“Tugenda Turōngōrwa n’Ukwizera, Ntiturōngōrwa n’Ivyo Tubona”
“Tugenda turōngōrwa n’ukwizera, ntiturōngōrwa n’ivyo tubona.”—2 AB’I KORINTO 5:7.
1. ‘Kugenda turongōrwa n’ukwizera’ bishaka kuvuga iki?
IGIHE cose dusenga duhuza n’ubuyobozi bwerekanywe mw Ijambo ry’Imana, tuba tugaragaje ko tutabuze n’urugero runaka rworwo rw’ukwizera. Igihe dutanguye gushinga icabona imbere y’abantu ku vyerekeye Ubwami bw’Imana, na vyo nyene vyerekana ukwizera. N’igihe tweguriye ubuzima bwacu Yehova, tuba dutanze ikimenyamenya c’uko icipfuzo dufise ari ‘ukurōngōrwa n’ukwizera,’ ni ukuvuga ugukurikirana ukubaho kuyobowe n’ukwizera.—2 Ab’i Korinto 5:7; Ab’i Kolosayi 1:9, 10.
2. Ni kuki ukugira uruhara mu mirimo y’ikorane atari ngombwa ngo bibe ari icemeza ko umuntu afise ukwizera?
2 Niba vy’ukuri tugiye kubaho muri ubwo buryo, dukeneye ukwizera gufise ishingiro rikomeye. (Abaheburayo 11:1, 6) Abantu benshi barakwegērerwa ku Vyabona vya Yehova kubera indero runtu iri hejuru hamwe n’urukundo babona mu Vyabona. Iyo ni intango nziza, mugabo ivyo ntibisigura yuko abo bantu bafise ukwizera. Abandi na bo, uwo bubakanye canke umuvyeyi wabo arashobora kuba akomeye mu kwizera, kandi barashobora kugira uruhara muri imwimwe mu mirimo ikorwa n’uwo muntu bakunda. Umuntu agize akosho kameze gatyo ku bo mu nzu yiwe, vy’ukuri biba ari umugisha, mugabo n’ivyo ntibisubirira namba urukundo umuntu ubwiwe akunda Imana hamwe n’ukwizera ubwiwe afise.—Luka 10:27, 28.
3. (a) Kugira turonke ukwizera gufise ishingiro rikomeye, ni ukujijuka ukuhe ubwacu dutegerezwa kuba dufise ku biraba Bibiliya? (b) Ni kuki usanga abantu bamwebamwe bajijuka vuba kuruta abandi yuko Bibiliya yahumetswe?
3 Abagenda barongōrwa n’ukwizera vy’ukuri, barajijutse rwose yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Hariho ibimenyamenya umuganda vy’uko Ivyanditswe Vyeranda mu vy’ukuri “vyahumetswe n’Imana.”a (2 Timoteyo 3:16) Ni ibimenyamenya bingana gute muri ivyo umuntu ategerezwa kwihweza imbere yuko ajijuka? Ivyo vyoshobora kuva ku vy’umuntu azi n’uko yarezwe. Ivyumvisha umuntu rwose bishobora kutajijura uwundi. Mu bihe bimwebimwe yamara, naho nyene umuntu yokwerekwa ibimenyamenya umuganda bidaharirwa, arashobora kuguma yanka iciyumviro bigaragaza. Kuki? Kubera ivyipfuzo bizitswe kure mu mutima wiwe. (Yeremiya 17:9) Gutyo naho umuntu yokwatura ko ashimishwa n’umugambi w’Imana, umutima wiwe urashobora gushaka cane gushimwa n’isi. Ashobora kudashaka guheba uburyo bwo kubaho buteye kubiri n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. Ariko rero, igihe hari umuntu ashonje ukuri koko, niba atibesha, niba kandi yicisha bugufi, haciye igihe azotahura yuko Bibiliya vy’ukuri ari Ijambo ry’Imana.
4. Ni igiki gisabwa umuntu kugirango aronke ukwizera?
4 Kenshi usanga mu mezi makeyi gusa abantu bariko bafashwa kwiga Bibiliya baheza bagatahura ko bamaze kubona ibintu umurengera vyemeza ko ari Ijambo ry’Imana. Mu gihe ivyo bitumye bugurura umutima ngo bigishwe na Yehova, ivyiyumviro bibarimwo imbere, ivyipfuzo vyabo, hamwe n’imvo zibibatuma, biraheza bigahindurwa n’ivyo biga. (Zaburi 143:10) Mu Baroma 10:10 havuga yuko “umutima” ari wo umuntu agaragarisha ukwizera. Ukwizera mwen’ukwo kuraserura ukuntu nya muntu vy’ukuri yiyumva imbere muri we, bikazogaragarira kandi mu kubaho kwiwe.
Nowa Yarakoze Yishimikije Ukwizera Gufise Ishingiro Rikomeye
5, 6. Ukwizera kwa Nowa kwari gushimikiye ku ki?
5 Nowa ni umuntu yari n’ukwizera gufise ishingiro rikomeye. (Abaheburayo 11:7) Ni ishimikiro nyabaki yari afise ryakwo? Nowa yari afise Ijambo ry’Imana, atari mu buryo bwanditse, ariko nk’uko yaribwirwa. Mw Itanguriro 6:13 havuga hati: “Imana ibarira Nowa, iti Ndamaramaje guherengeteza abari n’umubiri bose, kukw isi yuzuye umuryano kubgabo.” (Ni twe duhiritse izo ndome.) Yehova yarategetse Nowa ngo yubake ubwato, yongera aratanga ido n’ido ry’ukuntu bwokwubakwa. Maze yongerako ati: “Maze nanje nzozana umwuzure w’amazi mw isi, ngo mperengeteze musi y’ijuru ibifise umubiri vyose, biri n’ubugingo bihumeka; ibiri mw isi vyose bizopfa.”—Itanguriro 6:14-17.
6 Hoba hari imvura yari yarigeze kugwa imbere yaho? Bibiliya ntibivuga. Mw Itanguriro 2:5 havuga hati: ‘Yehova Imana ntiyaribwarekure imvura.’ Ariko rero, ukwo ni ko Musa uwabayeho haciye ibinjana yavuze ibintu, igihe yariko avuga atari ivyerekeye imisi ya Nowa, ariko ivy’igihe ca kera imbere y’ico. Nk’uko vyerekanywe mw Itanguriro 7:4, Yehova yaravuze ivy’imvura igihe yayagira Nowa, kandi biboneka yuko Nowa yatahuye ico yashaka kuvuga. Yamara, ukwizera kwa Nowa ntikwari guhagaze ku vyo yoshoboye kubona. Intumwa Paulo yanditse ko Nowa ‘yabûriwe n’Imana ibitari bwaboneke.’ Imana yabwiye Nowa ko igiye kuzana “umwuzure w’amazi” canke “ibahari yo mw ijuru,” nk’uko akajambo k’epfo muri Traduction du monde nouveau kabivuga kw Itanguriro 6:17. Kugeza ico gihe, nta kintu mwen’ico cari bwigere gishika. Mugabo ivyaremwe vyose Nowa yabona vyari ikimenyamenya cibonekeza c’uko Imana vy’ukuri yoshoboye kuzana umwuzure mwen’uwo utikiza. Bitumwe n’ukwizera, Nowa yarubatse ubwato.
7. (a) Ni igiki Nowa atari akeneye kugirango akore ivyo Imana yari yamutegetse? (b) Ni gute twungukira ku kurimbura ukwizera kwa Nowa, kandi ni gute ukwizera kwacu gushobora kubera abandi umugisha?
7 Imana ntiyabwiye Nowa itariki iryo Segenya ryotanguriyeko. Mugabo Nowa ntiyakoresheje ivyo nk’urwitwazo co kwibwira ati “reka mbanze ndabe”, ngo ivy’ukwubaka ubwato no gukwiririza aheze abishire mu kibanza ca kabiri mu buzima bwiwe. Mu gihe kibereye, Imana yarabwiye Nowa igihe co kwinjira mu bwato. Mu kurindira, “Nowa abigenza artyo: ukw Imana yamubariye kwose ni ko yakoze.” (Itanguriro 6:22) Nowa yagenda arongōrwa n’ukwizera ntiyarongōrwa n’ukubona. Ese ukuntu dukura ubwatsi kubona yagiye arongōrwa na kwo! Kubera ukwizera kwiwe, ubu turiho. No kuri twebwe nyene, ukwizera tugaragaza kurashobora kugira ingaruka zikomeye ku vyo kazoza katubikiye, atari twebwe twenyene, mugabo kandi n’abana bacu hamwe n’abandi bantu badukikije.
Ukwizera kwa Aburahamu
8, 9. (a) Aburahamu ukwizera kwiwe yagushingiye ku ki? (b) Ni mu buryo ubuhe Yehova “yiyeretse” Aburahamu?
8 Rimbura akandi karorero—kamwe ka Aburahamu. (Abaheburayo 11:8-10) Aburahamu ukwizera kwiwe yagushingiye ku ki? Ibintu yakuriyemwo i Uri mu Bukaludaya vyarangwamwo ugusenga ibimana n’uguhahamira amaronko. Mugabo hari ibindi bintu vyoheje Aburahamu, bituma ahindura ukuntu yabona ibintu. Kumbure rero ashobora kuba yarakoranye n’umuhungu wa Nowa, Shemu, uwabayeho mu runganwe rumwe na we mu kiringo c’imyaka 150. Aburahamu yarajijutse ko Yehova ari “we Mana Isumba Vyose, Nyen’ijuru n’isi.”—Itanguriro 14:22.
9 Hari ikindi kintu coheje Aburahamu bimwe bigera kure. Yehova “yiyeretse . . . Aburahamu, ar’i Mesopotamiya, ataraja kugerēra i Harani, [a]ramubarira, [a]ti Va mu gihugu canyu no mu muryango wanyu, uje mu gihugu nzokwereka.” (Ivyakozwe 7:2, 3) Ni mu buryo ki Yehova “yiyeretse” Aburahamu? Aburahamu ntiyabonye Imana amaso mu yandi. (Kuvayo 33:20) Ariko rero, birashoboka ko Yehova yoba yariyeretse Aburahamu mu ndoto, akagira ikintu c’ubwiza bwinshi kirengeye ubutahuzi, canke akoresheje umumarayika atwara ubutumwa canke amuserukira. (Gereranya n’Itanguriro 18:1-3; 28:10-15; Abalewi 9:4, 6, 23, 24.) Uburyo Yehova yiyerekeyemwo Aburahamu bwaba ubuhe, uwo mugabo w’umwizerwa yari yizigiye neza ko Imana yari imubikiye agateka k’igiciro. Aburahamu yitabanye ukwizera.
10. Ni gute Yehova yakomeje ukwizera kwa Aburahamu?
10 Ukwizera kwa Aburahamu ntikwari guhagaze ku vy’ukumenya ido n’ido ryerekeye igihugu Imana yariko imujanamwo. Ntikwari gushimikiye ku vy’ukumenya igihe yohawe ico gihugu. Yari afise ukwizera kubera yuko yari azi Yehova nk’Imana Mushoboravyose. (Kuvayo 6:3) Yehova yabwiye Aburahamu ko yoronse uruvyaro, mugabo rimwe na rimwe Aburahamu yaribaza ukuntu ivyo vyoshobotse. Yariko arasaza. (Itanguriro 15:3, 4) Yehova yakomeje ukwizera kwa Aburahamu mu kumubwira ngo arangamize arabe inyenyeri yongere aziharure niba abishobora. Imana iravuga, iti “Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana.” Aburahamu yaravyuriwe ingiro bimwe bikomeye. Vyaragaragara ko Umuremyi w’ivyo bintu biri mw ijuru biteye akoba yoshoboye gushitsa ivyo yasezeranye. Aburahamu ‘yarizeye Yehova.’ (Itanguriro 15:5, 6) Aburahamu ntiyizeye gusa kubera yuko yari anezerejwe n’ivyo yariko arumva; yari n’ukwizera gufise ishingiro rikomeye.
11. (a) Igihe Aburahamu yari yegereje imyaka 100 y’amavuka, yakiriye gute isezerano Imana yatanze ry’uko Sara uwari ashaje yokwibarutse umwana w’umuhungu? (b) Aburahamu yagize ukwizera kumeze gute igihe yahangana n’ikigeragezo camusaba kujana umuhungu wiwe ku Musozi Moriya ngo amutangeko ikimazi?
11 Igihe Aburahamu yari yegereje imyaka 100 y’amavuka, umukenyezi wiwe Sara na we akaba yari yegereje 90, Yehova yarasubiriye kuvumera ivyo yari yarasezeranye vy’uko Aburahamu yoronse umwana w’umuhungu, kandi ko Sara ari we yomuvyaye. Aburahamu yararimbuye atibesha uko ivyabo vyari vyifashe. “Ariko yiyumviriye ic’Imana yamusezeraniye, ntiyakekeranishwa no kutizera, arikw aremeshwa cane no kwizera, ahesha Imana icubahiro, amenya neza adakekeranya yukw ico yasezeranye ishobora no kugikora.” (Abaroma 4:19-21) Aburahamu yari azi yuko isezerano ry’Imana ritobuze gushika. Kubera ukwizera kwiwe, mu nyuma Aburahamu yaragamburutse igihe Imana yamubwira gufata umuhungu wiwe Isaka ngo amujane mu ntara y’i Moriya hanyuma amutangeko ikimazi. (Itanguriro 22:1-12) Aburahamu yari yizeye rwose yuko Imana, iyashoboye gutuma uwo mwana w’umuhungu avuka ku gitangaro, yoshoboye no kumuzura kugirango ishitse ivyo yasezeranye bijanye na we.—Abaheburayo 11:17-19.
12. Aburahamu yamaze igihe kingana gute abandanya kugenda arongōrwa n’ukwizera, kandi ni impêra nyabaki imurindiriye we hamwe n’abo mu muryango wiwe berekanye ukwizera gukomeye?
12 Aburahamu yarerekanye ko ayoborwa n’ukwizera atari mu bihe binaka bimwebimwe gusa, mugabo mu buzima bwiwe bwose. Mu gihe c’ubuzima bwiwe, Aburahamu ntiyigeze akeberwa n’agace na gatoyi ka ca Gihugu c’Isezerano ngo kabe iragi. (Ivyakozwe 7:5) Yamara Aburahamu ntiyigeze acika inkokora ngo ace yisubirira i Uri mu Bukaludaya. Mu kiringo c’imyaka 100, gushika ku gupfa kwiwe, yaba mu mahema mu gihugu Imana yari yaramujanyemwo. (Itanguriro 25:7) Ku vyerekeye we n’umukenyezi wiwe Sara, umuhungu wabo Isaka, n’umwuzukuru wabo Yakobo, mu Baheburayo 11:16 havuga hati: “Imana [nti]māramāzwa no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.” Egome, Yehova arababikiye ikibanza mu karere k’isi k’Ubwami bwa Mesiya.
13. Ni bande mu basuku ba Yehova muri iki gihe batanga ikimenyamenya c’uko bafise ukwizera nka kumwe kwa Aburahamu?
13 Mu basuku ba Yehova muri iki gihe harimwo abameze nka Aburahamu. Baramaze imyaka myinshi bagenda barongōrwa n’ukwizera. Babikesheje ingoga Imana itanga, baratsinze intambamyi zimeze nk’imisozi. (Matayo 17:20) Ntibahungabanywa mu kwizera ngo ni uko batazi neza igihe Imana izobahera iragi yasezeranye. Barazi yuko ijambo rya Yehova ridashobora kunanirwa, kandi kuba baharurwa mu Vyabona vyiwe babifata ko ari agateka ntangere. Weho uko ni ko uvyiyumvamwo?
Ukwizera Kwavyuriye Ingiro Musa
14. Ishingiro ry’ukwizera kwa Musa ryashizweho gute?
14 Akandi karorero k’ukwizera ni aka Musa. Ishingiro ry’ukwizera kwiwe ryari iriki? Ryashizweho mu buhinja. Naho umukobwa wa Farawo yasanze Musa mu gatebo k’inkorogoto mu Ruzi Nili hanyuma akamufata bwa muhungu wiwe, nyina bwite wa Musa w’Umuheburayokazi ari we Yokebedi, yarareze uwo muhungu kandi aramubungabunga mu myaka yiwe ya mbere. Biboneka ko Yokebedi yamwigishije neza, aramushiramwo ugukunda Yehova n’ugukenguruka ivyo Yehova yasezeraniye Aburahamu. Mu nyuma, kubera ko yari mu bagize inzu ya Farawo, Musa ‘yarigishijwe ubwenge bwose bw’Abanyamisiri.’ (Ivyakozwe 7:20-22; Kuvayo 2:1-10; 6:20; Abaheburayo 11:23) Ariko, naho Musa yari afise ikibanza c’agateka, umutima wiwe wari kumwe n’abantu b’Imana bari bajakajwe.
15. Kuja ku ruhande rw’abantu b’Imana vyasavye iki Musa?
15 Mu mwaka wiwe ugira 40 w’amavuka, Musa yarishe Umunyamisiri kugirango akize Umwisirayeli yariko ararenganywa. Ico kintu caciyemwo carerekanye ukuntu Musa yabona abantu b’Imana. Vy’ukuri, “ukwizera ni kwo kwatumye Mose, amaze gukura, yanka kwitwa umwana w’umukobwa wa Farawo.” Hakwumira ku “bihimbaro [vy’igihe gito] vy’ivyaha” nk’umuntu w’i bwami mu Misiri, yari yasunitswe n’ukwizera arimenyekanisha ko ari uwo mu bantu b’Imana bariko baracurwa bufuni na buhoro.—Abaheburayo 11:24, 25; Ivyakozwe 7:23-25.
16. (a) Ni ibanga irihe Yehova yashinze Musa, kandi Imana yamufashije gute? (b) Mu kurangura ibanga yari ashinzwe, Musa yerekanye gute ukwizera?
16 Musa yari ashashariye kugira ico akoze kugirango abohoze abantu b’iwabo, mugabo igihe Imana yari yarashinze co kubabohoza nticari bwashike. Musa yabwirijwe guhunga arava mu Misiri. Imyaka nka 40 yabanje guhera imbere y’uko Yehova akoresha umumarayika ngo atume Musa gusubira mu Misiri kurongōra Abisirayeli ngo bave muri ico gihugu. (Kuvayo 3:2-10) Musa yavyakiriye ate? Nta mazinda yagize ku vyerekeye ubushobozi Yehova afise bwo kubohoza Isirayeli, mugabo yiyumvisemwo ko adashoboye ibanga Imana yari imushize imbere. N’urukundo rwinshi, Yehova yararonkeje Musa indemesho yari akeneye. (Kuvayo 3:11–4:17) Ukwizera kwa Musa kwarakomeye. Yarasubiye mu Misiri kandi arabûrira Farawo incuro n’izindi, amaso mu yandi, ku vyerekeye ivyago vyoshikiye Misiri bitumwe n’uko uwo mutegetsi yanse kurekura Abisirayeli ngo bagende gusenga Yehova. Musa we ubwiwe nta bushobozi yari afise bwo guteza ivyo vyago. Yagenda arongōrwa n’ukwizera, ntiyarongōrwa n’ukubona. Yari yizeye Yehova n’ijambo ryiwe. Farawo yararyagaguye Musa. Ariko Musa yarakomeye ku muheto. “Ukwizera ni kwo kwatumye ava muri Egiputa, ntiyatinya uburake bg’umwami, kuko yashikamye nk’ah’abona Īyitaboneka.” (Abaheburayo 11:27) Musa ntiyari uwutagira agasembwa. Yarakora amakosa. (Guharūra 20:7-12) Mugabo aho amariye gushingwa ibanga n’Imana, ubuzima bwiwe muri rusangi bwarongōrwa n’ukwizera.
17. Ukugenda umuntu arongōrwa n’ukwizera vyavuyemwo iki kuri Nowa, Aburahamu, na Musa, naho batashoboye kubona isi nshasha y’Imana?
17 Ukwizera kwawe nikumere nk’ukwa Nowa, Aburahamu na Musa. Niko, nta si nshasha y’Imana babonye mu gihe cabo. (Abaheburayo 11:39) Igihe cashinzwe n’Imana nticari bwagere; hari hakiri iyindi mice y’ivyo yasezeranye yari igikeneye kurangurwa. Ariko ukwizera ijambo ry’Imana kwabo ntikwahungabanye, kandi amazina yabo ari mu gitabu c’ubuzima c’Imana.
18. Ku bahamagariwe ubuzima bwo mw ijuru, ni kuki vyabaye nkenerwa ko bagenda barongōrwa n’ukwizera?
18 Intumwa Paulo yaranditse, iti “Imana yatuboneye kera ikirushiriza kuba ciza.” Ni ukuvuga ko Imana yabonye kuva kera ikirushirije kubera ciza abantu bahamagawe ku bw’ubuzima bwo mw ijuru hamwe na Kirisitu, nka ya ntumwa Paulo. (Abaheburayo 11:40) Abo ni bo canecane Paulo yiyumvira igihe yandika amajambo ari muri 2 Ab’i Korinto 5:7 ati: “Tugenda turōngōrwa n’ukwizera, ntiturōngōrwa n’ivyo tubona.” Igihe ivyo vyandikwa, nta n’umwe muri bo yari amaze gushikira impêra yiwe yo mw ijuru. Ntibashobora kuyibona n’amaso buso yabo, mugabo ukuyizera kwabo kwari gufise ishingiro rikomeye. Kirisitu yari yarazuwe mu bapfuye, aba umushuzo w’abozukiye ubuzima bw’ijuru bose. Kandi ivyabona barenga 500 baramwiboneye imbere y’uko aduga mw ijuru. (1 Ab’i Korinto 15:3-8) Bari bafise ibituma bihagije kugirango bayoboze ubuzima bwabo bwose ukwizera. Na twebwe nyene turafise impamvu zumvikana zotuma tugenda turōngōrwa n’ukwizera.
19. Nk’uko vyerekanwa mu Baheburayo 1:1, 2, Imana yatuyagiye ikoresheje nde?
19 Muri iki gihe, Yehova ntavugana n’abantu biwe akoresheje umumarayika nk’uko yabigiriye Musa kuri ca gisaka cǎka umuriro. Imana yavuze ikoresheje Umwana wayo. (Abaheburayo 1:1, 2) Ivyo Imana yavuze ibicishije kuri we, yaravyandikishije muri Bibiliya, ino ikaba yarahinduwe mu ndimi zivugwa n’abantu bo mu mihingo yose yo kw isi.
20. Ni mu buryo ki ivyacu vyoroshe kuruta uko ivya Nowa, Aburahamu na Musa vyari vyifashe?
20 Turafise ibiruta ivyo Nowa, Aburahamu na Musa bari bafise. Turafise Ijambo ry’Imana rikwiye—vyinshi mu birimwo biramaze kuranguka. Kubera ivyo Bibiliya ivuga vyose ku vyerekeye abagabo n’abagore berekanye ko ari ivyabona vya Yehova b’abizerwa mu bigeragezo vy’uburyo bwose, mu Baheburayo 12:1 hahimiriza hati: “Natwe, . . . twiyambure ibituremēra vyose, n’icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye.” Ukwizera kwacu si ikintu twofata minenegwe. “Icaha gikunda kutwizingirako vuba” ni ukubura ukwizera. Harakenewe kurwana urugamba rukomeye niba dushaka kuguma “tugenda turōngōrwa n’ukwizera.”
[Akajambo k’epfo]
a Raba igitabu La Bible : Parole de Dieu ou des hommes ?, casohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.
Wobisobanura Ute?
◻ “[K]ugenda turōngōrwa n’ukwizera” bisobanura iki?
◻ Dushobora dute kugira ico twungukiye ku buryo Nowa yerekanye ukwizera?
◻ Uburyo Aburahamu yagaragaje ukwizera budufasha gute?
◻ Ni kuki Bibiliya idoma urutoke kuri Musa ko ari akarorero k’ukwizera?
[Ifoto ku rup. 10]
Aburahamu yagenda arongōrwa n’ukwizera
[Ifoto ku rup. 10]
Musa na Aroni barerekanye ukwizera igihe bari imbere ya Farawo