Urwaruka ruribaza
Ico womenya ku bijanye n’ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru yabo—Igice ca 2
Nutondeke ivyo bintu uhereye ku co ubona ko gihambaye kuruta.
․․․․․ akabanga kawe
․․․․․ umwanya wawe
․․․․․ izina wihesha
․․․․․ ubugenzi ugiranira n’abandi
MURI ivyo bintu biri aho haruguru, ni ikihe wagize ica mbere, ni ukuvuga ico ubona ko gihambaye kuruta ibindi vyose? Uwo muce w’ubuzima bwawe, cokimwe n’ivyo bindi bitatu, woshobora kugeramirwa uramutse ukoresheje ikibanza co kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye.
Woba ukwiye kwiyandikisha kuri mwene ico kibanza? Nimba ubana n’abavyeyi bawe, ni bo bakwiye gufata ingingo.a (Imigani 6:20) Nk’uko biri ku bijanye n’uburyo nka bwose bwo gukoresha Internet, gukoresha mwene ivyo bibanza, birimwo ivyiza n’ingeramizi. Nimba abavyeyi bawe batipfuza ko wiyandikisha muri mwene ico kibanza, urakwiye kwubahiriza ivyipfuzo vyabo.—Abanyefeso 6:1.
Ariko none, nimba abavyeyi bawe bakwemerera gukoresha mwene ico kibanza, ushobora gute kwirinda ingeramizi? Ikiganiro “Urwaruka ruribaza” c’imbere y’iki, caciye irya n’ino ibintu bibiri ukwiye kwitwararika, ivyo na vyo bikaba ari akabanga kawe be n’umwanya wawe. Muri iki kiganiro, tugira duce irya n’ino ibijanye n’izina wihesha be n’ubugenzi ugiranira n’abandi.
IZINA WIHESHA
Kurinda izina ryawe bisobanura kuba maso kugira ngo ntuhave utuma abandi baronka imvo yumvikana yo kukwiyumvira nabi. Tubitangire akarorero: Dufate ko ufise umuduga mushasha, ata na hamwe ukwarutse canke uhomberanye. Ntiwoshima none ko uguma umeze gutyo? Wokwumva umerewe ute nka hamwe wogira isanganya maze uwo muduga ukononekara bitumwe n’urwangara rwawe?
Ikintu nk’ico kirashobora gushikira izina ryawe ku kibanza co kuri Internet ushirako amakuru akwerekeye. Umwigeme umwe yitwa Cara avuga ati: “Ushizeko ifoto imwe gusa canke ukagira ico uhanditse rimwe gusa utabanje kwiyumvira, birashobora kwonona izina ryawe.” Nk’akarorero, rimbura ukuntu izina ryawe ryoshobora kwononwa na . . .
● Amafoto yawe. Intumwa Petero yanditse ati: “Niwame ureka abandi bakubone wigenza mu buryo bubereye.” (1 Petero 2:12, Contemporary English Version) Nimba warihweje amafoto ari ku kibanza kinaka co kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye, wabonye iki?
“Ndamaze kubona amafoto y’abantu nahora nubaha ngasanga baboneka ko ari imborerwa.”—Ana w’imyaka 19.
“Ndazi abakobwa bifotoza mu buryo butuma bashira ahabona imibiri yabo. Uravye amafoto yabo ku bibanza vyo kuri ‘Internet’ bashirako amakuru aberekeye, usanga batandukanye rwose n’ukuntu basanzwe bameze.”—Cara w’imyaka 19.
Wobona gute umuntu usanga ku kibanza ciwe co kuri Internet ashirako amafoto, aba (1) yambaye mu buryo buvyura inambu y’umubiri canke (2) aboneka ko ari imborerwa?
1 ․․․․․
2 ․․․․․
● Ivyo uhandika. Mu Banyefeso 4:29 hagira hati: “Ntihagire ijambo riboze [ni ukuvuga “ibiyāgo bibi,” Bibiliya Yera] riva mu kanwa kanyu.” Hari ababonye ko imvugo iteye isoni, urusaku canke ibiyago vyerekeye ubushegabo usanga vyisobeka mu majambo yo kuri bene vya bibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye.
“Usanga abantu basa n’abatigumya igihe bari ku kibanza co kuri ‘Internet’ bashirako amakuru aberekeye. Igihe uriko urandika amajambo, ntiyumvikana ko ari mabi nk’igihe uriko urayavuga. Woshobora kuba utariko uravuga ibishegu, mugabo amajambo ukoresha akaba avyura inambu y’umubiri, ayerekana ko ushirukanya, canke mbere ayateye isoni.”—Danielle w’imyaka 19.
Ku bwawe, ni kubera iki abantu benshi basa n’abatigumya igihe bariko barandika kuri Internet?
․․․․․
Amafoto ushira ku kibanza co kuri Internet ushirako amakuru akwerekeye be n’ivyo uhandika, vyoba vy’ukuri bihambaye? Cane nyene! Umwana umwe w’umuyabaga w’imyaka 19 yitwa Jane, avuga ati: “Ico kibazo caravuzweko vyinshi kw’ishure. Twarabonye ko kugira ngo abakoresha bamenye ukuntu uwuriko arasaba akazi ameze, bihweza ivyiwe ku kibanza co kuri Internet ashirako amakuru amwerekeye.”
Mu gitabu kimwe (Facebook for Parents), Dogoteri Fogg avuga yuko ivyo nyene ari vyo agira igihe ariko ararondera uwo aha akazi. Agira ati: “Mbona ko ico ari co kintu ntegerezwa gutangurirako. Iyo ngiye ku kibanza uwuriko arasaba akazi ashirako amakuru amwerekeye maze nkahasanga ibintu vy’ubugugu, uwo muntu sindamubona neza. Sindamuha akazi. Uti kubera iki? Kubera ko nipfuza gukorana n’abantu bakora ibibereye.”
Nimba uri umukirisu, hariho ikintu mbere gihambaye kuruta ukwiye kurimbura, ico na co kikaba ari ukuntu ivyo ushira kuri mwene ico kibanza bishobora kugira ico bikoze ku bandi, baba abo musangiye ukwemera canke abandi bantu. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ntidutanga mu buryo na bumwe igitsitaza na kimwe.”—2 Abakorinto 6:3; 1 Petero 3:16.
Ico wokora
Nimba abavyeyi bawe bakwemerera gukoresha bene ico kibanza, niwihweze amafoto washizeko maze wibaze uti: ‘Aya mafoto yerekana iki ku binyerekeye? Ukwo kwoba vy’ukuri ari ko nipfuza ko abandi bambona? Noba nomaramara hamwe abavyeyi banje, umukurambere mukirisu canke uwoshobora kumbera umukoresha, bobona ayo mafoto?’ Nimba womaramara, nugire ivyo uhinduye. Ivyo ni vyo uwitwa Kate w’imyaka 21 yagize. Avuga ati: “Umukurambere mukirisu umwe yaragize ico ambwiye ku bijanye n’ifoto nashize ku kibanza co kuri Internet nshirako amakuru anyerekeye, kandi naramukengurukiye. Nari nzi ko yipfuza gukingira izina ryanje.”
Vyongeye, nusubire usome witonze ivyo wanditse ku kibanza cawe hamwe n’ivyo abandi bahanditse. Ntugumizeho “ibiyago vy’ubupfu” canke “ibijajuro biteye isoni.” (Abanyefeso 5:3, 4) Jane w’imyaka 19 avuga ati: “Birashika abantu bakandika amajambo mabi canke ahinyitse ku bijanye n’amafoto y’umuntu. Naho ataba ari wewe wayanditse, aratuma uboneka nabi kubera ko aba ari ku kibanza cawe.”
Ku bijanye n’amafoto ushira kuri ico kibanza be n’ivyo uhandika, ni uturimbi utuhe wokwishingira kugira ngo ukingire izina ryawe?
․․․․․
UBUGENZI UGIRANIRA N’ABANDI
Hamwe woba ufise umuduga mushasha, woba wokwemera ko umuntu uwo ari we wese awinjiramwo? Nimba abavyeyi bawe bakwemerera kugira ikibanza co kuri Internet ushirako amakuru akwerekeye, urahangana n’ikibazo nk’ico nyene ku bijanye n’uwo uzokwemera ngo akubere umugenzi. None uzokwemerera nde ureke nde?
“Abantu bamwebamwe usanga ata yindi ntumbero bafise atari ukugira abagenzi benshi. Boshobora mbere kwemerera abantu batazi na gato ngo bababere abagenzi.”—Nayisha w’imyaka 16.
“Ikibanza co kuri ‘Internet’ abantu bashirako amakuru aberekeye kiratuma usubira guhanahana amakuru n’abantu mwari muzinanye kera. Ariko rimwe na rimwe biraba vyiza umuntu adasubiye kugiranira imigenderanire na bo.”—Ellen w’imyaka 25.
Ico wokora
Inama ugiriwe: Suzuma hanyuma ugire ivyo uhinduye. Nusuzume urutonde rwawe rw’abagenzi maze ugire ivyo uhinduye nimba bikenewe. Ku bijanye n’umugenzi umwumwe wese, niwibaze uti:
1. ‘Uyu muntu noba ndamuzi atari kuri “Internet”?’
2. ‘Amafoto n’amajambo uyu muntu ashira kuri Internet bimeze gute?’
3. ‘Uyu mugenzi yoba agira akosho keza ku buzima bwanje?’
“Ndakunda gusuzuma urutonde rw’abagenzi banje buri kwezi. Iyo nsanze hariyo umuntu antera ubuyega canke ntazi neza, nca ndamukura kuri urwo rutonde.”—Ivana w’imyaka 17.
Inama ugiriwe: Niwishingire ivyo wokwisunga mu guhitamwo abokubera abagenzi. Ku bijanye n’uwo wosaba canke wokwemerera ngo akubere umugenzi, niwishingire uturimbi nka kurya nyene wobigenza atari kuri Internet. (1 Abakorinto 15:33) Nk’akarorero, umwigeme umwe yitwa Leanne avuga ati: “Ivyo nisunga ni ibi: Iyo unsavye ngo ndakubere umugenzi ntakuzi, sinemera. Mu gihe mbonye ikintu kintera ubuyega ku kibanza co kuri Internet ushirako amakuru akwerekeye, nca ndagukura ku rutonde rw’abagenzi banje kandi unsavye ngo dusubire kuba abagenzi, sinemera.” Hariho n’abandi bishingiye uturimbi nk’utwo.
“Singiranira ubugenzi n’uwo ari we wese. Ivyo vyoshobora kubamwo akaga.”—Erin w’imyaka 21.
“Abanyeshure twiganye kera baransavye ko nobabera umugenzi biciye ku bibanza vyo kuri ‘Internet’ bashirako amakuru aberekeye. Mugabo nkiri kw’ishure, narakora uko nshoboye kwose kugira ngo ndabirinde. Kubera iki none ubu ari ho nobabera umugenzi?”—Alex w’imyaka 21.
Niwandike aha hepfo ivyo uzokwisunga mu guhitamwo abo wogira abagenzi.
․․․․․
Ibindi biganiro vyo mu rukurikirane ruvuga ngo “Urwaruka ruribaza” (mu gifaransa), urashobora kubisanga ku muhora wa Internet witwa www.watchtower.org/ypf
[Akajambo k’epfo]
a Ikinyamakuru Be maso! ntigishigikira canke ngo kirwanye ikibanza kinaka mwene ico. Abakirisu barakwiye kwiyemeza neza ko ukuntu bakoresha Internet bidatuma barenga ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya.—1 Timoteyo 1:5, 19.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 20]
Hari umugani wo muri Bibiliya ugira uti: “Nimba ubwirizwa guhitamwo hagati y’izina ryiza n’itunga ryinshi, nuhitemwo izina ryiza.”—Imigani 22:1, Today’s English Version
[Uruzitiro ku rup. 22]
UBONA GUTE UBAJIJE ABAVYEYI BAWE?
Niwihweze uri kumwe n’abavyeyi bawe iki kiganiro be n’ikiganiro “Urwaruka ruribaza” kiza imbere y’iki. Nimuganire ku bijanye n’ukuntu kuba ukoresha Internet bigira ico bikoze (1) ku kabanga kawe, (2) ku mwanya wawe, (3) kw’izina ryawe, no (4) ku bugenzi ugiranira n’abandi.
[Uruzitiro ku rup. 23]
IBIMENYESHEJWE ABAVYEYI
Abana banyu boshobora kuba bazi ivyerekeye Internet kubarusha. Mugabo murabarusha kubona ibintu mu buryo bubereye. (Imigani 1:4; 2:1-6) Ni nk’uko umuhinga umwe mu vyo kwirinda ingeramizi kuri Internet yitwa Parry Aftab yabivuze, ati: “Abana barazi vyinshi ku vyerekeye ubuhinga bwa none. Abavyeyi barazi vyinshi ku vyerekeye ubuzima.”
Muri iyi myaka, ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye bisigaye bikundwa na benshi. Umwana wawe w’umuyabaga yoba akuze bihagije ku buryo yokoresha bene ico kibanza? Ni wewe ukwiye gufata ingingo. Cokimwe no gutwara umuduga, kugira ikonte muri banki canke gukoresha agakarata ko gusabirako ingurane, kwiyandikisha kuri mwene ivyo bibanza birimwo ingeramizi. Zimwezimwe muri izo ngeramizi ni izihe?
AKABANGA KAWE. Abakiri bato benshi ntibatahura inkurikizi ziri mu gushira amakuru menshi cane kuri Internet. Kumenyesha aho baba, aho biga canke igihe baba bari i muhira n’igihe baba badahari, vyoshobora guhungabanya umutekano w’umuryango.
Ico wokora. Igihe abana bawe bari bakiri bato, warabigishije kubanza kuraba hirya no hino imbere yo kujabuka ibarabara. Ubu bakuze kuruta, nubigishe ukuntu bokwirinda ingeramizi kuri Internet. Nusome amakuru ajanye n’ivyo kuzigama akabanga ari mu kiganiro “Urwaruka ruribaza” kiri muri iki kinyamakuru. Nurabe kandi Be maso! (mu gifaransa) yo muri Gitugutu 2008, urupapuro rwa 3-9. Nuce uganira n’umwana wawe w’umuyabaga kuri ayo mayagwa. Niwihatire kumwinjizamwo “ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira” mu bijanye no kwirinda ingeramizi kuri Internet—Imigani 3:21.
UMWANYA. Umuntu arashobora kuba umuja w’ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye. Uwitwa Rick w’imyaka 23, avuga ati: “Haciye imisi mike gusa niyandikishije kuri ico kibanza, naguma ndi kuri co. Namara amasaha n’amasaha ndiko ndaraba amafoto nongera nsoma utujambo tuyaherekeje.”
Ico wokora. Uri kumwe n’umwana wawe, nimusome ikiganiro “Urwaruka ruribaza . . . Noba ndi umuja w’ivyuma vyo mu buhinga bwa none?” casohotse muri Be maso! yo muri Ndamukiza-Ruheshi 2011. Nimuheze mukiganireko. Nimwibande ku ruzitiro ruvuga ngo “Nari umuja w’ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye,” ruri ku rupapuro rwa 28. Nufashe umwana wawe w’umuyabaga kuba “[uwu]tarenza urugero mu ngeso” no kwishingira umwanya akwiye kumara kuri Internet. (1 Timoteyo 3:2) Numwibutse yuko hariho ibindi bintu ategerezwa gukora mu buzima uretse gukoresha Internet!
IZINA. Hari umugani wo muri Bibiliya uvuga uti: “Ibintu vyiza canke bibi abana bakora birerekana ukuntu bameze.” (Imigani 20:11, Contemporary English Version) Ivyo ni na ko biri ku bijanye na Internet! Vyongeye, kubera yuko ikibanza co kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye gikoreshwa na bose, ivyo abana bawe bashirako biragira ico bikoze kw’izina ryabo no kw’izina ry’umuryango.
Ico wokora. Abana b’imiyabaga barakwiye kumenya yuko ivyo bashira kuri Internet vyerekana ico bari. Barakwiye kandi gutahura yuko ivyo bakora kuri Internet bigumaho. Dogoteri Gwenn Schurgin O’Keeffe yandika mu gitabu kimwe (CyberSafe) ati: “Kuba ibiri kuri Internet bihaguma ni ikintu kigora abana gutahura, mugabo bategerezwa kugitahura. Uburyo bumwe bwo gusigurira abana ukuntu bakwiye kwifata igihe bari kuri Internet, ni ukubibutsa kutahandika ibintu batokwubahuka kubwira umuntu amaso mu yandi.”
UBUGENZI. Uwitwa Tanya w’imyaka 23 avuga ati: “Kubera ko abana benshi b’imiyabaga bipfuza gukundwa n’abantu benshi, usanga biteguriye kwemera ko abantu batazi canke batagira ikibayobora bababera abagenzi.”
Ico wokora. Nufashe umwana wawe kwishingira ivyo akwiye kwisunga mu guhitamwo abagenzi. Nk’akarorero, uwitwa Alicia w’imyaka 22, abagenzi b’abagenzi biwe ntakunda kubashira ku rutonde rw’abagenzi asanganywe. Avuga ati: “Mu gihe ntazi umuntu canke ngo mbe maze kumubona amaso mu yandi, sindamushira ku rutonde rw’abagenzi banje ngo ni uko gusa ari umugenzi w’umugenzi wanje.”
Tim na Julia, bano bakaba bubakanye, bariyandikishije ku kibanza co kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye ari na co umukobwa wabo ariko. Ivyo biratuma bashobora kubona abagenzi biwe be n’ivyo ahandika. Julia avuga ati: “Twaramusavye ngo adushire ku rutonde rw’abagenzi biwe. Igihe aba ariko arahanahana amakuru n’abandi, ni nk’aho baba bari muri salo iwacu. Twipfuza kumenya abo ari bo.”
[Ifoto ku rup. 21]
Nka kurya nyene umuduga ushobora kwononekara mu gihe uwutwaye utiyubara, ni na ko izina ryawe rishobora kwononekara mu gihe ushize kuri “Internet” amafoto n’amajambo bitabereye
[Ifoto ku rup. 22]
Woba wokwunguruza umuntu utazi kubera gusa aguhagaritse? Kubera iki none wokwemera kugiranira ubugenzi n’umuntu utazi biciye kuri “Internet”?