ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/5 rup. 16-20
  • Ukugenekereza Ubwoko Bwiza bw’Intwarabutumwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukugenekereza Ubwoko Bwiza bw’Intwarabutumwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova Aragaragaza Abamenyeshakazoza b’Ikinyoma
  • Ubutumwa Nterakoba Bwerekeye Babiloni na Yeruzalemu
  • Imana Irashitsa Amajambo y’Intwarabutumwa Bayo
  • Inkuru Nziza y’Intwarabutumwa Izaniwe Zayoni!
  • Kuro Mukuru
    Be maso!—2013
  • Intwarabutumwa z’Amahoro y’Imana Bitwa Bahirwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Abisirayeli Bava i Babiloni
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/5 rup. 16-20

Ukugenekereza Ubwoko Bwiza bw’Intwarabutumwa

“[Ni jewe] . . . Nkomeza ijambo ry’umusavyi wanje, ngashitsa inama z’int[warabutu]mwa [b]anje.”—YESAYA 44:25, 26.

1. Yehova agenekereza gute ubwoko bwiza bw’intwarabutumwa, kandi ubw’ikinyoma abugaragaza gute?

YEHOVA MANA ni we Mugenekereji Mukuru w’intwarabutumwa biwe b’ukuri. Abagenekereza mu gutuma ubutumwa ashikiriza abubacishijeko buranguka. Yehova ni we kandi Mugaragaji Ahambaye w’intwarabutumwa b’ikinyoma. Abagaragaza gute? Ahindura ubusa ibimenyetso n’indagu vyabo. Muri ubwo buryo arerekana ko ari ababūzi nyawirarika, abo ubutumwa bashikiriza vy’ukuri bucukumbuka buva mu kuzirikana kwabo kutari kwo—egome, ubupfu n’ukwiyumvira vyabo vy’umubiri!

2. Ni amatati nyabaki yabaye hagati y’intwarabutumwa mu bihe vya Isirayeli?

2 Yesaya na Ezekiyeli bompi barivugiye ko ari intwarabutumwa b’Imana. Ubwo bǎri bo koko? Reka turabe. Yesaya yamenyeshereje akazoza i Yeruzalemu kuva nko mu 778 B.G.C. gushika ku gihe kinaka c’inyuma yo mu 732 B.G.C. Ezekiyeli yari yangarijwe i Babiloni mu 617 B.G.C. Yaramenyesheje akazoza abavukanyi biwe b’Abayuda bariyo. Abo bamenyeshakazoza bompi baratangaje bashize amanga ko Yeruzalemu hosanganguwe. Abandi bamenyeshakazoza bavuze ko Imana itoretse ngo ivyo bibe. Ni bande bagaragaje ko bari ubwoko bwiza bw’intwarabutumwa?

Yehova Aragaragaza Abamenyeshakazoza b’Ikinyoma

3, 4. (a) Ni ubutumwa ubuhe bubiri bunyuranye bwashikirijwe Abisirayeli i Babiloni, kandi Yehova yagaragaje gute intwarabutumwa w’ikinyoma? (b) Ni ibiki Yehova yavuze ko vyoshikiye abamenyeshakazoza b’ikinyoma?

3 Ezekiyeli, igihe yari i Babiloni yarahawe inzozi z’ivyari biriko bibera mu rusengero rwa Yeruzalemu. Ku bwinjiriro bwo ku rugi rwarwo rwo mu buseruko hari abagabo 25. Muri bo harimwo abaganwa babiri, Yazaniya na Pelatiya. Yehova yababona gute? Ezekiyeli 11:2, 3 hishura hati: “Mwana w’umuntu, abo ni ba bantu bīgīra imigabo y’ivyo kugabitanya, bakagīra abo mur’iki gisagara inama z’ibibi; bakavuga, bat’Ereg’igihe ntikiragera: enda ni twiyubakire amazu.” Izo ntwarabutumwa z’amahoro bîrāsi bariko bavuga ngo ‘Nta ngeramizi ihari kuri Yeruzalemu. Ushima, tugiye kwubaka amazu yandi muri co vuba!’ Maze Imana yabwiye Ezekiyeli kumenyesha akazoza vy’ukubeshuza izo ntwarabutumwa bangushi. Ku murongo wa 13 w’ikigabane ca 11 Ezekiyeli aratwiganira ivyashikiye umwe muri bo: “Maze [aho mariye kubibaburira], Pelatiya mwene Benaya aca arahwera.” Ivyo kumbure vyashitse kubera Pelatiya yari arushirije kuba rurangiranwa n’ukuba umuganwa munyakosho, akaba n’umusengabimana w’imbere. Ugupfa bukumbi kwiwe kwagaragaje ko yari umumenyeshakazoza w’ikinyoma!

4 Ivy’uko Yehova yishe Pelatiya ntivyahagaritse abandi bamenyeshakazoza b’ikinyoma kubesha mw izina ry’Imana. Abo bangushi barashishikaye mu nzira yabo y’ubupfu y’ukubûra ibintu birwanya ukugomba kw’Imana. Nuko Yehova Mana yabwiye Ezekiyeli ati: “Bazobona ibara, abo ba kamenyi b’ibipfu, bakurikira ivyiyumviro vyabo ubgabo, kand’ata co beretswe!” Nka kumwe kwa Pelatiya, ntibobaye ‘bakiriho’ ku bw’ukurotera Yeruzalemu vy’agahigisho “inzozi z’amahoro kand’ata mahoro [ya]riho.”—Ezekiyeli 13:3, 15, 16.

5, 6. Nanzi ngo izo ntwarabutumwa b’ikinyoma bose, Yesaya yagaragajwe gute ko ari umumenyeshakazoza w’ukuri?

5 Ku biraba Yesaya, ubutumwa mvamana bwiwe bwerekeye Yeruzalemu bwararangutse bwose. Mu ci ryo mu 607 B.G.C., Abanyababiloni barasanganguye ico gisagara kandi bajana amasigarira y’Abayuda i Babiloni bwa nyagano. (2 Ngoma 36:15-21; Ezekiyeli 22:28; Daniyeli 9:2) Ivyo vyago vyoba vyarabujije abamenyeshakazoza b’ikinyoma gutwikiriza igisata c’Imana amajambo y’ubupfu ata co amaze? Oya, izo ntwarabutumwa bangushi barabishishikaye!

6 Vyongeye, Abisirayeli bangajwe bari bahanganye kandi na banyamuragura, abapfumu, n’abasiguranyenyeri b’i Babiloni b’abanyabwibone. Ariko rero, Yehova yaragaragaje ko izo ntwarabutumwa b’ikinyoma bose ari ibipfu vyatawe ku w’amazi, ko bavuga ibinyuranye n’ivyoshitse. Mu nyuma, yarerekanye ko Ezekiyeli yari intwarabutumwa wiwe w’ukuri nka kumwe kwa Yesaya. Yehova yarashikije amajambo yose yari yavuze ayacishije kuri bo, nk’uko nyene yari yabisezeranye ati: “Indagu z’abanyabinyoma ndazihindura ubusa, abapfumu nkabatēza ibisazi, nsubiza inyuma abanyabgenge, ubgenge bgabo nkabuhindura ubupfu. Nkomeza ijambo ry’umusavyi wanje, ngashitsa inama z’int[warabutu]mwa [b]anje.”—Yesaya 44:25, 26.

Ubutumwa Nterakoba Bwerekeye Babiloni na Yeruzalemu

7, 8. Ni ubutumwa bwahumetswe nyabaki Yesaya yari afitiye Babiloni, kandi ayo majambo yiwe yasigura iki?

7 Yuda na Yeruzalemu hǎtegerezwa gusangangurwa, ntihabe hakiba abantu mu kiringo c’imyaka 70. Ariko rero, Yehova yaramenyesheje icese aciye kuri Yesaya na Ezekiyeli ko ico gisagara cosubiye kwubakwa na nya gihugu kigaturwamwo igihe nyene Yehova yari yaramenyesheje gishitse! Iyo yari imburi itangaje. Kuki? Kubera yuko vyari bizwi neza ko i Babiloni hatigera haha umwidegemvyo imbohe zaho. (Yesaya 14:4, 15-17) Gutyo ni nde yoshoboye kubohoza izo mpabishwe? Ni nde yotembagaje Babiloni hanyabushobozi, n’ukugene hari hakingiwe n’impome zaho amahero n’uburyo bw’ukwikingira bwari bugizwe n’uruzi? Emwe, Mushoboravyose Yehova yobishoboye! Kandi yaravuze ko yobigize, ati: “[Jewe] . . . mbarira idamba [urwo ni uruzi rwari rukingiye igisagara], nti Kama, kandi nzokamya inzūzi zikujamwo; mvuga ivya Kuro, nti N’umwungere wanje, azoshitsa ivyo ngomba vyose; nkavuga ivya Yerusalemu, nti Hazokwubakwa; nkabarira urusengero, nt’Itanguriro ryawe rizoshirwaho.”—Yesaya 44:25, 27, 28.

8 Vyiyumvīre! Uruzi Efurate rwari ibariyeri y’akamarampaka ku bantu, ariko kuri Yehova rwari nk’ima ry’amazi riri ahantu hashūshe intukutuku. Puf, iyo bariyeri yokamanganye! Babiloni hoguye! Naho nyene hari hagisigaye imyaka nk’150 imbere y’ivuka rya Kuro Umuperesi, Yehova yaratumye Yesaya amenyekanisha ivy’uko uwo mwami yokwigaruriye Babiloni n’ivy’ibohorwa ry’impabishwe z’Abayuda biciye ku vy’uko ategetse ko basubira kuja kwubaka busha Yeruzalemu n’urusengero rwaho.

9. Ni nde Yehova yahamagaye mw izina bwa mukozi wiwe mu vy’uguhana Babiloni?

9 Ico kimenyeshakazoza tugisanga muri Yesaya 45:1-3: “Ibi ni vyo jewe [Yehova] mbgira uwo [nasîze] amavuta, ni we Kuro, uwo mfashe ukuboko kw’i buryo, kugira ngo nsiribange amahanga imbere yiwe, . . . ndamwugururire inzugi imbere yiwe, kand’amarembo ntazokwugarirwa: nti Nzoja imbere yawe, kand’ahar’uduhogoro nzohasena; nzomenagura inzugi z’imiringa, nzovunagura ibihindizo vy’ivyuma: kandi nzoguha itunga rihishijwe mu mwiza, n’ubutunzi bunyegejwe mu mpisho, kugira ng’umenye kw ari jewe [Yehova] nguhamagaye mw izina.”

10. Kuro ‘yasîzwe’ mu buryo ki, kandi Yehova yashoboye kumuganirira gute hagisigaye imyaka irenga ijana imbere y’ivuka ryiwe?

10 Urumvise ukuntu Yehova aganirira Kuro nk’uko umenga yoba yariho. Ivyo birajanye n’amajambo Paulo yavuze, y’uko Yehova “yita ibitariho nk’ibiriho.” (Abaroma 4:17) Vyongeye, Imana yerekana Kuro ko ari ‘umusǐgwa wayo.’ Ni kuki yabivuze gutyo? Naho vyari ukwo, nta muherezi mukuru wa Yehova yigeze gusuka amavuta meranda ku mutwe wa Kuro. Ni ivy’ukuri, mugabo ukwo ni ugusigwa menyeshakazoza. Kwerekana ugushingwa ibanga rihambaye. Gutyo, Imana yoshoboye kuvuga ko ukugena Kuro imbere y’igihe ari ugusīga.—Gereranya na 1 Abami 19:15-17; 2 Abami 8:13.

Imana Irashitsa Amajambo y’Intwarabutumwa Bayo

11. Ni kuki abanyagihugu b’i Babiloni biyumvamwo ko babayeho ata nkomanzi?

11 Igihe Kuro yahagurukira Babiloni, abanyagihugu baho biyumvamwo ko babayeho bakingiwe rwose kandi ko ata nkomanzi. Igisagara cabo cari gikikijwe n’umugende w’amazi wagutse kandi ugera ibwina ugizwe n’Uruzi Efurate. Aho urwo ruzi rwanyura muri ico gisagara, ku nkombe yo mu buseruko bwarwo hǎri inkōkoro ibandanya. Kugira Nebukadinezari awutandukanye n’igisagara, yari yarubatse ico yise “igihome kinini, ico nka kurya kw’umusozi, kitoshoboye kunyiganyizwa . . . Insozero yaco [yayireheje] itaba ry’umusozi.”a Ico gihome cari gifise amarembo yugajwe inzugi amahero z’umuringa. Kugira umuntu azinjire, yategerezwa kunanagira akadugo kava ku nkombe y’urwo ruzi. Ntibitangaje rero ko imbohe z’i Babiloni zihebuzwa n’uko zitokwigeze zirekurwa ngo zidegemvye!

