Ukwihangana kuravamwo impera
1 “Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubugingo bganyu” (Luka 21:19). Ayo majambo ari mu yagize ubuhanuzi bwa Yezu bwerekeye “umuhero w’isi”, aratomora yuko kugira tugume turi intadohoka, dutegerezwa kuba twiteguriye guhangana n’ibigeragezo vyinshi. Ariko rero, bivuye ku nkomezi za Yehova, umwumwe wese muri twebwe arashobora ‘kwihangana gushitsa kw’iherezo’ maze ‘agakira’.—Mat. 24:3, 13; Flp. 4:13.
2 Uruhamo, ingorane z’amagara, ingorane z’ubutunzi be n’intuntu yo mu mutima birashobora gutuma umusi umwumwe wose utoroha. Naho ari ukwo, ntidukwiye kwigera twibagira ko Shetani ariko aragerageza gusenyura ukutadohoka kwacu kuri Yehova. Umusi uwo ari wose tumara turi intadohoka kuri Data wa twese, uba ari uwundi musi wiyongereye tuba dutanze inyishu ku kibazo ca wa Mutukanyi. Ese ingene bihimbaye kumenya yuko “amosozi” dukorora igihe turi mu bigeragezo atibagirwa! Amosozi yacu ni ay’igiciro kuri Yehova kandi ukutadohoka kwacu kuranezereza umutima wiwe!—Zab. 56:8; Imig. 27:11.
3 Ibigeragezo biradukuramwo inkamba: Amakuba arashobora guhishura ubugoyagoye bw’ukwizera canke akanenge umuntu afise, nk’ubwibone canke ukutihangana. Aho kugerageza guhunga ivyo bigeragezo canke kubihagarika dukoresheje uburyo buteye kubiri n’Ivyanditswe, dutegerezwa gushira mu ngiro iyi mpanuro iri mw’Ijambo ry’Imana ivuga yuko “ukwihangana gukwiye guhīngūra igikorwa cakwo”. Kubera iki? Kubera yuko kwihanganira ibigeragezo tudahemuka bituma ‘dutungana rwose duhinguwe, tudahajije na kamwe’ (Yak. 1:2-4). Ukwihangana kurashobora kudufasha gutsimbataza kamere z’agaciro ntangere, nk’ukugira ibitegereka, kugira impuhwe be n’ikigongwe.—Rom. 12:15.
4 Ukwizera kuramuye: Igihe twihanganiye ibigeragezo, turaronka ukwizera kuramuye gufise agaciro kanini mu nyonga z’Imana (1 Pet. 1:6, 7). Ukwizera nk’ukwo kuraturonsa ivyangombwa kugira tuzogume dushikamye mu bigeragezo biri imbere. Vyongeye, turashobora kumenya ko twemerwa n’Imana, ivyo na vyo bigakomeza icizigiro cacu kandi bigatuma kirushiriza kutaba umugani kuri twebwe.—Rom. 5:3-5.
5 Impera ntangere ibaho dushobora kuronka kubera ukwihangana irerekanwa muri Yakobo 1:12, ahagira hati: “Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo”. Ku bw’ivyo, nimuze tugume dushikamye mu kuyobokera Yehova kwacu, twizigiye tudakeka yuko azoha impera nyinshi ‘abamukunda’.