Ukugene Abacungezi b’Ingenzi Basukura nk’Ababwiriza Bizerwa
“Nk’uk’umuntu wese yagabiwe ingabire muzigaburirane, nk’uko bibereye ababgiriza beza b’ubuntu bg’Imana bg’uburyo bginshi.”—1 PETERO 4:10.
1, 2. (a) Ijambo ‘umubwiriza’ worisigura gute? (b) Ni bande baharurwa mu babwiriza bakoreshwa n’Imana?
YEHOVA Abakirisu bizerwa bose arabakoresha bwa babwiriza. Umubwiriza kenshi na kenshi ni umusuku ashinzwe urugo runaka. Ashobora kandi guhangira ivy’urudandazwa rwa shebuja. (Luka 16:1-3; Ab’i Galatiya 4:1, 2) Yezu umugwi wiwe ugizwe n’abasīzwe bari kw isi yawise ‘umubwiriza mwizerwa.’ Uwo mubwirizwa yamushinze ‘ibimwegukira vyose,’ harimwo n’ibikenurwa vy’ubukwiririji bw’Ubwami.—Luka 12:42-44; Matayo 24:14, 45.
2 Intumwa Petero yavuze ko Abakirisu bose ari ababwiriza b’ubuntu tutabereye bw’Imana buserurwa mu buryo butari bumwe. Buri Mukirisu ari n’umuce ashobora gushitsamwo ububwiriza bwizerwa. (1 Petero 4:10) Abakurambere bakirisu bagennywe ni ababwiriza, muri bo hakaba harimwo abacungezi b’ingenzi. (Tito 1:7) Abo bakurambere b’ingenzi bakwiye kubonwa gute? Ni insinzoke nki n’ivyigerero biki bakwiye kuba bafise? Kandi bashobora gute gukora ivyiza gusumba?
Ugukura Ubwatsi Kubera Ubusuku Barangura
3. Ni kuki abacungezi b’ingenzi bashobora kwitwa “ababgiriza beza”?
3 Mu kwandikira umucungezi w’ingenzi umwe n’umukenyezi wiwe, Abakirisu babiri bubakanye bavuze bati: “Dushaka guserura ikurabwatsi ryacu kubera umwanya wose n’urukundo mwaduhaye. Uko tugize urugo, twarungukiye rwose ku ndemesho n’impanuro vyanyu vyose. Turazi ko dutegerezwa kubandanya gukura mu vy’impwemu, mugabo ku bw’ugufashwa na Yehova no ku bw’abavukanyi n’abavukanyikazi nkamwe, ingorane ziri muri iryo kura ziroroshwa.” Imvugo mwen’izo zirakunda guserurwa kubera yuko abacungezi b’ingenzi bitwararika abizera bagenzi babo umwumwe ukwiwe, nka kurya umubwiriza mwiza yitwararika neza ibikenewe n’abo mu rugo. Bamwe usanga ari abagamvyi bibonekeje. Abenshi barahebuje mu murimo w’ubukwiririji, mu gihe abandi bazwi ko ari abanyagishika n’abanyempuhwe. Batsimbataje kandi bagakoresha ingabire mwen’izo mu gukenurira abandi, abacungezi b’ingenzi barashobora kwitwa bíbereye, “ababgiriza beza.”
4. Ni ibibazo ki ubu bigiye kwihwezwa?
4 Umuposolo Paulo yanditse ati: “Ababgiriza babagomba ko baboneka ar’abizigirwa.” (1 Ab’i Korinto 4:2) Ugukenurira Abakirisu bagenzi babo mu makorane atari amwe umushamvu ku wundi ni agateka kari ukwako kandi gateye umunezero. Mugabo kandi ni ibanga rikomeye. Mbega none abacungezi b’ingenzi bashobora gute gushitsa ububwiriza bwabo n’ubwizerwe, mu buryo bererwa?
Ugushitsa Ububwiriza Bwabo mu Buryo Bererwa
5, 6. Ni kuki ukwiheka kuri Yehova mu mazambo ari ngirakamaro mu buzima bw’umucungezi w’ingenzi?
5 Ukwiheka kuri Yehova mu mazambo ni ntahara iyo abacungezi b’ingenzi bashaka kuba ababwiriza batunganirwa. Bivuye ku rutonde nkurikizwa rwabo n’amabanga menshi, rimwe na rimwe boshobora kwiyumvamwo ko baremerewe. (Gereranya na 2 Ab’i Korinto 5:4.) Ni co gituma bakeneye kugira ibihuye n’uru ruririmbo rw’umwandikamazaburi: “Ukorere [Yehova] umutwaro wawe, na we azokuramira: ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa.” (Zaburi 55:22) Aya majambo ya Dawidi na yo nyene arahumuriza: “[Yehova] ahimbazwe, atwikorerera umutwaro uko bukeye.”—Zaburi 68:19.
6 Ni hehe Paulo yakura inkomezi z’ugushitsa amabanga yiwe y’ivy’impwemu? “Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi,” ni ko yanditse. (Ab’i Filipi 4:13) Egome, Imana Yehova yari we Sôko ry’ikomezi za Paulo. Nk’ukwo nyene, Petero yamenyesheje ati: “Umuntu iy’agabuye, agabure nk’ūfise ubushobozi Imana itanga; kugira ngw Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubga Yesu Kristo, afise icubahiro n’ububasha ibihe bitazoshira.” (1 Petero 4:11) Umuvukanyi umwe yamaze imyaka myinshi ari umucungezi w’ingenzi yarashimitse ku vy’inkenero y’ukwiheka ku Mana, amenyesha icese ati: “Nantaryo hanga amaso Yehova mu gushira mu buryo imbangamyi, kandi urondere gufashwa n’iyungungane ryiwe.”
7. Uburimbane bugira uruhara gute mu murimo w’umucungezi w’ingenzi?
7 Uburimbane burakenerwa n’umucungezi w’ingenzi atunganirwa. Cokimwe n’abandi Bakirisu, arinanata ngo ‘bamenye neza ibintu bihambaye kuruta.’ (Ab’i Filipi 1:10)a Iyo abakurambere b’ikorane bafise ibibazo vyerekeye ibintu binaka, boba bagize ibiranga urwevu babisuzumiye hamwe n’umucungezi w’umuzunguruko yabagendeye. (Imigani 11:14; 15:22) Vyoshoboka ko imyihwezo yiwe irimbanye hamwe n’impanuro mvavyanditswe ziwe bigaragara ko ari rufasha cane uko abo bakurambere babandanya gutunganya iyo ngorane amaze kuva muri iryo korane. Mu buryo nk’ubwo nyene, Paulo yabwiye Timoteyo ati: “Ivyo wanyumvanye mu maso y’ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n’abandi.”—2 Timoteyo 2:2.
8. Ni kuki urwigo rwa Bibiliya, ubushakashatsi, n’ukuzirikana ari ntahara?
8 Ukwiga Ivyanditswe, ukugira ubushakashatsi, n’ukuzirikana ni ibisabwa kugira hatangwe impanuro zirongorotse. (Imigani 15:28) Umucungezi w’intara umwe yavuze ati: “Iyo duhwaniye hamwe n’abakurambere, ntidukwiye gutinya kwemera yuko tutazi inyishu y’ikibazo kinaka.” Ukwihatira kugira utwigoro ngo tugire “ivyiyumviro vya Kristo” ku kibazo kinaka biratuma dushobora gutanga impanuro ishingiye kuri Bibiliya izofasha abandi kworohera igomba ry’Imana. (1 Ab’i Korinto 2:16) Rimwe na rimwe umucungezi w’ingenzi arakenera kwandikira Ishirahamwe Watch Tower kugira aronke ubuyobozi. Mu vyo ari vyo vyose, ukwizera Yehova hamwe n’urukundo dukunda ukuri biri n’akamaro rwose kuruta uko tubonwa n’abandi canke ukworoherwa n’ijambo. Ah’ukugenda ari “agakūra mu majambo canke mu bgenge,” Paulo yatanguye igikorwa ngenerwa ciwe i Korinto “[a]fise intege nke, [ari] n’ubgoba, [ah]inda agashitsi kenshi.” Ivyo vyoba vyatumye aba imburakimazi? Ahubwo nyabuna vyarafashije Abanyakorinto kugira ukwizera, ‘kudahagaze mu bwenge bw’abantu, ariko mu bushobozi bw’Imana.’—1 Ab’i Korinto 2:1-5.
Izindi Nsinzoke za Nkenerwa
9. Ni kuki imbabazi zikenewe n’umukurambere w’ingenzi?
9 Imbabazi zirafasha abacungezi b’ingenzi gushikira imyanzuro myiza. Petero yaringinze Abakirisu bose ‘kubabarana,’ canke ‘kunogerana.’ (1 Petero 3:8, NW, akajambo k’epfo) Hari umucungezi umwe w’umuzunguruko yiyumvisemwo inkenero y’‘ukwitwararika buri muntu mw ikorane no kumushirako ikebu vy’ukuri.’ Paulo yarandikanye agatima nk’ako nyene, ati: “Munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.” (Abaroma 12:15) Imero-gatima mwen’iyo iratuma abacungezi b’ingenzi bihata bivuye inyuma kugira batahure imbangamyi n’inyifato z’ibintu vy’abizera bagenzi babo. Baraheza rero bagashobora gutanga impanuro mvavyanditswe yubaka ishobora gukora iciza nyakuri iyo ikurikijwe. Umucungezi umwe w’umuzunguruko ahebuje mu vy’ukuranga imbabazi yaronse iri kete rivuye mw ikorane ryo mu micungararo y’i Turin, mu Butaliyano: “Asangwa ushaka kwitwararikwa, itwararike abandi; ushaka gushimwa, shima abandi; ushaka gukundwa, kundana; ushaka gufashwa, ba ugabirije gufasha. Ivyo ni ivyo twakwigiyeko!”
10. Abacungezi b’imizunguruko n’ab’intara bavuze ibiki ku vyerekeye ukuba incabugufi, kandi ni akarorero ki Yezu yasize muri ivyo?
10 Ukuba incabugufi n’abegēreka birasahiriza abacungezi eb’ingenzi kugira bakore iciza kinini. Umucungezi umwe w’umuzunguruko yabonye ibi: “Kugumana agatima k’ukwicisha bugufi ni ngirakamaro rwose.” Yarakebuye abacungezi b’ingenzi bashasha ati: “Ntimukarekerane ngo mwoshwe bimwe birenze n’abavukanyi bīfise, ku bw’ivyo bashobora kubagirira, canke ngo mugarukirize ubucuti bwanyu kuri mwen’abo, mugabo mwinanatire nantaryo gushikirana na bose ata kugirira nkunzi.” (2 Ngoma 19:6, 7) Kandi umucungezi w’ingenzi w’incabugufi vy’ukuri ntazogira iciyumviro c’indenzarugero ku kamaro ubwiwe amaze kubera ko ari umuserukizi w’Ishirahamwe. Umucungezi w’intara umwe yasasanuye bibereye ati: “Ca bugufi kandi ushime kwumviriza abavukanyi. Nantaryo nube uwegereka.” Yezu bwa muntu mukuru aruta abigeze kubaho, yari gushora gutuma abantu biyumvamwo ko batamerewe neza, mugabo yari incabugufi n’uwegeretse ku buryo mbere n’abana biyumvamwo ko bamerewe neza iyo ahari. (Matayo 18:5; Mariko 10:13-16) Abacungezi b’ingenzi bashaka ko abana, imiyabaga, abashaje—eka uwo ari we wese mw ikorane—bokwiyumvamwo atacobabuza kubegēra.
11. Iyo bikenewe, ugusaba imbabazi gushobora kugira ico gukoze giki?
11 Birumvikana, “twese dutsitara muri vyinshi,” kandi nta mucungezi w’ingenzi n’umwe atewe urucanco rw’ukudahuba. (Yakobo 3:2) Iyo bahuvye, ugusaba imbabazi kw’imvamutima kuraha abandi bakurambere akarorero k’ukwicisha bugufi. Nk’uko bivugwa mu Migani 22:4, ‘ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ugutinya Yehova ni zo butunzi n’icubahiro n’ubuzima.’ Kandi, none abasuku b’Imana bose ntibakeneye ‘kwicisha bugufi mu kugendana n’Imana yabo?’ (Mika 6:8) Igihe yabazwa impanuro yoba afise ku mukurambere w’ingenzi mushasha, umucungezi w’umuzunguruko umwe yasasanuye ati: “Nugire icubahiro cinshi n’ubusoneranyi bwinshi ku bavukanyi bose, kandi ubabone nk’uko bameze neza rwose kukuruta. Uzokwigira vyinshi ku bavukanyi. Guma wicisha bugufi. Wewe ubwawe niwigire ǔsanzwe. Ntiwikakishe.”—Ab’i Filipi 2:3.
12. Ni kuki ukugirira umwete igikorwa ngenerwa gikirisu biri n’ico bivuze koko?
12 Umwete umucungezi w’ingenzi afitiye igikorwa ngenerwa gikirisu uraha agaciro amajambo avuga. Kukaba nkako, igihe we n’umukenyezi wiwe batanga akarorero ndangamwete mu murimo w’ubwamamazanjili, abakurambere, abakenyezi babo hamwe n’abandi mw ikorane bararemeshwa kugaragaza umwete mu gikorwa ngenerwa cabo. “Girira umwete ubusuku,” uko ni ko umucungezi umwe w’umuzunguruko yasavye ashimitse. Yongeyeko ati: “Nasanze, mu bisanzwe, uko ikorane rirushiriza kugira umwete mu gikorwa ngenerwa ari ko bagira ingorane nke.” Uwundi mucungezi w’umuzunguruko yabonye ibi: “Ndemera ko iyo abakurambere bakora mu ndimiro bafatanije n’abavukanyi n’abavukanyikazi kandi bakabafasha kunezerererwa igikorwa ngenerwa, ivyo biraheza bikavamwo amahoro y’umuzirikanyi n’ugushira akanyota kurushirije mu gusukurira Yehova.” Umuposolo Paulo ‘yarakomeje ugushira amanga kugira abwire inkuru nziza y’Imana Abanyatesalonike mu ntambara nyinshi.’ Ntibitangaje rero kubona bagumye bibuka neza ukuntu yabagendeye n’igikorwa ngenerwa ciwe kandi bakipfuza rwose gusubira kumubona!—1 Ab’i Tesalonike 2:1, 2; 3:6.
13. Ni ibiki umucungezi w’ingenzi atirengagiza igihe ariko arakwiririza afadikanije n’Abakirisu bagenziwe mu busuku bwo mu ndimiro?
13 Igihe ariko akorana n’Abakirisu bagenziwe mu gikorwa ngenerwa co mu ndimiro, umucungezi w’ingenzi ntiyirengagiza inyifato z’abo z’ibintu n’ivyo batari bushobore. Naho nyene inama abagīra zishobora kuba rufasha, arazi ko bamwe bashobora kugira ibisoni igihe bakwiririza bafadikanije n’umukurambere w’inararibonye. Ariko rero hamwehamwe, indemesho ishobora kuba ngirakamaro kuruta impanuro. Igihe aherekeje abamamaji canke abatsimvyi kurongōra urwigo rwa Bibiliya, boshobora kubona ko vyiza ari we yorurongōra. Ivyo vyoshobora kubigisha ukugene boryohora uburyo bwabo bw’ukwigisha.
14. Ni kuki twoshobora kuvuga ko abacungezi b’ingenzi banyamwete bakaburira umwete abandi?
14 Abacungezi b’ingenzi banyamwete barakaburira umwete abandi. Umucungezi umwe w’umuzunguruko mu Buganda yaramaze isaha ariko aca mw ishamba rinini kugira aherekeze umuvukanyi kurongōra urwigo rwa Bibiliya rwagira iterambere rike. Mu gihe c’urugendo rwabo imvura yarasegenyutse ku buryo bǎshitse bacitse inkoko. Aho urwo rugo rw’abantu batandatu rumenyeye ko uwo mushitsi wabo ari umucungezi w’ingenzi, vyarabatangaje cane. Bǎri bazi ko abakuru b’isengero ryabo batokwigera berekana umwitwarariko mwen’uwo mu mukuku. Ku Wiyinga wakurikiye, baritavye ihwaniro ryabo rya mbere kandi baraserura icipfuzo c’ugucika Ivyabona vya Yehova.
15. Ni ikintu giki ciza cabaye cagizwe n’umucungezi umwe w’umuzunguruko muri Mexico?
15 Muri reta ya Oaxaca y’i Mekizike, umucungezi umwe w’umuzunguruko yaragize akigoro vy’ukuri atawokamwitezeko. Yariyungunganije kugira amare amajoro ane mu nzu y’ibohero ngo abone kugendera umugwi w’abanyororo indwi bari bacitse abamamaji b’Ubwami. Yaramaze imisi aherekeza izo mbohe uko bashinga icabona bava mu gasho baja mu kandi, bongera bayobōra inyigo za Bibiliya. Kubera ugushimishwa kwerekanywe, zimwe muri izo nyigo zarabandanya neza gushika mw ijoro. “Ku mpera y’ukwo kubagendera, abo banyororo hamwe nanje nyene twariyumvisemwo umunezero mwinshi, uba umwanzuro uvuye ku guhanahana indemesho,” ni ko uwo mucungezi munyamwete w’umuzunguruko yanditse.
16. Ni kuki bizana akunguko rwose igihe abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo batanze indemesho?
16 Abacungezi b’ingenzi baragerageza kuba ruremesha. Igihe Paulo yagendera ikorane ry’i Makedoniya, ‘yarabaremesheje mu majambo menshi.’ (Ivyakozwe n’intumwa 20:1, 2) Amajambo y’indemesho arashobora kuba rufasha mu kwerekeza abakiri bato n’abakuze nyene ku mahangiro y’ivy’impwemu. Ku biro vy’ishami rinini rimwe ry’Ishirahamwe Watch Tower, umwihwezo ntategekanywa warahishuye yuko abacungezi b’imizunguruko bari baremesheje hafi 20 kw ijana mu bishakire ngo batangure ubusuku bw’igihe cose. Kubera akarorero keza cane umukenyezi w’umucungezi w’ingenzi atanga bwa muvugiraheru w’Ubwami w’igihe cose, na we nyene aragaragaza ko ari isôko rihambaye ry’indemesho.
17. Umucungezi umwe w’umuzunguruko ageze mu zabukuru yiyumvisemwo gute ku biraba agateka yatewe k’ugufasha abandi?
17 Abashaje hamwe n’abadendebuwe n’umubabaro canecane, barakeneye indemesho. Umucungezi umwe w’umuzunguruko ageze mu zabukuru we yanditse ati: “Umuce w’umurimo wanje unzaníra umunezero w’imbere utagira uko wovugwa ni agateka k’ugufasha abahororokewe na bamagaramake bo mu mukuku w’Imana. Amajambo ari mu Baroma 1:11, 12, kuri jewe aragira ico avuze kidasanzwe, kuko ndahakǔra indemesho n’inkomezi nyinshi igihe ‘mpereza ingabire y’ivy’impwemu mwen’abo kugira bashikamishwe.’ ”
Impêra z’Umurimo Wabo Urangwa Umunezero
18. Ni ivyigerero nyabaki bishingiye ku Vyanditswe abacungezi b’ingenzi bafise?
18 Abacungezi b’ingenzi ukwitwararika rwose abizera bagenzi babo bagufise ku mutima. Bipfuza gukomeza amakorane no kuyubaka mu vy’impwemu. (Ivyakozwe n’intumwa 15:41) Hari umucungezi w’ingenzi akora agatama “kugira atange indemesho, aronse induhuro, kandi ngo akorereze icipfuzo c’ugushitsa igikorwa ngenerwa no gushishikara kugendera mu kuri.” (3 Yohana 3) Hari uwundi na we arondera gutsimbataza abizera bagenziwe mu kuri. (Ab’i Kolosayi 2:6, 7) Ibuka ko umucungezi w’ingenzi ari “uwo dufatanije igikorwa vy’ukuri,” si uwuganza ukwizera kw’abandi. (Ab’i Filipi 4:3; 2 Ab’i Korinto 1:24) Ukutugendera kwiwe ni akaryo k’ukuremeshwa n’ak’igikenurwa ciyongeyeko, kukaba n’akanyonza ku nama y’abakurambere k’ukwihweza ubundi iterambere ryabaye n’ukurimbura amahangiro yoshingwa yo muri kazoza. Ku bw’ivyo avuga n’akarorero atanga, abamamaji, abatsimvyi, abasuku bagenwa, n’abakurambere b’ikorane, barashobora kwizigira kwubakwa no gukaburirwa gukora umurimo ubarorereye. (Gereranya na 1 Ab’i Tesalonike 5:11.) Gutyo rero, n’umutima wacu wose nidushigikire ukugenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko kandi turushirize kwungukira rwose ku busuku bukorwa n’umucungezi w’intara.
19, 20. Abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo bǎronse impêra gute kubera ubusuku bakorana ubwizerwe?
19 Abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo bararonka impêra irimwo vyinshi kubera ubusuku bwabo bugiranwa ukwizerwa, kandi barashobora kwizigira ko Yehova azobahezagira kubera iciza bakora. (Imigani 19:17; Abanyefeso 6:8) Georg na Magdalena ni abubakanye bashaje bǎmaze imyaka myinshi basukura mu murimo w’ingenzi. Ku mukwakwa wabereye muri Luxembourg, Magdalena yaregerewe n’umuntu yari yarashinzeko icabona hakaba hari hashize imyaka irenga 20. Ukwo gushimishwa kw’uwo mugore w’Umuyahudikazi kwari kwavyuwe n’icandikano nsigurabibiliya Magdalena yamusigaranye, mu nyuma akaba yarabatijwe. Georg yaregerewe n’umuvukanyikazi mu vy’impwemu, uwibutse aho yabagendera i muhira hakaba hari haciye hafi imyaka 40. Inshikirizo yiwe nshwashwanuzi y’inkuru nziza mu nyuma yatumye we hamwe n’umugabo wiwe bompi bemera ukuri. Ico tutokwirirwa turavuga, Georg na Magdalena bompi bǎruzuye umunezero.
20 Igikorwa nyamacamwa ca Paulo muri Efeso caramuzaniye umunezero kandi kigashobora kuba catumye asubiramwo aya majambo ya Yezu: “Gutanga kuzana [ubuhirwe, NW], kuruta guhabga.” (Ivyakozwe n’intumwa 20:35) Kubera yuko umurimo w’ingenzi usaba ugutanga kwamizako, abaja muri wo baragira ubuhirwe, na canecane igihe bamenye imyanzuro myiza iva mu butame bwabo. Umucungezi umwe w’umuzunguruko yari yafashije umukurambere yacitse intege, mw ikete yabwiwe ibi: “Warabaye ‘imfashanyo ntanganguvu’ ihambaye mu buzima bwanje bw’ivy’impwemu—kuruta uko ubizi. . . . Ntuzokwigera umenya vyuzuye ukugene wabaye rufasha rwose kuri Asafu wa none, uwo ‘ibirenge kāri gato bigatirimuka.’ ”—Ab’i Kolosayi 4:11; Zaburi 73:2.
21. Ni kuki wovuga ko 1 Ab’i Korinto 15:58 haraba ibikenurwa vy’abacungezi b’ingenzi?
21 Umukirisu ashaje yamaze imyaka itari mike mu murimo w’umuzunguruko arakunda kwiyumvira ibiri mu 1 Ab’i Korinto 15:58, aho Paulo asaba ashimitse ati: “Mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ubutame bganyu atar’ubg’ubusa mu Mwami.” Abacungezi b’ingenzi nta gukēka barafise vyinshi bakora mu murimo w’Umukama. Kandi ese ukuntu dukura ubwatsi kubera basukura gutyo n’umunezero bwa babwiriza bizerwa b’ubuntu tutabereye bwa Yehova!
[Akajambo k’epfo]
a Raba igihimbu “Peut-on avoir beaucoup à faire et être heureux?” (Twoba Dushoboye Kugira Ubuhirwe Kandi Dufise Vyinshi Dukora?) mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Rusama 1991, urupapuro 28-31.
Wokwishura Ute?
◻ Ni kuki abacungezi b’ingenzi bashobora kubonwa bwa ‘babwiriza beza’?
◻ Inyungamwo zimwezimwe zifasha abacungezi b’imizunguruko n’ab’intara gukora ivyiza vyinshi ni izihe?
◻ Ni kuki ukwicisha bugufi n’umwete ari ngirakamaro rwose ku bagiye mu murimo w’ingenzi?
◻ Ni ivyigerero vyiza ibihe abacungezi b’ingenzi bafise?
[Ifoto ku rup. 15]
Abacungezi b’ingenzi barondera kuremesha abizera bagenzi babo
[Ifoto ku rup. 16]
Abakiri bato hamwe n’abakuze nyene barashobora kwungukira ku kwifadikanya n’abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo
[Ifoto ku rup. 17]
Igikorwa ngenerwa ndangamwete c’abacungezi b’ingenzi kirakorereza umwete mu bandi