ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb18 Ruheshi rup. 7
  • Niwirinde imitego ijanye n’ubuhinga bwa none

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwirinde imitego ijanye n’ubuhinga bwa none
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Ivyo bijanye
  • Abagenzi ufise ku mbuga hwaniro ni bande?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ico womenya ku bijanye n’ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru yabo—Igice ca 1
    Be maso!—2012
  • Abana n’imbuga hwaniro—Igice ca 1: Umwana wanje yoba akwiye gukoresha imbuga hwaniro?
    Icofasha umuryango
  • Umuyobozi mukuru mu rwego rwitaho amagara y’abantu aragabisha ko imbuga hwaniro zishobora kugira ingaruka mbi ku bakiri bato: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
mwb18 Ruheshi rup. 7

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwirinde imitego ijanye n’ubuhinga bwa none

Yezu aranse guhindura amabuye imikate

IGITUMA BIHAMBAYE: Cokimwe n’ibindi bikoresho, imbuga zo guhanahana amakuru biciye ku buhinga bwa none zirashobora kuba nziza canke mbi. Hari abakirisu bahitamwo kutazikoresha. Abandi na bo barazikoresha mu guhanahana amakuru n’incuti n’abagenzi. Shetani wewe yipfuza ko tuzikoresha ata kwiyubara, ivyo bikaba vyokwonona izina ryacu n’ubucuti dufitaniye na Yehova. Cokimwe na Yezu, igihe twisunze ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana turashobora kubona ingeramizi maze tukazirinda.​—Lk 4:4, 8, 12.

IMITEGO DUKWIYE KWIRINDA:

  • Gukoresha ubuhinga bwa none birenze. Kumara amasaha n’amasaha dukoresha ubuhinga bwa none birashobora kudutwara umwanya w’ivy’impwemu.

    Ingingo ngenderwako: Ef 5:15, 16; Fp 1:10

  • Kuraba ibintu biteye amakenga. Kuraba amashusho akabura birashobora gutuma umuntu yizizirwa no kuraba ibiterasoni canke agwa mu busambanyi. Gusoma ivyandikwa n’abahuni birashobora kwonona ukwizera kw’umuntu.

    Ingingo ngenderwako: Mt 5:28; Fp 4:8

  • Gushirako amajambo n’amafoto bitabereye. Kubera ko umutima ari umuhemu, umuntu yoshobora kwiyumvira kwandika ku rubuga kanaka amajambo atabereye canke gushirako amafoto atabereye. Ariko rero ivyo vyoshobora gucafuza izina ryiwe canke bikamuteza ingorane mu vy’impwemu.

    Ingingo ngenderwako: Rm 14:13; Ef 4:29

NIMURABE AKAVIDEWO NUKORESHE NEZA UBUHINGA BWA NONE, MUCE MUGANIRA INGENE TWOKWIRINDA IBI BINTU:

Igisuma kibonye biciye ku buhinga bwa none ko nyene inzu atariho ari
Umukoresha abonye amafoto atabereye uwusaba akazi yashize ku rubuga rwiwe
Ku buhinga bwa none umuntu arashobora kwubahuka gukoresha imvugo itabereye
Uwaraye akoresha ubuhinga bwa none vyagoye kuvyuka mu gitondo
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika