Twese duhanahane indemesho
1. Kugenderwa n’abacungezi b’ingenzi bituma haba uturyo tudasanzwe utuhe?
1 Intumwa Paulo yandikiye ishengero ry’i Roma ati: “Ncambirwa kubabona, kugira ndabahe ingabirano y’ivy’impwemu kugira ngo mugirwe abashikamye; canke riho, kugira habe uguhanahana indemesho muri mwebwe, umwe wese akaremeshwa biciye ku kwizera kw’uwundi, ukwanyu n’ukwanje” (Rom. 1:11, 12). Ukugenderwa n’abacungezi b’ingenzi kugirwa mu gihe ca none kuratuma haboneka uturyo nk’utwo two guhanahana indemesho.
2. Ni kubera iki urugendo rw’umucungezi w’umuzunguruko rutangazwa imbere y’igihe?
2 Ishengero: Urugendo rw’umucungezi w’umuzunguruko muri rusangi ruratangarizwa ishengero hagisigaye amezi atatu ngo rube. Ivyo bituma turonka umwanya wo kugira ivyo duhinduye ku rutonde rwacu kugira ngo twungukire kuri urwo rugendo bimwe bishitse (Ef. 5:15, 16). Nimba ukora akazi, kumbure uzoshobora gusaba ikonji kugira ngo ushigikire umurimo wo mu ndimiro muri iyo ndwi. Hari abategekanya ivyo gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri ukwo kwezi umucungezi agendera ishengero. Nka hamwe woba warategekanije kuja ahantu, woba woshobora kugira ivyo uhinduye kugira ngo uzobe ariho uri muri iyo ndwi?
3. Umwe wese muri twebwe yokora iki mu gihe co kugenderwa n’umucungezi kugira ngo aremeshwe?
3 Intumbero nyamukuru y’urugendo rw’umucungezi w’umuzunguruko ni iyo kuremesha umwumwe wese mu bagize ishengero no kumumenyereza mu bijanye n’ubusuku bwo mu ndimiro. Woba wipfuza gukorana na we canke n’umukenyezi wiwe nimba yubatse? Umucungezi w’umuzunguruko arahimbarwa no gukorana n’abamamaji batandukanye, harimwo n’abazi bike mu busuku canke abipfuza kurushiriza kugira ubuhanga muri ico gikorwa. Bose barashobora kwigira ku kuntu ashikiriza inkuru nziza bagashira no mu ngiro inama iyo ari yo yose yobagira abigiranye umutima mwiza (1 Kor. 4:16, 17). Kumutumira ngo muze musangire akajumbu bizoguha akandi karyo ko kuremeshanya kigenzi (Heb. 13:2). Kubera ko insiguro ashikiriza zihuzwa n’ivyo ishengero rikeneye, urazitega yompi witonze.
4. Tworemesha gute umucungezi wacu w’umuzunguruko?
4 Umucungezi w’umuzunguruko: Cokimwe n’abandi bavukanyi yasukurira, intumwa Paulo yarashikirwa n’ingorane akongera akagira imyitwarariko, gutyo akaba yarakenguruka indemesho (2 Kor. 11:26-28). Igihe ishengero ry’i Roma ryamenya ko Paulo, uwari imbohe ico gihe, yari agiye kuza ng’aho i Roma, hari abagiye kumutegerera ku Kaguriro ka Apiyo, akari ku birometero 74! “Paulo ababonye, akengurukira Imana, ararema” (Ibik. 28:15). Na wewe nyene urashobora kuremesha umucungezi wanyu w’umuzunguruko. Numutere “iteka ririmwo abiri” mu kumushigira bivuye ku mutima mu gihe abagendeye (1 Tim. 5:17). Numubarire ko ukenguruka bivuye ku mutima utwigoro agira ku bw’ineza yawe, wongere ubimwereke. We n’umukenyezi wiwe bazohimbarwa igihe babona ukwizera kwawe, urukundo rwawe be n’ukwihangana kwawe.—2 Tes. 1:3, 4.
5. Ni kubera iki twese dukeneye indemesho muri iki gihe?
5 Muri ibi “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira”, ni nde muri twebwe adakeneye kuremeshwa (2 Tim. 3:1)? Guhera ubu rero niwiyemeze kugira uruhara bimwe bishitse mu ndwi idasanzwe y’ibikorwa uri kumwe n’umucungezi w’umuzunguruko. Yaba umucungezi w’ingenzi canke abamamaji, twese turashobora kugira uruhara mu guhanahana indemesho mu buryo buteye umunezero. Muri ubwo buryo kandi ‘tuguma duhozanya twongera twubaka bagenzi bacu’.—1 Tes. 5:11.