12, 13. Amajambo Yehova yavuze ayacishije ku ntwarabutumwa yiwe Yesaya yarangutse gute igihe Babiloni higarurirwa na Kuro?

12 Mugabo ntivyari ukwo kuri abo Bayuda bahabishijwe bizera Yehova! Bari bafise icizigiro gikomeye. Ibicishije ku bamenyeshakazoza bayo, Imana yarasezeranye kubabohoza. Imana yashikije gute uwo muhango yatanze? Kuro yategetse ingabo ziwe gukevya Uruzi Efurate ku birometero binaka mu buraruko bwa Babiloni. Gutyo, icikingizo nyamukuru c’ico gisagara cacitse nk’umugezi wakamye. Mw ijoro ry’agaheta, abahaze utuyoga i Babiloni ata kwigengesera bagumye buguruye ya miryango y’inzugi zibirizibiri yo ku nkengera ya Efurate. Yehova ntiyavunaguye buvunagure inzugi z’umuringa, kandi ntiyacacaguye imyugariro y’ivyuma izisobanya, mugabo ibintu yakoze bitangaje kugira zigume zitugawe kandi zidasobanijwe vyagize ingaruka imwe. Impome za Babiloni nta co zamaze. Ingabo za Kuro ntivyabaye ngombwa ngo zizinanagire kugira zibone kwinjira imbere. Yehova yaragiye Kuro imbere, arakuraho “uduhogoro,” egome, intambamyi zose. Yesaya yari agaragajwe ko ari intwarabutumwa y’ukuri y’Imana.

13 Igihe Kuro yari amaze kwigarurira ico gisagara bimwe bishitse, ubutunzi bwaho bwose bwaciye bugwa mu maboko yiwe, harimwo n’ubwari buhishijwe mu vyumba vy’umwiza, binyegejwe. Ni kuki Yehova Mana yagiriye Kuro ivyo bintu? Kugira amenye ko Yehova, ‘Ūmuhamagara mw’izina,’ ari Imana y’ikimenyeshakazoza c’ukuri, n’Umukama Segaba w’ihangāre. Yomenye ko Imana yamutunganirije ivy’uko yoshikiriye ubutegetsi kugira abohore igisata cayo, Isirayeli.

14, 15. Tumenya gute ko Kuro intsinzi yagize kuri Babiloni yayitiriye Yehova?

14 Umviriza amajambo Yehova yabwiye Kuro: “Kubga Yakobo umusavyi wanje, Isirayeli uwo natoranije, nguhamagaye mw izina, nakwise iry’icubahiro, nah’utaribgammenye. Ni jewe [Yehova], nta wundi; atari jewe nta yindi Mana iriho. Nzogukenyeza nah’utigeze kummenya, kugira ngo bamenye uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba yukw ata yindi atari jewe: ni jewe [Yehova], kandi nta wundi. Ni jewe nkomoko y’umuco, nd’umuremyi w’umwiza; [kandi nkaba] isōko y’impore [y’igisata ciwe cangajwe], nd’umuremyi w’ivyago [vya Babiloni]: ni jewe [Yehova] nkora ivyo vyose.”—Yesaya 45:4-7.

15 Kuro intsinzi yagize kuri Babiloni yayitiriye Yehova, kubera ari We yari yamukomeje kugira ashitse ibimutera guhimbarwa vy’ukurwanya ico gisagara c’ubuyobe no kubohora igisata ciwe cari mu buhabishwe. Mu kubigenza gutyo, Imana yahamagaye amajuru yayo ngo asukîre kw isi utwosho canke inkomezi bitunganye. Yarahamagaye isi ngo itume haba ibishikiragihe bitunganye, n’agakiza k’igisata ciwe bǎngajwe. Kandi ayo majuru n’isi vyiwe vy’ikigereranyo vyaritavye iyo mbwirizo. (Yesaya 45:8) Haciye imyaka irenga ijana apfuye, Yesaya yaragaragajwe ko yari intwarabutumwa y’ukuri wa Yehova!

Inkuru Nziza y’Intwarabutumwa Izaniwe Zayoni!

16. Ni inkuru nziza nyabaki yoshoboye kumenyekanishwa icese mu gisagara casakambuwe ca Yeruzalemu igihe Babiloni hatsindwa?

16 Mugabo hari n’ibindi. Yesaya 52:7 higana ivyerekeye inkuru nziza izaniwe Yeruzalemu: “Ereg’ibirenge vy’ūzanye inkuru nziza ni vyiza ku misozi, akamamaza ivy’amahoro, akazana inkuru nziza z’ivyiza, akamamaza ivy’agakiza, akabarira [Zayoni], at’Imana yawe iri ku ngoma!” Iyumvire ukuntu vyanyurira kubona intwarabutumwa yegera Yeruzalemu ivuye mu misozi! Yategerezwa kuba ifise inkuru. Iyo ni nyabaki? Ni inkuru ishwangamura izaniwe Zayoni. Inkuru y’amahoro, egome, inkuru y’ukugomba kwiza kw’Imana. Yeruzalemu hamwe n’urusengero rwaho vyategerezwa gusubira kwubakwa! Kandi iyo ntwarabutumwa iramenyesha icese n’umunezero ndangantsinzi iti: “Imana yawe iri ku ngoma!”

17, 18. Intsinzi ya Kuro kuri Babiloni yagize ico igira gute izina bwite rya Yehova?

17 Igihe Yehova yarekura Abanyababiloni ngo batembagaze intebe y’ubwami yiwe y’ikigereranyo, iyo abami bo mu ruvyaro rwa Dawidi bicarako, vyasa n’uko atari akiri Umwami. Merodaki, imana nkuru ya Babiloni yasa n’uko ari yo ahubwo yari umwami. Ariko rero, igihe Imana ya Zayoni yatembagaza Babiloni, yarerekanye ko ari yo Segaba w’ihangāre—ko ari yo Mwami Ahambaye bisumbirije. Kugira ivyo abishimikeko, Yeruzalemu, “umurwa w’Umwami ahambaye,” hari hagiye gusubira kuvyurwa, ho hamwe n’urusengero rwaho. (Matayo 5:35) Nayo ya ntwarabutumwa yazana inkuru nziza mwen’izo, naho nyene ibirenge vyiwe vyari bitondereyeko umukungugu, vyuzuyeko ivyondo, vyaturitse amabavu, mu maso y’abakunzi ba Zayoni n’Imana yaho, yoo, ese ukuntu vyasa neza!

18 Mu nsobanuro menyeshakazoza, igwa rya Babiloni ryasigura ko Ubwami bw’Imana bushinzwe n’uko umutwazi w’inkuru nziza yari umuvugiraheru w’ico kintu. Vyongeye, uwo mushikanabutumwa wa kera, yavuzwe imbere y’igihe bicishijwe kuri Yesaya, yagereranya intwarabutumwa w’inkuru nziza ihambaye birushirije—ihambaye birushirije bivuye ku vyari muri yo bihebuje n’umutwe shimikiro wayo werekeye Ubwami, ukaba werekeye abantu bose bafise ukwizera.

19. Ni ubutumwa nyabaki bwerekeye igihugu ca Isirayeli Yehova yashikirije abucishije kuri Ezekiyeli?

19 Ezekiyeli na we nyene yarahawe ibimenyeshakazoza bishwangamura vyerekeye ugusubizwa umutamana. Yamenyesheje ati: “Uku ni k’Umwami [Yehova] agize, . . . nzotuma ibisagara bigerērwamwo, n’amatongo yubakwe. Bazovuga, bat’Iki gihugu cahoze ar’imisaka gihindutse nka rya tongo ryari muri Edeni.”—Ezekiyeli 36:33, 35.

20. Ni uguhimiriza gushwashwanura ukuhe Yesaya yashikirije Yeruzalemu mu buryo menyeshakazoza?

20 Mu buhabishwe i Babiloni, igisata c’Imana bari bamye baririra Zayoni. (Zaburi 137:1) Ico gihe boshoboye kunezerwa. Yesaya yarabahimirije ati: “Ni muturike munezerwe, muririmbire hamwe, yemwe misaka y’i Yerusalemu: ku[ko Yehova] aremesheje abantu biwe, acunguye Yerusalemu. [Yehova] akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera mu maso y’amahanga yose, kand’impera z’isi zose zizobona agakiza k’Imana yacu.”—Yesaya 52:9, 10.

21. Amajambo yo muri Yesaya 52:9, 10 yarangutse gute inyuma y’itsindwa rya Babiloni?

21 Ni vyo koko, igisata citorewe na Yehova cari n’impamvu ihambaye y’ukunezerwa. Bari bagiye gusubira gucumbika muri ivyo bibanza vyari vyarasakambuwe, bakabitunganya bikamera nka rya tongo rya Edeni. Yehova yari “[y]akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera” ku bwabo. Yarakunje ukuboko kw’inyambarwa yiwe, tubivuze bugereranye, kugira ashobore gukora ngo abasubize mu gihugu cabo gikundwa. Ico nticari ikintu gitoyi, ata co kivuze mu vyabaye. Oya, abantu bose bǎriho ico gihe bariboneye ‘ukuboko kwiwe gukumweko impuzu’ kuriko gukorana ububasha mu vyerekeye abantu, kugira azanire ihanga agakiza gatangaje. Amahanga yararonse ikimenyamenya gikomeye c’uko Yesaya na Ezekiyeli bari intwarabutumwa ba Yehova b’ukuri. Ntawogize amazinda ku vy’uko Imana ya Zayoni yari yo yonyene Mana nzima kandi y’ukuri mw isi yose. Muri Yesaya 35:2, tuhasoma ibi: “Bazobona ubgiza bg[a Yehova, ugushaza kw Imana yacu.” Abemeye ico kimenyamenya c’Ubumana bwa Yehova barahindukiriye ukumusenga.

22. (a) Muri iki gihe dushobora gukenguruka kubera ibintu nyabaki? (b) Ni kuki dukwiye canecane gukenguruka kubera ko Yehova yagaragaje intwarabutumwa b’ikinyoma?

22 Ese ukuntu dukwiye gukenguruka, kubera ko Yehova agenekereza intwarabutumwa biwe b’ukuri! Vy’ukuri ni we ‘akomeza ijambo ry’umusavyi wiwe, agashitsa inama z’intwarabutumwa biwe.’ (Yesaya 44:26) Ibimenyeshakazoza vy’isubizamutamana yahaye Yesaya na Ezekiyeli birahayagiza urukundo rwiwe runini, ubuntu bwiwe tutabereye, n’ikigongwe agirira abasuku biwe. Vy’ukuri, Yehova arakwiriye amashemezo yacu yose kubera ivyo! Kandi muri iki gihe turakwiye canecane gukenguruka kubera ko agaragaza intwarabutumwa b’ikinyoma. Abigira ukwo kubera hari abenshi muri bo ubu bari kw isi. Ubutumwa bwabo burangwa umwikakisho ntiburimwo intēgo za Yehova zamenyekanishijwe. Ikiganiro gikurikira kiraja kudufasha kugenekereza izo ntwarabutumwa b’ikinyoma.

[Akajambo k’epfo]

a The Monuments and the Old Testament, canditswe na Ira Maurice Price, mu 1925.

Woshobora Gusigura?

◻Yehova agenekereza gute intwarabutumwa biwe b’ukuri?

◻Abicishije kuri Yesaya, ni nde Yehova yahamagaye mw izina bwa mukozi wiwe w’ugutsinda Babiloni?

◻Ibimenyeshakazoza vya Yesaya vyari vyadondoye ugutsindwa kwa Babiloni vyarangutse gute?

◻Ni ingaruka nziza iyihe ugutsindwa kwa Babiloni kwagize kw izina rya Yehova?

[Ifoto ku rup. 17]

Ku mahanga yo mu gihe ca Ezekiyeli, Babiloni hasa n’ahatokwigeze higarurirwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika