Urwaruka ruribaza
Nshobora gute gushika ku migambi nishingiye?
NI IKIHE woshima kuronka muri ibi bintu bikurikira?
● Kurushiriza kwiyumvamwo ko hari ico ushoboye
● Kurushiriza kuronka abagenzi
● Kurushiriza kuronka agahimbare
Mu bisanzwe, urashobora kubironka vyose uko ari bitatu! Uti gute? Mu kwishingira imigambi no mu kuyishikako. Rimbura ibi bikurikira.
Kurushiriza kwiyumvamwo ko ubishoboye Niwishingira imigambi mitomito maze ukayishikako, uzorushiriza kwiyumvamwo ko ushoboye kwishingira imigambi ihambaye kuruta. Ivyo bizogufasha kandi guhangana n’imikazo yo mu buzima bwa misi yose, nko kunanira akosho k’urunganwe. Abandi na bo ntibazobura kubona umwiyemezo ufise bitume bakwubaha. Bamwebamwe boshobora kureka kukugora. Nkako, boshobora mbere gutangura kugushima.—Gereranya na Matayo 5:14-16.
Kurushiriza kuronka abagenzi Abantu barahimbarwa no kuba kumwe n’abantu bakunda kwishingira imigambi, ni ukuvuga abantu bazi ivyo bashaka kandi biteguriye gukora kugira ngo babironke. Kandi igihe abantu bakwiyegereza kubera imigambi yawe, akenshi usanga baba mu bagufasha gushika kuri iyo migambi.—Umusiguzi 4:9, 10.
Kurushiriza kuronka agahimbare Tuvyemange: Nta gitangaje kiri mu kurindira ko hagira ikintu kiba mu buzima bwawe. Ariko rero, igihe wishingiye imigambi maze ukayishikako, uca wumva uhimbawe no kuba wagize ico ushikako. Ntibitangaje kuba intumwa Paulo, uno akaba ari umukirisu wo mu kinjana ca mbere, yarigeze kuvuga ati: “Siniruka ntagira umugambi.” (1 Abakorinto 9:26, Contemporary English Version) Uribuka kandi yuko uko umugambi urushiriza kuba uwuhambaye, ari ko na wewe urushiriza kwumva ko uhimbawe iyo uwushitseko!
Woba witeguriye gutangura? Nukurikize ibintu bivugwa ku rupapuro rukurikira, runo ukaba ushobora kurugegena hanyuma ukaruzinga.a
Ibindi biganiro vyo mu rukurikirane ruvuga ngo “Urwaruka ruribaza” (mu gifaransa), urashobora kubisanga ku muhora wa Internet witwa www.watchtower.org/ypf
[Akajambo k’epfo]
a Ivyo vyiyumviro vyagenewe kugufasha mu bijanye n’imigambi ushobora gushikako mu mayinga makeyi canke mu mezi makeyi, ariko ingingo ngenderwako zirimwo zirerekeye n’imigambi ushobora gushikako mu gihe kirekire.
IVYO UKWIYE KUZIRIKANAKO
● Vyoba bishoboka ko umuntu yishingira imigambi myinshi cane icarimwe?—Abafilipi 1:10.
● Kwishingira imigambi vyoba bisobanura yuko ukwiye gutegekanya akantu kose ukora mu buzima bwawe?—Abafilipi 4:5.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 25, 26]
Ukuntu woshika ku migambi yawe
NUMENYE IYO ARI YO Imigani 4:25, 26 1
“Ntutinye kwishingira imigambi ihambaye. Nimba abandi barayishitseko, na wewe wobishobora.”—Roben.
1. Niwiyumvire imigambi itandukanye woshobora kwishingira. Nunezerererwe iyo ntambwe! Ntiwinjire mu tuntu tw’ido n’ido; niwandike gusa ivyiyumviro vyinshi bishoboka. Nurabe nimba ushobora kuronka n’imiburiburi imigambi 10 canke 20.
2. Nusuzume iyo migambi yawe. Ni iyihe muri yo isa n’iyigushimisha kuruta iyindi? Ni iyihe igoye kuruta iyindi? Ni iyihe canecane wohimbarwa no gushikako? Uribuka yuko imigambi myiza kuruta iyindi ari iyo wewe ubona ko ihambaye kuruta iyindi.
3. Raba imigambi ikwiye kuja imbere. Nubanze uhitemwo imigambi mitomito woshobora gushikako mu misi mikeyi. Ubukurikira, nuhitemwo imigambi ihambaye (ushobora gushikako mu mayinga canke mu mezi atari make). Nutondeke imigambi yawe ukurikije ukuntu wipfuza kuyishikako.
Akarorero k’imigambi wokwishingira
Ubugenzi Kurondera umugenzi atari mu bo tungana. Kunagura ubugenzi bwa kera.
Amagara Kumara iminuta 90 buri ndwi ndiko ndinonora imitsi. Kuryama amasaha umunani buri joro.
Ishure Kuronka amanuta meza mu biharuro. Gushigikira ibigororotse igihe abandi barondeye gutuma niba ikibazo.
Ivy’impwemu Gusoma Bibiliya iminuta 15 ku musi. Kubwira ivyo nemera umunyeshure mugenzanje muri iyi ndwi.
Gutegekanya Imigani 21:5 2
“Kwishingira imigambi ni ikintu ciza, mugabo urakeneye kandi gutegekanya ukuntu uzoyishikako. Ahandiho izokwama ari imigambi gusa, ntiwigere uyishikako.”—Derrick.
Ku bijanye n’umugambi umwumwe wose wishingiye, nugire ibi bikurikira:
1. Niwandike uwo mugambi.
2. Nushinge igihe uzowushikirako. Na kare, wishingiye umugambi mugabo ntiwerekane igihe uzowushikirako, uba uriko urarota gusa!
3. Nutegekanye intambwe ubwirizwa gutera kugira ngo uwushikeko.
4. Niwiyumvire ibintu vyohava bikubera intambamyi. Nuce wiyumvira ingene uzobitsinda.
5. Nugire umwiyemezo. Niwiyemeze kuzokora uko ushoboye kwose kugira ngo ushike kuri uwo mugambi. Nuheze ushireko umukono n’itariki.
Kwiga igisupanyoli kugira ngo kizomfashe mu rugendo nzogira muri Esupanye ku wa 1 Mukakaro
Intambwe
1. Kurondera agatabu karimwo amajambo akunda gukoreshwa.
2. Kwiga amajambo cumi mashasha buri ndwi.
3. Kwumviriza abandi bantu bavuga igisupanyoli.
4. Gusaba umuntu ngo asuzume indimburo nkoresha be n’ukuntu natura amajambo.
Intambamyi zoshobora gushika
Nta n’umwe avuga igisupanyoli mu babanyi
Ingene nozitsinda
Kuvoma ku muhora wa “Internet” witwa www.pr2711.com amayagwa yo kwumviriza yafashwe mu rurimi rw’igisupanyoli.
․․․․․ ․․․․․
Umukono Itariki
Nugire Ico Ukoze! Yohani 13:17 3
“Urashobora gusamara bitagoranye maze ukibagira imigambi wishingiye, ari co gituma utegerezwa kubandanya uyizirikanako ukongera ukaguma ugira ico ukoze kugira ngo uyishikeko.”—Erika.
Nutangure udatebaganye. Niwibaze uti: ‘Nokora iki uno musi kugira ngo nshike ku mugambi nishingiye?’ Ego niko, woshobora kuba udafise utuntu twose dukenewe, mugabo ntureke ngo ivyo bikubuze gutangura. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “niwarindira yuko umuyaga be n’ikirere bimera neza, ntuzokwigera utera ikintu na kimwe kandi ntuzokwigera wimbura ikintu na kimwe.” (Umusiguzi 11:4, Today’s English Version) Nurondere ikintu wokora uno musi, naho coba ari gito, maze ugikore.
Nusuzume imigambi yawe buri musi. Niwiyibutse igituma umugambi umwumwe wose uhambaye kuri wewe. Nuze uraraba aho ugeze muri uwo mugambi mu gushira akamenyetso ✔ (canke igenekerezo) iruhande y’intambwe imwimwe yose uko uyirangije.
Nuhuze n’ukuntu ibintu vyifashe. Naho woba warategekanije ibintu mu buryo bwiza gute, vyoshobora kuba ngombwa ko ugira ivyo uhinduye uko umugambi wawe ubandanya gutera imbere. Nta ngorane. Nturondere kwumira rwose ku kuntu wategekanije ibintu. Nugume gusa utera imbere urondera gushika ku mugambi wawe.
Nukoreshe ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira. Numere nk’uwihutisha ibintu maze use n’uwubona mu bwenge ko washitse ku mugambi wishingiye. Nuse n’uwiyumvamwo umunezero uva ku kuba washitse kuri uwo mugambi. Ubukurikira, numere nk’uwusubiza inyuma intambwe wagiye uratera, maze use n’uwihweza mu bwenge imwimwe yose muri zo. Ubwa nyuma, numere nk’uwutanguye gukora. Numere nk’uwibona uriko uratera intambwe imwimwe yose, maze wiyumvire ukuntu uzohimbarwa niwashika ku mugambi wawe. Ubu na ho tangura ukore!
[Ifoto]
Imigambi twoyigereranya n’imigero. Bisaba ko ugira ico ukoze kugira ngo ivemwo ikintu kiboneka!
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 25]
IVYO ABO MU RUNGANWE RWAWE BAVUGA 4
“Biroroshe ko ucika intege mu gihe ata mugambi utomoye canke ushimishije ufise. Mugabo igihe wishingira imigambi maze ukayishikako, urumva umerewe neza.”—Reed.
“Ntiwiteko umwikomo igihe utaranguye neza umugambi wishingiye canke igihe utawuranguye mu kiringo wari witeze. Ivyo nta co vyokumarira. Nugume ugerageza!”—Cori.
“Niwiture abantu bamaze gushika ku migambi nk’iyawe. Barashobora kukuremesha no kuguterera ivyiyumviro vyokugirira akamaro. Vyongeye, nuyagire imigambi yawe abo mu muryango wawe kugira ngo bagufate mu mugongo.”—Julia.
[Igicapo ku rup. 24]
(For fully formatted text, see publication)
Gegena
Zinga