Pet. 3:9, 15 (Imin. 5)
No. 3: Abakirisu ntibabwirizwa kwubahiriza Isabato (td 18A) (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo. Mukoresheje uburyo bwo gutanguza ibiyago buri ku rupapuro rwa 4, nimugire umwerekano w’ukuntu inyigisho ya Bibiliya yotanguzwa ku wa gatandatu wa mbere wa Ruhuhuma. Nimukoreshe ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero, mwisunge Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kubishikiriza.
Imin. 10: Ico womenya ku bijanye n’ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru yabo—Igice ca 1. Insiguro ishingiye kuri Be maso! yo muri Nzero-Ntwarante 2012, urupapuro rwa 16-19.
Imin. 20: “Woba witeguriye gutabarwa vyihutirwa mu bijanye no kuvurwa?” Ibibazo n’inyishu. Nushikirize intangamarara ngufi ukoresheje ibivugwa mu ngingo ya mbere, n’insozero ngufi ukoresheje ibivugwa mu ngingo ya nyuma.
Ururirimbo rwa 116 n’isengesho