ICIGWA CA 27
Bagarariza Yehova
Haciye igihe Abisirayeli bari mu bugaragwa, Kora, Datani na Abiramu be n’abandi bantu 250 baragararije Musa. Bamubwiye bati: ‘Turaguhaze! Kubera iki ari wewe utuyobora, Aroni na we akaba umuherezi mukuru? Erega Yehova ntakunda mwebwe mwenyene, twese aradukunda.’ Ariko ivyo bintu ntivyanezereje Yehova. Yabona ko abo bagabo ari we bariko baragarariza.
Musa yabwiye Kora n’abo bari kumwe ati: ‘Ejo muzoze kw’ihema ryeranda mufise udupanu tujamwo umuriro twuzuye imibavu. Yehova azotwereka abo yatoye abo ari bo.’
Bukeye, Kora na ba bantu 250 barasanze Musa kw’ihema ryeranda. Bari aho, baraturiye imibavu kandi batari abaherezi. Yehova yaciye abwira Musa na Aroni ati: ‘Nimuve iruhande ya Kora n’abantu biwe.’
Kora yaragiye kw’ihema ryeranda, ariko Datani na Abiramu n’imiryango yabo baranse kugenda. Yehova yaciye abwira Abisirayeli ngo bave iruhande y’amahema ya Kora, Datani na Abiramu. Ubwo nyene Abisirayeli baciye bigirwayo. Datani, Abiramu n’imiryango yabo bari bahagaze imbere y’amahema yabo. Muri ako kanya nyene isi yarasamye irabamira! Kw’ihema ryeranda na ho, umuriro warakorotse uva mw’ijuru uraturira Kora na ba bagabo 250 barapfa.
Yehova yaciye abwira Musa ati: ‘Umwumwe wese mu bakuru b’imiryango naguhe inkoni maze uyandikeko izina ryiwe. Ariko ku nkoni y’umuryango w’Abalewi wandikeko Aroni. Izo nkoni uce uzishira mw’ihema ryeranda. Inkoni y’uwo natoye izomerako amashurwe.’
Bukeye, Musa yarasohoye za nkoni azereka ba bakuru b’imiryango. Inkoni ya Aroni yari yamezeko amashurwe kandi yariko ivyamwa bihiye. Yehova yari yerekanye ko Aroni ari we yatoye ngo abe umuherezi mukuru.
«Mugamburukire ababaja imbere kandi mubayobokere.»—Abaheburayo 13:17