ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 27 rup. 68-rup. 69 ing. 2
  • Bagarariza Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bagarariza Yehova
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Amashurwe Anaga ku Nkoni
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Nugamburukire Ubukuru bw’Imana Udahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Woba uzwi na Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ubwibone Bushikana ku Guteterwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 27 rup. 68-rup. 69 ing. 2
Kora n’abamushigikiye bahagaze imbere ya Musa na Aroni

ICIGWA CA 27

Bagarariza Yehova

Haciye igihe Abisirayeli bari mu bugaragwa, Kora, Datani na Abiramu be n’abandi bantu 250 baragararije Musa. Bamubwiye bati: ‘Turaguhaze! Kubera iki ari wewe utuyobora, Aroni na we akaba umuherezi mukuru? Erega Yehova ntakunda mwebwe mwenyene, twese aradukunda.’ Ariko ivyo bintu ntivyanezereje Yehova. Yabona ko abo bagabo ari we bariko baragarariza.

Musa yabwiye Kora n’abo bari kumwe ati: ‘Ejo muzoze kw’ihema ryeranda mufise udupanu tujamwo umuriro twuzuye imibavu. Yehova azotwereka abo yatoye abo ari bo.’

Bukeye, Kora na ba bantu 250 barasanze Musa kw’ihema ryeranda. Bari aho, baraturiye imibavu kandi batari abaherezi. Yehova yaciye abwira Musa na Aroni ati: ‘Nimuve iruhande ya Kora n’abantu biwe.’

Kora yaragiye kw’ihema ryeranda, ariko Datani na Abiramu n’imiryango yabo baranse kugenda. Yehova yaciye abwira Abisirayeli ngo bave iruhande y’amahema ya Kora, Datani na Abiramu. Ubwo nyene Abisirayeli baciye bigirwayo. Datani, Abiramu n’imiryango yabo bari bahagaze imbere y’amahema yabo. Muri ako kanya nyene isi yarasamye irabamira! Kw’ihema ryeranda na ho, umuriro warakorotse uva mw’ijuru uraturira Kora na ba bagabo 250 barapfa.

Isi yasama ikamira Datani, Abiramu n’imiryango yabo

Yehova yaciye abwira Musa ati: ‘Umwumwe wese mu bakuru b’imiryango naguhe inkoni maze uyandikeko izina ryiwe. Ariko ku nkoni y’umuryango w’Abalewi wandikeko Aroni. Izo nkoni uce uzishira mw’ihema ryeranda. Inkoni y’uwo natoye izomerako amashurwe.’

Bukeye, Musa yarasohoye za nkoni azereka ba bakuru b’imiryango. Inkoni ya Aroni yari yamezeko amashurwe kandi yariko ivyamwa bihiye. Yehova yari yerekanye ko Aroni ari we yatoye ngo abe umuherezi mukuru.

«Mugamburukire ababaja imbere kandi mubayobokere.»​—Abaheburayo 13:17

Ibibazo: Kubera iki Kora n’abo bari kumwe bagararije Musa? Ni igiki kitwereka ko Aroni ari we Yehova yatoye ngo abe umuherezi mukuru?

Guharura 16:1–17:13; 26:9-11; Zaburi 106:16-18

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika