Niwiyegereze Imana
Ikimenyamenya gikomeye kuruta ibindi vyose c’urukundo rw’Imana
ABURAHAMU yarakunda Imana. Uwo sekuruza w’imiryango w’umwizigirwa yarakunda kandi Izahaki, umuhungu yari yavyaye mu busaza bwiwe. Ariko igihe Izahaki ashobora kuba yari afise imyaka 25, Aburahamu yarashikiwe n’ikigeragezo kitajanye na gato na kamere abavyeyi basanzwe bafise: Imana yamubariye ngo atange umuhungu wiwe kw’ikimazi. Ariko rero, iyo nkuru ntiyerekana ko Izahaki yahavuye ahasiga ubuzima. Igihe neza na neza Aburahamu yagira akerere umwana wiwe, Imana yarahaserutse biciye ku mumarayika. Iyo nkuru yo muri Bibiliya dusanga mw’Itanguriro 22:1-18, iraducira ku mayange mu buryo bw’ubuhanuzi ivyerekeye urukundo rukomeye Imana idufitiye.
Umurongo wa 1 ugira uti: “Imana igeza Aburahamu.” Aburahamu yari umuntu afise ukwizera, mugabo ico gihe ukwizera kwiwe kwari kugiye kugeragezwa kuruta uko vyari vyarigeze kumushikira. Imana yavuze iti: “Enda jana umwana wawe, umwana wawe w’ikinege ukunda, Isaka nyene, . . . [umutangeko] ikimazi co kwoswa, ku musozi nzokubarira.” (Umurongo wa 2) Niwibuke ko Imana itareka ngo abasavyi bayo bageragezwe n’ibirengeye ivyo bashobora kwihanganira. Ico kigeragezo rero carerekanye ko yari yizigiye Aburahamu.—1 Abakorinto 10:13.
Aburahamu yaciye agamburuka ata guhigimanga. Dusoma duti: “Aburahamu azinduka kare mu gatondo, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, ajana na babiri bo mu mikangara yiwe, na Isaka umwana wiwe; nukw asatuje inkwi zo kwosa ikimazi, ava hasi [aragenda].” (Umurongo wa 3) Biboneka ko Aburahamu ata wundi muntu yabwiye utuntu tw’ido n’ido tujanye n’ico kigeragezo.
Yaciye afata urugendo rw’imisi itatu, ivyo bikaba vyaratumye aronka akaryo ko kuzirikana bimwe bikomeye. Ariko rero, umwiyemezo Aburahamu yari afise ntiwigeze uhungabana. Amajambo yavuze yarahishuye ukwizera yari afise. Aho aboneye akiri nka hariya wa musozi Imana yari yamubwiye, yaciye abarira abasuku biwe ati: “Ni [musigare] . . . hano, twe n’uyu mwana tugiye hariya gusenga, turaheza tugaruke.” Igihe Izahaki yabaza aho intama yo gutangako ishikanwa iri, Aburahamu yavuze ati: “Imana ni yo iribgironkere umwagazi.” (Umurongo wa 5 n’uwa 8) Aburahamu yari yiteze ko aza gusubirana inyuma n’umuhungu wiwe. Kubera iki? Kubera ko “[yabona] yuko Imana yari ishoboye no kumuzura [ni ukuvuga Izahaki] mu bapfuye.”—Abaheburayo 11:19.
Bamaze gushika kuri wa musozi, igihe Aburahamu yafata “imbugita, ngw akerere umwana wiwe,” umumarayika yaciye atangira ukuboko kwiwe. Imana yaciye ironsa Aburahamu impfizi y’intama, yari yafashwe mu gisaka, iyo yari gushikana “mu gishingo c’umwana wiwe.” (Imirongo ya 10-13) Mu nyonga z’Imana, ni nk’aho Izahaki yari yamaze gutangwako ikimazi. (Abaheburayo 11:17) Incabwenge imwe isigura iti: “Ku Mana, kugira umutima ukunze wo gukora ikintu vyangana no kugikora.”
Vyaragaragaye ko Yehova atihenze mu kwizigira Aburahamu. Vyongeye Aburahamu yararonse impera kubera ko yizigira Yehova, kuko Imana yasubiyemwo yongera iratanga ayandi makuru ajanye n’isezerano yari yaragiraniye na Aburahamu, iryo sezerano rikaba ryarimwo umuhango w’uko abantu bo mu mahanga yose bohezagiwe.—Imirongo ya 15-18.
Amaherezo, Imana ntiyemereye Aburahamu ngo atange ikimazi yo ubwayo yahavuye yemera gutanga. Umutima ukunze Aburahamu yari afise wo gutanga Izahaki cari ikintu cerekana imbere y’igihe ikimazi Imana yotanze c’Umwana wayo w’ikinege Yezu, ku bw’ibicumuro vyacu. (Yohani 3:16) Inkuka ya Kristu ni co kimenyamenya gikomeye kuruta ibindi vyose c’urukundo Yehova adufitiye. Kubera yuko Imana yadutangiye ico kimazi, umwe wese muri twebwe arakwiye kwibaza ati: ‘Ni ibiki nokwemera guheba ndabigiranye umutima ukunze kugira ngo mpimbare Imana?’