ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/9 rup. 25-29
  • Woba uzwi na Yehova?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uzwi na Yehova?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Se w’abari n’ukwizera
  • Kurindira Yehova birerekana ko dufise ukwizera
  • Itandukaniro riri hagati y’ukwicisha bugufi n’ubwibone
  • Kuyobokera Yehova bisaba ukwicisha bugufi
  • Yehova arazi abiwe
  • Nugamburukire Ubukuru bw’Imana Udahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Tugenda Turōngōrwa n’Ukwizera, Ntiturōngōrwa n’Ivyo Tubona”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Bagarariza Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yehova yamwise “umugenzi wanje”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/9 rup. 25-29

Woba uzwi na Yehova?

“Yehova arazi abiwe.”​—2 TIM. 2:19.

1, 2. (a) Yezu yarazwa ishinga n’iki? (b) Ni ibibazo ibihe dukwiye kurimbura?

IGIHE kimwe hari Umufarizayo yegereye Yezu maze amubaza ati: “Ibwirizwa risumba ayandi mw’Itegeko ni irihe?” Yezu yishuye ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.” (Mat. 22:35-37) Yezu yarakunda cane Se wiwe wo mw’ijuru kandi mu vy’ukuri yabaho ahuza n’ayo majambo. Yezu yararazwa ishinga kandi n’ukuntu Yehova amubona, ivyo akaba yavyerekanye mu kuntu yabayeho adahemuka. Ni co gituma imbere gato y’uko apfa, yashoboye kuvuga yuko Imana yari izi ko ari umuntu yagamburutse amategeko yayo adahemuka. Gutyo, Yezu yaragumye mu rukundo rwa Yehova.​—Yoh. 15:10.

2 Muri iki gihe abantu benshi baravuga ko bakunda Imana. Nta gukeka ko na twebwe turimwo. Ariko rero, hariho ibintu bihambaye dukwiye kurimbura, na vyo akaba ari ibi: Imana yoba inzi? Yehova ambona gute? Yoba azi ko ndi uwiwe? (2 Tim. 2:19) Ese ukuntu ari agateka kwiyumvira ko dushobora kugiranira ubucuti somambike nk’ubwo na Segaba w’ibiriho vyose!

3. Ni kubera iki hari abatemera ko bashobora kuba aba Yehova, kandi ni igiki kizobafasha kureka kwiyumvira gutyo?

3 Ariko rero, abantu bamwebamwe bakunda cane Yehova babona ko bigoye kwemera yuko Imana ishobora kubamenya mu buryo bwiza. Bamwebamwe bariyumvamwo ko ata co bamaze, ari co gituma babona yuko badashobora kuba aba Yehova. Mugabo turashobora guhimbarwa cane no kumenya ko Imana itatubona muri ubwo buryo. (1 Sam. 16:7) Intumwa Paulo yabwiye abakirisu bagenziwe ati: “Nimba umuntu akunda Imana, uwo arazwi na yo.” (1 Kor. 8:3) Kugira ngo umenywe n’Imana utegerezwa kubanza kuyikunda. Rimbura ibi: Ni kubera iki uriko urasoma iki kinyamakuru? Ni kubera iki uriko urihatira gukorera Yehova n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’umuzirikanyi wawe wose, n’inguvu zawe zose? Nimba wariyeguriye Imana kandi ukabatizwa, ni igiki catumye utera izo ntambwe? Bibiliya isigura ko Yehova, we asuzuma imitima, akwegera abantu bahimbaye. (Soma Hagayi 2:7; Yohani 6:44.) Ku bw’ivyo, urashobora gushika ku ciyumviro c’uko ukorera Yehova kubera ko yagukwegereye. Ntazokwigera aheba abo yakwegereye nibaguma ari abizigirwa. Imana ibona ko bafise agaciro kanini, kandi irabakunda cane.​—Zab. 94:14.

4. Ni kubera iki dukwiye kubandanya kuzirikana ibijanye n’ukuba tuzwi n’Imana?

4 Yehova amaze kudukwegera, turakwiye kwitwararika ivy’uko tuguma mu rukundo rwiwe. (Soma Yuda 20, 21.) Uribuka ko Bibiliya yerekana yuko bishoboka ko tugenda akayombekere canke tuva ku Mana. (Heb. 2:1; 3:12, 13) Nk’akarorero, imbere gato y’uko intumwa Paulo avuga amajambo dusanga muri 2 Timoteyo 2:19, yaravuze ibijanye na Himenayo be na Fileto. Biragaragara ko abo bantu babiri bigeze kuba bazwi na Yehova, mugabo mu nyuma bagata ukuri. (2 Tim. 2:16-18) Uribuka kandi yuko mu mashengero y’i Galatiya, bamwebamwe mu bari barigeze kumenywa n’Imana batagumye mu muco wo mu buryo bw’impwemu bahoramwo. (Gal. 4:9) Ese tutokwigera dufata minenegwe ubucuti bw’agaciro dufitaniye n’Imana!

5. (a) Ni kamere zimwezimwe izihe Imana iha agaciro? (b) Ni uburorero ubuhe tugira turimbure?

5 Hariho kamere zimwezimwe Yehova aha agaciro bimwe bidasanzwe. (Zab. 15:1-5; 1 Pet. 3:4) Ukwizera n’ukwicisha bugufi vyararanga abantu bamwebamwe bari bazwi n’Imana. Nimuze dusuzume uburorero bw’abagabo babiri kugira ngo tubone ukuntu izo kamere zatumye Yehova abakunda cane. Turaza kandi kwihweza umugabo umwe yiyumvira ko azwi n’Imana mugabo akagira ingendo y’ubwibone, bigatuma Yehova amuheba. Ubwo burorero burashobora kutwigisha ivyigwa ngirakamaro.

Se w’abari n’ukwizera

6. (a) Aburahamu yerekanye gute ko yizera ivyo Yehova yasezeranye? (b) Aburahamu yamenywe gute na Yehova?

6 Aburahamu yari umugabo “yizera Yehova.” Nkako, yitwa “se w’abari n’ukwizera bose.” (Ita. 15:6; Rom. 4:11) Aburahamu abigiranye ukwizera yarahevye urugo rwiwe, abagenzi biwe be n’ivyo yari atunze maze aja mu gihugu ca kure. (Ita. 12:1-4; Heb. 11:8-10) Aburahamu yagumye afise ukwizera gukomeye. Ivyo vyagaragaye igihe “[yaba] nk’aho ashikanye Izahaki” umuhungu wiwe mu kugamburuka itegeko rya Yehova. (Heb. 11:17-19) Aburahamu yarizeye ivyo Yehova yasezeranye, ivyo bikaba vyatumye Imana ibona ko ari umuntu adasanzwe; yari imuzi vy’ukuri. (Soma Itanguriro 18:19.) Yehova ntiyari azi gusa yuko Aburahamu abaho mugabo kandi yaramukunda nk’umugenzi.​—Yak. 2:22, 23.

7. Aburahamu yari azi iki ku bijanye n’ivyo Yehova yasezeranye, kandi ivyo vyagize ico bikoze gute kuri we?

7 Birahambaye cane kuba Aburahamu ataronse igihe yari akiriho intoranwa y’igihugu yari yarasezeraniwe. Vyongeye, ntiyabonye uruvyaro rwiwe rugwira “nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga.” (Ita. 22:17, 18) Naho ivyo bintu Aburahamu yari yarasezeraniwe bitarangutse igihe yari akiriho, yagumye yizeye Yehova bimwe bikomeye. Yari azi yuko igihe Imana isezeranye ikintu, ari nk’aho iba yamaze kugikora. Egome, Aburahamu yabayeho ahuza n’ukwo kwizera. (Soma Abaheburayo 11:13.) Yehova yoba azi ko turi abantu bafise ukwizera nk’ukwa Aburahamu?

Kurindira Yehova birerekana ko dufise ukwizera

8. Ni ivyipfuzo bibereye ibihe bamwebamwe bashashaye kubona birangutse?

8 Twoshobora kuba dufise ibintu twipfuza cane kubona birangutse. Kwubaka urwacu, kwibaruka no kugira amagara meza, vyose ni ivyipfuzo bisanzwe kandi bibereye. Ariko rero, benshi muri twebwe boshobora kutaronka ivyo bipfuza. None mu gihe hari ikintu twipfuza cane mugabo ntiduce tukironka, tuvyifatamwo gute? Ukuntu tuvyifatamwo kwoshobora kwerekana nimba ukwizera kwacu gukomeye canke kudakomeye.

9, 10. (a) Bamwebamwe barondeye gute gushitsa ivyipfuzo vyabo? (b) Ubona gute ibijanye n’iranguka ry’ivyo Imana yasezeranye?

9 Ese ukuntu vyoba bitaranga ubukerebutsi umuntu arondeye gushitsa ivyo vyipfuzo mu buryo buteye kubiri n’ubukerebutsi buva ku Mana! Vyoshobora kumukwegera akarambaraye mu vy’impwemu. Nk’akarorero, hari abahisemwo kwivuza mu buryo buteye kubiri n’impanuro za Yehova. Abandi bahisemwo gukora akazi gatuma baba kure y’imiryango yabo canke baheba amakoraniro y’ishengero. Canke tuvuge iki ku bijanye no gukundana n’uwo mudasangiye ukwemera? Mu gihe umukirisu akurikiye ingendo nk’iyo, yoba vy’ukuri aba ariko ararondera kumenywa na Yehova? Yehova yari kuvyakira gute iyo Aburahamu arambirwa n’uko ivyo Imana yari yaramusezeraniye bitevye gushika? Bite ho iyo Aburahamu akora ibintu nk’uko abibona maze akarondera ahandi hantu yibera hanyuma akihesha izina rurangiranwa aho kurindira Yehova? (Gereranya n’​Itanguriro 11:4.) Yoba yari kubandanya kumenywa na Yehova mu buryo bwiza?

10 Ni ivyipfuzo ibihe ushashaye kubona birangutse? Ukwizera kwawe kwoba gukomeye bihagije ku buryo urindira Yehova, we asezerana guhaza ivyipfuzo vyawe bibereye? (Zab. 145:16) Nk’uko vyagendeye Aburahamu, ibintu bimwebimwe Imana yasezeranye vyoshobora kutaranguka vuba nk’uko tuvyipfuza. Naho ari ukwo, nitwabandanya kubaho mu buryo bwerekana ko dufise ukwizera nk’ukwa Aburahamu, Yehova ntazotwibagira. Nta gukeka ko kubigenza gutyo bizotuma amaherezo twironkera ivyiza.​—Heb. 11:6.

Itandukaniro riri hagati y’ukwicisha bugufi n’ubwibone

11. Kora ashobora kuba yaratewe uduteka utuhe, kandi ivyo vyerekana yuko yari ameze gute imbere y’Imana?

11 Turabona itandukaniro rikomeye hagati ya Musa na Kora mu bijanye no kwubaha indinganizo ya Yehova be n’ingingo ziwe. Ukuntu bavyifashemwo kwaragize ico gukoze ku kuntu Yehova yababona. Kora yari Umulewi wo mu muryango wa Kohati, akaba yari yaratewe uduteka twinshi. Muri utwo duteka hashobora kuba harimwo ukwibonera ukurokorwa kw’ihanga rya Isirayeli riciye mu Kiyaga Gitukura, ugushigikira urubanza Yehova yaciriye Abisirayeli b’abagambarazi ku Musozi Sinayi hamwe n’ukugira uruhara mu gutwara isandugu y’isezerano. (Kuv. 32:26-29; Guh. 3:30, 31) Biboneka ko yari amaze imyaka myinshi ari intahemuka kuri Yehova, ivyo bikaba vyaratumye abantu benshi bo mw’ikambi rya Isirayeli bamwubaha.

12. Nk’uko vyerekanwa kw’ishusho iri ku rupapuro rwa 28, ubwibone bwagize ico bukoze gute ku kuntu Kora yari azwi n’Imana?

12 Ariko rero, igihe iryo hanga rya Isirayeli ryariko riraja mu Gihugu c’isezerano, Kora yarabonye ibintu yiyumvira ko bitagenda neza mu ndinganizo y’Imana. Mu nyuma abandi bagabo 250 baja imbere abandi muri iryo hanga barifatanije na Kora mu kugerageza kugira ivyo bahinduye. Kora n’abo bantu bategerezwa kuba bariyumvamwo ko bafitaniye na Yehova ubucuti bwiza. Babwiye Musa bati: “Ivyanyu turabihaze, kuko ikoraniro ryose ari ryeranda, bose uko bangana, kandi Yehova ari hagati muri bo.” (Guh. 16:1-3) Ese ukuntu bagaragaje agatima ko kwiyizigira birenze urugero be n’ubwibone! Musa yababwiye ati: “Yehova azomenyesha uwumwegukira uwo ari we.” (Soma Guharūra 16:5.) Bukeye bwaho ku mugoroba, Kora n’abo bantu bose bari bamushigikiye mu kugarariza bari bamaze gupfa.​—Guh. 16:31-35.

13, 14. Musa yerekanye ko yicisha bugufi mu buryo butandukanye ubuhe?

13 Musa wewe yari “uwutekereza kuruta kure n’iyo abantu bose bari ku buringanire bw’ubutaka.” (Guh. 12:3) Yarerekanye ko atekereza be n’uko yicisha bugufi mu kwiyemeza gukurikiza ubuyobozi bwa Yehova. (Kuv. 7:6; 40:16) Nta kintu na kimwe cerakana ko Musa yakunda gukekeranya ku kuntu Yehova akora ibintu canke ngo ashavuzwe n’uko yabwirizwa gukurikiza ubuyobozi buva kuri Yehova. Nk’akarorero, Yehova yaratanze amategeko yerekeye ukwubaka itaberenakulo gushika ku kantu gatoyi hanyuma y’utundi, nk’ibara ry’inyuzi be n’igitigiri c’utugōmbo vyategerezwa gukoreshwa mu guhingura ibitambara vy’ihema. (Kuv. 26:1-6) Mu gihe umuhagarikizi w’umuntu wo mw’ishirahamwe ry’Imana aguha ubuyobozi busa n’uburimwo utuntu turenze urugero, vyoshobora gushika ugashavura. Yehova we ni umuhagarikizi atagira akanenge, ashinga amabanga abasavyi biwe atitangiriye itama akongera akabizigira. Igihe atanze ubuyobozi burimwo utuntu twinshi, abigira abitumwe n’imvo nziza. Ariko rero, urabona ko Musa atashavuriye Yehova ngo ni uko amuhaye ubuyobozi burimwo utuntu twinshi gutyo, nk’aho umenga Yehova yariko aramukengera canke ariko aratuma adakoresha ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira kibure umwidegemvyo wiwe. Ahubwo nyabuna, Musa yararavye neza ko abakozi “bakora kuno nyene” mu gukurikiza ubuyobozi Imana yari yatanze. (Kuv. 39:32) Mbega ukwicisha bugufi! Musa yaratahura ko ico cari igikorwa ca Yehova be n’uko we yari igikoresho gusa cariko kirakoreshwa kugira ngo ico gikorwa kirangurwe.

14 Ukwicisha bugufi kwa Musa kwaragaragaye kandi igihe yashikirwa n’ibintu bitoroshe vyagize ico bimukozeko. Igihe kimwe, Musa yarananiwe kwigumya maze ntiyeza Imana igihe yariko agerageza gufasha abantu bidodomba. Ivyo vyatumye Yehova abwira Musa ko atoshikanye abo bantu mu Gihugu c’isezerano. (Guh. 20:2-12) We na mwene wabo Aroni bari bamaze imyaka n’iyindi bihanganira imyidodombo y’Abisirayeli. Ubu na ho, kubera ko Musa yakoze ikosa iryo rimwe gusa, ntiyokwiboneye ikintu yari amaze igihe kirekire cane yiteze! None Musa yavyakiriye gute? Naho vyumvikana ko yavunitse umutima, yaremeye yicishije bugufi ingingo Yehova yafashe. Yari azi ko Yehova ari Imana igororotse, itagira akarenganyo. (Gus. 3:25-27; 32:4) Iyo uzirikanye ivyerekeye Musa, ntubona none ko yari umuntu azwi na Yehova?​—Soma Kuvayo 33:12, 13.

Kuyobokera Yehova bisaba ukwicisha bugufi

15. Ni igiki twigira ku ngendo ya Kora y’ubwibone?

15 Ingene tuvyakira iyo hagize ibihinduka mw’ishengero rya gikirisu rikwiye kw’isi yose be n’iyo abaja imbere abandi muri ryo bafashe ingingo zinaka, biragira ico bikoze ku kuntu Yehova atuzi. Kora n’abo bari bafatanije baritandukanije n’Imana biciye ku kwiyizigira birenze urugero, ubwibone be n’ukubura ukwizera. Naho Kora yabona yuko uwo mutama Musa ari we yafata ingingo ku musi ku musi, mu vy’ukuri Yehova ni we yariko arayobora iryo hanga. Kora ntiyabandanije gutahura ico kintu, ivyo bikaba vyatumye atizigira abo Imana yariko irakoresha. Ese ukuntu vyari kurushiriza kuba ibiranga ubukerebutsi iyo Kora arindira Yehova kugira ngo arushirize gutuma ibintu bitahurika canke kugira ngo agire ivyo ahinduye nimba vyari bikenewe koko! Kubera ko Kora yavyifashemwo gutyo, muri iki gihe ntitwigera twibuka imyaka n’iyindi yamaze asukurira Yehova ari umwizigirwa. Twama tubona ko ari umuntu yagambarariye Yehova abitumwe n’ubwibone.

16. Akarorero ka Musa k’ukwicisha bugufi kadufasha gute?

16 Iyo nkuru iragabisha bimwe bikomeye abakurambere n’abandi bo mw’ishengero muri iki gihe. Kurindira Yehova no gukurikiza ubuyobozi butangwa n’abo yagenye ngo baje imbere abandi, bisaba ukwicisha bugufi. Twoba twerekana ko twicisha bugufi be n’uko twitonda nka Musa? Twoba dushobora kwemera icese ikibanza abaja imbere abandi muri twebwe bafise kandi tukayoboka ubuyobozi duhabwa? Twoba dushobora kwihangana igihe dushikiwe n’ibintu bica intege? Nimba ari ukwo biri, na twebwe nyene tuzomenywa neza na Yehova. Ukwicisha bugufi kwacu n’ukuyoboka kwacu bizotuma adukunda cane.

Yehova arazi abiwe

17, 18. Ni igiki codufasha kubandanya kuba abantu bazwi ko ari aba Yehova?

17 Kuzirikana abo Yehova yakwegereye kandi yari azi neza biratugirira akamaro. Aburahamu na Musa bari abanyagasembwa kandi barakora amakosa nkatwe. Naho vyari ukwo, Yehova yari azi ko ari abiwe. Ariko rero, akarorero ka Kora karerekana yuko vyoshoboka ko tuja kure ya Yehova gutyo ntabandanye kutumenya no kudushima. Vyoba vyiza rero umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Yehova ambona gute? Ni igiki nokwigira kuri ubu burorero bwo muri Bibiliya?’

18 Urashobora guhumurizwa cane no kumenya ko Yehova abona ko abantu b’abizigirwa yakwegereye ari abiwe. Nubandanye gutsimbataza ukwizera, ukwicisha bugufi be n’izindi kamere zituma Imana yacu irushiriza kugukunda. Ego cane, kumenywa na Yehova ni agateka kadasanzwe gatuma duhera akanyota ubu, kandi bizotuma twironkera ibintu vyiza igitangaza muri kazoza.​—Zab. 37:18.

Woba uvyibuka?

• Ni ubucuti bw’agaciro ubuhe ushobora kugiranira na Yehova?

• Ushobora gute kwigana ukwizera kwa Aburahamu?

• Ni ivyigwa ibihe twokwigira kuri Kora na Musa?

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 26]

Cokimwe na Aburahamu, twoba twizera ko Yehova azorangura ibintu vyose yasezeranye?

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 28]

Kora ntiyari n’umutima ukunze wo kuyoboka yicishije bugufi

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 29]

Yehova yoba azi ko uri umuntu ayoboka yicishije bugufi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika