ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g18 no. 2 rup. 15
  • 12 Imigambi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 12 Imigambi
  • Be maso!—2018
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO BISOBANURA
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • ICO WOKORA
  • Nshobora gute gushika ku migambi nishingiye?
    Be maso!—2011
  • Noshika gute ku migambi yanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Nukoreshe imigambi yo mu vy’impwemu kugira uninahaze Umuremyi wawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ingene woshika ku migambi ufise yo mu vy’impwemu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Ibindi
Be maso!—2018
g18 no. 2 rup. 15
Umusore ariko aracapa umugero w’inzu

Kurya nyene umugero uteba ukavamwo inzu, ni ko n’umugambi uvamwo ikintu kiboneka iyo umuntu agize ishaka

URWARUKA

12 Imigambi

ICO BISOBANURA

Umugambi si ikintu umuntu yiyumvira mu bwenge gusa. Imigambi myiza isaba gutegekanya, guhuza n’uko ibintu vyifashe no kuba umunyabikorwa.

Hariho imigambi mitomito (imara imisi canke amayinga), imigambi igereranye (imara amezi), be n’imigambi mininiminini (imara umwaka canke urenga). Nta wushika ku migambi minini atabanje mitomito.

IGITUMA BIHAMBAYE

Iyo ushitse ku migambi kanaka biratuma uhera ubwoba, ubugenzi ufitaniye n’abandi bugakomera, kandi ugahimbarwa cane.

Guhera ubwoba: Iyo ushitse ku migambi mitomito, uca uhera ubwoba maze ugatandukira mininiminini. Bituma kandi uhangana n’ingorane zo mu buzima bwa misi yose ata bwoba, nk’akarorero ukananira inyosha mbi z’urunganwe rwawe.

Ubugenzi: Abantu barakunda kwiyegereza umuntu afise imigambi, ni ukuvuga umuntu afise intumbero mu buzima kandi yiteguriye kuyishikako. Vyongeye, kimwe mu bintu vya mbere bikomeza ubugenzi ni ugukorana n’uwo muhuje umugambi.

Agahimbare: Iyo uranguye imigambi wishingiye urumva ko hari ico washitseko.

“Ndakunda kwishingira imigambi. Bituma ntarera amaboko, kandi nkaguma mfise ihangiro nipfuza gushikako. Iyo nshitse ku mugambi nishingiye, ndatereza amaso inyuma ndyohewe maze nkavuga nti: ‘Bwa bundi ndi umugabo basi!’”​—Christopher.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Uwuraba umuyaga ntazobiba imbuto; kandi uwitegereza ibicu ntazoshwabura.”​—Umusiguzi 11:4.

ICO WOKORA

Raba ivyogufasha kwishingira imigambi no kuyishikako:

Banza uyimenye. Gira urutonde rw’imigambi wipfuza gushikako, uce uyitondeka wisunze uko wipfuza kuyikurikiranya.

Tegekanya ibintu. Ku mugambi umwumwe wose, nukore ibi bintu:

  • Shinga igihe ntarengwa.

  • Tegekanya ibizokenerwa.

  • Iyumvire ingorane zoshika be n’ingene wozitunganya.

Jako ukore. Nturindire ngo ubanze kwegeranya utuntu twose imbere y’uko utangura. Niwibaze uti: ‘Nohera ku ki?’ Nuce ugikora. Za uraraba aho ugeze ku rutonde rw’ivyo wategekanije.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.”​—Imigani 21:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika