Urwaruka ruribaza
Ico womenya ku bijanye n’ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru yabo—Igice ca 1
“Ndafise abagenzi mu bindi bihugu, kandi uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kuguma duhanahana amakuru, ni ugukoresha ibibanza vyo kuri Internet dushirako amakuru atwerekeye. Ndaryoherwa no kuba nshobora kuyaga na bo naho bari iyo catawe.”—Sue w’imyaka 17.a
“Mbona yuko gukoresha ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye ari ugutakaza umwanya bikaba n’uburyo bwo kugiranira imigenderanire n’abandi utarinze kugira akigoro. Mu bugenzi, nta coza kiruta kwibonanira n’abantu amaso mu yandi”—Gregory w’imyaka 19.
MURI ayo majambo ari aho haruguru ni ayahe ahuye cane n’ukuntu wewe ubona ibintu? Ayo wohitamwo yose, ico tutokeka co ni iki: Ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye bisigaye bikundwa n’abantu benshi cane.b Rimbura iki kintu: Vyatwaye imyaka 38 kugira ngo iradiyo ikoreshwe n’abantu imiliyoni 50, imyaka 13 kugira ngo televiziyo ikoreshwe n’ico gitigiri nyene, be n’imyaka 4 kugira ngo Internet ikoreshwe n’abo bantu nyene. Mu mwaka umwe gusa, abantu imiliyoni 200 baheruka kwiyandikisha ku kibanza co kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye citwa Facebook!
Kuri aya majambo akurikira, shira akamenyetso kuri ni vyo canke si vyo:
Uravye abantu bakoresha bene ivyo bibanza, abana b’imiyabaga usanga ari bo benshi kuruta abandi. ․․․․․ Ni vyo ․․․․․ Si vyo
Inyishu: Si vyo. Abantu hafi babiri kuri batatu mu bakunda gukoresha cane mwene ico kibanza, usanga bafise imyaka 25 canke irenga. Mu 2009, mu bantu barenza imyaka 55 ni ho habonetse iyongerekana rinini ry’abiyandikishije kuri mwene ico kibanza!
Naho ari ukwo, abakiri bato amamiliyoni barakoresha mwene ivyo bibanza, kandi kuri bamwebamwe ni bwo buryo bwo guhanahana amakuru bikundira kuruta ubundi. Umwana umwe w’umuyabaga yitwa Jessica avuga ati: “Narahagaritse umuhora wanje, mugabo mu nyuma ndasubira kuwuguruza kubera ko ata muntu n’umwe yandondera kuri telefone. Ni nk’aho abantu bakwibagira igihe udakoresha ikibanza co kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye!”
Kubera iki abantu bahurumbira mwene ivyo bibanza? Kubera gusa yuko basanganywe icipfuzo co guhanahana amakuru n’abandi. Ico nyene ni co mwene ivyo bibanza bibereyeho. Reka turabe icoshobora gutuma abantu benshi bipfuza kwiyandikisha kuri mwene ivyo bibanza.
1. Birorohereza abantu.
“Kuguma uhanahana amakuru n’abagenzi bawe vyoshobora kukugora, mugabo igihe bose baba bariyandikishije ku kibanza kimwe, biroroha!”—Leah w’imyaka 20.
“Iyo ngize ico nanditse kuri bene ico kibaza, uca umenga ndungikiye ubutumwa abagenzi banje bose icarimwe.”—Kristine w’imyaka 20.
2. Akosho k’urunganwe.
“Nama nsabwa kuja ku rutonde rw’abagenzi rw’umuntu kanaka, mugabo singira umuhora, ari co gituma bidashoboka.”—Natalie w’imyaka 22.
“Iyo mbwiye abantu yuko nahisemwo kutuguruza umuhora, baca bandaba nk’aho bagomba kumbwira ngo: ‘Ubwo nta kitagenda neza?’”—Eve w’imyaka 18.
3. Akosho k’ibimenyeshamakuru.
“Ibimenyeshamakuru biremesha iciyumviro c’uko mu gihe umuntu ataguma ahanahana amakuru n’abandi mu buryo budasanzwe, ata bagenzi aronka. Kandi kutagira abagenzi ni cokimwe no kutabaho. Mu gihe rero utiyandikishije ku kibanza co kuri ‘Internet’ abantu bashirako amakuru aberekeye, nta co uba umaze.”—Katrina w’imyaka 18.
4. Ishure.
“Abigisha banje barakoresha ibibanza vyo kuri ‘Internet’ bashirako amakuru aberekeye. Bamwebamwe barashiraho ubutumwa butumenyesha igihe tuzokorerako akabazo. Canke mu biharuro, nk’akarorero, iyo hari ico ntatahura, ndashobora gushira ubutumwa ku muhora w’umwigisha wanje maze akamfasha kugitahura biciye kuri ‘Internet’.”—Marina w’imyaka 17.
5. Akazi.
“Abantu barondera akazi barakoresha ikibanza co kuri ‘Internet’ abantu bashirako amakuru aberekeye kugira ngo bahanahane amakuru n’abandi. Rimwe na rimwe ivyo birabafasha kuronka akazi.”—Amy w’imyaka 20.
“Ndakoresha ikibanza co kuri ‘Internet’ abantu bashirako amakuru aberekeye kugira kimfashe mu kazi kanje. Biratuma abakiriya babona ibikorwa bijanye no gucapa mba ndiko ndakora.”—David w’imyaka 21.
Woba ukwiye kwiyandikisha kuri bene ico kibanza? Nimba uba i muhira, abavyeyi bawe ni bo bakwiye gufata ingingo.c (Imigani 6:20) Nimba abavyeyi bawe batipfuza ko wiyandikisha muri bene ico kibanza, urakwiye kwubahiriza ivyipfuzo vyabo.—Abanyefeso 6:1.
Ariko rero, hari abavyeyi bemerera abana babo bakuze gukoresha bene ico kibanza, maze bagacungera ukuntu bagikoresha. Nimba ari ukwo biri ku bavyeyi bawe, boba none bakuvogera? Ihibambewe! Kubera ko mwene ico kibanza ari igikoresho gifise ububasha, kuba abavyeyi bawe barazwa ishinga n’ukuntu ugikoresha, ni ikintu cumvikana. Ico womenya coco ni uko mwene ivyo bibanza, cokimwe n’ubundi buryo nka bwose bwo gukoresha Internet, birimwo ingeramizi. Nimba abavyeyi bawe bakwemerera kwiyandikisha kuri bene ico kibanza, ushobora gute kwirinda izo ngeramizi?
Nuyikoreshe wiyubara
Mu buryo butandukanye, gukoresha Internet birashobora kugereranywa no gutwara umuduga. Nk’uko ushobora kuba umaze kubibona, si abantu bose bafise uruhusha rwo gutwara umuduga baba ari abashoferi bitaho ibintu. Nkako, abantu benshi baragira amasanganya ateye ikinya bitumwe n’uko ari abanyarwangara canke bafata ibintu minenegwe.
Ni na ko biri ku bantu bakoresha Internet. Bamwe bayikoresha batitaho ibintu, abandi bakayikoresha biyubara. Nimba abavyeyi bawe barakwemereye gukoresha uwo muce wa Internet ushobora guteza akaga, uwo na wo ukaba ari ibibanza abantu bashirako amakuru aberekeye, barakwizigiye. None werekanye ko uyikoresha gute? Woba warerekanye ko “uzigama ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira”?—Imigani 3:21.
Muri iki kiganiro tugira twihweze imice ibiri ijanye no gukoresha bene ivyo bibanza ukwiye kwitwararika cane, iyo na yo akaba ari akabanga kawe be n’umwanya wawe. Ikindi kiganiro kivuga ngo “Urwaruka ruribaza” co muri iyi Be maso! nyene kiraza guca irya n’ino ibijanye n’izina ryawe be n’ubugenzi ugiranira n’abandi.
AKABANGA KAWE
Woshobora kuba utiyumvira ko utegerezwa kuzigama akabanga kawe ku bijanye n’ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye. Na kare, none si aho guhanahanira amakuru n’abandi? Ariko rero, utabaye maso birashobora kugukwegera akarambaraye.
Tubitangire akarorero: Dufate ko ufise amahera menshi. Woba wogenda urayereka abantu bose? Bwoba ari ubupfu kuko woba uriko urihamagarira abasuma! Hamwe woba uri inkerebutsi, woyanyegeza aho ata woyabona.
Nufate ko amakuru akwerekeye ari amahera yawe. Ufise ico kintu mu muzirikanyi, niwihweze urutonde ruri aha hepfo maze ushire akamenyetso ku bintu utoshima kumenyesha umuntu utazi na gato.
․․․․․ aho uba
․․․․․ aderese yawe yo kuri Internet
․․․․․ aho wiga
․․․․․ igihe uba uri i muhira
․․․․․ igihe ata n’umwe aba ari i muhira
․․․․․ amafoto yawe
․․․․․ ukuntu ubona ibintu
․․․․․ ivyo ukunda
Naho woba uri umuntu ashikirana kuruta abandi bose kw’isi, ntiwobura kwemera ko hariho n’imiburiburi ibintu bimwebimwe muri urwo rutonde ruri aho haruguru utopfa uwo ubibwiye. Mugabo abakiri bato benshi hamwe n’abakuze barahishurira ivyo bintu abantu batazi batabiciye n’ikanda! Ushobora gute kwirinda kugwa muri uwo mutego?
Nimba abavyeyi bawe bakwemerera gukoresha bene ico kibanza, urakeneye kumenya neza imice yaco igufasha kwizigamira akabanga, maze ukayikoresha. Ntureke ngo ico kibanza abe ari co kikuzigamira akabanga. Ico womenya coco ni uko imice y’ico kibanza yoshobora gutuma abantu benshi kuruta uko wavyiyumvira babona ikibanza cawe kandi bakagira ico bacanditsemwo. Ico ni kimwe mu vyatumye umwigeme umwe yitwa Allison atunganya imice yo ku kibanza ciwe ku buryo abagenzi biwe somambike baba ari bo gusa bashobora kubona ivyo aza arahashira. Avuga ati: “Bamwebamwe mu bagenzi banje bari bafise abagenzi ntazi, kandi sinashaka ko abo bantu ntazi basoma ibinyerekeye.”
N’igihe nyene uhanahana amakuru n’abagenzi bawe somambike gusa, urakeneye kwiyubara. Uwitwa Corrine w’imyaka 21 avuga ati: “Urashobora gutwarwa n’ivyo abagenzi bawe bandika, ku buryo utangura gushirako amakuru akwerekeye aruta ayo wari ukwiye gushirako.”
Urama wibuka yuko udashobora kuzigama akabanga bimwe vyuzuye kuri Internet. Uti kubera iki? Uwitwa Gwenn Schurgin O’Keeffe amenyesha mu gitabu ciwe (CyberSafe) ati: “Imihora ikomakomeye yo kuri Internet irabika amakuru ari kuri yo.” Yongerako ati: “Ivyo dushira mu bibanza tubikamwo amakuru mu vy’ukuri ntivyigera bizimangana. Tubwirizwa kubona yuko bihaguma kubera ko bishoboka cane ko biba biri ahantu hanaka; kwiyumvira ibihushanye n’ivyo ni ubupfu.”
UMWANYA WAWE
Akabanga kawe si ko gusa kogereranywa n’amahera menshi; n’umwanya wawe ni ukwo. Urakeneye rero kuwukoresha neza. (Umusiguzi 3:1) Ico ni kimwe mu bintu bigoye kuruta ibindi mu bijanye n’uburyo ubwo ari bwo bwose bwo gukoresha Internet, harimwo na vya bibanza abantu bashirako amakuru aberekeye.d
“Ni kenshi navuga nti: ‘Ngira nkoreshe ‘Internet’ akanya gato.’ Isaha yahera nkiri kuri yo.”—Amanda w’imyaka 18.
“Nari umuja wayo. Igihe cose naba nshitse i muhira mvuye kw’ishure, naca mara amasaha ndiko ndaraba ivyo abantu bamwebamwe baba bavuze ku bijanye n’ivyo nashize ku kibanza canje nongera nihweza ivyo bashize ku bibanza vyabo.—Cara w’imyaka 16.
“Kubera ko nashobora gushikira ‘Internet’ nkoresheje telefone ngendanwa yanje, narayikoresha ndiko ndaja kw’ishure, ndi kw’ishure, be n’igihe naba ndiko ndataha. Igihe na ho naba nshitse i muhira, naca nkoresha orodinateri. Nari nzi ko namaze kuba umuja wayo, mugabo sinashaka guhagarika!”—Rianne w’imyaka 17.
Nimba abavyeyi bawe bakwemerera gukoresha ico kibanza, nuzirikane umwanya utarenze urugero ukwiye kumara buri musi kuri ico kibanza. Nuce wicungera. Mu kiringo c’ukwezi kumwe, nugume wandika umwanya umara uri kuri ico kibanza maze urabe nimba wisunga uturimbi wishingiye. Uribuka yuko umwanya wawe ari cokimwe n’amahera yawe. Ntureke rero ngo ico kibanza kiwukurye. Nakare, hariho ibintu vyo mu buzima bihambaye kuruta!—Abanyefeso 5:15, 16; Abafilipi 1:10.
Abakiri bato bamwebamwe barafashe ingingo zimwezimwe zibafasha gucungera umwanya wabo. Nk’akarorero, rimbura ibivugwa n’aba bakurikira:
“Igihe nugara ikibanza co kuri ‘Internet’ nshirako amakuru anyerekeye, naciye ndonka umwanya utagira uko ungana. Numvise mbohowe! Mperutse kwongera kucugurura, mugabo ndacungera neza ukuntu ndagikoresha. Birashika hagaca imisi ntagikoresheje. Rimwe na rimwe mbere ndacibagira. Ico kibanza nicasubira kunteza ingorane, nzoca ndacugara.”—Allison w’imyaka 19.
“Ndacishamwo nkamara amezi nk’angahe nugaye ikibanza co kuri ‘Internet’ nshirako amakuru anyerekeye, mu nyuma nkongera nkacugurura. Ivyo ndabigira igihe cose mbonye ko nsigaye ndakimarako umwanya munini. Ubu sinumva ko ndi umuja waco nk’uko nahora. Ndagikoresha ku bw’intumbero yinaka, mugabo mpejeje ngaca ndacugara.”—Anne w’imyaka 22.
Ikintu kidashoka cibonekeza
Hariho ikindi kintu kijanye na mwene ivyo bibanza ukeneye kurimbura. Kugira ngo tugufashe gutahura ico kintu, shira aka kamenyetso ✔ ku ciyumviro ubona ko kibereye kuruta ibindi.
Ikibanza co kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye ahanini ni . . .
(A) ․․․․․ urudandaza.
(B) ․․․․․ ahantu abantu bahurira.
(C) ․․․․․ uburyo bwo kwisamaza.
None inyishu y’ukuri ni iyihe? Uvyemera utavyemera, ni A. Imbere ya vyose, mwene ico kibanza ni urudandaza. Intumbero yaco ni ukwironkera inyungu, ahanini biciye ku guhayanisha ibidandazwa. Kandi bene guhayanisha ibidandazwa babona yuko uko ikibanza kinaka kirushiriza kuronka abanywanyi, maze bano bagahanahana amakuru cane, ni ko kirushiriza kugira agaciro. Kandi birumvikana: Uko wewe canke abandi murushiriza kumara umwanya mukoresha ico kibanza, ni ko ibidandazwa bihayanishwa birushiriza kubonwa.
Kumenya ivyo biragufasha gutahura ko mwene ivyo bibanza ata kintu kinini bihomba vy’ukuri, be n’uko abahayanisha ibidandazwa ari bo bahungukira cane, mu gihe ubwiye abantu benshi amakuru akwerekeye canke mu gihe umaze umwanya munini uriko urabikoresha. Nimba rero ufashe ingingo yo gukoresha mwene ico kibanza, nukore uko ushoboye kwose kugira ngo uzigame akabanga kawe wongere ucungere umwanya ukimarako.
MU KIGANIRO “URWARUKA RURIBANZA” . . . GIKURIKIRA
Gukoresha ikibanza co kuri “Internet” abantu bashirako amakuru aberekeye birashobora kugira ico bikoze kw’izina ryawe no ku bugenzi ugiranira n’abandi. Raba ukuntu ivyo vyoshobora gushika.
Ibindi biganiro vyo mu rukurikirane ruvuga ngo “Urwaruka ruribaza” (mu gifaransa), urashobora kubisanga ku muhora wa Internet witwa www.watchtower.org/ypf
[Utujambo tw’epfo]
a Abavugwa muri iki kiganiro si ko bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.
b Mwene ico kibanza ni umuhora wo kuri Internet utuma abawiyandikishako bashobora guhanahana amakuru n’umugwi munaka w’abagenzi.
c Ikinyamakuru Be maso! ntigishigikira canke ngo kirwanye ikibanza kinaka mwene ico. Abakirisu barakwiye kwiyemeza neza ko ukuntu bakoresha Internet bidatuma barenga ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya.—1 Timoteyo 1:5, 19.
d Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikiganiro “Urwaruka ruribaza . . . Noba ndi umuja w’ivyuma vyo mu buhinga bwa none?” muri Be maso! yo muri Ndamukiza-Ruheshi 2011. Raba canecane uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 28, ruvuga ngo “Nari umuja w’ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye.”
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 17]
Vyatwaye imyaka 38 kugira ngo iradiyo ikoreshwe n’abantu imiliyoni 50
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 17]
Mu mwaka 1 gusa, abantu barenga imiliyoni 200 baheruka kwiyandikisha ku kibanza co kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye citwa Facebook
[Uruzitiro ku rup. 19]
UBONA GUTE UBAJIJE ABAVYEYI BAWE?
Nuyage n’abavyeyi bawe ibibazo bijanye no kuzigama akabanga kuri Internet. Ni ibintu ibihe vyoba vyiza umuntu abigumije ari ibanga, kandi kubera iki? Ni amakuru ayahe yoshobora guteza akaga aramutse ashizwe ku muhora uwo ari wo wose wo kuri Internet? Vyongeye, nubasabe bakugire inama ku bijanye n’ukuntu wogira uburimbane hagati yo guhanahana amakuru n’abandi igihe uri kuri Internet be n’igihe uri kumwe na bo. Hoba hari ivyo abavyeyi bawe bagusaba guhindura? Nimba bihari, ni ibihe?
[Ifoto ku rup. 18]
Ivyo ushira ku kibanza co kuri “Internet” ushirako amakuru akwerekeye vyoshobora kutaba akabanga nk’uko uvyibaza
[Ifoto ku rup. 19]
Umwanya ni nk’amahera. Niwawumarira ku kintu kimwe, nta wundi uzoronka igihe uzoba uwukeneye