Intwarabutumwa z’Amahoro y’Imana Bitwa Bahirwe
“Abācunguwe [na Yehova] bazogaruka, bashike i Siyoni baririmba; umunezero udashira uzoba ku mitwe yabo.”—YESAYA 35:10.
1. Ni igiki isi ikeneye cane?
MURI iki gihe, kuruta ikindi cose, abantu barakeneye intwarabutumwa y’inkuru nziza. Birakenewe vyihutirwa yuko hagira umuntu ayaga ukuri kwerekeye Imana n’intēgo zayo, icabona w’intatinya azobûrira abanyakibi ukuza kw’agatikizo, kandi agafasha ab’umutima ugororotse kuronka amahoro y’Imana.
2, 3. Ku biraba Isirayeli, Yehova yashikije gute umuhango wiwe wanditswe muri Amosi 3:7?
2 Mu misi y’ihanga rya Isirayeli, Yehova yarasezeranye gutanga intwarabutumwa za mwen’ubwo bwoko. Mu mpera z’ikinjana c’icenda B.G.C., umumenyeshakazoza Amosi yavuze ati: “Umwami [Yehova] ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.” (Amosi 3:7) Mu binjana vyakurikiye iryo rivumerano, Yehova yararanguye ibikorwa vyinshi vy’ububasha. Nk’akarorero, mu 607 B.G.C. yarahanye bikomeye igisata ciwe yari yitoreye, kubera bari abagarariji n’insesamaraso. Yarahanye kandi amahanga vyegeranye yasekeye mw ijigo kubera ugucumukura kwa Isirayeli. (Yeremiya, ikigabane ca 46-49) Maze, mu 539 B.G.C. Yehova yaratumye Inganji y’Isi Yose ya Babiloni isenyuka, hanyuma ico vyavuyemwo, mu 537 B.G.C., amasigarira y’Abisirayeli bǎrasubiye mu gihugu cabo kugira basubire kwubaka urusengero.—2 Ngoma 36:22, 23.
3 Ivyo vyari ibishikiragihe bihambaye, kandi mu buryo buhuye n’ayo majambo ya Amosi, Yehova yarabihishuriye imbere y’igihe abamenyeshakazoza bǎsukura bwa ntwarabutumwa, mu kubûrira Isirayeli ivyategerezwa gushika. Hagati mu kinjana c’umunani B.G.C., yarahagurukije Yesaya. Hagati mu kinjana c’indwi B.G.C., yahagurukije Yeremiya. Hanyuma nko mu mpera z’ico kinjana, ahagurutsa Ezekiyeli. Abo hamwe n’abandi bamenyeshakazoza bizerwa baratanze icabona gikomeye ku vyerekeye intēgo za Yehova.
Ukugenekereza Intwarabutumwa z’Imana Muri Kino Gihe
4. Ni igiki cerekana inkenero abantu bafise y’intwarabutumwa z’amahoro?
4 Bite none ku biraba kino gihe? Abenshi mw isi ubwabo bariyumvamwo y’uko hari ikintu c’agakomeye kiri buzobe iyo babonye iyononekara ry’ikibane c’abantu. Abakunda ubugororotsi barababarira ku mutima iyo babona uburyarya n’ubukozi bw’ikibi bunyomoje vya Kirisitendomu. Nka kumwe Yehova yabimenyesha abicishije kuri Ezekiyeli, ‘baranihishwa n’ibizira vyose bikorerwa hagati muri yo, bikabariza.’ (Ezekiyeli 9:4) Ariko rero, abenshi ntibatahura namba intēgo za Yehova izo ari zo. Barakeneye kubibwirwa.
5. Yezu yerekanye gute ko hobayeho intwarabutumwa muri kino gihe cacu?
5 Hoba hariho muri iki gihe cacu uwubahuka kuvuga afise agatima k’intatinya ka Yesaya, Yeremiya na Ezekiyeli? Yezu yarerekanye ko hari uwobishoboye. Igihe yariko amenyesha imbere y’igihe ibishikiragihe vyo muri ino misi, yavuze ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.” (Matayo 24:14) Ni nde muri iki gihe ariko ashitsa ayo mamenyeshakazoza mu gusukura ari intwarabutumwa, umukwiririji w’inkuru nziza? Ugusa kuri hagati y’ino misi turimwo n’igihe ca Isirayeli ya kera biradufasha kwishura ico kibazo.
6. (a) Dondora ivyashikiye ‘Isirayeli y’Imana’ mu kiringo c’intambara ya mbere y’isi yose. (b) Ibiri muri Ezekiyeli 11:17 vyarangukiye gute kuri Isirayeli ya kera?
6 Muri ya misi y’umwiza y’Intambara ya I y’Isi Yose, igisata ca Yehova ca none, amasigarira ya ‘Isirayeli y’Imana’ yasîzwe, baragiye mu buhabishwe bumeze nka bumwe Isirayeli yarimwo i Babiloni. (Galatiya 6:16) Baracumukujwe n’ukwangazwa kwo mu vy’impwemu muri Babiloni Hahambaye, uruvange rw’amadini y’ikinyoma yo muri iyi si, Kirisitendomu ikaba ifisemwo ikibanza gikuru kandi ikaba ari yo ibazwa vyinshi. Ariko rero, amajambo Yehova yabwiye Ezekiyeli arerekana ko batǎri bahebwe. Yavuze ati: “Nzobakoranya mbakūre mu mahanga, kandi mbakoranirize hamwe mbakūye mu bihugu aho mwari mwarasābagirijwe, maze mbahe igihugu c’i Bgisirayeli.” (Ezekiyeli 11:17) Kugira Yehova ashitse uwo muhango yahaye Isirayeli kera, yahagurukije Kuro Umuperesi, uwatembagaje Inganji y’Isi Yose ya Babiloni, hanyuma akugururira inzira amasigarira ya Isirayeli kugira basubire mu gihugu cabo. Ariko bite none muri kino gihe?
7. Mu 1919, ni igishikiragihe nyabaki cerekanye ko Yezu ari n’ivyo yakoze agwanya Babiloni Hahambaye? Sigura.
7 Kare na kare muri iki kinjana, hariho ikimenyamenya gikomeye c’uko Kuro Mukuru yari ku gikorwa. Uwo yari nde? Nta wundi atari Yezu Kirisitu, uwimitswe mu Bwami bwo mw ijuru kuva mu 1914. Uwo Mwami ahambaye yareretse ukugomba kwiza kwiwe abavukanyi biwe basīzwe bari kw isi, igihe mu mwaka w’1919 Abakirisu basīzwe bidegemvya bakava mu guhabishwa kwo mu vy’impwemu hanyuma bagasubira mu ‘gihugu’ cabo, mu mero bahoramwo mu vy’impwemu. (Yesaya 66:8; Ivyahishuriwe Yohana 18:4) Nuko, muri Ezekiyeli 11:17 haragize iranguka ryo muri kino gihe. Mu bihe vya kera vyasavye ko Babiloni hagwa kugira Abisirayeli bugururirwe inzira ngo basubire mu gihugu iwabo. Muri iki gihe, ugusubizwa umutamana kwa Isirayeli y’Imana kwabaye ikimenyamenya c’uko Babiloni Hahambaye hǎguye mu minwe ya Kuro Mukuru. Ukwo kugwa kwari kwaratangajwe na wa mumarayika wa kabiri wo mu Vyahishuriwe Yohana ikigabane ca 14, igihe yiha akamo ati: “Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino ni yo burake bg’ubushakanyi bgaco.” (Ivyahishuriwe Yohana 14:8) Mbega ihinduka ry’ibintu kuri Babiloni Hahambaye, na canecane kuri Kirisitendomu! Kandi ese ingene ari umuhezagiro ku Bakirisu nyakuri!
8. Igitabu ca Ezekiyeli kidondora gute agahimbare igisata c’Imana bagize inyuma y’ukubohorwa kwabo mu 1919?
8 Muri Ezekiyeli 11:18-20, tuhasoma indondoro y’uwo mumenyeshakazoza y’akamwemwe k’igisata c’Imana inyuma y’ugusubizwa umutamana kwabo. Iranguka rya mbere ry’ayo majambo yiwe ryasigura ityororwa rya Isirayeli mu misi ya Ezira na Nehemiya. Iranguka rya none risigura ikintu gisa n’ico. Reka turabe ukugene vyagenze. Yehova avuga ati: “Nuko bazojayo, bahakūre ibintu vyaho vyose nanka urunuka, n’ibizira vyaho vyose.” Nk’uko vyamenyeshejwe imbere y’igihe, guhera mu 1919 Yehova yaratyoroye igisata ciwe kandi arasubira kubakomeza kugira bamusukurire. Batanguye gukura mu vy’impwemu ingeso n’inyigisho vyose vya kibabiloni vyabatosekaza mu nyonga ziwe.
9. Ni imihezagiro nyabaki ihambaye Yehova yahaye igisata ciwe, kuva mu 1919?
9 Nuko, nk’uko bivugwa ku murongo w’19, Yehova yabandanije ati: “Nanje nzobaha umutima umwe, mbashiremw’impwemu nsha; nzokūra umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yabo, mbahe umutima woroshe nk’inyama.” Mu buryo bujanye n’ayo majambo, mu 1919 Yehova yarahurikije hamwe abasuku biwe basīzwe, abaha “umutima umwe” tubivuze mu kugereranya, ngo babone kumusukurira “bahuje inama.” (Zefaniya 3:9) Vyongeye, Yehova yarahaye igisata ciwe impwemu yera kugira ibakomeze mu gikorwa co gushinga icabona yongere yimbure muri bo ca camwa ciza kidondorwa mu B’i Galatiya 5:22, 23. Kandi ah’ukubaha umutima w’intabarirwa, umeze nk’ibuye, Yehova yabahaye umutima woroshe, wicisha bugufi, ugamburuka, umutima wokwitavye ukugomba kwiwe.
10. Ni kuki Yehova yahezagiye igisata ciwe casubijwe umutamana, kuva mu 1919 kubandanya?
10 Ni kuki ivyo yabigize? Yehova ubwiwe arabisigura. Muri Ezekiyeli 11:20 dusoma ibi: “Ngo babone kugendera mu vyagezwe vyanje, no kwitondera amabgirizwa yanje ngo babishitse: maze bazoba ihanga ryanje, nanje nzoba Imana yabo.” Isirayeli y’Imana barize kwubaha amateka ya Yehova ah’ugukurikira ivyiyumviro vyabo bwite. Barize gukora ukugomba kw’Imana ata gutinya umuntu. Ku bw’ivyo, bǎramenyekanye ko batandukanye n’Abakirisu b’urwigano ba Kirisitendomu. Bari igisata ca Yehova. Kubera ko bari ukwo, Yehova yari agabirije kubakoresha bwa ntwarabutumwa biwe, ‘umushumba wiwe w’umwizerwa kandi w’incabwenge.’—Matayo 24:45-47.
Agahimbare k’Intwarabutumwa b’Imana
11. Igitabu ca Yesaya kidondora gute agahimbare igisata ca Yehova cagize?
11 Woba ushoboye kwiyumvira agahimbare bagize igihe batahura ikibanza nteragateka bari bafise? Bwa mugwi, barasubiyemwo aya majambo yo muri Yesaya 61:10: “Nzonezererwa cane [Yehova], umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje.” Uyu muhango wo muri Yesaya 35:10 wari urangukiye kuri bo: “Abācunguwe [na Yehova] bazogaruka, bashike i Siyoni baririmba; umunezero udashira uzoba ku mitwe yabo: bazobona uguhimbarwa bo n’umunezero, kand’umubabaro n’ugusuhuza umutima bizohunga.” Agahimbare mwen’ako ni ko intwarabutumwa z’amahoro y’Imana ba Yehova bari bafise mu 1919 aho batangura gukwiririza inkuru nziza ku bantu iyo bava bakagera. Kuva aho gushika n’uno musi, ntibigeze bahagarika kurangura ico gikorwa, kandi agahimbare kabo karongerekanye. Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yamenyesheje ati: “Hahirwa indemeshamahoro, kuko ari bo bazokwitwa ‘abana b’Imana.’” (Matayo 5:9, NW, akajambo k’epfo) Ivy’uko ayo majambo ari ay’ukuri vyaribonewe n’amasigarira y’“abana b’Imana” basīzwe, kuva mu 1919 gushika uno musi.
12, 13. (a) Ni bande biyunze kuri Isirayeli y’Imana mu gusukurira Yehova, kandi ubwabo ni igikorwa ikihe bǎkoze? (b) Ni umunezero munini nyabaki wagizwe n’abasuku ba Yehova basīzwe?
12 Uko imyaka yarengana, igitigiri c’abagize Isirayeli y’Imana caraduze gushika mu myaka y’1930, aho ugutororokanya amasigarira y’abasīzwe kwari kwegereje gusozerwa. Iyongerekana ry’igitigiri c’abakwiririji b’inkuru nziza ryoba ryarahagaze ico gihe? Haba namba. Ishengero ryinshi ry’Abakirisu bafise icizigiro c’ukuba kw isi bari baramaze gutangura guseruka, kandi bariyunga ku bavukanyi babo basīzwe mu gikorwa c’ubukwiririji. Intumwa Yohani yarabonye iryo shengero ryinshi mu nzozi, kandi uburyo aridondora burakwiye kwitwararikwa: “Ba[ri] imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro.” (Ivyahishuriwe Yohana 7:15) Ni ko, iryo shengero ryinshi ryaciye rigira vyinshi rikora mu gusukurira Imana. Ico vyavuyemwo, igihe igitigiri c’abasīzwe catangura kugabanuka, inyuma yo mu 1935, igikorwa c’ugushinga icabona caratejwe imbere n’abo bagenzi babo bizerwa, babigirana ingoga zisumbirije.
13 Muri ubwo buryo, ibiri muri Yesaya 60:3, 4 vyararangutse: “Amahanga azoza ku muco wawe, n’abami bazoza ku gukayangana kwawe. Unamura amaso yawe weraguze, urābe, bose bakoraniye hamwe baza kuri wewe; abahungu bawe bazoza baturutse kure, n’abakobga bawe bazoza bateruwe mu kwaha.” Agahimbare ivyo bintu vyǎzaniye Isirayeli y’Imana karadondorwa mu buryo buryoheye ugutwi muri Yesaya 60:5, aho dusoma ibi: “Ni ho uzorāba, mu maso hawe hakeyuka, umutima wawe ukadidagizwa n’umunezero, ukāguka; kukw ibidandazwa vy’ibitayega bica mu kiyaga bizogaruka i wawe, n’ubutunzi bg’amahanga buzokuzako.”
Iyungungane rya Yehova Ritera Ryiyunguruza
14. (a) Ni inzozi nyabaki z’ibintu vyo mw ijuru Ezekiyeli yabonye, kandi ni imbwirizo nyabaki yaronse? (b) Ni ibiki igisata ca Yehova ba none batahura, kandi ni igiki biyumvamwo ko bategerejwe kugira?
14 Mu mwaka w’613 B.G.C., Ezekiyeli yarabonye mu nzozi iyungungane rya Yehova ryo mw ijuru rimeze nk’umukogote ririko ryiyunguruza. (Ezekiyeli 1:4-28) Mu nyuma Yehova yamubwiye ati: “Genda, ushikīre ab’inzu ya Isirayeli, ubabarire amajambo yanje.” (Ezekiyeli 3:4) Muri uyu mwaka w’1997, turatahura ko iyungungane rya Yehova ryo mw ijuru riguma ryiyunguruza ata kabuza kugira rishitse intēgo z’Imana. Ni co gituma tucumva ko tugoberwa kubwira abandi ivyerekeye izo ntēgo. Mu gihe ciwe, Ezekiyeli yavuze amajambo yari ahumetswe na Yehova ubwiwe. Muri iki gihe, tuvuga amajambo ava mw Ijambo ryahumetswe na Yehova, Bibiliya. Ese kandi ubutumwa ico gitabu gifitiye abantu! Mu gihe benshi biganyira ku vyerekeye kazoza, Bibiliya yo iranga ko ibintu vyunyuka—kandi aho nyene ikaranga ko bimeze neza gusumba—kuruta uko bavyiyumvira.
15. Ni kuki ukuntu ibintu bimeze kw isi biguma vyunyuka kuruta uko benshi muri iki gihe bavyiyumvira?
15 Ibintu birunyuka kubera ko, nk’uko twavyize mu biganiro vyitangiye imbere iki, Kirisitendomu hamwe n’ayandi madini y’ikinyoma yose vuba azosangangurwa bimwe bishitse nka kumwe kwa Yeruzalemu mu 607 B.G.C. Si ivyo vyonyene, inzego z’ivya politike zo ku mubumbe wose izigereranijwe mu gitabu c’Ivyahishuwe bwa nyamaswa ifise imitwe indwi n’amahembe cumi, vuba zizozimanganywa nka kumwe abenshi mu bapagani bari babanye na Yeruzalemu bazimanganywa. (Ivyahishuriwe Yohana 13:1, 2; 19:19-21) Mu gihe ca Ezekiyeli, Yehova yaradondoye bikomeye ubwoba bw’agacavutu bwaterwa n’isangangurwa rya Yeruzalemu, yari ryegereje. Ariko amajambo yiwe azogira ico avuze kuruta igihe abantu bazotahura isangangurwa ry’iyi si rizoba ryegereje. Yehova yabwiye Ezekiyeli ati: “Nukw enda niha, ewe mwana w’umuntu, unihire imbere yabo kubg’umutima usāvye no kubg’intuntu nyinshi. Maze ni bakubaza, ngw Igituma uniha n’iki? uz’ubabgire, uti Mbitewe n’inkuru mbi y’ibigira bize; umutima wose uzohababuka, amaboko yose adendebuke; umushaha wose uzocika ivutu, n’amavi yose aregarege acike nk’amazi: ehe biraje, bigira bishireko, ni k’Umwami [Yehova] agize.” (Ezekiyeli 21:6, 7; Matayo 24:30) Ibishikiragihe nterabwoba biraraririye gushika. Umwitwarariko ugera ibwina dufitiye abantu nkatwe uratuma dusamiriza iyo mburi, kwigana “inkuru” yerekeye uburake bwa Yehova bugiye kuza.
16. Ku bantu b’ingenzabuhoro, ni kuki ibintu ari vyiza kuruta uko abantu benshi bavyiyumvira?
16 Aho nyene, ku bantu b’ingenzabuhoro ibintu ni vyiza kuruta uko abantu benshi bavyiyumvira. Mu buryo ki? Mu buryo bw’uko Yezu Kirisitu yapfuye ku bw’ivyaha vyacu kandi ubu akaba ategeka ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. (1 Timoteyo 1:15; Ivyahishuriwe Yohana 11:15) Imbangamyi abantu bafise, zisa n’izitotorerwa umuti, vuba zizoshirwa mu buryo biciye kuri ubwo Bwami bwo mw ijuru. Urupfu, indwara, ubunyuruji, ikigoyi, ubukozi bw’ikibi, bizocika ibintu vy’akahise, kandi Ubwami bw’Imana buzotegeka isi y’iparadizo ata kiburwanya. (Ivyahishuriwe Yohana 21:3, 4) Abantu bazonezererwa amahoro y’Imana—ubucuti burangwa amahoro bafitaniye na Yehova Imana n’ubwo bafitaniye ubwabo.—Zaburi 72:7.
17. Ni amongerekana nyabaki azanira umunezero imitima y’intwarabutumwa z’amahoro y’Imana?
17 Mu mihingo imwimwe y’isi, abantu amasinzi b’ingenzabuhoro bariko bitaba ubwo butumwa bw’amahoro y’Imana. Ducishijemwo uburorero bukeyi, mu mwaka uheze Ukraine catanze raporo y’iyongerekana ry’abamamaji ringana 17 kw ijana. Mozambike catanze raporo y’iyongerekana ringana 17 kw ijana, Lituwaniya gitanga iyongerekana ringana 29 kw ijana. Uburusiya bwagize iyongerekana ringana 31 kw ijana, mu gihe Alubaniya cagize iyongerekana ry’abamamaji ringana 52 kw ijana. Ukwo kwongerekana kugizwe n’ibihumbi mirongo vy’abantu b’umutima nzirabugunge bashaka kunezererwa amahoro y’Imana kandi bamaze guhagarara ku ruhande rw’ubutungane. Iyongerekana ryihuta mwen’iryo rirazanira umunezero ikivukano c’Abakirisu iyo kiva kikagera.
18. Abantu bumviriza canke batumviriza, agatima tugaragaza gakwiye kuba kameze gute?
18 Abantu boba babwitaba badatevye aho iwanyu? Niba ari ukwo biri, turasangiye namwe umunezero. Mugabo mu materitwari amwamwe, bitwara amasaha menshi, menshi rwose y’igikorwa c’ubutame, imbere y’uko haboneka n’umuntu n’umwe wenyene ashimishwa. Abasukura mu materitwari mwen’ayo boba barera amaboko yabo canke ngo bihebure? Ishwi da. Ivyabona vya Yehova baribuka aya majambo Imana yabwiye Ezekiyeli igihe yashinga ari bwo bwa mbere uwo mumenyeshakazoza w’umukangara ibanga ry’ugukwiririza ku Bayuda basangiye igihugu na we: “Na bo bazokwumva canke batazokwumva, (kukw ar’inzu y’abagarariji), ariko rero bazomenya yuk’ūvugishwa n’Imana yabaye muri bo.” (Ezekiyeli 2:5) Nka kumwe kwa Ezekiyeli, turabandanya kubwira abantu ivyerekeye amahoro y’Imana bumviriza canke batumviriza. Iyo bumvirije, biratunyurira. Iyo baduteye akagere, bakaduseka, mbere bakanaduhama, turagumako. Turakunda Yehova, kandi Bibiliya ivuga iti: “Urukundo . . . rwihanganira vyose.” (1 Ab’i Korinto 13:4, 7) Kubera yuko dukwiririza turindirako amagume, abantu barazi abo Ivyabona vya Yehova bari. Barazi ubutumwa bwacu. Aho umuhero uzozira, bazomenya ko Ivyabona vya Yehova bagerageje kubafasha ngo banezererwe amahoro y’Imana.
19. Kubera turi abasuku b’Imana y’ukuri, ni agateka gahambaye nyabaki duha agaciro?
19 Hoba hariho akandi gateka gahambaye karuta ugusukurira Yehova? Habe namba! Agahimbare kacu kuzuye gusumba kaza kava mu bucuti dufitaniye n’Imana hamwe n’ukumenya ko turiko dukora ukugomba kwayo. “Hahirwa ihanga rizi ijwi ry’impundu: rigendera mu muco wo mu nyonga hawe, [Yehova].” (Zaburi 89:15) Nitwame nantaryo duha agaciro umunezero w’ukuba intwarabutumwa z’amahoro b’Imana ku bantu. Nitubandanye kurangura uruhara rwacu n’umwete muri ico gikorwa gushika aho Yehova azovugira ko cakozwe.
Woba Ukivyibuka?
◻ Intwarabutumwa z’amahoro b’Imana ni bande muri iki gihe?
◻ Tumenya gute ko Babiloni Hahambaye haguye mu 1919?
◻ Umwitwarariko nyamukuru w’“ishengero ryinshi” ni uwuhe?
◻ Ni kuki kazoza gateye ubwoba kuruta uko abantu benshi bavyiyumvira muri iki gihe?
◻ Ku bantu b’umutima ugororotse, ni kuki kazoza gashobora kuzoba keza birushirije kuruta uko bavyiyumvira?
[Amafoto ku rup. 29]
Abenshi bariyumvamwo y’uko hari ikintu c’agakomeye kiri buzobe iyo babonye iyononekara ry’ikibane c’abantu
[Amafoto ku rup. 31]
Intwarabutumwa z’amahoro y’Imana ni bo bantu bahimbawe birushirije kw isi muri iki gihe