Nugamburukire Ubukuru bw’Imana Udahemuka
“Uhoraho [n]i we mucamanza wacu; Uhoraho ni we adushingira ivyagezwe; Uhoraho ni we Mwami wacu.”—YESAYA 33:22.
1. Ni ibiki vyatumye Isirayeli ya kera iba ntangere mu yandi mahanga?
IHANGA rya Isirayeli ryavutse mu 1513 B.G.C. Ico gihe, nta gisagara c’umurwa mukuru ryari rifise, nta gihugu c’amavukiro ryari rifise kandi nta n’umwami wo kw’isi ryari rifise. Abanyagihugu baryo bari bahoze ari abaja. Ariko rero, iryo hanga rishasha ryari ntangere no mu bundi buryo. Yehova Imana ni we yari Umucamanza waryo ataboneka, ni we yari Mushingamategeko akongera akaba n’Umwami waryo. (Kuvayo 19:5, 6; Yesaya 33:22) Nta rindi hanga ryari gushobora kwirarira gutyo!
2. Ni ikibazo ikihe kivyuka ku vyerekeye uburyo Isirayeli yari yungunganijwe, kandi ni kubera iki inyishu yaco ihambaye kuri twebwe?
2 Kubera yuko Yehova ari Imana y’urutonde, akaba n’Imana y’amahoro, twokwitega yuko ihanga iryo ari ryo ryose yotwaye ryobaye ryungunganijwe neza. (1 Ab’i Korinto 14:33) Nta nkeka ko ivyo ari ko vyari biri kuri Isirayeli. Mugabo bishoboka gute yuko ishirahamwe riboneka ryo kw’isi, riyoborwa n’Imana itaboneka? Vyoba vyiza turimbuye uburyo Yehova yategeka iryo hanga rya kera, tukabona canecane uburyo yafata Isirayeli bushimika ku kamaro ko kugamburukira ubukuru bw’Imana tudahemuka.
Uburyo Isirayeli ya Kera Yatwarwa
3. Ni indinganizo ngirakimazi izihe Yehova yashizeho kugira ngo ayobore igisata ciwe?
3 Naho Yehova yari Umwami wa Isirayeli ataboneka, yaragenye abagabo b’abizerwa ngo babe abantu baboneka bamuserukira. Hariho bakizigenza, abakuru b’imiryango n’abagabo b’inararibonye bakorera ico gisata ari abahanuzi n’abacamanza. (Kuvayo 18:25, 26; Gusubira mu Vyagezwe 1:15) Ariko rero, ntidukwiye guca dushika ku ciyumviro c’uko abo bagabo bari bashinzwe amabanga hari ukuntu boshoboye guca imanza bakoresheje ugutegera n’ugutahura bitagira agahaze, hatabayeho uburongozi bw’Imana. Bari abantu badatunganye, kandi ntibari gushobora gusoma ibiri mu mitima y’abo bari bafatanije ugusenga. Mugabo, abacamanza batinya Imana boshoboye guha abo basangiye ukwemera impanuro ngirakimazi kubera yuko yobaye ishingiye ku Vyagezwe vya Yehova.—Gusubira mu Vyagezwe 19:15; Zaburi 119:97-100.
4. Ni impengamiro izihe abacamanza b’abizerwa ba Isirayeli bitwararika kwirinda, kandi kubera iki?
4 Ariko rero, kuba umucamanza ntivyasaba gusa kumenya Ivyagezwe. Kubera bari abanyagasembwa, abo bagabo b’inararibonye bategerezwa kuba maso kugira ngo batangire impengamiro mbi izo ari zo zose ubwabo bafise, nk’ubwikunzi, kugira nkunzi be n’umwina, vyoshobora gutuma baca urubanza nabi. Musa yababwiye ati: “Ntimuze muce urwa nkunzi, nt’Ariko muze mwumvirize aboroshe n’abahambaye, mubanganye: nti Ntimuze mutinye umuntu ku kigohe, kukw imanza ar’iz’Imana.” Emwe, abacamanza ba Isirayeli baca imanza z’Imana. Ese ingene ako kari agateka keza igitangaza!—Gusubira mu Vyagezwe 1:16, 17, ni twe tubihiritse.
5. Turetse ivyo gushiraho abacamanza, ni izindi ntunganyo izihe Yehova yagize kugira ngo yitwararike igisata ciwe?
5 Yehova yarashizeho izindi ntunganyo kugira ngo yitwararike ivyo igisata ciwe gikeneye mu vy’impwemu. N’imbere yuko bashika muri ca Gihugu c’Isezerano, yabategetse kwubaka ihema, na ryo rikaba ryari intimatima y’ugusenga kw’ukuri. Yarashizeho kandi abaherezi kugira ngo bigishe Ivyagezwe, batange ibimazi vy’ibitungwa, bongere bose imibavu mu gitondo no ku mugoroba. Imana yarashizeho mukuru wa Musa, ari we Aroni, ngo abe umuherezi wa mbere mukuru wa Isirayeli yongera igena abahungu ba Aroni ngo bafashe se wabo mu mabanga yiwe.—Kuvayo 28:1; Guharūra 3:10; 2 Ngoma 13:10, 11.
6, 7. (a) Ni ubucuti ubuhe bwari hagati y’abaherezi be n’Abalewi batari abaherezi? (b) Ni icigwa ikihe dushobora gukura ku vy’uko Abalewi bakora ibikorwa bitandukanye? (Ab’i Kolosayi 3:23)
6 Kwitwararika ivyo abantu amamiliyoni bakeneye mu vy’impwemu cari igikorwa amahero, abaherezi na bo ugereranije bakaba bari bake. Ni co gituma hatunganijwe ivy’uko haba abandi bo mu muryango wa Lewi babasahiriza. Yehova yabwiye Musa ati: “Abalewi ubashikirize Aroni n’abana biwe, arabahawe arabeguriwe, barobanuwe mu Bisirayeli.”—Guharūra 3:9, 39.
7 Abalewi bari bungunganijwe neza. Barabaciyemwo imigwi hishimikijwe ya miryango itatu, umuryango wa Gerushoni, wa Kohati n’uwa Merari, umuryango umwumwe wose wari ufise igikorwa ujejwe gukora. (Guharūra 3:14-17, 23-37) Ibikorwa bimwebimwe bishobora gusa n’uko vyari bihambaye kuruta ibindi, mugabo vyose vyari ngirakamaro. Igikorwa Abalewi bo mu muryango wa Kohati bari barahawe cabasaba kuguma hafi y’isandugu y’isezerano nyeranda be n’ibikoresho vyo mw’ihema. Ariko rero, Umulewi wese yaba Umukohati canke atari we, yarinovora uduteka twiza igitangaza. (Guharūra 1:51, 53) Ikibabaje ni uko bamwebamwe batakengurutse uduteka bari bafise. Aho kugamburuka ubukuru bw’Imana badahemuka, ntivyabamaze ipfa maze batangura kugira ubwibone, guhahamira ubukuru be n’ukugira ishari. Umulewi yitwa Kora yari mu bantu nk’abo.
“Mutayeko Murondera n’Ubuherezi na Bgo?”
8. (a) Kora yari nde? (b) Ni ibiki bishobora kuba vyaratumye Kora atangura kubona abaherezi afatiye gusa ku kuntu abantu babona ibintu?
8 Kora ntiyari umukuru w’inzu ya basekuruza b’Abalewi, eka mbere ntiyari n’umukuru w’imiryango y’Abakohati. (Guharūra 3:30, 32) Ariko rero, yari kizigenza yubahwa muri Isirayeli. Amabanga ya Kora ashobora kuba yatumye agiranira ubucuti bwa hafi na Aroni be n’abahungu biwe. (Guharūra 4:18, 19) Kubera yibonera udusembwa tw’abo bagabo, Kora ashobora kuba yiyumviriye ati: ‘Abo baherezi biribonekeza ko ari abanyagasembwa, yamara vyitezwe ko ndabagamburukira! Nta gihe kirahaca, Aroni akoze imasa y’inzahabu. Gusenga iyo masa vyatumye igisata cacu kigwa mu vyo gusenga ibigirwamana. Ubu na ho Aroni, ari we mwenewabo na Musa, ariko akora ari umuherezi mukuru! None ukwo si ukugira nkunzi! Bite ho ku vyerekeye abahungu ba Aroni, ari bo Nadabu na Abihu? Emwe, baragaragaje ko batubaha na gato uduteka twabo tw’umurimo ku buryo Yehova yategerejwe kubica!’a (Kuvayo 32:1-5; Abalewi 10:1, 2) Uko Kora ashobora kuba yariyumviriye kwose, biratomoye yuko yatanguye kubona ivy’ubuherezi afatiye ku kuntu abantu babona ibintu. Ivyo vyamushikanye ku kugarariza Musa na Aroni, maze amaherezo agarariza Yehova.—1 Samweli 15:23; Yakobo 1:14, 15.
9, 10. Ni igiki Kora n’abagarariji bagenzi biwe bagirije Musa, kandi ni kubera iki bari bakwiye kumenya ko atari vyiza?
9 Kubera ko Kora yari umuntu akomeye, nticari ikintu kigoye kuri we kwikumakumirako abandi bantu bafise agatima nk’akiwe. We hamwe na Datani na Abiramu bararonse ababashigikira 250, ni ukuvuga bakizigenza bose b’iryo shengero. Bose hamwe baregereye Musa na Aroni maze bababwira bati: “Ishengero ryose n’iryera, iyo bava bakagera, kand’Uhoraho ari muri bo: none n’iki gituma mwishira hejuru y’ikoraniro ry’Uhoraho?”—Guharūra 16:1-3.
10 Abo bagarariji bari bakwiye kumenya yuko badakwiye kurwanya ubukuru bwa Musa. Ata n’igihe cari bwahace, Aroni na Miriyamu bari bagize nk’uko nyene. Emwe, mbere bari bagize ivyiyumviro nk’ivyo nyene vya Kora! Nk’uko mu Guharūra 12:1, 2 habivuga, babajije bati: “Mbeg’Uhoraho avugisha Mose gusa? Tweho ntatuvugisha?” Yehova yariko arumviriza. Yategetse Musa, Aroni na Miriyamu gukoranira ku muryango w’ihema ry’ibonaniro kugira ngo Yehova ashobore kwerekana uwo yahisemwo ngo abe indongozi. Maze Yehova yavuze mu majambo atomoye ati: “Asangwa muri mwebge har’uwo mvugisha, jewe Uhoraho nzomwimenyeshereza mw iyerekwa, mvuganire na we mu nzozi. Arik’umusavyi wanje Mose si ko bimeze: ayoboka mu rugo rwanje hose.” Inyuma y’ivyo, Yehova yarateje Miriyamu imibembe mu kanya gato.—Guharūra 12:4-7, 10.
11. Musa yavyifashemwo gute ku bijanye na Kora?
11 Kora n’abari ku ruhande rwiwe bategerezwa kuba bari bazi ivy’ico kintu cabaye. Ntibari bafise ico bireguza muri ubwo bugarariji bwabo. Mugabo, Musa abigiranye ukwihangana, yaragerageje kubafasha kuzirikana. Yabahimirije kurushiriza gukenguruka uduteka bari bafise, avuga ati: “Mbega mwabigize ivyoroshe kw Imana y’Abisirayeli yabarobanuye mw ishengero ry’Abisirayeli bandi, kugira ngw ibiyegereze?” Oya, ntivyari “ivyoroshe”! Abalewi bari basanganywe uduteka twinshi. Ni ibindi biki bokwipfuje? Amajambo Musa yongeyeko yarashize ahabona ivyiyumviro vyari mu mutima wabo, agira ati: “Mutayeko murondera n’ubuherezi na bgo?”b (Guharūra 12:3; 16:9, 10) Ariko none Yehova yakiriye gute ukwo kugarariza ubukuru bwiwe?
Umucamanza wa Isirayeli Abijamwo
12. Ubucuti bwiza Isirayeli yari kubandanya kugiranira n’Imana bwari kuba buhagaze ku ki?
12 Igihe Yehova yaha Ivyagezwe Isirayeli, yabwiye abantu ko baramutse bagamburutse, bocitse “ihanga ryera” kandi ko iryo hanga ryogumye ari iryera mu gihe gusa ryoramutse ryemeye indinganizo ya Yehova. (Kuvayo 19:5, 6) Ico gihe ubugarariji bweruye bwariko bwongerekana, cari igihe c’uko Umucamanza wa Isirayeli akaba ari na we Mushingamategeko, abijamwo! Musa yabwiye Kora ati: “Mwe n’abo ku ruhande rwawe bose, ejo muze muze imbere y’Uhoraho: wewe ubgawe, n’abo nyene, muzanane na Aroni; kand’umuntu wese muri mwebge aze yābīre icotero ciwe, mubishirekw imibavu, mubizane imbere y’Uhoraho, umuntu wese icotero ciwe, ukw ar’amajana abiri na mirongwitanu; nawe nyene mwe na Aroni muzane ivyotero vyanyu.”—Guharūra 16:16, 17.
13. (a) Ni kubera iki vyaranga ubwibone kuri abo bagarariji kuja kwosa imibavu imbere ya Yehova? (b) Yehova yafashe gute abo bagarariji?
13 Nk’uko Ivyagezwe vy’Imana vyavuga, abaherezi bonyene ni bo bashobora kwosa imibavu. Mbere iciyumviro c’uko Umulewi atari mu vy’ubuherezi atosa imibavu imbere ya Yehova, cari gikwiye gutuma abo bagarariji bagarura ivyiyumviro. (Kuvayo 30:7; Guharūra 4:16) Si ko vyagendeye Kora n’abari bamushigikiye! Umusi ukurikira “Kora akoraniriza ishengero ryose ku muryango w’iryo hema [kurwanya Musa na Aroni].” Iyo nkuru itubwira iti: “Uhoraho abarira Mose na Aroni, ati Ni mwitandukanye n’iri shengero, ndarirandure mu kanya isase.” Mugabo Musa na Aroni baratakamvye basaba ko ubuzima bw’abandi bantu bwozigurizwa. Yehova yaremeye intakambo yabo. Ku biraba Kora n’ishengero ryiwe, “umuriro uva k’Uhoraho, uyigiza ba bagabo amajana abiri na mirongwitanu bosheje imibavu.”—Guharūra 16:19-22, 35.c
14. Ni kubera iki Yehova yahagurukiye iryo shengero ry’Abisirayeli?
14 Igitangaje cane, ni uko Abisirayeli bari babonye ivyo Yehova yagiriye nya bagarariji batari bwahakure icigwa. “Bukeye bgaho, ishengero ryose ry’Abisirayeli ryidodombera Mose na Aroni, riti Ni mwebge mwishe abantu b’Uhoraho.” Abisirayeli bariko baja ku ruhande rwa za nkozi z’ikibi! Amaherezo, ukwihangana kwa Yehova kwarashitse aho kutarenga. Nta n’umwe, yaba Musa canke Aroni, yari gushobora kugira ico avugiye abo bantu ico gihe. Yehova yarateje ikiza kirarigita abantu batagamburuka, “abishwe n’ikīza bār’abantu ibihumbi cumi na bine n’amajana ndwi, udashizemw’abicishijwe n’ivya Kora.”—Guharūra 16:41-49.
15. (a) Ni imvo izihe zari zikwiye gutuma Abisirayeli bemera badakekeranya uburongozi bwa Musa na Aroni? (b) Iyo nkuru yakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
15 Ntivyari ngombwa ko abo bantu bose bahasiga ubuzima bwabo. Iyo bazirikana hoho kuri ibi bintu. Bari gushobora kwibaza ibibazo nk’ibi: ‘Ni bande barengutse imbere ya Farawo ubuzima bwabo bugahakwa? Ni bande basavye ko Abisirayeli bava mu buja? Ni nde yasabwe kuduga we nyene ku Musozi Horebu kugira ngo avugane imbonankubone n’umumarayika w’Imana inyuma y’aho Abisirayeli bamariye kubohorwa?’ Nta gukeka, inkuru idasanzwe yanditswe ku vyerekeye Musa na Aroni yaratanze ikimenyamenya c’uko bari intahemuka kuri Yehova kandi ko bakunda abo bantu. (Kuvayo 10:28; 19:24; 24:12-15) Yehova ntiyahimbawe no kwica abo bagarariji. Mugabo, igihe vyagaragara yuko abo bantu bariko bashishikara mu bugarariji, yaragize ico akora ubutisubirako. (Ezekiyeli 33:11) Ivyo bintu vyose birafise ico bivuze gihambaye kuri twebwe muri iki gihe. Kubera iki?
Uburyo bwo Kumenya Umuhora Muri Iki Gihe
16. (a) Ni ikimenyamenya ikihe cari gikwiye kujijura Abayuda bo mu kinjana ca mbere yuko Yezu yari uwuserukira Yehova? (b) Ni kubera iki Yehova yasubirije ubuherezi bw’Abalewi, kandi yabusubirije iki?
16 Muri iki gihe, hariho “ihanga” rishasha Yehova akaba ari we Mucamanza waryo ataboneka, we Mushingamategeko akaba n’Umwami waryo. (Matayo 21:43) Iryo ‘hanga’ ryavutse mu kinjana ca mbere mu G.C. Ico gihe, ihema ryo mu gihe ca Musa ryari ryasubiriwe n’urusengero rwiza igitangaza rw’i Yeruzalemu, aho Abalewi bakorera. (Luka 1:5, 8, 9) Ariko rero, mu mwaka wa 29 G.C., urundi rusengero ni ukuvuga urusengero rwo mu vy’impwemu rwarabayeho, Yezu Kirisitu akaba ari we Muherezi Mukuru warwo. (Abaheburayo 9:9, 11) Ikibazo cerekeye ubukuru bw’Imana carasubiye kandi kuvyuka. Ni nde Yehova yari agiye gukoresha kugira ngo arongore iryo ‘hanga’ rishasha? Yezu yaragaragaje ubwiwe ko ari intahemuka ku Mana bimwe bitagira agahaze. Yarakunda abantu. Kandi yarakora ibitangaro vyinshi. Ariko rero, nka kumwe kw’abasekuruza babo b’intagondwa, benshi mu Balewi baranse kwemera Yezu. (Matayo 26:63-68; Ivyakozwe 4:5, 6, 18; 5:17) Amaherezo, Yehova yarasubirije ubuherezi bw’Abalewi ubundi buherezi butandukanye cane na bwo, ni ukuvuga ubuherezi bwa cami. Ubwo buherezi bwa cami burabandanya no gushika muri iki gihe.
17. (a) Ni umugwi uwuhe ugize ubuherezi bwa cami muri iki gihe? (b) Yehova akoresha gute ubwo buherezi bwa cami?
17 Ni bande bagize ubwo buherezi bwa cami muri iki gihe? Intumwa Petero arishura ico kibazo mw’ikete rya mbere yahumekewe ngo yandike. Petero yandikiye abagize umubiri wa Kirisitu basizwe ati: “Mur’ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje.” (1 Petero 2:9) Dufatiye kuri ayo majambo, biratomoye yuko uko bagize umugwi, abayoboke ba Yezu basizwe bagera ikirenge mu ciwe ari bo bagize ubwo “buherezi bwa cami,” (NW) Petero akaba kandi yabwise “ihanga ryera.” Bagize umuhora Yehova akoresha kugira ngo aronse abasavyi biwe inyigisho be n’ubuyobozi bwo mu vy’impwemu.—Matayo 24:45-47.
18. Ni isano irihe riri hagati y’abakurambere bagenywe n’ubuherezi bwa cami?
18 Abaserukira ubuherezi bwa cami ni abakurambere bagenywe, bafise amabanga mu mashengero y’abasavyi ba Yehova hirya no hino kw’isi. Abo bagabo birakwiriye ko tububaha kandi tukabashigikira n’umutima wose, baba abo mu basizwe canke atari bo. Kubera iki? Kubera ko Yehova yagenye abo bakurambere ngo baje muri ivyo bibanza barimwo biciye ku mpwemu yiwe yera. (Abaheburayo 13:7, 17) Ivyo bishoboka gute?
19. Ni mu buryo ubuhe abakurambere bagenwa n’impwemu yera?
19 Abo bakurambere barakwije ibisabwa vyanditse mw’Ijambo ry’Imana, na vyo bikaba ari ivyamwa vy’impwemu y’Imana. (1 Timoteyo 3:1-7; Tito 1:5-9) Kubera ico, igenwa ryabo rishobora kuvugwa ko riba biciye ku mpwemu yera. (Ivyakozwe 20:28) Abakurambere bategerezwa kuba bamenyereye Ijambo ry’Imana mu buryo bunogangije. Nka kumwe kwa wa Mucamanza Kaminuza yabagenye, abakurambere na bo nyene bategerezwa kwanka ikintu ico ari co cose gisa n’ukugira nkunzi mu vyo guca imanza.—Gusubira mu Vyagezwe 10:17, 18.
20. Ni igiki ushima ku vyerekeye abakurambere bakora bagatama?
20 Aho kurwanya ubukuru bwabo, turakengurukira vy’ukuri abakurambere bacu bakora bagatama! Inkuru zerekeye umurimo urangwa ubwizerwe baranguye, kenshi bakaba bawuranguye mu myaka mirongo, ziratuma tubizigira. Barategura bakongera bakarongora amakoraniro y’ishengero babigiranye ubwizerwe, bagafashanya na twe mu kwamamaza “[u]butumwa bgiza bg’ubgami,” kandi bakaduha impanuro zishingiye ku Vyanditswe igihe tuzikeneye. (Matayo 24:14; Abaheburayo 10:23, 25; 1 Petero 5:2) Baratugendera igihe turwaye kandi bakaduhumuriza igihe dutuntuye. Barashigikira inyungu z’ivy’Ubwami badahemuka kandi ata bwikunzi babigiranye. Impwemu ya Yehova iri kuri bo; Yehova arabemera.—Ab’i Galatiya 5:22, 23.
21. Ni igiki abakurambere bategerezwa kuba bazi, kandi kubera iki?
21 Birumvikana ko abakurambere ari abantu badatunganye. Kubera bazi aho ubushobozi bwabo bugarukira, ntibagerageza gutwaza amanyama ‘amasho bagabanganirijwe.’ Ahubwo, ‘bifata nk’abakozi bakorana n’abavukanyi babo mu bibungura umunezero.’ (1 Petero 5:3; 2 Ab’i Korinto 1:24) Abakurambere bicisha bugufi, bakora bagatama barakunda Yehova kandi barazi yuko uko barushiriza kumwigana, ari na ko bazorushiriza gukora ivyiza mw’ishengero. Kubera ko ivyo babifise mu muzirikanyi, baguma bihatira gutsimbataza mwene izo kamere zishimwa n’Imana nk’urukundo, imbabazi n’ukwihangana.
22. Ukwihweza inkuru ya Kora vyakomeje gute ukwizera ufitiye ishirahamwe rya Yehova riboneka?
22 Ese ukuntu duhimbarwa n’ukuba Yehova ari we Mutegetsi wacu ataboneka, Yezu Kirisitu akaba we Muherezi wacu Mukuru, abagize ubuherezi bwa cami basizwe bakaba ari bo bigisha bacu, abakurambere bakirisu b’abizerwa na bo bakaba ari bo bahanuzi bacu! Naho ata shirahamwe na rimwe riyobowe n’abantu rishobora kuba iritagira agahaze, turahimbarwa no kuba dushobora gukorera Imana turi kumwe n’abo dusangiye ukwizera b’abizerwa, bagamburukira ubukuru bw’Imana banezerewe!
[Utujambo tw’epfo]
a Abandi bahungu babiri ba Aroni, ari bo Eleyazari na Itamari, bari intangakarorero mu murimo barangurira Yehova.—Abalewi 10:6.
b Abari bahuje inama na Kora, ari bo Datani na Abiramu bari Abareyubeni. Ku bw’ico, bisa nuko batipfuza ubuherezi. Ku biberekeye, bumva bashangashiwe n’uburongozi bwa Musa be n’uko gushika ico gihe icizigiro bari bafise co gushika muri ca Gihugu c’Isezerano kitari bwaranguke.—Guharūra 16:12-14.
c Mu bihe vya basokuruza, serugo wese yaserukira umugore n’abana imbere y’Imana, mbere akanatanga ibimazi ku bwabo. (Itanguriro 8:20; 46:1; Yobu 1:5) Ariko rero, igihe Ivyagezwe vyashirwaho, Yehova yaragenye abagabo bo mu muryango wa Aroni bwa baherezi, ibimazi bikaba vyari bikwiye gutangwa biciye kuri bo. Ba bagarariji 250 bisa n’uko batari bafise umutima ukunze wo gusenyera ku mugozi umwe n’iryo hinduka ryari ryagizwe mu bijanye n’ukuntu ibintu vyari bisanzwe bigirwa.
Wize Iki?
• Ni intunganyo izihe ziranga urukundo Yehova yashizeho kugira ngo yitwararike Abisirayeli?
• Ni kubera iki Kora atari afise ico yireguza ku bugarariji yagize kuri Musa na Aroni?
• Ni icigwa ikihe dukura ku kuntu Yehova yafashe ba bagarariji?
• Dushobora kwerekana gute yuko dukenguruka indinganizo za Yehova muri iki gihe?
[Ifoto ku rup. 9]
Woba ubona ikigabu ico ari co cose ufise mu murimo wa Yehova ko ari agateka?
[Ifoto ku rup. 10]
“None n’iki gituma mwishira hejuru y’ikoraniro ry’Uhoraho?”
[Ifoto ku rup. 13]
Abakurambere bagenywe baserukira ubuherezi bwa cami