Ubugwaneza ni kamere ntahara ku Bakirisu
‘Mwambare umutima . . . w’ubugwaneza.’—AB’I KOLOSAYI 3:12.
1. Ni igiki gituma ubugwaneza buba kamere ihambaye?
IGIHE umuntu ari umugwaneza, usanga bihimbaye kuba kumwe na we. Ariko rero, wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Ururimi [rw’ubugwaneza] rujanjagura igufa.” (Imigani 25:15) Ubugwaneza ni kamere ihambaye irimwo agahimbare n’ububasha.
2, 3. Ni isano irihe riri hagati y’ubugwaneza n’impwemu yera, kandi ni igiki tugiye kurimbura muri iki kiganiro?
2 Intumwa Paulo yashize ubugwaneza mu rutonde rw’‘ivyamwa vy’impwemu’ dusanga mu B’i Galatiya 5:22, 23. Ijambo ry’Ikigiriki rihindurwa ngo “ubugwaneza” mu murongo wa 23 muri Bibiliya Yera, mu zindi mpinduro za Bibiliya kenshi rihindurwa ngo “ukwicisha bugufi” canke “ugutekereza.” Ku bwa ngingo, mu zindi ndimi nyinshi biragoye kuronka ijambo rihura neza na neza n’iryo ry’Ikigiriki, kubera yuko ijambo ry’intango ritadondora ugutekereza canke ukwicisha bugufi kuboneka inyuma, ahubwo ridondora ubugwaneza n’ukwiyorosha biri mu muntu; ntiridondora uburyo umuntu yigenza, ahubwo ridondora uko umuzirikanyi wiwe be n’umutima wiwe bimeze.
3 Kugira ngo dutahure neza kuruta insobanuro y’ubugwaneza be n’agaciro kabwo, reka turimbure uburorero bune bwo muri Bibiliya. (Abaroma 15:4) Nitwabigira, ntituza kumenya gusa ico iyo kamere isobanura, ariko kandi turaza kumenya ingene twoyironka n’ingene twoyigaragaza mu vyo dukora vyose.
‘Bufise igiciro kinini imbere y’Imana’
4. Tuzi gute ko Yehova aha agaciro ubugwaneza?
4 Kubera yuko ubugwaneza buri mu bigize ivyamwa vy’impwemu y’Imana, ni ivyumvikana rero yuko dukwiye kubona ko buhuje cane na kamere nziza igitangaza y’Imana. Intumwa Petero yanditse yuko “umutima w’ubugwaneza utekereje” ari ‘uw’igiciro kinini imbere y’Imana.’ (1 Petero 3:4) Nkako, ubugwaneza ni kamere iva ku Mana; Yehova arayiha agaciro kanini. Nta gukeka ko iyo ubwayo ari imvo ihagije ikwiye gutuma abasavyi b’Imana bose batsimbataza ubugwaneza. Ni gute none Imana mushoboravyose, Umukuru ari hejuru ya vyose kw’isi no mw’ijuru agaragaza ubugwaneza?
5. Kubera ko Yehova ari umugwaneza, ni icizigiro ikihe dufise?
5 Igihe ba bantu babiri ba mbere ari bo Adamu na Eva bagambarara itegeko ritomoye ry’Imana ryo kutarya ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi, babigize n’ibigirankana. (Itanguriro 2:16, 17) Ukwo kugambarara n’ibigirankana kwabakwegeye mu caha n’urupfu bo ubwabo be n’uruvyaro rwabo kandi gutuma batandukana n’Imana. (Abaroma 5:12) Naho Yehova yari afise imvo yumvikana yo guca urwo rubanza, ntiyaciye atana n’akabando umuryango w’abantu nk’aho utakivayo kandi bidashoboka ko ucungurwa. (Zaburi 130:3) Ahubwo, bivuye ku kwiyorosha kwiwe no ku mutima ukunze yagize wo kudasaba ibirenze, ubwo bukaba ari uburyo yaseruye ubugwaneza, Yehova yaratunganije uburyo umuryango w’abantu munyavyaha ushobora kumwegera kandi akawutonesha. Egome, biciye ku ngabirano y’inkuka y’incungu y’Umwana wiwe Yezu Kirisitu, Yehova aratuma dushobora kwegera intebe yiwe y’Ubwami iri hejuru ata bwoba canke uguhinda agashitsi.—Abaroma 6:23; Abaheburayo 4:14-16; 1 Yohana 4:9, 10, 18.
6. Ubugwaneza bwibonekeje gute mu vyo Imana yaganiriye na Kayini?
6 Hagisigaye igihe kirekire ngo Yezu aze kw’isi, ubugwaneza bwa Yehova bwarigaragaje igihe
abahungu ba Adamu, ari bo Kayini na Abeli bashikanira Imana ibimazi. Yehova amaze kubona uko imitima yabo imeze, yaranse kwakira ishikanwa rya Kayini mugabo ‘araba ryiza’ (NW) Abeli n’ishikanwa ryiwe. Kubera yuko Imana yaravye ryiza wa mwizerwa Abeli n’ikimazi ciwe, vyatumye Kayini agira urwanko. Inkuru ya Bibiliya ivuga iti: “Kayini araraka cane, mu maso hiwe harijirwa.” Yehova yavyakiriye gute? Yoba yumvise akojejwe isoni n’inyifato mbi ya Kayini? Oya. Abigiranye ubugwaneza, yabajije Kayini igituma yari arakaye cane. Yehova mbere yarasiguriye Kayini ico yari gushobora gukora kugira ngo ‘yemerwe.’ (Itanguriro 4:3-7) Mu vy’ukuri, Yehova ni ntangere mu vyo kugaragaza ubugwaneza.—Kuvayo 34:6.
Ubugwaneza burakwegera kandi bukaruhura
7, 8. (a) Dushobora gute gushika ku gutahura ubugwaneza bwa Yehova? (b) Amajambo ari muri Matayo 11:27-29 ahishura iki ku vyerekeye Yehova na Yezu?
7 Bumwe mu buryo bwiza kuruta bwo gutahura kamere ntangere za Yehova ni ukwiga ubuzima bwa Yezu Kirisitu be n’ubusuku bwiwe. (Yohana 1:18; 14:6-9) Igihe Yezu yari i Galilaya mu mwaka ugira kabiri mw’isekeza ry’ukwamamaza, yarakoreye ibikorwa vyinshi bikomeye i Korazini, i Betsayida, i Kaperinawumu be no mu karere kahegereye. Yamara, abantu benshi bari abanyabwibone bakaba n’abantu ata co banegwa, vyongeye baranse kwizera. Yezu yavyifashemwo gute? Naho yabibukije ashikamye inkurikizi z’ukutizera kwabo, yaratewe akagongwe n’ukuntu ba ʽam ha·ʼaʹrets, ni ukuvuga abantu bo hasi, abantu basanzwe bo muri bo, bari bagowe mu buryo bw’impwemu.—Matayo 9:35, 36; 11:20-24.
8 Ivyo Yezu yakoze mu nyuma vyarerekanye ko yari ‘azi neza Se’ kandi ko yamwiganye. Yezu yahaye abantu basanzwe ubu butumire buranga igishika: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.” Ese ukuntu ayo majambo yiruye akongera akaruhurira abantu ico gihe bakandamizwa kandi bagahahazwa! Mbere araduhimbara na twebwe muri iki gihe. Twambaye ubugwaneza vy’ukuri, tuzoba rero mu bo ‘Umwana agomba guhishurira’ Se.—Matayo 11:27-29.
9. Ni kamere iyihe ifitaniye isano n’ubugwaneza, kandi ni mu buryo ki Yezu ari akarorero keza muri ivyo?
9 Kamere ifitaniye isano cane n’ubugwaneza ni ukwicisha bugufi, na kwo akaba ari ‘ukwiyorosha mu mutima.’ Ubwibone bwo, butuma umuntu yishira hejuru kandi kenshi bwoshobora gutuma afata abandi mu buryo buranga ubukazi kandi butaranga ikigongwe. (Imigani 16:18, 19) Yezu yarerekanye ukwicisha bugufi mu busuku yaranguye kw’isi. Mbere n’igihe yinjira ari ku ndogoba i Yeruzalemu hagisigaye nk’imisi umunani ngo apfe hanyuma agasanganirwa nk’Umwami w’Abayuda, Yezu yari atandukanye rwose n’abategetsi b’isi. Yarashikije ubuhanuzi bwa Zekariya bwerekeye Mesiya, aravuga ati: “Rāba, Umwami wawe aje kuri wewe, ar’umutekerezi [umugwaneza], agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.” (Matayo 21:5; Zekariya 9:9) Wa mumenyeshakazoza w’umwizerwa Daniyeli yareretswe ibintu, aho yabonye Yehova aha Umwana wiwe ubukuru bwo kuganza. Yamara, mu buhanuzi bw’imbere y’aho yavuze ko Yezu ari “nyarucari hanyuma ya bose.” Ubugwaneza n’ukwicisha bugufi rero birajana.—Daniyeli 4:17; 7:13, 14.
10. Ni kubera iki ubugwaneza bw’Abakirisu budasigura ukugoyagoya?
10 Ubugwaneza buhimbaye Yehova na Yezu bagaragaje buradufasha kubiyegereza. (Yakobo 4:8) Yamara ntiwumve, ubugwaneza ntibusigura ukugoyagoya. Eka, nta ho bihuriye! Yehova Imana mushoboravyose aragaragaza inguvu nyinshi n’ububasha bwinshi. Uburake bwiwe burarurumbira ibikorwa vy’ukugabitanya. (Yesaya 30:27; 40:26) Mu buryo nk’ubwo nyene, Yezu yaragaragaje umwiyemezo ukomeye w’ukutadohoka, mbere n’igihe yaterwa na Shetani wa Mucokoranyi. Yaranse kurenza uruho rw’amazi ku budandaji butemewe n’amategeko bwagirwa n’indongozi z’idini zo mu gihe ciwe. (Matayo 4:1-11; 21:12, 13; Yohana 2:13-17) Naho ari ukwo, yagumanye ubugwaneza ku kuntu yabona utunenge tw’abigishwa biwe, yongera arihanganira ubugoyagoye bwabo. (Matayo 20:20-28) Incabwenge imwe mu vya Bibiliya idondora ubugwaneza mu buryo bubereye iti: “Ugutekereza kurimwo inkomezi nk’iz’indarayi.” Ese twogaragaza iyo kamere nk’iya Kirisitu, ni ukuvuga ubugwaneza.
Yari umugwaneza kurusha abandi bose bo mu gihe ciwe
11, 12. Uravye ukuntu Musa yarezwe, ni igiki catumye ubugwaneza bwiwe buba ubwibonekeje?
11 Akarorero kagira gatatu tugiye kurimbura ni aka Musa. Bibiliya imudondora ko yari “umugwaneza kurusha abantu bose bo mw isi.” (Guharūra 12:3) Ayo majambo amudondora yanditswe ahumetswe n’Imana. Ubugwaneza bwibonekeje bwa Musa bwatumye yakira ubuyobozi bwa Yehova.
12 Musa yarezwe mu buryo budasanzwe. Yehova yaritwararitse cane ivy’uko uwo mwana yari afise abavyeyi b’Abaheburayo b’abizerwa aticwa mu gihe c’ubuhemu n’ubwicanyi. Musa yamaze imyaka yiwe y’intango yitwararikwa na nyina, akaba yaramwigishije ivyerekeye Imana y’ukuri Yehova. Mu nyuma, Musa yaravanywe i muhira iwabo aja kuba ahandi hantu hari hatandukanye rwose n’aho yahora. Wa Mukirisu wo mu ntango Sitefano yapfira ibanga yiganye ibi: “Mose yigishwa ubgenge bgose bg’Abanyegiputa, agira ubushobozi mu majambo yiwe no mu bikorwa vyiwe.” (Ivyakozwe 7:22) Ukwizera kwiwe kwaribonekeje igihe yitegereza ukuntu abavukanyi biwe barenganywa n’abashumba ba Farawo babakoresha. Kubera ko Musa yishe Umunyegiputa yabonye ariko arakubita Umuheburayo, yategerejwe kuva muri Egiputa ahungira mu gihugu c’i Midiyani.—Kuvayo 1:15, 16; 2:1-15; Abaheburayo 11:24, 25.
13. Imyaka 40 Musa yamaze i Midiyani yamumariye iki?
13 Musa ashikanye imyaka 40, yategerejwe kwitunga mu bugaragwa. I Midiyani yahuye n’abakobwa indwi ba Ruweli maze arabafasha kuvoma amazi y’umukuku munini wa se w’abo bigeme. Nya bakobwa batashe, barasiguriye Ruweli n’akanyamuneza kenshi yuko hari “umuntu w’Umunyegiputa” yari yabakuye mu vyara vy’abungere bariko barabagirira nabi. Ruweli amaze kumutumako, Musa yaciye abana n’uwo muryango. Ivyago yari yaraciyemwo ntivyatumye agira inzika; eka mbere ntivyamubujije kumenyera ubuzima bushasha yari agiyemwo. Icipfuzo yari afise co gukora ivyo Yehova agomba nticigeze gihungabana. Mu myaka 40 yose Musa yahamaze, yaritwararitse intama za Ruweli, arubakana na Zipora, ararera abana avyaye, aratsimbataza yongera araryohora kamere yahavuye imuranga. Vyemere, mu vyago Musa yaciyemwo, yarize kuba umugwaneza.—Kuvayo 2:16-22; Ivyakozwe 7:29, 30.
14. Nudondore ikintu cabaye cagaragaje ubugwaneza bwa Musa mu gihe yari indongozi y’Abisirayeli.
14 Yehova amaze kugena Musa ngo abe indongozi y’ihanga rya Isirayeli, kamere yiwe y’ubugwaneza yagumye yibonekeza. Hari umusore umwe yabwiye Musa yuko Elidadi na Medadi bariko bigira nk’abavugishwa n’Imana mw’ikambi, kandi atari ho bari igihe Yehova yasuka impwemu yiwe kuri ba bagabo b’inararibonye 70 bategerezwa kuba abafasha ba Musa. Yosuwa yabwiye Musa ati: “N’ubabuze, mugenzi!” Musa yishuranye ubugwaneza ati: “Ni jewe ufitiye ishaka? Icompa abantu bose b’Uhoraho bakaba abavugishwa na we, Uhoraho akabashirakw impwemu yiwe!” (Guharūra 11:26-29) Ubugwaneza bwarafashije guhwamika ivyo bintu bitari vyoroshe.
15. Naho Musa yari umunyagasembwa, ni kubera iki akarorero kiwe ari akarorero keza dukwiye kwigana?
15 Igihe kimwe bisa n’uko Musa yananiwe no kugaragaza ubugwaneza. I Meriba, hafi y’i Kadeshi, yarirengagije kwerekeza ubuninahazwa kuri Yehova, nyene gukora ibitangaro. (Guharūra 20:1, 9-13) Naho Musa yari umunyagasembwa, ukwizera kwiwe kutanyiganyiga kwaramufashije mu buzima bwiwe bwose, kandi ubugwaneza bwiwe bwibonekeje buradukwēgēra no muri iki gihe.—Abaheburayo 11:23-28.
Ugukara kurahushanye n’ubugwaneza
16, 17. Ni imburizi iyihe dukura ku nkuru ya Nabali na Abigayili?
16 Akarorero ko kutuburira tugakura mu gihe ca Dawidi, inyuma gatoyi y’aho umumenyeshakazoza w’Imana Samweli apfiriye. Ni akerekeye Nabali n’umugore wiwe Abigayili. Ese ukuntu abo bantu babiri bari batandukanye! Mu gihe Abigayili we yari “umunyabgenge,” umugabo wiwe we yari “ikigoryi kandi w’imico mibi.” Nabali yaranse n’akagagazo gutanga induhuro yari asabwe n’abantu bari barungitswe na Dawidi, uwari yarafashije gukingira ibisuma umukuku munini wa Nabali. Dawidi amaze kugira ishavu rifise ishingiro, we n’abantu biwe barakenyeye inkota maze baja gutera Nabali.—1 Samweli 25:2-13.
17 Aho Abigayili yumviye ivyabaye, yaciye ubwo nyene ategura imitsima, vino, inyama be n’udutsima dukozwe mu nzabibu n’insukoni, hanyuma aca aja gusanganira Dawidi. Yamwinginze ati: “Mwami wanje, ico caha abe ari jewe kijako; ndakwinginze, jewe umuja wawe zirikana ico nkubarira, utegēre amajambo yanje.” Umutima wa Dawidi waraturuye Abigayili amaze kumwingingana ubugwaneza. Dawidi amaze kwumviriza ivyo Abigayili amusiguriye, yaciye avuga ati: “Uhoraho Imana y’Abisirayeli ashemagizwe, yakurungitse uyu musi kunsanganira; hahezagirwe n’ubgenge bgawe, nawe ubgawe uragahezagirwa, untesheje uyu musi ngo simvishe amaraso.” (1 Samweli 25:18, 24, 32, 33) Ugukara kwa Nabali impera n’imperuka kwamushikanye ku rupfu. Kamere nziza Abigayili yagaragaje yahavuye imuzanira umunezero wo kuba umugore wa Dawidi. Ubugwaneza bwiwe ni icitegererezo ku basukurira Yehova bose muri iki gihe.—1 Samweli 25:36-42.
Nukurikirane ubugwaneza
18, 19. (a) Ni amahinduka ayahe yigaragaza uko twambara ubugwaneza? (b) Ni igiki gishobora kudufasha kwisuzuma neza?
18 Ubugwaneza rero ni kamere ntahara. Si ugutekereza gusa; ni kamere ikwegera y’uburyo umuntu ameze, ituma abandi bumva baruhuriwe. Kera, dushobora kuba twahora tuvugana ugukara canke tugakora mu buryo butaranga ubuntu. Ariko rero, tumaze kwiga ukuri kwa Bibiliya twarahindutse maze turushiriza kuba abantu beza kandi bahimbaye. Paulo yaravuze ivyerekeye iryo hinduka igihe yahimiriza Abakirisu bagenziwe ati: “Mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza [ubugwaneza], n’ukwihangana.” (Ab’i Kolosayi 3:12) Iryo hinduka Bibiliya irisanisha n’ihinduka ry’inyamaswa z’inkazi, nk’ibingira, ingwe, intare, idubu be n’imamba, zikaba ibitungwa vy’ibinyamahoro, nk’intama, umwagazi w’impene, umutavu be n’inyana y’inka. (Yesaya 11:6-9; 65:25) Uguhindura kamere nk’ukwo kuribonekeza cane ku buryo bituma abatwitegereza batangara. Ariko rero, iryo hinduka turikesha igikorwa c’impwemu y’Imana, kubera yuko ubugwaneza buri mu vyamwa vyayo vyibonekeje koko.
19 Ivyo none vyoba bisobanura yuko tumaze kugira ayo mahinduka kandi tukiyegurira Yehova tutaba tugikeneye gukora kugira ngo turyohore kamere y’ubugwaneza? Habe namba. Urabona, impuzu nshasha zirakeneye kwama zitwararikwa kugira ngo zigume zisukuye kandi zisa neza. Gusuzuma twitonze Ijambo ry’Imana no kuzirikana ku burorero buri muri ryo biradufasha gusubira kwihweza ivyacu mu buryo bushasha kandi ata kwibesha. Icirore c’Ijambo ry’Imana ryahumetswe coba gihishura iki ku bikwerekeye?—Yakobo 1:23-25.
20. Twokora iki kugira ngo twererwe mu bijanye no kugaragaza ubugwaneza?
20 Mu bisanzwe, ukuntu abantu bameze kuratandukanye. Bamwebamwe mu basavyi b’Imana biraborohera kugaragaza ubugwaneza kuruta uko abandi babugaragaza. Naho ari ukwo, Abakirisu bose barakeneye gutsimbataza ivyamwa vy’impwemu y’Imana ushizemwo n’ubugwaneza. Paulo yakebuye Timoteyo mu buryo buranga urukundo ati: “Ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza.” (1 Timoteyo 6:11) Ijambo “ukurikire” ryerekana yuko akigoro gakenewe. Impinduro ya Bibiliya imwe ihindura iyo nkeburo ngo ‘shira umutima ku.’ (New Testament in Modern English, by J. B. Phillips) Ugize akigoro ko kuzirikana ku turorero twiza two mw’Ijambo ry’Imana, turashobora kukugumamwo, tukaba nk’ikintu gitewe muri wewe. Utwo turorero tuzokwosha twongere tukuyobore.—Yakobo 1:21.
21. (a) Ni kubera iki dukwiye gukurikira ubugwaneza? (b) Ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira?
21 Uburyo twifata imbere y’abandi burerekana urugero tugezeko mu kugaragaza ubugwaneza. Wa mwigishwa Yakobo yabajije ati: “Ni nde muri mwebge w’umunyabgenge kandi w’umuhanga? Ni yerekanishe ibikorwa vyiwe ingeso nziza mu bugwaneza bufatanije n’ubgenge.” (Yakobo 3:13) Twogaragaza gute iyo kamere y’Abakirisu i muhira, mu busuku bwa gikirisu no mw’ishengero? Ikiganiro gikurikira kiratanga ubuyobozi ngirakimazi.
Mu gusubiramwo
• Mu bijanye n’ubugwaneza, ni igiki wigiye ku karorero ka
• Yehova?
• Yezu?
• Musa?
• Abigayili?
• Ni kubera iki dukeneye gukurikira ubugwaneza?
[Ifoto ku rup. 16]
Ni kubera iki Yehova yaravye ryiza Abeli n’ishikanwa ryiwe?
[Ifoto ku rup. 17]
Yezu yarerekanye yuko ubugwaneza n’ukwicisha bugufi bijana
[Ifoto ku rup. 18]
Musa yaratanze akarorero keza k’ubugwaneza