Ingene woshika ku migambi ufise yo mu vy’impwemu
1. Ni imigambi iyihe yo mu vy’impwemu abakirisu benshi b’urwaruka bafise?
1 Kubera ko uri umukirisu akiri muto, nta gukeka ko imigambi ufise mu buzima iva ku rukundo ukunda Yehova no ku majambo Yezu yabwiye abakirisu bose ngo ‘babanze kwitwararika ubwami bw’Imana’ (Mat. 6:33). Ushobora kuba ufise umugambi wo kwagura ubusuku bwawe mu gukora uri umutsimvyi canke mu gukorera ahakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi. Hari aboba bategekanya kwitanga kugira babe abubatsi mvamakungu, bakorere kw’ishami, canke bakore ari abamisiyonari. Ese ukuntu iyo ari imigambi imara akanyota kandi ishimwa!
2. Ni igiki gishobora kugufasha gushika ku migambi yawe yo mu vy’impwemu?
2 Icogufasha gushika ku migambi yawe yo mu vy’impwemu ni ukugira aho uyanditse. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2004 wavuze uti: “Iciyumviro kidasobanutse kiratomoka kandi kikumvikana iyo [uhisemwo] amajambo yo kugiserura. . . . Hari aho rero [woshima] kwandika ku rupapuro imigambi ya[we] be n’ingene [woyishikako]”. Vyongeye, imigambi mitomito utegerezwa kubanza gushikako, irashobora kugufasha kuraba aho ugeze mu gutera imbere ikanagufasha kugumiza ubwenge ku mugambi wawe w’igihe kirekire uriko urondera gushikako.
3. Vuga imigambi imwimwe yo mu gihe gito ishobora gufasha umuntu gukwiza ibisaba kugira abatizwe.
3 Imigambi yo mu gihe gito: Niba utarabatizwa, rimbura ivyo ukeneye kubanza gukora kugira ushike kuri uwo mugambi. Hari aho woba ukeneye gutahura neza kuruta inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya. Niba ari ukwo, niwishingire umugambi wo kwiga bimwe binogangije igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, uze uraraba ivyanditswe vyose vyatanzwe ariko bitasubiwemwo mu majambo (1 Tim. 4:15). Niwishingire kandi umugambi wo gusoma Bibiliya yose uko ingana kuva mw’Itanguriro gushika mu Vyahishuriwe, nk’uko Abanyabeteli be n’abanyeshure b’i Gileyadi basabwa kubigira. Ivyo bimaze kurangira, guma ufise urutonde rwo kwama usoma Bibiliya ku musi ku musi (Zab. 1:2, 3). Urazi ukuntu ivyo vyogufasha gukura mu vy’impwemu! Igihe cose co gusoma no kwiga Bibiliya, tanguza wongere usozere n’isengesho rivuye ku mutima, wongere ugume urondera gushira mu ngiro ivyo wiga.—Yak. 1:25.
4. Ni imigambi iyihe yo mu gihe gito umukirisu afise umugambi w’igihe kirekire wo gukorera kuri Beteli canke kuba umumisiyonari yoshobora kwishingira?
4 Niba umaze kubatizwa, ni iyindi migambi iyihe woshobora gukurikirana? Woba ukeneye kuryohora ubuhanga bwawe bwo kwamamaza? Nk’akarorero, woba ushobora kwishingira intumbero yo kuba umuntu amenyereye cane gukoresha Ijambo ry’Imana mu busuku bwo mu ndimiro (2 Tim. 2:15)? Woshobora gute kwagura ubusuku bwawe? Niwishingire imigambi itomoye yo mu gihe gito ihuye n’imyaka ufise be n’uko ivyawe vyifashe kandi izogufasha gushika ku migambi yawe y’igihe kirekire.
5. Kwishingira imigambi yo mu gihe gito vyafashije gute umuvukanyi umwe gushika ku mugambi wiwe wo gukorera kuri Beteli?
5 Inkuru y’uwashitse ku mugambi wiwe: Igihe umuhungu umwe w’imyaka 19 yitwa Tony yagendera ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova, yaciye agira icipfuzo co gukorera kuri Beteli. Ariko rero, yari abayeho mu buryo butabereye, kandi ntiyari bwiyegurire Imana. Tony yafashe ingingo yo guhuza ubuzima bwiwe n’inzira za Yehova hanyuma yishingira umugambi wo gukwiza ibisabwa kugira abatizwe. Amaze gushika kuri uwo mugambi, yaciye yishingira umugambi wo gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu nyuma na ho ubutsimvyi busanzwe, mu gushira ku kirangamisi ciwe ikimenyetso ku matariki yipfuza kubutangurirako. Iyumvire nawe umunezero yagize aho agiye abona atumiwe gukorera kuri Beteli, amaze ikiringo kinaka akora ubutsimvyi!
6. Ni igiki gishobora kugufasha gushika ku migambi yawe yo mu vy’impwemu?
6 Na wewe urashobora gushika ku migambi yawe yo mu vy’impwemu uko urondera kubanza kwitwararika ivy’Ubwami. Gumiza “ibikorwa vyawe” imbere ya Yehova biciye mw’isengesho no mu kwihata ubigiranye umwete kugira ubishikeko.—Imig. 16:3; 21:5.