Ukwubaha Ubukuru—Ni Kuki Kwabuze?
“Ugukengera ubukuru bwashinzwe, ubw’idini n’ubutari ubw’idini, ubwo mu kibano n’ubwo muri politike, umusi uri izina buzofatwa ko ari co kintu cibonekeje mu vyabaye kw’isi yose mu myaka cumi iheze.”
IMYAKA n’iyindi iraheze kuva mu myaka y’1960, ari yo myaka cumi yavuzwe ngaha n’umutohozakahise akaba n’umufilozofe Hannah Arendt. Muri iki gihe, ukutubaha ubukuru kuguma kurushiriza gukomera.
Nk’akarorero, raporo iheruka gutangwa mu kinyamakuru kimwe (The Times) c’i Londres ivuga iti: “Abavyeyi bamwebamwe baranka kwemera ubukuru umwigisha afise ku mwana wabo kandi igihe agerageje gutoza indero umwana wabo baramwidodombera.” Kenshi na kenshi, igihe abana babo batojwe indero kw’ishure, abavyeyi baca bajayo, atari gusa kugira iterabwoba kuri abo bigisha mugabo kugira babatere.
Hari umuvugizi umwe w’Ishirahamwe ry’Abayobozi b’Amashure bo mu Bwongereza bivugwa ko yavuze ati: “Abanyagihugu bavuga ngo ‘Naronse uburenganzira,’ aho kuvuga ngo ‘Naronse amabanga.’” Turetse kunanirwa kwinjiza mu bana babo ukwubaha kwiza ubukuru, abavyeyi bamwebamwe ntibakosora urwaruka rwabo—kandi baranka kureka ngo abandi babigire. Abana basaba “uburengazira” bwabo bararekwa bagasuzugura ubukuru bw’abavyeyi n’ubw’abigisha, maze ico bivamwo kirashobora kubonwa imbere y’igihe. Nk’uko umumenyeshamakuru umwe Margarette Driscoll yanditse, bivamwo “iyaruka rishasha ritubaha ubukuru kandi rizi bike ku vyerekeye iciza n’ikibi.”
Ikinyamakuru kimwe (Time), mu kiganiro caco gifise umutwe uvuga ngo “Iyaruka Ryazimiye” caradomye urutoke ku kuzeruka kw’urwaruka rwinshi rw’Abarusiya mu gusubiramwo ivyavuzwe n’umuririmvyi wa rap akundwa cane, uwavuze ati: “Ni gute umuntu yavukiye muri iyi si aho ata na kimwe kiramba kandi ngo kibe ciza, yoshobora kwizigira abantu bo mu kibano?” Umuhinga umwe mu vy’imibano Mikhail Topalov yemeje iki ciyumviro ati: “Abo bana si ibijuju. Barabonye abavyeyi babo babeshwa na Leta, barababonye batakaza ivyo baziganije be n’akazi kabo. Twoba dushobora kwitega ko bubaha ubukuru?”
Ariko rero, kwoba ari ukwihenda umuntu ashitse ku ciyumviro c’uko ukutizigira ubukuru birangwa gusa n’abakiri bato. Muri iki gihe, abantu b’imyaka itandukanye ubukuru ubwo ari bwo bwose ntibabwizigira, mbere baranabusuzugura. Ivyo vyoba bisobanura yuko ata bukuru na bumwe bushobora kwizigirwa? Igihe bukoreshejwe mu buryo bubereye, ubukuru, ubusobanurwa ko ari “ububasha canke uburenganzira bwo gukontorora, bwo guca urubanza, canke bwo kubuza ibikorwa vy’abandi,” burashobora kuba ikintu kizana ivyiza. Burashobora kugirira akamaro abantu umwe wese ukwiwe n’ikibano. Ikiganiro gikurikira kiraja kwihweza ukuntu ivyo ari ukwo biri.