ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be rup. 56-rup. 61 ing. 3
  • Nutsimbataze Ubuhanga bw’Ukwigisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutsimbataze Ubuhanga bw’Ukwigisha
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwiheke Kuri Yehova
  • Tera Iteka Yehova
  • ‘Nutandukanye Ibintu’
  • Nuremeshe Abumviriza Kwiyumvira
  • Rondera Gushikira Umutima
  • Niwerekane Insobanuro
  • Nutange Akarorero Keza
  • Akigoro ko Gushikira Umutima
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Nukoreshe Ubwenge n’Ukujijura mu Kwigisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • ‘Niwikizanye n’Abakwumva’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ubutumwa Dutegerezwa Kumenyekanisha
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be rup. 56-rup. 61 ing. 3

Nutsimbataze Ubuhanga bw’Ukwigisha

IHANGIRO ufise bwa mwigisha ni irihe? Nimba uherutse gucika umwamamaji w’Ubwami, nta nkeka urafise icipfuzo co kumenya uburyo bwo kurongora inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, kubera ko Yezu yahaye abayoboke biwe igikorwa co guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Nimba umaze guca uruma muri ico gikorwa, kumbure ihangiro ryawe ni ukurushiriza kuba kirumara mu gushikira imitima y’abo urondera gufasha. Nimba uri umuvyeyi, nta nkeka urashaka kuba umwigisha ashoboye kuvyurira abana biwe ukwegurira Imana ubuzima bwabo. (3 Yoh. 4) Nimba uri umukurambere canke ukaba uriko uregereza kumuba, kumbure urashaka kuba umushikirizansiguro w’icese ashobora kwubaka mu bamwumviriza ugukenguruka kwimbitse ku bwa Yehova n’inzira ziwe. None ushobora gushikira ayo mahangiro gute?

Nukure icigwa kuri wa Mwigisha w’Umuhanga, Yezu Kirisitu. (Luka 6:40) Yezu yaba yariko abwira ishengero ku nkike y’umusozi canke abwira abantu bakeyi igihe bari ku nzira bagenda, ivyo yavuze n’uburyo yabivuze vyabasigaye mu bwenge igihe kirekire. Yezu yarakabuye imizirikanyi n’imitima y’abamwumviriza, yongera arasobanura mu buryo ngirakimazi bashoboye gutahura. Woba ushobora gushitsa ibintu nk’ivyo?

Niwiheke Kuri Yehova

Ubuhanga bwa Yezu bwo kwigisha bwarongerejwe n’ubucuti bwa somambike yari afitaniye na Se wo mw’ijuru hamwe kandi n’umuhezagiro w’impwemu y’Imana. Woba usenga Yehova n’ubwira kugira ngo ushobore kurongora inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana mu buryo kirumara? Nimba uri umuvyeyi, woba udahorereza gusaba Imana ubuyobozi bwayo mu kwigisha abana bawe? Woba utura isengesho mvamutima igihe witegurira gutanga insiguro canke kurongora amakoraniro? Mwene ukwo kwiheka kuri Yehova mw’isengesho kuzogufasha gucika umwigisha kirumara kuruta.

Kwisunga Yehova biragaragazwa kandi n’ukwiheka kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Mw’isengesho ryo ku mugoroba wa nyuma w’ubuzima bwa Yezu uwari umuntu atunganye, yabwiye Se ati: “Nabahaye ijambo ryawe.” (Yoh. 17:14) Naho Yezu yari aciye uruma bimwe vy’akaburarugero, ntiyigeze avuga ivyo yigeneye. Imisi yose yama avuga ivyo Se yamwigishije, gutyo adusigira akarorero twokurikira. (Yoh. 12:49, 50) Ijambo ry’Imana, nk’uko ryazigamwe muri Bibiliya, rirafise ububasha bwo kwosha abantu—ibikorwa vyabo, ivyiyumviro vyabo vy’imbere n’inyiyumvo zabo. (Heb. 4:12) Uko ukura mu bumenyi bwawe bw’Ijambo ry’Imana kandi ukiga no kubukoresha neza mu busuku bwawe, uzoba uriko uratsimbataza ubwoko bw’ubuhanga bwo kwigisha bukwegera abantu ku Mana.—2 Tim. 3:16, 17.

Tera Iteka Yehova

Kuba umwigisha yigana Kirisitu si ukuba gusa ushoboye gutanga insiguro iryoshe. Ego ni ko, abantu baratangajwe n’“amajambo y’igikundiro” ya Yezu. (Luka 4:22) Ariko intumbero Yezu yari afise mu kuvuga neza yari iyihe? Kwari ugutera iteka Yehova, ntikwari ukwikwegerako ivyiyumviro vy’abantu. (Yoh. 7:16-18) Kandi yahimirije abayoboke biwe ati: “Umuco wanyu ubonesh[e] imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru.” (Mat. 5:16, ni twe tubihiritse.) Iyo mpanuro irakwiye kwosha uburyo twigisha. Ihangiro ryacu rikwiye kuba ukwirinda ikintu cose cohava gikevya iyo ntumbero. Nuko rero igihe duteganya ivyo tuzovuga canke ukuntu tuzobivuga, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Ibi vyoba bizoshikana ibwina ugukenguruka Yehova, canke vyoba bizokwegera ivyiyumviro kuri jewe?’

Nk’akarorero, ibigereranirizo hamwe n’uturorero tw’ibiba mu buzima birashobora gukoreshwa mu buryo kirumara mu kwigisha. Ariko rero, igihe hashikirijwe ikigereranirizo kirekire canke icabaye kikiganwa ido n’ido kurenza urugero, iciyumviro kiri mu nyigisho gishobora gutakara. Muri ubwo buryo nyene, kuvuga inkuru zo gutwenza gusa biradutesha intumbero y’ubusuku bwacu. Kukaba nkako, umwigisha aba ariko akwegera ivyiyumviro kuri we nyene aho gushitsa ihangiro nyaryo ry’ukwigisha kwa gitewokarasi.

‘Nutandukanye Ibintu’

Kugira ngo umuntu acike vy’ukuri umwigishwa, ategerezwa kuba atahura neza ibiriko birigishwa. Ategerezwa kwumvisha ugutwi ukuri vyongeye akabona ingene gutandukanye n’ibindi bintu abantu bemera. Uguhushanya ikintu n’ikindi birafasha kubishikako.

Incuro nyinshi Yehova yarahimirije igisata ciwe ‘gutandukanya’ ibidahumanye n’ibihumanye. (Lew. 10:9-11) Yavuze yuko abokoreye mu rusengero rwiwe ruhambaye rwo mu vy’impwemu bokwigishije igisata ciwe “gutandukanya ivyera n’ibitar’ivyera.” (Ezk. 44:23) Igitabu c’Imigani kiruzuye ubuhushane hagati y’ubugororotsi n’ububisha, hagati y’ubukerebutsi n’ubujuju. Mbere n’ibintu bitanyuranye birashobora gutandukanywa kimwe n’ikindi. Intumwa Paulo yaragaragaje ubuhushane hagati y’umuntu w’umugororotsi n’umuntu mwiza, nk’uko vyanditswe mu Baroma 5:7. Mu gitabu c’Abaheburayo, yarerekanye ingene umurimo Kirisitu afise w’ukuba umuherezi mukuru uruta umwe wa Aroni. Si agaseseshwarumuri, nk’uko John Amos Comenius umurezi wo mu kinjana ca 17 yavyanditse: “Kwigisha ni gake bisigura ikindi kintu atari ukwerekana ukuntu ibintu bitandukanye kimwe n’ikindi mu ntumbero zavyo, mu mero zavyo no mu mamuko yavyo. . . . Rero, uwutandukanya ibintu neza yigisha neza.”

Fata nk’akarorero ukwigisha umuntu ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Nimba adatahura Ubwami ico ari co, woshobora kumwereka ukuntu ico Bibiliya ivuga gihushanye n’iciyumviro c’uko Ubwami ari imero gusa yo mu mutima w’umuntu. Canke ushobora kwerekana ukuntu ubwo Bwami butandukanye n’intwaro z’abantu. Yamara, ku bantu bazi ukuri kw’ishimikiro, woshobora kuja mw’ido n’ido kuruta. Woshobora kubereka ukuntu Ubwami bwa Kimesiya butandukanye n’ubutware Yehova ubwiwe afise bwo kuba Umwami ku bintu vyose, ubudondorwa muri Zaburi 103:19, canke ukuntu butandukanye n’‘ubwami bw’Umwana w’Imana ikunda,’ ubuvugwa mu gitabu c’Ab’i Kolosayi 1:13, canke ukuntu butandukanye n’“ubuyobozi” buvugwa mu Banyefeso 1:10. (NW) Ikoreshwa ry’ibintu bihushanye rirashobora gufasha gushimika mu buryo butomoye kuri iyo nyigisho ihambaye ya Bibiliya ku bw’abakwumviriza.

Yezu kenshi yarakoresheje incuro nyinshi ubwo buryo bw’ukwigisha. Yahushanije ugutahura kw’Ivyagezwe vya Musa kwari kugwiriye mu bantu n’intumbero nyakuri Ivyagezwe vyari bifise. (Mat. 5:21-48) Yaratandukanije ukuyoboka Imana kw’ukuri n’ibikorwa vy’ubwiyorobetsi vy’Abafarizayo. (Mat. 6:1-18) Yarahushanije agatima k’‘abatwaza [abandi] amanyama’ n’agatima k’ukwitanga abayoboke biwe bokwerekanye. (Mat. 20:25-28) Ku kindi gihe kivugwa muri Matayo 21:28-32, Yezu yatumiye abamwumviriza kwibonera ubwabo ingene ukwibona ubugororotsi n’ukwigaya nyakuri bihushanye. Ivyo bitujanye ku wundi muce w’agaciro k’ukwigisha neza.

Nuremeshe Abumviriza Kwiyumvira

Muri Matayo 21:28, dusoma yuko Yezu mu kwinjizamwo igereranya yagomba agire, yabajije ati: “Mugira ngw iki?” Umwigisha abushitse ntapfa kwigana inkuru z’imvaho canke ngo apfe gutanga inyishu. Ahubwo, araremesha abamwumviriza gutsimbataza ubushobozi bwo kwiyumvira. (Imig. 3:21; Rom. 12:1) Ivyo mu ruhande rumwe bigirwa mu kubaza utubazo. Nk’uko bisangwa muri Matayo 17:25 (UB), Yezu yabajije ati: “Uvyiyumviramwo iki Simoni? Abami bo kw’isi batoza bande ikori canke imperezwa? Abana babo canke ab’akavantara?” (Ni twe tubihiritse.) Ibibazo nkaburabwenge vya Yezu vyarafashije Petero guca ashika ku ciyumviro c’ukuri ku vyerekeye ukuriha amakori y’urusengero. Muri ubwo buryo nyene, igihe yishura umugabo yari amubajije ati “Mbega mugenzanje ni nde?,” ivyo umuherezi n’Umulewi bakoze Yezu yarabihushanije n’ivy’Umusamariya yakoze. Maze yabajije iki kibazo: “Mur’abo batatu ugira ngo ni nde yabonetse kw ari mugenzi w’uwaguye mu bambuzi?” (Luka 10:29-36) No ngaha nyene, aho kwiyumvira mu kibanza c’uwumwumviriza, Yezu yamusavye kwishura ikibazo ciwe.—Luka 7:41-43.

Rondera Gushikira Umutima

Abigisha bategera ico Ijambo ry’Imana rivuga, barabona yuko ugusenga kw’ukuri atari ikintu c’ugupfa gufata ku mutwe ibintu binaka no gukurikiza amategeko manaka. Kwubakiye ku bucuti bwiza umuntu agiranira na Yehova hamwe n’ugukenguruka ku bw’inzira ziwe. Ugusenga mwene ukwo gushiramwo n’umutima. (Gus. 10:12, 13; Luka 10:25-27) Mu Vyanditswe, ijambo “umutima” kenshi ryerekeza ku muntu w’imbere wese uko angana, gushiramwo ibintu nk’ibi: ivyipfuzo, ibishika, inyiyumvo n’ibivyurira umuntu ingiro.

Yezu yari azi yuko naho abantu baraba agashusho k’inyuma, Imana ibona ico umutima uri co. (1 Sam. 16:7) Umurimo turangurira Imana ukwiye kuba uterwa n’urukundo tuyikunda, si utwigoro two gutangaza abantu nkatwe. (Mat. 6:5-8) Ku rundi ruhande, Abafarizayo baragira ibintu vyinshi ku bw’ukwiyerekana inyuma. Barashimika cane ku vy’uguhuza n’akantu kose kari mu Vyagezwe, hamwe no ku gushira iyo amategeko bigeneye ashize. Mugabo barananiwe kugaragaza mu buzima bwabo kamere zobashushanije n’Imana bavuga ko basenga. (Mat. 9:13; Luka 11:42) Yezu yigishije yuko naho ukugamburuka ivyo Imana isaba ari ikintu gihambaye, agaciro ka mwene ukwo kugamburuka kerekanwa n’ikiri mu mutima. (Mat. 15:7-9; Mrk. 7:20-23; Yoh. 3:36) Ukwigisha kwacu kuzoshitsa iciza gihambaye kuruta nitwigana akarorero ka Yezu. Birahambaye ko dufasha abantu kwiga ico Imana ibasaba. Mugabo birahambaye kandi yuko bamenya bakongera bagakunda Yehova bwa muntu kugira ngo ukuntu bigenza gucike ikintu kigaragaza agaciro bashira ku bucuti bwemewe bagiranira n’Imana y’ukuri.

Birumvikana, kugira ngo abantu bungukire kuri mwene iyo nyigisho, barakeneye guhangana n’ikiri mu mitima yabo bwite. Yezu yaremesheje abantu gusuzuma ibibavyurira ingiro no gusuzuma inyiyumvo zabo. Igihe yariko arakosora ukubona ibintu kutari kwo, yarabaza abamwumviriza igituma biyumvira, bavuga canke bakora ibintu binaka. Yamara, kugira ntabirekere aho, Yezu ikibazo ciwe yagifatanya n’amakuru yemezwa, ikigereranirizo, canke igikorwa kinaka co kubaremesha ngo babone ibintu mu buryo bwiza. (Mrk. 2:8; 4:40; 8:17; Luka 6:41, 46) Na twebwe turashobora gufasha abatwumviriza mu kubagira inama yuko bokwibaza ibibazo nk’ibi: ‘Ni kuki gukora gutyo biri n’ico bindabako? Ni kuki mpora nifata kurya iyo ibintu vyifashe kuriya?’ Maze nubaronse icobavyurira ingiro kugira babone ibintu nk’uko Yehova abibona.

Niwerekane Insobanuro

Umwigisha mwiza arazi yuko “ikir’imbere ya vyose [ari] [“Ubukerebutsi,” NW].” (Imig. 4:7) Ubukerebutsi ni ubushobozi bwo gukurikiza ubumenyi ukaroranirwa kugira ngo utorere umuti ingorane, wirinde ingeramizi, ushikire amahangiro, ufashe abandi. Umwigisha ni we ajejwe ibanga ryo gufasha abatohoji kwiga gukora ivyo, mugabo si ukubafatira ingingo. Igihe uganira ingingo ngenderwako zitandukanye za Bibiliya, nufashe nya mutohoji kuzirikana. Ushobora kuvuga ikintu kiba mu buzima bwa misi yose hanyuma maze ukabaza nya mutohoji ukuntu ingingo ngenderwako ya Bibiliya muhejeje kwiga yomufasha hamwe yoshikirwa n’ico kintu.—Heb. 5:14.

Mw’ijambo intumwa Petero yashikirije kuri Pentekote yo mu 33 G.C., yaratanze akarorero k’uburyo ngirakimazi bwo gutanga insobanuro y’ibintu bwagize ico bukoze cane ku buzima bw’abantu. (Ivyak. 2:14-36) Amaze kwihweza ibisomwa bitatu ishengero ryavuga ko ryemera vyo mu Vyanditswe, Petero yarerekanye insobanuro yavyo yifashishije ivyabaye bose bari bariboneye. Ico vyavuyemwo, nya shengero ryaciye ryumva rikeneye kugira ico rikoze ku vyo bari bumvise. Mbega inyigisho yawe yoba ikora ikintu nk’ico ku bantu? Woba udapfa gusa kudonda inkuru z’imvaho hanyuma ugafasha abantu gutahura igituma ibintu bimeze ukunaka? Woba ubaremesha kurimbura ukuntu ibintu bariko bariga bikwiye kugira ico bikoze ku buzima bwabo? Bashobora kutiha akamo ngo “Mbega tugire dute?” nka kumwe ishengero ryabigira kuri Pentekote, mugabo mu gihe werekanye neza insobanuro y’ivyanditswe, bazovyurirwa umutima wo kurimbura ivy’ukugira ikintu bakoze kibereye.—Ivyak. 2:37.

Igihe musoma Bibiliya muri kumwe n’abana banyu, mwebwe abavyeyi muba mufise akaryo keza ko kubamenyereza mu vy’ugukurikiza ingingo za Bibiliya mu buryo kirumara. (Ef. 6:4) Ushobora nk’akarorero kurobanura imirongo mikeyi mu gisomwa ca Bibiliya cashizwe ku rutonde ku bw’uyo mushamvu, mukaganira ico isobanura, hanyuma maze mukabaza utubazo nk’utu: ‘Ivyo biduha ubuyobozi gute? Twoshobora gute gukoresha iyo mirongo mu busuku? Ihishura iki ku vyerekeye Yehova hamwe n’uburyo akora ibintu, kandi ivyo vyubaka gute ukumukengurukira kwacu?’ Nuremeshe umuryango wawe gusasanura ivyo vyiyumviro mu gihe mwihweza ivyiyumviro bikurubikuru vya Bibiliya kw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi. Imirongo basasanura izoba kumbure ari iyo bibuka.

Nutange Akarorero Keza

Ntiwigisha gusa mu vyo uvuga, mugabo kandi mu vyo ukora. Ivyo ukora biratanga akarorero ngirakimazi k’ukuntu ibintu uvuga vyokurikizwa. Ubwo ni bwo buryo abana biga. Igihe bigana abavyeyi babo, baba batanze ikimenyamenya c’uko bashaka kumera nka bo. Bashaka kumenya ukuntu kugira ivyo abavyeyi bagira bimeze. Muri ubwo buryo nyene, igihe abo wigisha ‘bakwiganye nk’uko nawe wigana Kirisitu,’ baca batangura kwibonera imihezagiro iva ku kugendera mu nzira za Yehova. (1 Kor. 11:1) Ivyo Imana ikorana na bo bicika igihimba c’ivyo ubwabo bibonera.

Ico ni icibutswa gikomeye c’ukuntu gutanga akarorero kabereye ari ikintu gihambaye. ‘[Uko turi] mu migenzo myeranda no mu kuyobokera Imana’ bizoshika kure mu guha abo twigisha ikintu kiboneka c’ukuntu ingingo ngenderwako za Bibiliya zokurikizwa. (2 Pet. 3:11) Nimba uremesheje umutohoji wa Bibiliya gusoma Ijambo ry’Imana ubudahorereza, nube inshirukabute mu kurisoma ubwawe. Nimba ushaka ko abana bawe biga kwisunga ingingo za Bibiliya, raba neza yuko babona ko ivyo ukora bijanye n’ukugomba kw’Imana. Nimba ubwirije ishengero kuba abanyamwete mu busuku, raba yuko ugira uruhara rwuzuye muri ico gikorwa. Igihe ushira mu ngiro ivyo wigisha, uba ushoboye kuvyurira ingiro abandi.—Rom. 2:21-23.

Mu kurondera kuryohora ukwigisha kwawe, niwibaze uti: ‘Igihe ntanga inyigisho, noba ndabigira mu buryo bituma abayumva bagira ico bahinduye mu nyifato, mu mvugo canke mu ngiro? Kugira ntomore ibintu, noba ntandukanya iciyumviro kimwe n’ikindi canke ingendo imwe n’iyindi? Ni igiki ngira kugira mfashe abatohoji banje, abana banje, canke abanyumviriza kw’ikoraniro kugira ngo bibuke ivyo mvuga? Noba nereka bimwe bitomoye abanyumviriza ukuntu bokurikiza ivyo bariko bariga? Boba bashobora kubibonera mu karorero ntanga? Boba batahura ukuntu uburyo bakira nya kintu kiriko kirihwezwa bushobora kugira ico buhinduye mu migenderanire bagiranira na Yehova?’ (Imig. 9:10) Nubandanye kwitwararika ivyo bintu uko urondera gutsimbataza ubuhanga bw’umwigisha. “Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.”—1 Tim. 4:16.

NUBE KIRUMARA MU KWIGISHA KWAWE

  • Niwiheke kuri Yehova, ntiwiheke ku bushobozi bwawe bwite

  • Nukenguruke ububasha bw’Ijambo ry’Imana, kandi urikoreshe neza

  • Niwishingire ihangiro ryo gutera iteka Yehova, ntiribe iryo gukwegera ivyiyumviro kuri wewe nyene

  • Nukoreshe ibintu bihushanye kugira ufashe abandi gutahura bimwe bitomoye

  • Nuremeshe abumviriza kwiyumvira

  • Nuhimirize abandi gusuzuma ibibavyurira ingiro hamwe n’inyiyumvo zabo

  • Nuremeshe abumviriza kurimbura ukuntu ubumenyi bwa Bibiliya bukwiye kugira ico bukoze ku buzima bwabo

  • Nube akarorero gakwiriye kwiganwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika