ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb22 Ntwarante rup. 9
  • Abagenzi ufise ku mbuga hwaniro ni bande?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abagenzi ufise ku mbuga hwaniro ni bande?
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ivyo bijanye
  • Tuvuge iki ku bugenzi bwo kuri Internet?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Niwirinde imitego ijanye n’ubuhinga bwa none
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Ico womenya ku bijanye n’ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru yabo—Igice ca 2
    Be maso!—2012
  • Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Nuwukoreshe mu kwiyigisha no mu nyigisho y’umuryango
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
mwb22 Ntwarante rup. 9

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Abagenzi ufise ku mbuga hwaniro ni bande?

Umugenzi asigurwa ko ari “umuntu yifatanije n’uwundi abitumwe n’igishika canke icubahiro amufitiye.” Nk’akarorero, Yonatani na Dawidi batanguye kugiranira ubugenzi bw’intamenwa inyuma y’aho Dawidi yiciye Goliyati. (1Sm 18:1) Umwe wese yari afise kamere zatuma uwundi amushima. Ku bw’ivyo rero, ubugenzi bukomeye buba bushingiye ku kuba muzinanye neza. Kugira umuntu ashike ku kumenya neza uwundi bisaba umwanya n’akigoro. Yamara ku mbuga hwaniro, abantu barashobora kuba abagenzi biciye gusa ku gufyonda ahantu ho kwemeza ko mubaye abagenzi. Kubera ko kuri internet usanga abantu bashobora gutegura neza ivyo bavuga no gucungera ku rugero kanaka ukuntu abandi bababona, biroroshe ko bahisha ico bari. Ku bw’ivyo, ni vyiza kuzirikana witonze abo wokwemera ko muba abagenzi. Ntutinye kwima ubugenzi abantu utazi neza ngo bohava bababara. Kubera ko bamwebamwe babonye ko imbuga hwaniro zishobora gutera akaga, bahisemwo kutazikoresha. Ariko rero, nimba uhisemwo gukoresha imbuga hwaniro, ni ibiki wogumiza ku muzirikanyi?

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUKORESHE NEZA UBUHINGA BWA NONE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Nukoreshe neza ubuhinga bwa none.” Umukobwa ashavujwe no kubona amafoto yiwe ariko arerekanwa kuri televiziyo.

    Ni ibiki ukwiye kurimbura imbere yo kugira ivyo wanditse ku mbuga hwaniro canke gushirako amafoto?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Nukoreshe neza ubuhinga bwa none.” Umunzane uriko ifoto nziza y’umukobwa ku ruhande rumwe, ku rundi na ho hari umutekero w’ibingorongoro. Iyo foto irarusha ibilo ivyo bingorongoro.

    Ni kubera iki ukwiye kwiyubara igihe uhitamwo abagenzi ku mbuga hwaniro?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo ‘Nukoreshe neza ubuhinga bwa none.’ Abahungu babiri basa n’abakaze bariko barereka umuhungu umwe ibiri ku rubuga hwaniro na we agaca yipfuka mu maso.

    Ni kubera iki ukwiye kwishingira umwanya ntarengwa umara ku mbuga hwaniro?​—Ef 5:15, 16

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika