ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/1 rup. 22-31
  • ‘Nimureme mu Mitima Yanyu’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nimureme mu Mitima Yanyu’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Akarorero ka Aburahamu k’Ukwizera
  • Nitwumvirize Imana
  • Ukuganira n’Imana
  • Inkuru z’Ivyerekeye Ukwizera Muri Iki Gihe
  • Ugutsimbataza Ukwizera Muri Iki Gihe
  • Icizigiro Kigiye Kuranguka Vuba
  • Yehova yamwise “umugenzi wanje”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Woba Ufise Ukwizera nk’Ukwa Aburahamu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Aburahamu yari nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • “Tugenda Turōngōrwa n’Ukwizera, Ntiturōngōrwa n’Ivyo Tubona”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/1 rup. 22-31

‘Nimureme mu Mitima Yanyu’

“Mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy’Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe.”—ABAHEBURAYO 10:36.

1, 2. (a) Ni igiki cashikiye Abakirisu batari bake bo mu kinjana ca mbere? (b) Ni kuki vyoroshe ko ukwizera kugoyagoya?

MU BANDITSI ba Bibiliya bose, nta n’umwe yavuze ijambo ukwizera incuro nyinshi kuruta intumwa Paulo. Vyongeye, yaravuze kenshi ivy’abo ukwizera kwagoyagoye canke kugapfa. Nk’akarorero, Humenayo na Alekisandero “ba[baye] nk’ubgato busāvye mu vy’ukwizera.” (1 Timoteyo 1:19, 20) Dema yarataye Paulo kubera ko “[y]akunze iyi si ya none.” (2 Timoteyo 4:10) Hari “[abi]hakanye ukwizera” bitumwe n’ibikorwa vyabo bitajanye n’ukwizera kwa gikirisu kandi biranga ko bigira ba sindabibazwa. Abandi barahenzwe n’ubwenge butari bwo hanyuma “ba[ra]zimira, ba[ta] ukwizera.”—1 Timoteyo 5:8; 6:20, 21.

2 Ni kuki abo Bakirisu basizwe batsinzwe muri ubwo buryo? Erega, “ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kand’ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ivy’ukuri.” (Abaheburayo 11:1) Tugaragaza ukwizera mu bintu tudashobora kubona. Ntitugukeneye ku bintu tubona. Biroroshe gukora umuntu arondera itunga riboneka gusumba gukora arondera amatungo yo mu buryo bw’impwemu ataboneka. (Matayo 19:21, 22) Ibintu vyinshi biboneka—nk’“ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso”—birakwegera cane umubiri munyagasembwa wacu, kandi birashobora gutuma ukwizera kwacu kugoyagoya.—1 Yohana 2:16.

3. Umukirisu akwiye gutsimbataza ukwizera kumeze gute?

3 Paulo avuga ati: “[Yamara], uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera.” Musa yari afise ukwizera nk’ukwo nyene. “Yatumbera ingero azogererwa” kandi “[agashikama] nk’ah’abona Ītaboneka.” (Abaheburayo 11:6, 24, 26, 27) Umukirisu arakeneye ubwo bwoko bw’ukwizera. Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Aburahamu yari akarorero keza ntangere muri ico kintu.

Akarorero ka Aburahamu k’Ukwizera

4. Ingendo y’ubuzima ya Aburahamu yahinduwe gute n’ukwizera kwiwe?

4 Aburahamu yari i Uri igihe Imana yamusezeranira yuko yovyaye urubuto rwobaye umuhezagiro ku bantu bo mu mahanga yose. (Itanguriro 12:1-3; Ivyakozwe 7:2, 3) Yishimikije iryo sezerano, Aburahamu yaragamburukiye Yehova, abanza kwimukira i Harani hanyuma yimukira i Kanani. Aho, Yehova yarasezeranye guha ico gihugu uruvyaro rwa Aburahamu. (Itanguriro 12:7; Nehemiya 9:7, 8) Mugabo rero, vyinshi mu vyo Yehova yasezeranye vyorangutse Aburahamu amaze gupfa. Nk’akarorero, Aburahamu ubwiwe ntiyigeze agaba agace na kamwe k’i Kanani—uretse gusa isenga y’i Makipela, yaguze ngo habe itongo ashinguramwo abiwe. (Itanguriro 23:1-20) N’aho vyari ukwo, yarizera ijambo rivuzwe na Yehova. Ikirushirije, yarizera ko muri kazoza hazoba “[i]gisagara cubatswe kw itanguriro, umugezi n’umwubatsi waco n’Imana.” (Abaheburayo 11:10) Ukwizera mwene ukwo kwaramushigikiye mu buzima bwiwe bwose.

5, 6. Ni mu buryo ki ukwizera kwa Aburahamu kwageragejwe ku vyerekeye ivyo Yehova yasezeranye?

5 Ivyo tubibonera canecane ku bijanye na rya sezerano ry’uko uruvyaro rwa Aburahamu rwobaye ihanga rikomeye. Kugira ngo ivyo bishike, Aburahamu yari akeneye umwana w’umuhungu, kandi yararindiriye igihe kirekire ngo amuronke. Ntituzi ukuntu yangana igihe yatangura kwumva isezerano ry’Imana, ariko igihe yafata rwa rugendo rurerure rwamushikanye i Harani, Yehova ntiyaribwamuhe akana. (Itanguriro 11:30) Yabaye i Harani igihe kirekire bihagije ku buryo ‘yatungiyeyo kandi akaharonkera n’abantu,’ igihe yimukira i Kanani akaba yari afise imyaka 75 y’amavuka, Sara na we akagira 65. No muri ico gihe nyene, nta kana bari bafise. (Itanguriro 12:4, 5) Igihe Sara yashikira imyaka nka 75 gutyo y’amavuka, yaciye abona yuko ashaje cane ku buryo atovyariye Aburahamu umwana. Ni co gituma, akurikije umugenzo wariho ico gihe, Sara yarahaye Aburahamu incoreke yiwe Hagari, hanyuma amuronkako umwana w’umuhungu. Ariko uwo ntiyari wa mwana yari yarasezeranywe. Hagari hamwe n’umwana wiwe, Ishimayeli, amaherezo barirukanywe. Yamara, igihe Aburahamu yatakamba ku bw’abo, Yehova yarasezeranye guhezagira Ishimayeli.—Itanguriro 16:1-4, 10; 17:15, 16, 18-20; 21:8-21.

6 Mu gihe kibereye c’Imana—igihe kirekire cane inyuma y’aho bumviye ari bwo bwa mbere iryo sezerano—Aburahamu uwari amaze imyaka 100 y’amavuka Sara na we amaze 90, bararonse akana k’agahungu, Isaka. Ese ingene bitegerezwa kuba vyari igitangaza! Kuri uwo mugabo n’umugore wiwe bari bageze mu zabukuru, vyari bimeze nk’izuka igihe imibiri yabo “[y]akāheze” yavyara ubuzima bushasha. (Abaroma 4:19-21) Barindiriye igihe kirekire, ariko igihe nya sezerano amaherezo ryaranguka basanze batarindiririye ubusa.

7. Ukwizera gufitaniye isano gute n’ukwihangana?

7 Akarorero ka Aburahamu katwibutsa ko ukwizera kudakwiye kuba ukw’umwanya muto gusa. Paulo yerekanye ko ukwizera kujanye n’ukwihangana, igihe yandika ati: “Mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy’Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe. . . . Tweho ntitur’abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa.” (Abaheburayo 10:36-39) Benshi bararindiriye igihe kirekire kugira ngo babone iranguka ry’ivyasezeranywe. Hari abarindiriye ubuzima bwabo bwose. Ukwizera kwabo gukomeye kwarabashigikiye. Kandi, nka kumwe kwa Aburahamu, bazoronka impera igihe ca Yehova kibereye nicagera.—Habakuki 2:3.

Nitwumvirize Imana

8. Dutega yompi Imana gute muri iki gihe, kandi ni kuki ivyo bizokomeza ukwizera kwacu?

8 Hari ibintu bitari musi ya bine vyakomeje ukwizera kwa Aburahamu, kandi ivyo bintu nyene birashobora kudufasha natwe. Ica mbere, yaragaragaje ko ‘yizera yuko Imana iriho’ mu gutega yompi igihe Yehova yavuga. Gutyo, yari atandukanye n’Abayuda bo mu gihe ca Yeremiya, abemera Yehova mugabo ntibizere ijambo ryiwe. (Yeremiya 44:15-19) Muri iki gihe, Yehova avugana natwe biciye kuri Bibiliya, Ijambo ryiwe ryahumetswe, iryo Petero yavuze ko rimeze nk’“itara ryākira ahacuze umwiza, . . . mu mitima yanyu.” (2 Petero 1:19) Igihe dusoma Bibiliya twitonze, tuba turiko “[turagaburirwa] mu majambo y’ukwizera.” (1 Timoteyo 4:6; Abaroma 10:17) Vyongeye, muri iyi misi y’iherezo, “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” ariko araturonsa “imfungurwa mu gihe kibereye” zo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga ubuyobozi mu vy’ugushira mu ngiro ingingo za Bibiliya hamwe no gutahura ubuhanuzi bwa Bibiliya. (Matayo 24:45-47, NW) Gutega yompi Yehova biciye muri ubwo buryo ni ivy’ingirakamaro kugira ngo tugire ukwizera gukomeye.

9. Mu gihe twemera vy’ukuri icizigiro c’Abakirisu bizovamwo iki?

9 Ukwizera kwa Aburahamu kwari gufitaniye isano rya hafi n’icizigiro yari afise. “Yizera yizigiye . . . [ko yobaye] sekuruza w’amahanga menshi.” (Abaroma 4:18) Ico ni ikintu kigira kabiri gishobora kudufasha. Ntidukwiye kwigera twibagira ko Yehova ‘aha impēra abamuronderana ubwira.’ Intumwa Paulo yavuze iti: “Igituma dutama tukāma mu ntambara [ni] uko twizigiye Imana nzima.” (1 Timoteyo 4:10) Niba vy’ukuri twemera icizigiro Abakirisu bafise, ingendo yacu y’ubuzima yose izogaragaza ukwizera kwacu, nk’uko vyari biri kuri Aburahamu.

Ukuganira n’Imana

10. Ni isengesho rimeze gute rizokomeza ukwizera kwacu?

10 Aburahamu yaraganira n’Imana, kandi ico ni ikintu kigira gatatu cakomeje ukwizera kwiwe. Muri iki gihe, na twebwe nyene turashobora kuganira na Yehova, mu gukoresha ya ngabirano y’isengesho biciye kuri Yezu Kirisitu. (Yohana 14:6; Abanyefeso 6:18) Yezu amaze guca umugani washimitse ku vy’uko bikenewe kwama twasenze ni ho yabaza ca kibazo ngo: “Umwana w’umuntu ni yaza, mbeg’azosanga ukwizera mw isi?” (Luka 18:8) Isengesho ryubaka ukwizera si ikintu umuntu apfa kugira atiyumviriye. Rirafise ico rivuze vy’ukuri. Nk’akarorero, isengesho rivuye ku mutima ni ngirakamaro igihe dufise ingingo zihambaye dufata canke igihe turi mu bintu bidutesha umutwe.—Luka 6:12, 13; 22:41-44.

11. (a) Aburahamu yakomejwe gute igihe yabwira Imana akari ku mutima? (b) Dushobora kwigira iki ku vyashikiye Aburahamu?

11 Igihe Aburahamu yariko aragera mu zabukuru kandi Yehova akaba ataribwamuhe uruvyaro yamusezeraniye, yarabwiye Imana icari kimuraje ishinga. Yehova yaramusubirije umutima mu nda. Uti vyamaze iki? Aburahamu “y[arizeye] Uhoraho, Uhoraho abimuharūrako nk’ukugororoka.” Niho rero Yehova yatanga ikimenyetso c’ukwemeza amajambo yari yamubwiye yo kumusubiriza umutima mu nda. (Itanguriro 15:1-18) Nitwaserurira Yehova akari ku mutima biciye mw’isengesho, tukemera ivyo atubwira bitumara amazinda biri mw’Ijambo ryiwe Bibiliya, kandi tukamugamburukira tumwizeye vy’ukuri, niho rero na we azokomeza ukwizera kwacu.—Matayo 21:22; Yuda 20, 21.

12, 13. (a) Aburahamu yahezagiwe gute igihe yakurikira ubuyobozi bwa Yehova? (b) Ni ivyabaye ibihe bikomeza ukwizera kwacu?

12 Ikintu kigira kane cakomeje ukwizera kwa Aburahamu ni ugushigikirwa na Yehova igihe yakurikira ubuyobozi bw’Imana. Igihe Aburahamu yagenda gukura Loti mu vyara vy’abami bari babateye, Yehova yaramuhaye intsinzi. (Itanguriro 14:16, 20) Naho Aburahamu yari abayeho nk’ingenzi mu gihugu uruvyaro rwiwe rworazwe, Yehova yaramuhezagiye mu vy’umubiri. (Gereranya n’​Itanguriro 14:21-23.) Yehova yarayoboye utwigoro tw’umubwiriza wa Aburahamu kugira ngo aronkere Isaka umugore abereye. (Itanguriro 24:10-27) Egome, Yehova “yari yarahaye Aburahamu umugisha muri vyose.” (Itanguriro 24:1) Ico vyavuyemwo ni uko ukwizera kwiwe kwakomeye cane, kandi agiranira na Yehova Imana ubucuti bwa somambike, bituma Yehova amwita “umukunzi wanje.”—Yesaya 41:8; Yakobo 2:23.

13 Vyoba bishoboka ko muri iki gihe tugira ukwizera gukomeye mwene ukwo? Ego cane. Nitwagerageza Yehova mu kugamburuka amategeko yiwe, nka kumwe kwa Aburahamu, natwe nyene azoduhezagira, kandi ivyo bizokomeza ukwizera kwacu. Nk’akarorero, dutereje akajisho kuri Raporo y’Umwaka w’Umurimo yo mu 1998 turabona ko benshi bahezagiwe mu buryo butangaje igihe bagamburuka itegeko ryiwe ryo kwamamaza inkuru nziza.—Mariko 13:10.

Inkuru z’Ivyerekeye Ukwizera Muri Iki Gihe

14. Yehova yahezagiye gute isekeza ryagizwe hakoreshejwe Inkuru z’Ubwami No. 35?

14 Muri Gitugutu 1997, isekeza ryo kw’isi yose ry’ugushikiriza Inkuru z’Ubwami No. 35 ryagenze neza bimwe vyibonekeje, bivuye ku mwete be n’igishika cinshi vyagaragajwe n’Ivyabona amamiliyoni. Ikintu twofatirako ni ivyabaye i Gana. Inkuru z’Ubwami hafi imiliyoni 2,5 ziri mu ndimi zine zaragabanganijwe, maze bituma abantu bashika hafi 2 000 basaba kurongorerwa inyigisho ya Bibiliya. Mu gihugu ca Chypre [soma Shipre] Ivyabona babiri bariko baragabanganya Inkuru z’Ubwami barabonye ko umupadiri yariko arabakurikira. Haciye akanya, baramuhaye Inkuru y’Ubwami imwe. Yari yaramaze kuyihabwa, hanyuma avuga ati: “Naratangajwe cane n’ubutumwa burimwo ku buryo nashatse gukeza abantu bayiteguye.” Muri Danemarike, Inkuru z’Ubwami zigera ku muriyoni 1,5 zaragabanganijwe kandi bizana ingaruka nziza. Umugore umwe akora mu rwego rwo gufasha abanyagihugu yavuze ati: “Iyi taragiti irimwo ubutumwa bwerekeye umuntu wese. Iroroshe gutegera, kandi irashika ku nyota, igatuma kandi umuntu agira icipfuzo co kumenya ibindi. Mu vy’ukuri iratomora ibintu!”

15. Ni ivyabaye ibihe vyerekana ko Yehova ahezagira akigoro ko gushikira abantu aho bari hose?

15 Mu 1998 haragizwe akigoro ko kwamamaza inkuru nziza ku bantu, atari mu mazu yabo gusa, ariko aho bari hose. Muri Côte d’Ivoire, hari umugabo n’umugore wiwe b’abamisiyonari bagendeye amato agera ku 322 ku kivuko. Batanze ibitabu 247, ibinyamakuru 2 284, udutabu 500, hamwe n’amataragiti amajana n’amajana, udasize inyuma amavidewo bahaye abakora kuri ayo mato ngo baze bararaba igihe bari mu ngendo ku kiyaga. Muri Kanada Icabona umwe yaragiye aho bakorera imiduga. Nyeneho yarashimishijwe, hanyuma nya muvukanyi aguma aho amasaha ane n’igice, naho nyene igihe yahamaze ariko arashinga intahe ata bakiriya bahari cose hamwe cari isaha imwe irenga gusa. Amaherezo, haratunganijwe ko inyigisho yoza iraba kw’isaha 4 zo mw’ijoro. Ariko rimwe na rimwe iyo nyigisho yatangura mu gicugu maze igashikana isaha 8 z’ijoro. Gukurikiza urwo rutonde kumbure yari ingorane, ariko vyatanze ingaruka nziza. Nya mushingantahe yafashe ingingo yo kuhugara ku misi y’Iyinga kugira ngo yitabe amakoraniro. We hamwe n’umuryango wiwe bidatevye baragize iterambere ryiza.

16. Ni ivyabaye ibihe vyerekana ko agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? hamwe n’igitabu Ubumenyi ari ibikoresho bikomeye muri wa murimo w’ukwamamaza inkuru nziza n’ukwigisha?

16 Ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? hamwe na ca gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira birabandanya kuba ibikoresho bikomeye muri wa murimo wo kwamamaza inkuru nziza no kwigisha. Mu Butaliyano umubikira umwe yari arindiriye ibisi yaremeye kwakira Inkuru y’Ubwami. Umusi ukurikira, barasubiriye kumuganiriza hanyuma yemera kwakira agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Inyuma y’ivyo, imisi yose yaragira inyigisho ya Bibiliya y’iminuta 10 gushika ku 15 kuri nya gituro c’amabisi. Inyuma y’ukwezi kumwe n’igice, yarafashe ingingo yo kuva mu kigo c’ababikira hanyuma aritahira i muhira i Gwatemala kubandanya inyigisho yiwe. Muri Malawi, umuntu yakunda cane kuja mu misa yitwa Lobina yarashavuye igihe abigeme biwe batangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Naho vyari bimeze ukwo, nya bigeme baza barabwira ukuri kwa Bibiliya nyina wabo igihe babishoboye. Muri Ruheshi 1997, Lobina yarabonye igitabu Ubumenyi hanyuma ashimishwa n’iyi mvugo ngo “Ubumenyi Bujana.” Muri Mukakaro yaremeye kurongorerwa inyigisho ya Bibiliya. Muri Myandagaro yaritavye iteraniro ry’intara kandi aratega yompi yitonze iporogarama yaryo yose. Mu mpera z’ukwo kwezi, yari yaravuye mw’isengero yarimwo, akaba yari akwije ibisabwa kugira ngo abe umwamamaji atarabatizwa. Yabatijwe muri Munyonyo 1997.

17, 18. Amavidewo y’Ishirahamwe yagaragaje gute ko ari ngirakamaro mu gufasha abantu “kubona” ibintu vyo mu buryo bw’impwemu?

17 Amavidewo y’Ishirahamwe yarafashije benshi “kubona” ibintu vyo mu buryo bw’impwemu. Mw’izinga Maurice hari umugabo yavuye mw’isengero yahoramwo kubera ko yari yuzuyemwo amacakubiri. Umumisiyonari umwe yaramweretse ubumwe buri mu Vyabona vya Yehova, akoresheje ya videwo Unis grâce à l’enseignement divin. Nya mushingantahe yaratangaye cane avuga ati: “Mwebwe Ivyabona vya Yehova muramaze gushika muri Paradizo!” Yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Mu Buyapani hari umuvukanyikazi yeretse umunega wiwe atizera ya videwo Les Témoins de Jéhovah: Un nom, une organisation bituma yemera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya idahorereza. Amaze kuraba ya videwo Unis grâce à l’enseignement divin, yaripfuje kuba Icabona ca Yehova. Urukurikirane rugizwe n’ibice bitatu bifise umutwe uvuga ngo La Bible: Le récit historique exact, des prophéties dignes de foi vyaramufashije gushira mu ngiro ingingo zo muri Bibiliya mu buzima bwiwe. Amaherezo, ya videwo La fermeté des Témoins de Jéhovah face à la persécution nazie yaramweretse ko Yehova akomeza abasavyi biwe bagahangana n’ibitero vya Shetani. Nya mugabo yabatijwe muri Gitugutu 1997.

18 Ivyo vyari bikeyi gusa mu vyabaye vyinshi cane mu kiringo c’umwaka uheze w’ubusuku. Vyerekana ko Ivyabona vya Yehova bafise ukwizera gukomeye kandi ko Yehova akomeza ukwo kwizera mu guhezagira umurimo bakora.—Yakobo 2:17.

Ugutsimbataza Ukwizera Muri Iki Gihe

19. (a) Turi mu gihe ciza kuruta ica Aburahamu gute? (b) Ni bangahe batororokaniye hamwe mu mwaka uheze kugira ngo bibuke urupfu ntangancungu rwa Yezu? (c) Ni mu bihugu ibihe abitavye Icibutso bari benshi vyibonekeje mu mwaka uheze? (Raba igicapo ku rupapuro 26 gushika 29.)

19 Mu buryo bwinshi twebwe ubu turi mu gihe ciza kuruta ico Aburahamu yarimwo. Turazi ko Yehova yaranguye ivyo yasezeraniye Aburahamu vyose. Uruvyaro rwa Aburahamu rwararazwe koko Kanani, kandi barabaye vy’ukuri ihanga rikomeye. (1 Abami 4:20; Abaheburayo 11:12) Bitayeko, nk’imyaka 1 971 inyuma y’aho Aburahamu aviriye i Harani, uwamukomotseko, Yezu, yarabatijwe mu mazi na Yohani Umubatizi hanyuma abatizwa mu mpwemu yera na Yehova ubwiwe kugira ngo abe Mesiya, Urubuto rwa Aburahamu mu buryo bwuzuye kandi bw’impwemu. (Matayo 3:16, 17; Ab’i Galatiya 3:16) Ku wa 14 Nisani, mu 33 G.C., Yezu yaratanze ubuzima bwiwe bwa ncungu itangiwe abogaragaje ko bamwizeye. (Matayo 20:28; Yohana 3:16) Amamiliyoni bari gushobora rero guhezagirwa biciye kuri we. Mu mwaka waraye urangiye, abashika ku 13 896 312 baratororokaniye hamwe ku wa 14 Nisani kugira ngo bahimbaze ico kintu cagizwe c’igitangaza kigaragaza urukundo. Ese ingene ari ugusubizwa agateka kwa Yehova, we Mushitsamasezerano Ahambaye!

20, 21.Abantu bava mu mahanga yose bahezagiwe gute biciye ku Rubuto rwa Aburahamu mu kinjana ca mbere, kandi bahezagirwa gute muri iki gihe?

20 Mu kinjana ca mbere, benshi bo mu mahanga yose—uhereye ku Bisirayeli b’umubiri—baragaragaje ukwizera Urwo Rubuto rwa Aburahamu hanyuma baba abana basizwe b’Imana, abagize ‘Isirayeli y’Imana’ nshasha yo mu buryo bw’impwemu. (Ab’i Galatiya 3:26-29; 6:16; Ivyakozwe 3:25, 26) Bari biteze ata mazinda ubuzima budapfa bwo mu buryo bw’impwemu mw’ijuru ari abasangiye kuganza na Yezu mu Bwami bw’Imana. Abantu 144 000 gusa ni bo bohezagiwe muri ubwo buryo, kandi bakeyi muri bo bakaba bakihari. (Ivyahishuriwe 5:9, 10; 7:4) Mu mwaka uheze, abashika ku 8 756 barerekanye icese ko bemera yuko bari muri ico gitigiri mu kwihereza ku bigereranirizo mu gihe c’ihimbazwa ry’Icibutso.

21 Ivyabona vya Yehova hafi ya bose muri iki gihe ni abo mw’“ishengero ryinshi” ryavuzwe imbere y’igihe mu Vyahishuriwe 7:9-17. Kubera ko bahezagirwa biciye kuri Yezu, barafise icizigiro c’ubuzima bwamaho mw’iparadizo ngaha kw’isi. (Ivyahishuriwe 21:3-5) Abashika ku 5 888 650 bagize uruhara mu murimo wo kwamamaza inkuru nziza mu 1998 ni ikimenyamenya c’uko iryo shengero mu vy’ukuri ari “ryinshi.” Vyari canecane bitangaje kubona Uburusiya hamwe na Ukraine vyompi bishikiriza raporo y’abamamaji barenga 100 000 ari bwo bwa mbere. Ikintu cari cibonekeje kandi ni raporo ya Reta Zunze Ubumwe—yari abamamaji bashika ku 1 040 283 muri Myandagaro! Ivyo vyari ibihugu bitatu gusa mu bihugu 19 vyatanze kimwekimwe cose raporo y’abamamaji barenga 100 000 mu mwaka uheze.

Icizigiro Kigiye Kuranguka Vuba

22, 23. (a) Ni kuki dukwiye kurema mu mitima yacu muri iki gihe? (b) Dushobora gute kugaragaza ko turi nka Aburahamu, ko tutari nka ba bandi Paulo avuga batagira ukwizera?

22 Abitavye Icibutso baribukijwe ukuntu tugeze kure mw’iranguka ry’ivyo Yehova yasezeranye. Mu 1914, Yezu yarimitswe aba Umwami w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, atangura kuba ari ho ari mu bubasha bw’Ubwami. (Matayo 24:3; Ivyahishuriwe 11:15) Egome, rwa Rubuto rwa Aburahamu ubu ruraganza ruri mw’ijuru! Yakobo yabwiye Abakirisu bo mu gihe ciwe ati: “Mwihangane, mureme mu mitima, kuk’ukuza kw’Umwami kuri hafi.” (Yakobo 5:8) Emwe, ukwo kuba ahari si umugani! Ese ukuntu ari iyindi mvo ituma turema mu mitima yacu!

23 Nimuze ukwizigira ivyo Imana yasezeranye kwacu kwame nantaryo gukomezwa n’inyigisho ya Bibiliya hamwe n’isengesho riri n’ico rivuze. Ntitukigere tureka kwibonera umuhezagiro wa Yehova uko tugamburuka Ijambo ryiwe. Niho tuzoba nka Aburahamu, ntitube nk’abo usanga ukwizera kwabo kwaragoyagoye hanyuma kugapfa, nk’uko vyavuzwe na Paulo. Nta kintu kizodutandukanya n’ukwizera kwacu kweranda rwose. (Yuda 20) Dusenga dusaba ngo abe ari ukwo bizogendera abasavyi bose ba Yehova mu mwaka w’umurimo wo mu 1999 no kubandanya muri kazoza gahoraho.

Woba Ubizi?

◻ Dushobora gute gutega yompi Imana muri iki gihe?

◻ Ni inyungu izihe ziva ku masengesho ari n’ico avuze dutura Imana?

◻ Nitwakurikira n’ubugamburutsi ubuyobozi buva kuri Yehova, ukwizera kwacu kuzokomezwa gute?

◻ Ni ibintu ibihe vyo muri raporo y’umwaka (urupapuro 26 gushika 29 woba wabonye ko bishimishije cane?

[Igicapo ku rup. 26-29]

RAPORO Y’UMWAKA W’UMURIMO W’IVYABONA VYA YEHOVA KW’ISI YOSE MU 1998

(Urabe ikinyamakuru)

[Ifoto ku rup. 24]

Iyo duteze yompi Ijambo rya Yehova, ukwizigira ivyo yasezeranye kwacu kuzokomera

[Ifoto ku rup. 31]

Ukwizera kwacu kurakomera igihe tugize uruhara mu gikenurwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika