UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Abagenzi ufise ku mbuga hwaniro ni bande?
Umugenzi asigurwa ko ari “umuntu yifatanije n’uwundi abitumwe n’igishika canke icubahiro amufitiye.” Nk’akarorero, Yonatani na Dawidi batanguye kugiranira ubugenzi bw’intamenwa inyuma y’aho Dawidi yiciye Goliyati. (1Sm 18:1) Umwe wese yari afise kamere zatuma uwundi amushima. Ku bw’ivyo rero, ubugenzi bukomeye buba bushingiye ku kuba muzinanye neza. Kugira umuntu ashike ku kumenya neza uwundi bisaba umwanya n’akigoro. Yamara ku mbuga hwaniro, abantu barashobora kuba abagenzi biciye gusa ku gufyonda ahantu ho kwemeza ko mubaye abagenzi. Kubera ko kuri internet usanga abantu bashobora gutegura neza ivyo bavuga no gucungera ku rugero kanaka ukuntu abandi bababona, biroroshe ko bahisha ico bari. Ku bw’ivyo, ni vyiza kuzirikana witonze abo wokwemera ko muba abagenzi. Ntutinye kwima ubugenzi abantu utazi neza ngo bohava bababara. Kubera ko bamwebamwe babonye ko imbuga hwaniro zishobora gutera akaga, bahisemwo kutazikoresha. Ariko rero, nimba uhisemwo gukoresha imbuga hwaniro, ni ibiki wogumiza ku muzirikanyi?
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUKORESHE NEZA UBUHINGA BWA NONE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Ni ibiki ukwiye kurimbura imbere yo kugira ivyo wanditse ku mbuga hwaniro canke gushirako amafoto?
Ni kubera iki ukwiye kwiyubara igihe uhitamwo abagenzi ku mbuga hwaniro?
Ni kubera iki ukwiye kwishingira umwanya ntarengwa umara ku mbuga hwaniro?—Ef 5:15, 16