Abacungezi b’Ingenzi—Ni Ingabire-bantu
“Yaradūze, aja iyo hejuru, ajanye iminyago, [atanga ingabire-bantu, “NW”].”—ABANYEFESO 4:8.
1. Ni umurimo mushasha nyabaki wamenyeshejwe muri iki kinyamakuru mu 1894?
UBU haraciye ikinjana kirenga, Umunara w’Inderetsi waramenyesheje ikintu gishasha. Cǎdondowe ko ari “Ishami Rindi ry’Umurimo.” Ico gikenurwa gishasha cazanye ikintu nyabaki? Ryari iyinjirwa rya none rya wa murimo w’abacungezi b’ingenzi. Insohore y’iki kinyamakuru yo ku wa 1 Nyakanga 1894 (mu congereza) yasigura ko kuva ubwo abavukanyi bakwiza ibisabwa bogiye baragendera imigwi y’Abatohoji ba Bibiliya ‘ku bw’intēgo y’ukububaka mu kuri.’
2. Abacungezi b’imizunguruko n’ab’intara bafise amabanga nyabaki?
2 Mu kinjana ca mbere G.C., amakorane makirisu yaragenderwa n’abacungezi mwen’abo, nka Paulo na Barunaba. Abo bagabo b’abizerwa bǎri n’icigerero c’‘ukwubaka’ amakorane. (2 Ab’i Korinto 10:8) Muri iki gihe, turahezagirishwa ibihumbi vy’abagabo bariko barakora ivyo mu buryo bw’intavanyako. Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yarabagennye ngo babe abacungezi b’imizunguruko n’ab’intara. Umucungezi w’umuzunguruko asukurira hafi amakorane 20, akamara umushamvu muri rimwerimwe ryose nk’incuro zibiri buri mwaka, yihweza amadosiye y’ikorane, agatanga inganirwa, kandi akajamwo mu gikorwa ngenerwa co mu ndimiro afatanije n’abamamaji b’Ubwami baho. Umucungezi w’intara ni we ahagarikira rimwerimwe mu materaniro y’umuzunguruko ya buri mwaka agirwa n’igitigiri kinaka c’imizunguruko, akajamwo mu gikorwa ngenerwa co mu ndimiro afatanije n’amakorane yagendewe uwo mushamvu, kandi agatangira indemesho mu nganirwa zishingiye kuri Bibiliya.
Agatima Kabo k’Ukwitanga
3. Ni kuki abacungezi b’ingenzi ari ngombwa ngo bagire agatima k’ukwitanga?
3 Abacungezi b’ingenzi nantaryo bama bari ku nzira. Ivyo ubwavyo bisaba agatima k’ukwitanga. Ukugenda bava mw ikorane baja mu rindi kenshi na kenshi birashobora kugora, mugabo abo bagabo hamwe n’abakenyezi babo ivyo babigirana agatima k’umunezero. Umucungezi umwe w’umuzunguruko yavuze ati: “Umukenyezi wanje ararushirije mu kunshigikira no kutidodomba . . . Arakwiriye gukengurukwa kubera agatima kiwe k’ukwitanga.” Abacungezi b’imizunguruko bamwebamwe barafata ingendo z’ibirometero birenga 1 000 bitandukanya amakorane. Benshi banyonga imiduga, mugabo abandi bakava hamwe baja ahandi mu miduga yunguruza abantu, ku makinga, ku mugongo w’ifarasi, canke ku maguru. Umucungezi munyafirika umwe w’umuzunguruko ahora mbere ategerezwa kwiroha mu ruzi umukenyezi wiwe yamushize ku bitugu kugira ashikire ikorane rimwe. Ku ngendo ziwe z’ubumisiyonari, umuposolo Paulo yategerezwa guhangana n’ubushuhe n’igikonyozi, inzara n’inyota, ukurara maso kenshi, ingeramizi zitari zimwe, n’uguhamwa bikaze. Vyongeye yaragira ‘umwitwarariko w’amakorane yose’—ivyo bikaba ari ibintu bikunda gushikira abacungezi b’ingenzi muri iki gihe.—2 Ab’i Korinto 11:23-29.
4. Ni ingaruka nki imbangamyi z’amagara zigira ku buzima bw’abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo?
4 Nka kumwe kwa Timoteyo wa mugendane wa Paulo, abacungezi b’ingenzi hamwe n’abakenyezi babo rimwe na rimwe baragira imbangamyi z’amagara. (1 Timoteyo 5:23) Ivyo birabaremeka wundi mukazo wiyongeyeko. Hari umukenyezi w’umucungezi w’umuzunguruko asigura ati: “Ukuba nantaryo turi kumwe n’abavukanyi kuraba akananurangoga iyo niyumva ko ntamerewe neza. Aho ntanguriye imyaka y’ukutoba nkivyara, ni ho canecane nasanze ivyo ari amananiza rwose. Gutekera ivyacu buri mushamvu no kuja ahandi, ni agahigisho nyako. Kenshi ndinda guhagarika, nkazamba Yehova kugira ampe inkomezi z’ukubandanya.”
5. Nanzi ngo amakuba atari amwe, ni agatima nyabaki karanzwe n’abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo?
5 Nanzi ngo imbangamyi z’amagara n’ayandi makuba, abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo barakura umunezero mu busuku bwabo kandi bakaranga urukundo rw’ubwitanzi. Bamwe barashize ubuzima bwabo mw irinde kugira bashikane imfashanyo y’ivy’impwemu mu bihe vy’uruhamo canke vy’intambara. Mu gihe c’ukugendera amakorane, baragaragaje agatima kameze nk’aka Paulo, uwabwiye Abakirisu banyatesalonike ati: “Twaritonda hagati muri mwebge, nk’uk’umurezi abungabunga abana biwe. Ni ko twabagirira igishika, ni co catumye duhimbarwa no kubaha, s’ubutumwa bgiza bg’Imana gusa, ariko n’ubgacu bugingo na bgo, kuko mwabaye abo dukunda rwose.”—1 Ab’i Tesalonike 2:7, 8.
6, 7. Ni akosho keza nyabaki abacungezi b’ingenzi bakora bagatama bashobora kugira?
6 Cokimwe n’abandi bakurambere bo mw ikorane rikirisu, abacungezi b’ingenzi ‘barakora bagatama mu kuvuga no mu kwigisha.’ Abakurambere mwen’abo bose “barakwiye gusonerwa kabiri.” (1 Timote 5:17, Ubwuzure Bushasha) Akarorero batanga karashobora kuba nzananyungu iyo ‘twitegereje iherezo ry’ingeso zabo, tukigāna ukwizera kwabo.’—Abaheburayo 13:7.
7 Ni akosho ki abakurambere b’ingenzi bamwebamwe bǎgize ku bandi? “Mbega akosho keza igitangaza Umuvukanyi P—— yangizeko mu buzima bwanje!” ni vyo Icabona ca Yehova umwe yanditse. “Yari umucungezi w’ingenzi muri Mexico kuva mu mwaka 1960 kubandanya. Uko nari umwana, naritega ukutugendera kwiwe mfise igishika cinshi n’umunezero. Igihe nari maze imyaka cumi yambwiye, ngo ‘Nawe nyene uzoba umucungezi w’umuzunguruko.’ Mu kiringo c’imyaka igoye y’ubuyabaga, naramurondera incuro n’izindi kubera yama nantaryo afise amajambo y’urwevu avuga. Yarazwa ishinga n’ukuragira umukuku! Ubu nanje ndi umucungezi w’ingenzi, nantaryo ndagerageza guhebera umwanya abakiri bato no kubashira imbere amahangiro ya gitewokarasi nk’uko yabingirira. No mu misi ya nyuma y’ubuzima bwiwe, naho yari arwaye umutima, Umuvukanyi P—— yama nantaryo arondera gushikiriza akajambo k’ukuremesha. Hagisigaye gusa umusi umwe ngo asandabe muri Ruhuhuma 1995, yaramperekeje ku musi w’iteraniro ridasanzwe, arashira amahangiro mezameza imbere y’umuvukanyi w’umuhinga mu vy’ubwubatsi. Uno muvukanyi yaciye ubwo nyene atuma urupapuro rw’ugusaba gusukurira kuri Beteli.”
Barashimwa
8. “Ingabire-bantu” badondorwa mu Banyefeso ikigabane ca 4 ni bande, kandi ni mu buryo ki bagira ico bunguye ikorane?
8 Abacungezi b’ingenzi hamwe n’abandi bakurambere baterwa agateka k’ukuronka ibigabu bishingwano vy’ubusuku ku bw’ubuntu tutabereye bw’Imana bitwa “ingabire-bantu.” Bwa muserukizi wa Yehova n’Umutwe w’ikorane, Yezu yaratanze abo bagabo bakomeye mu vy’impwemu kugira dushobore kwubakwa umwe wese ukwiwe, twongere dushikire ubuhûmure. (Abanyefeso 4:8-15) Buri ngabire irakwiriye guserurirwa ugushima. Ivyo canecane ni kwo biri ku ngabire idukomeza ngo tugume dusukurira Yehova. None rero, dushobora gute guserura ugushima dufitiye uwo murimo w’abacungezi b’ingenzi? Ni mu buryo ki dushobora kuranga ko ‘dukomeza kububaha’?—Ab’i Filipi 2:29.
9. Ni mu buryo ki dushobora kwerekana ugushima dufitiye abacungezi b’ingenzi?
9 Igihe ukugenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko kumenyeshejwe, dushobora gutangura kugira imigambi kugira tuzojemwo vyuzuye mu bikenurwa vy’ikorane vyo muri uwo mushamvu. Kumbure dushobora kuziganya umwanya wiyongeyeko w’ugushigikira intondeko z’ubusuku bwo mu ndimiro mu kiringo c’ukwo kugenderwa. Hari aho twoba dushoboye gusukura turi abatsimvyi bafasha muri ukwo kwezi. Nta gukēka tuzoshima gushira mu ngiro amagîrenama y’umucungezi w’umuzunguruko ngo tubone kuryohora igikorwa ngenerwa cacu. Agatima mwen’ako kakira kazotwungura kandi kamujijure ko ukutugendera kwiwe ari ukw’ingirakamaro. Ego, abacungezi b’ingenzi bagendera ikorane kugira batwubake, mugabo na bo nyene barakeneye kwubakwa mu vy’impwemu. Hari ibihe Paulo yaba akeneye indemesho, kandi kenshi yarasaba Abakirisu bagenziwe ngo bamuzambire. (Ivyakozwe n’intumwa 28:15; Abaroma 15:30-32; 2 Ab’i Korinto 1:11; Ab’i Kolosayi 4:2, 3; 1 Ab’i Tesalonike 5:25) Abacungezi b’ingenzi bo mu gihe ca none na bo nyene barakeneye amazambo n’indemesho vyacu.
10. Dushobora gute gufasha kugira dutume umurimo w’umucungezi w’ingenzi uba umunezero?
10 Twoba twarabwiye umucungezi w’umuzunguruko n’umukenyezi wiwe ukugene dushima ukutugendera kwabo? Twoba tumukurira ubwatsi kubera impanuro rufasha aduha? Twoba tumumenyesha igihe amagîrenama atanga y’ubusuku bwo mu ndimiro yongereza umunezero wacu mu gikorwa ngenerwa? Niba tubigira, ivyo bizotuma umurimo wiwe uba umunezero. (Abaheburayo 13:17) Umucungezi umwe w’umuzunguruko muri Esupanye canecane yarasasanuye ivyerekeye ukugene we n’umukenyezi wiwe bakunda cane udukete tw’ugukura ubwatsi bǎronse inyuma y’ukugendera amakorane. “Utwo dukarata turatugumana kandi tukadusoma igihe twiyumvisemwo ugucika intege,” ni ko yavuze. “Turatubera isôko ry’indemesho nyayo.”
11. Ni kuki twomenyesha abakenyezi b’abacungezi b’imizunguruko n’ab’intara ko bakundwa n’uko bashimwa?
11 Umukenyezi w’umucungezi w’ingenzi ategerezwa kuba yungukira ku majambo y’ugukezwa. Aba yaritanze bikomeye kugira asahirize umugabo wiwe muri uwo muce w’ubusuku. Abo bavukanyikazi bizerwa baraheba ca ciyumviro gisanzwe c’ukugira uburaro bwabo bwite, abatari bake kandi bagaheba na kimwe c’ukuronka abana. Umukobwa wa Yefuta yari umwe mu basuku ba Yehova yahevye n’umutima ukunze akaryo yari kugira k’ukuronka umugabo n’urugo, kubera indagano se yagize. (Abacamanza 11:30-39) Ukwitanga kwiwe kwabonywe gute? Abacamanza 11:40 hamenyesha icese hati: “Abigeme b’Abisirayeli bama bagenda kwibuka uwo mukobga wa Yefuta w’Umugileyadi, bamuririra imisi ine mu mwaka mu mwaka.” Ese ukuntu biba vyiza cane iyo tugira akigoro k’ukubwira abakenyezi b’abacungezi b’imizunguruko n’ab’intara ko bakundwa n’uko bashimwa!
‘Ntukibagire Ubwakirabashitsi’
12, 13. (a) Ni ishingiro mvavyanditswe irihe rihari ridusaba kugaragariza ubwakirabashitsi abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo? (b) Tangira ikirorezo ukugene ubwakirabashitsi mwen’ubwo bushobora kwungura uwakiriwe n’uwumwakiriye.
12 Ukuranga ubwakirabashitsi ni ubundi buryo bw’ukwerekana urukundo n’ugushima dufitiye abari mu murimo w’ingenzi mukirisu. (Abaheburayo 13:2) Umuposolo Yohani yarakeje Gayo kubera ugushikana ubwakiranyi ku bǎgendera ikorane bwa bamisiyonari b’ingenzi. Yohani yanditse ati: “Mukundwa, wama uyoboka mu vy’ukorera bene Data vyose, kand’ar’injabuka: na bo bashingiye intahe urukundo rwawe mu maso y’i[korane]. Kand’uzoba ugize neza ni wabarungika, uko bibereye ab’Imana. Kuko bavuye i wabo kubg’Izina [ryiwe], ata co batse abanyamahanga. Nuko twebge dukwiye kwākīra neza abameze bartyo, kugira ngo dufatanye [mu kuri] gukora igikorwa.” (3 Yohana 5-8) Muri iki gihe, dushobora guteza imbere igikenurwa c’ubukwiririji bw’Ubwami mu gushikana ubwakirabashitsi nk’ubwo nyene ku bacungezi b’ingenzi hamwe n’abakenyezi babo. Ego ni ko, abakurambere b’ikorane ryaho bakwiye gutohoza neza ko uburaro bushimishije, mugabo umucungezi w’intara umwe yavuze ati: “Ukwifatanya kwacu n’abavukanyi ntigushobora gushingira ku vy’uwushoboye kugira ico adusubije. Mbere ntitwonipfuza ko biboneka ukwo. Dutegerezwa kugira umutima ukunze w’ukwemera ubwakirabashitsi bw’umuvukanyi wacu uwo ari we wese, yaba umutunzi canke umworo.”
13 Ubwakirabashitsi bushobora kwungura uwakiriwe n’uwumwakiriye. “Mu rugo iwacu, twari n’akamenyero k’ugutumira abacungezi b’ingenzi ngo bamarane umwanya natwe,” vyibutswe na Jorge, uwahoze ari umucungezi w’umuzunguruko ubu asukurira kuri Beteli. “Ndiyumvamwo ko ukwo kugenderwa kwamfashije cane kuruta uko navyiyumvira. Mu kiringo c’ubuyabaga bwanje, naragira imbangamyi z’ivy’impwemu. Mawe ivyo vyaramuraza ishinga mugabo ntaheze ngo amenye neza ukugene yomfasha, hanyuma rero agaca asaba uwo mucungezi w’umuzunguruko kuganira nanje. Ubwa mbere naramwirinze, kubera natinya kunebagurwa. Mugabo uburyo bwiwe bw’ukugira ibintu kigenzi bwaratumye ndamwugurukira. Ku Wambere umwe, yarantumiye ngo dusangire ibifungurwa, hanyuma ndugurura koko umutima wanje kubera niyumvamwo ata mazinda ko ntahurwa. Yarumvirije yitonze. Amagîrenama nyakimazi yiwe vy’ukuri yarakoze, kandi naciye ntangura gutera imbere mu vy’impwemu.”
14. Ni kuki dukwiye kuba abashimyi hakuba abaneguzi b’abakurambere b’ingenzi?
14 Umucungezi w’ingenzi aragerageza kuba rufasha mu vy’impwemu ku mikangara no ku bakuze nyene. Ni ngombwa rero ko dukwiye kwerekana ugushima dufise kubera utwigoro agira. Ariko rero, bite none hamwe twomunebagura kubera udukosa twiwe canke tukamugereranya bimwe bitabereye n’abandi bamaze kugendera ikorane? Umengo ivyo vyoba akavunamutima koko. Paulo ntiyaremeshwa n’ukwumva ibinebaguro vy’umurimo yarangura. Bisa n’uko Abakirisu b’i Korinto bamwebamwe bǎnegura inseruko yiwe n’ububangukirwe bwiwe bw’ukuvuga. We nyene ubwiwe yaradonze ibinebaguro mwen’ivyo bamugirako bavuga bati: “Ivyete vyiwe birahambaye, birasogōta, arikw iy’ar’ino, arakēngēretse, kand’amajambo yiwe nta co amaze.” (2 Ab’i Korinto 10:10) Mugabo, hakaba amahirwe, abacungezi b’ingenzi bama bumva amajambo y’inshīmo ndangarukundo.
15, 16. Abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo bashikwa ku mutima gute n’urukundo hamwe n’umwete bigaragazwa n’abizera bagenzi babo?
15 Umucungezi umwe w’umuzunguruko wo muri Amerika yo mu Bumanuko arakonyagiza umusi muzima ku mayira yuzuyemwo igishanga, kugira agendere abavukanyi n’abavukanyikazi biwe bo mu vy’impwemu baba mu karere kifatiwe n’abarwanyi bagarariji. “Birashika ku mutima kubona ukuntu abavukanyi berekana ugushima bafitiye ukugenderwa,” ni ko yanditse. “Naho nyene ntegerezwa kugira akigoro gakomeye ngo ndahashike, ngahangana n’ingeramizi n’amagume vyinshi, ivyo vyose birahabwa impêra n’urukundo hamwe n’umwete abavukanyi baranga.”
16 Umucungezi umwe w’umuzunguruko muri Afirika yanditse ibi: “Kubera urukundo abavukanyi bǎturangiye, twarakunze iteritwari ya Tanzaniya rwose! Abavukanyi bari bagabirije kutwigirako, kandi bagahimbarwa n’ukutwakirira mu mazu yabo.” Hǎriho ubucuti burangwa urukundo n’agahimbare hagati y’umuposolo Paulo na Akwila hamwe na Purisikila, Abakirisu babiri bari bubakanye bo mu kinjana ca mbere. Kukaba nkako, Paulo yaravuze ibiberekeye ati: “Muntahirize Purisikila na Akwila abākoranye nanje muri Kristo Yesu, kandi bāhevye iyabo mitwe ko yocibga kugira ngo bakize amagara yanje. Si jewe jenyene mbashima, ariko n’[amakorane, NW] yose yo mu banyamahanga arabashima.” (Abaroma 16:3, 4) Abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo barakura ubwatsi kubona abagenzi bafise ari Akwila na Purisikila bo mu gihe ca none bita ku rutare ngo babarangire ubwakirabashitsi, bongere bifadikanye na bo.
Ugukomeza Amakorane
17. Ni kuki twovuga ko harimwo urwevu mu ntondeko y’uko haba abacungezi b’ingenzi, kandi amacishabwenge yabo bayakura hehe?
17 Yezu yavuze ati: “Ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.” (Matayo 11:19) Ubwenge buri mu ntondeko y’uko haba abacungezi b’ingenzi buraserukira mu vy’uko ifasha gukomeza amakorane y’igisata c’Imana. Mu kiringo c’urugendo rw’ubumisiyonari rwa kabiri rwa Paulo, we hamwe na Sila baratunganiwe igihe “[ba]ca i Siriya n’i Kilikiya, [b]aremesha [amakorane].” Igitabu c’Ivyakozwe n’intumwa kitwiganira ibi: “[Baca] mu bisagara, bagenda bababgira ivyo intumwa n’abakuru b’i Yerusalemu bāshinze, ngo bavyitondere. Nukw ama[korane] akomerezwa mu kwizera, agenda yunguka ibitigiri imisi yose.” (Ivyakozwe n’intumwa 15:40, 41; 16:4, 5) Abacungezi b’ingenzi bo mu gihe ca none bararonkera amacishabwenge y’ivy’impwemu mu Vyanditswe no mu bisohokayandikiro vya wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” (NW) nk’uko abandi Bakirisu bose babigira.—Matayo 24:45.
18. Abacungezi b’ingenzi bakomeza gute amakorane?
18 Ni vyo koko, abakurambere b’ingenzi bategerezwa kubandanya gufungura ku meza ya Yehova y’ivy’impwemu. Bategerezwa kumenya neza uburyo n’inyobozo iyungungane ry’Imana rikurikiza. Abagabo mwen’abo rero barashobora kuba umuhezagiro nyakuri ku bandi. Biciye ku karorero keza rwose k’umwete bafise mu busuku bwo mu ndimiro, barashobora gufasha abizera bagenzi babo kurushirizaho mu gikorwa ngenerwa gikirisu. Inganirwa zishingiye kuri Bibiliya zitangwa n’abo bakurambere b’ingenzi zirubaka abumviriji mu vy’impwemu. Mu gufasha abandi ngo bakurikize impanuro y’Ijambo ry’Imana, ngo basukure mu buryo bumwe n’igisata ca Yehova co kw isi iyo iva ikagera kandi ngo bakoreshe intunganyo z’ivy’impwemu zishingwa n’Imana ibicishije ku “mushumba w’umwizerwa,” abo bacungezi b’ingenzi barakomeza amakorane baterewe agateka k’ukugendera.
19. Ni ibibazo nyabaki bigisigaye kwihwezwa?
19 Igihe iyungungane rya Yehova ryashinga umurimo w’abakurambere b’ingenzi mu Batohoji ba Bibiliya, ubu hakaba haciye imyaka hafi ijana, iki kinyamakuru camenyesheje icese kiti: “Tuzokwitega imyanzuro n’ubuyobozi bundi bw’Umukama.” Ubuyobozi bwa Yehova bwaragaragaye mu buryo bw’intaseswa. Ku bw’umuhezagiro yatanze n’ubuhagarikizi bw’Inama Nyobozi, uwo murimo warasagambishijwe kandi uraryohorwa uko imyaka yagiye irakurikirana. Bwa mwanzuro, amakorane y’Ivyabona vya Yehova mw isi yose ariko arashikamishwa mu kwizera kandi akongerekana mu gitigiri umusi ku wundi. Biragaragara, Yehova ariko arahezagira agatima k’ukwitanga k’izo ngabire-bantu. Mugabo none abacungezi b’ingenzi bashobora gute gushitsa igikorwa cabo mu buryo bererwa? Ivyigerero vyabo ni nyabaki? Bashobora gute kurushiriza kugira ivyiza gusumba?
Wokwishura Ute?
◻ Amabanga amwamwe y’abacungezi b’imizunguruko n’ab’intara ni ayahe?
◻ Ni kuki abacungezi b’ingenzi ari ngombwa ngo bagire agatima k’ukwitanga?
◻ Ugushima kwokwerekanwa gute kubera umurimo w’abakurambere b’ingenzi n’abakenyezi babo?
◻ Ni igiki abacungezi b’ingenzi bogira kugira batume amakorane ashikama mu kwizera?
[Ifoto ku rup. 9]
Ukwama ku nzira bisaba agatima k’ukwitanga
[Ifoto ku rup. 12]
Woba wararangiye ubwakirabashitsi abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo?