UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Niwirinde imitego ijanye n’ubuhinga bwa none
IGITUMA BIHAMBAYE: Cokimwe n’ibindi bikoresho, imbuga zo guhanahana amakuru biciye ku buhinga bwa none zirashobora kuba nziza canke mbi. Hari abakirisu bahitamwo kutazikoresha. Abandi na bo barazikoresha mu guhanahana amakuru n’incuti n’abagenzi. Shetani wewe yipfuza ko tuzikoresha ata kwiyubara, ivyo bikaba vyokwonona izina ryacu n’ubucuti dufitaniye na Yehova. Cokimwe na Yezu, igihe twisunze ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana turashobora kubona ingeramizi maze tukazirinda.—Lk 4:4, 8, 12.
IMITEGO DUKWIYE KWIRINDA:
Gukoresha ubuhinga bwa none birenze. Kumara amasaha n’amasaha dukoresha ubuhinga bwa none birashobora kudutwara umwanya w’ivy’impwemu.
Ingingo ngenderwako: Ef 5:15, 16; Fp 1:10
Kuraba ibintu biteye amakenga. Kuraba amashusho akabura birashobora gutuma umuntu yizizirwa no kuraba ibiterasoni canke agwa mu busambanyi. Gusoma ivyandikwa n’abahuni birashobora kwonona ukwizera kw’umuntu.
Gushirako amajambo n’amafoto bitabereye. Kubera ko umutima ari umuhemu, umuntu yoshobora kwiyumvira kwandika ku rubuga kanaka amajambo atabereye canke gushirako amafoto atabereye. Ariko rero ivyo vyoshobora gucafuza izina ryiwe canke bikamuteza ingorane mu vy’impwemu.
NIMURABE AKAVIDEWO NUKORESHE NEZA UBUHINGA BWA NONE, MUCE MUGANIRA INGENE TWOKWIRINDA IBI BINTU: