ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 11 rup. 32-rup. 33 ing. 2
  • Imana igeza Aburahamu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana igeza Aburahamu
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Imana Igerageza Aburahamu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ikimenyamenya gikomeye kuruta ibindi vyose c’urukundo rw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yehova yamwise “umugenzi wanje”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Aburahamu yari nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 11 rup. 32-rup. 33 ing. 2
Aburahamu na Izahaki bagiye i Moriya

ICIGWA CA 11

Imana igeza Aburahamu

Aburahamu yarigishije umuhungu wiwe Izahaki gukunda Yehova no kwizigira ivyo asezerana vyose. Ariko igihe Izahaki yari afise nk’imyaka 25, Yehova yarasavye Aburahamu gukora ikintu kigoye cane. Urazi ico ari co?

Imana yamubwiye iti: ‘Fata uwo mwana umwe ufise, umutangeko ikimazi ku musozi uri mu gihugu ca Moriya.’ Aburahamu ntiyari azi igituma Yehova amusavye gukora ico kintu, ariko yaragamburutse.

Bukeye, Aburahamu yarazindutse afata Izahaki n’abakozi biwe babiri, maze baja i Moriya. Haheze imisi itatu bagenda, ni ho batangura kubona nya musozi uri nka hariya. Aburahamu yaciye abwira ba bakozi biwe ati: ‘Nimuturindire. Twe na Izahaki tugiye gushikanira Imana ikimazi.’ Aburahamu yarahaye Izahaki inkwi, na we atwara imbugita. Izahaki yabajije se wiwe ati: ‘None igitungwa tuza gutangako ikimazi kiri hehe?’ Aburahamu yamwishuye ati: ‘Mwananje, Yehova araza kukiduha.’

Bashitse kuri wa musozi, barubatse igicaniro. Aburahamu yaciye aboha Izahaki amaguru n’amaboko, maze amushira kuri ico gicaniro.

Izahaki aboshe ari ku gicaniro, Aburahamu na we afise imbugita

Aburahamu yaciye atora ya mbugita. Ako kanya nyene, umumarayika wa Yehova yaciye asemerera ari mw’ijuru ati: ‘Aburahamu! Ntihagire ico ugira uwo mwana! Ubu ndabonye ko wizera Imana kuko utanse kumutangako ikimazi.’ Aburahamu yaciye abona intama yafashwe amahembe mu gisaka. Ubwo nyene yaciye abohora Izahaki, aca afata nya ntama aba ari yo atanga.

Kuva ico gihe, Yehova yaciye yita Aburahamu umugenzi wiwe. Urazi igituma? Aburahamu yarakora ikintu cose Yehova amusavye, n’igihe yaba adatahura igituma akimusavye.

Aburahamu ariko arabohora Izahaki

Yehova yaciye asubira gusezeranira Aburahamu ati: ‘Nzoguhezagira, kandi nzotuma abana bawe baba benshi.’ Yehova yaravuze kandi ko azohezagira abantu beza bose biciye ku muryango wa Aburahamu.

«Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo [yatanze] Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe, ahubwo aronke ubuzima budahera.»​—Yohani 3:16

Ibibazo: Aburahamu yerekanye gute ko yizigira Yehova? Ni ibiki Yehova yasezeraniye Aburahamu?

Itanguriro 22:1-18; Abaheburayo 11:17-19; Yakobo 2:21-23

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika